ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/5 rup. 15-20
  • Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibanga abana bajejwe
  • Ingene abakurambere berekana yuko babitaho
  • Tubabarane
  • Yehova araha impera abitaho abandi
  • Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Imana iritaho abageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/5 rup. 15-20

Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu

“Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka”.—Yesaya 46:4.

1, 2. Ubwitwararitsi bwa Dawe wa twese wo mw’ijuru butandukaniye he n’ubw’abavyeyi-bantu?

ABAVYEYI b’abanyabwira barabungabunga abana babo mu buhinja, mu bwana no mu myaka y’ubuyabaga. Mbere n’igihe abakiri bato bageze mu bigero hanyuma bakubaka izabo, ba se na ba nyina barabandanya kubitwararika no kubashigikira mu buryo buranga urukundo.

2 Naho ivyo abantu bashobora gukorera abana babo biri n’aho bigarukira, Dawe wa twese wo mw’ijuru we yama nantaryo ashoboye kwitwararika no gufata mu mugongo abasavyi biwe b’abizerwa abigiranye urukundo. Igihe Yehova yariko abwira abasavyi biwe yari yaratoranije bo mu bihe vya kera, yavuze ati: “Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka” (Yesaya 46:4). Ese ukuntu ayo ari amajambo asubiriza umutima mu nda ku bakirisu bageze mu zabukuru yemwe! Yehova ntaheba abaguma ari intahemuka kuri we. Aho kubaheba, asezerana kubabungabunga, kubafata mu mugongo, no kubayobora mu buzima bwabo bwose, mbere no gushika mu busaza.—Zaburi 48:14.

3. Ni ibiki bigiye kurimburwa muri iki kiganiro?

3 Dushobora gute kwigana ubwitwararitsi buranga urukundo Yehova agaragariza abageze mu zabukuru (Abanyefeso 5:1, 2)? Reka turimbure uburyo butandukanye abana, abacungezi bo mw’ishengero be n’abakirisu umwumwe ukwiwe bashobora kwitaho ivyo abageze mu zabukuru bo mu kivukano cacu gikwiye kw’isi yose bakenera.

Ibanga abana bajejwe

4. Ni ibanga irihe abana bakirisu bajejwe ku bavyeyi babo?

4 “Wubahe so na nyoko” (Abanyefeso 6:2; Kuvayo 20:12). Intumwa Paulo akoresheje ayo majambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo asanzwe mugabo atekeye insiguro, yaribukije abana ibanga bajejwe ku bavyeyi babo. Mugabo none, ayo majambo ajanye gute n’ukwitwararika abageze mu zabukuru? Akarorero keza umutima ko mu bihe vy’imbere y’ubukirisu karaza kudufasha kwishura ico kibazo.

5. (a) Ni igiki cerekana yuko Yozefu atari yaribagiye amabanga yari ajejwe bwa mwana? (b) Gutera iteka abavyeyi bacu bisobanura iki, kandi ni akarorero keza akahe Yozefu yadusigiye muri ivyo?

5 Yozefu yamaze imyaka irenga 20 atabonana na se wiwe yari ageze mu zabukuru, umwe sogokuruza Yakobo. Ariko rero, biboneka ko Yozefu atatakaje urukundo yari afitiye se wiwe Yakobo. Kukaba nkako, igihe Yozefu yabwira benewabo uwo ari we, yabajije ngo: “Data aracariho?” (Itanguriro 43:7, 27; 45:3). Ico gihe, igihugu c’i Kanani cari mu kigoyi gikaze. Maze Yozefu yaciye atuma kubwira se ngo: “Manuka uze iy[o ndi], ntutebe. . . . Kand’uzoshika uba mu gihugu c’i Gosheni, ube hafi y[anje], . . . kandi [n]zogutungirayo” (Itanguriro 45:9-11; 47:12). Vyemere, gutera iteka abavyeyi bacu bageze mu zabukuru birimwo kubakingira no kubaronsa ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri igihe baba badashoboye kuvyironsa (1 Samweli 22:1-4; Yohana 19:25-27). Yozefu yaremeye iryo banga n’umutima ukunze.

6. Yozefu yagaragaje gute urukundo nyakuri afitiye se wiwe, kandi dushobora gute kwigana akarorero kiwe?

6 Yehova yarahezagiye Yozefu hanyuma aracika umwe mu bantu batunze cane bo mu Misiri aba n’umwe mu bagabo bakomakomeye bo muri ico gihugu (Itanguriro 41:40). Yamara ntiyibona ko ari umuntu ahambaye rwose kandi afise ibintu vyinshi akora ku buryo atotera iteka se wiwe w’imyaka 130. Yozefu amaze kumenya yuko Yakobo (canke Isirayeli) ariko aregereza, “[yaciye] azirikisha umukogote wiwe ku mafarasi, adūga i Gosheni ngw asanganire se Isirayeli; aramwibarira, amugwa mw izosi, aririra kw izosi ryiwe umwanya munini” (Itanguriro 46:28, 29). Ukwo kumwakira kwari kurengeye kure n’iyo icubahiro umuntu ategerezwa kugaragaza. Yozefu yarakunda cane umutama wiwe, kandi ntiyaterwa ubuyega no kumugaragariza urukundo amufitiye. Nimba dufise abavyeyi bageze mu zabukuru, tweho twoba tubaserurira urukundo tubafitiye tutitangiriye itama?

7. Ni kubera iki Yakobo yipfuje guhambwa i Kanani?

7 Yakobo yagumye ari umuntu ayobokera Yehova bimwe bikomeye gushika kw’iherezo ry’ubuzima bwiwe (Abaheburayo 11:21). Kubera ukwizera gukomeye Yakobo yari afise mu mihango y’Imana, yasavye yuko yohambwa i Kanani. Yozefu yarateye iteka se wiwe mu gushitsa ivyo yari yaramusavye, naho vyasaba ibintu vyinshi kandi bigasaba n’akigoro kanini.—Itanguriro 47:29-31; 50:7-14.

8. (a) Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma twitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru? (b) Ni ibiki umusuku umwe w’igihe cose yagize kugira yitwararike abavyeyi biwe bageze mu zabukuru (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17.)?

8 Ni igiki catumye Yozefu yitaho se wiwe? Naho urukundo be n’agatima ko kwumva ko afitiye umwenda uwari yaramuhaye ubuzima akaba ari na we yamubungabunze ari vyo vyabitumye, nta nkeka yuko Yozefu yari afise kandi icipfuzo gikomeye co guhimbara Yehova. Ico ni co cipfuzo natwe dukwiye kugira. Paulo yanditse ati: “Umupfakazi wese, namb’afise abana cank’abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana” (1 Timoteyo 5:4). Emwe, urukundo dukunda Yehova be n’ukumutinya kurimwo icubahiro tumufitiye bizotuvyurira umutima wo kwitaho abavyeyi bashaje, naho twosanga bigoye gutea.

Ingene abakurambere berekana yuko babitaho

9. Ni bande Yehova yagenye kugira baragire umukuku, ushizemwo n’abakirisu bageze mu zabukuru?

9 Yakobo ari hafi gupfa, yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu” (Itanguriro 48:15). Muri iki gihe, Yehova araragira abasavyi biwe bo kw’isi akoresheje abacungezi bakirisu ari bo bakurambere bari musi y’ubuyobozi bw’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, “Umwungere mukuru” (1 Petero 5:2-4). Abacungezi bashobora gute kwigana Yehova igihe bitaho abo mu mukuku bageze mu zabukuru?

10. Ni ibiki vyakozwe kugira ngo abakirisu bageze mu zabukuru bafashwe mu vy’umubiri (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 19.)?

10 Inyuma gatoyi y’aho ishengero rya gikirisu rishingiwe, intumwa zaragenye “abantu ndwi bashimwa, buzuye [im]pwemu [y]era n’ubgenge” kugira ngo bahagarikire “ingaburo y’imisi yose” y’imfungurwa yagabanganywa mu bakirisu b’abapfakazi bari bakenye (Ivyakozwe 6:1-6). Mu nyuma, Paulo yategetse wa mucungezi Timoteyo gushira abapfakazi bageze mu zabukuru b’intangakarorero ku rutonde rw’abari bakwiriye guhabwa imfashanyo y’ivy’umubiri (1 Timoteyo 5:3, 9, 10). Ukwo ni ko n’abacungezi bo mw’ishengero muri iki gihe baringaniza n’umutima ukunze imfashanyo ngirakamaro zo gufasha abakirisu bageze mu zabukuru igihe ivyo bikenewe. Ariko rero, kwitaho abageze mu zabukuru b’abizerwa harimwo n’ibindi turetse ivyo.

11. Yezu yavuze iki ku vyerekeye wa mupfakazi w’umworo yatanga intererano ntoyi?

11 Yezu ari hafi kurangiza ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yaricaye mu rusengero hanyuma “abona ingen’ishengero rishikana amahera, bayaterera mu . . . masandugu”. Maze hariho umuntu Yezu yitegereje cane. Iyo nkuru ivuga iti: “Haza umupfakazi w’umworo, atereramw’amasenge abiri, ni yo kuta”. Yezu yarahamagaye abigishwa biwe baza aho ari hanyuma ababwira ati: “Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu: kuko bose bashikanye ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ivyo yar’afise vyose, n’ibimutunze vyose” (Mariko 12:41-44). Uravye amahera yatanze, intererano y’uwo mupfakazi yari ntoya, mugabo Yezu yari azi ukuntu Se wiwe wo mw’ijuru aha agaciro mwene ukwo kumwubaha umuntu agiranye umutima wiwe wose. Naho uwo mupfakazi w’umworo yari ashaje, Yezu ntiyirengagije ivyo yakoze.

12. Abakurambere bashobora gute kwerekana ko baha agaciro agacumu k’ubumwe abakirisu bageze mu zabukuru baterera?

12 Nka kumwe kwa Yezu, abacungezi bakirisu ntibirengagiza ivyo abageze mu zabukuru bakora kugira bateze imbere ugusenga kw’ukuri. Abakurambere barafise imvo yumvikana yo gukeza abageze mu zabukuru ku bw’uruhara bagira mu busuku, ku bw’uruhara bagira mu makoraniro, ku bw’akosho keza bagira mw’ishengero no ku bw’ukwihangana kwabo. Ijambo ry’indemesho rivuye ku mutima rirashobora gufasha abageze mu zabukuru kuronka ‘ico birata’ mu murimo mweranda barangura, gutyo bakaba birinze kubavuna umutima mu kugereranya ivyo bakora n’ivyo abandi bakirisu bashoboye gukora, canke mu kugereranya ivyo bakora ubu be n’ivyo bigeze gushikako kera.—Ab’i Galatiya 6:4.

13. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakurambere bashobora kwigira ku buhanga be n’ubumenyi abageze mu zabukuru bafise?

13 Abakurambere barashobora gukenguruka agacumu k’ubumwe abakirisu bakuze baterera mu kwigira ku bumenyi bwabo no ku buhanga bwabo. Abageze mu zabukuru b’intangakarorero barashobora rimwe na rimwe gukoreshwa mu myerekano no mu biganiro vy’ukubaza ibibazo. “Abumviriza usanga vy’ukuri babanga amatwi bakumviriza iyo ndiko ndabaza umuvukanyi canke umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yarereye abana biwe mu kuri”. Ukwo ni ko umukurambere umwe avuga. Abakurambere bo mu rindi shengero bavuga yuko hari umuvukanyikazi w’umutsimvyi w’imyaka 71 yashoboye gufasha abamamaji b’Ubwami kugira babe intahorereza mu murimo wo mu ndimiro. Arabaremesha kandi kugira ibintu vy’“ishimikiro”, nk’ugusoma Bibiliya be n’icanditswe c’umusi no guca bazirikana ku vyo basomye.

14. Inama y’abakurambere imwe yerekanye gute ko iha agaciro umukurambere mugenzi wabo ageze mu zabukuru?

14 Abakurambere kandi baraha agaciro agacumu k’ubumwe abacungezi bagenzi babo bageze mu zabukuru baterera. José, uwuri mu myaka 70 y’amavuka kandi akaba amaze imyaka mirongo ari umukurambere, aherutse kubagwa mu buryo bugoye. Kubera ko yabona yuko bizotwara igihe kirekire kugira atore mitende, yariyumviriye ivyo guheba agateka kiwe ko gusukura ari umucungezi muhagarikizi. José avuga ati: “Inyifato abandi bakurambere baciye bagira yarantangaje. Aho guca bemera iciyumviro canje, barambajije imfashanyo ngirakamaro noba nkeneye kugira mbandanye kurangura amabanga yanje”. José abifashijwemwo n’umukurambere akiri muto, yarashoboye kubandanya gusukura ari umucungezi muhagarikizi abigiranye umunezero, kandi ivyo vyarabaye umuhezagiro kw’ishengero. Umukurambere mugenziwe avuga ati: “Abavukanyi barakenguruka cane igikorwa José arangura ari umukurambere. Baramukunda kandi bakamwubaha bivuye ku tuntu n’utundi azi be no ku karorero kiwe k’ukwizera. Ni kirumara kw’ishengero ryacu”.

Tubabarane

15. Ni kubera iki abakirisu bose bakwiye kwitwararika ukumererwa neza kw’abageze mu zabukuru bari muri bo?

15 Abana bafise abavyeyi bageze mu zabukuru be n’abasavyi b’Imana bagenywe, si bo bonyene bakwiye kwitwararika abageze mu zabukuru. Mu kugereranya ishengero rya gikirisu n’umubiri w’umuntu, Paulo yanditse ati: “Imana yafatanije umubiri hamwe, urugingo rukennye icubahiro iruha icubahiro kirushiriza, kugira ng’umubiri ntiwireme ibice, arikw ingingo zibabarane kumwe” (1 Ab’i Korinto 12:24, 25). Iyindi mpinduro ivuga uku: “Ingingo zose [z’umubiri] zigirirane umwitwarariko umwe” (UB). Kugira ngo ishengero rya gikirisu rikore rihuje inama, umwumwe wese mu barigize ategerezwa kwitwararika ukumererwa neza kw’uwo basangiye ukwizera, harimwo n’abageze mu zabukuru.—Ab’i Galatiya 6:2.

16. Dushobora gute kwerekana ko twitwararika abageze mu zabukuru igihe twitavye amakoraniro ya gikirisu?

16 Amakoraniro ya gikirisu araturonsa akaryo keza ko kwerekana ko twitwararika abageze mu zabukuru (Ab’i Filipi 2:4; Abaheburayo 10:24, 25). Twoba dufata umwanya wo kuganira n’abageze mu zabukuru mu bihe nk’ivyo? Naho vyoba bibereye ko turondera kumenya ukuntu amagara yabo yifashe, twoba dushobora ‘kubaha ingabire y’impwemu’, kumbure mu gusangira na bo icabonywe cubaka canke iciyumviro kanaka co mu Vyanditswe? Kubera yuko abageze mu zabukuru bamwebamwe bibagora kugendagenda, twoba tugize umutima mwiza tubasanze aho bari aho kwitega ko ari bo badusanga aho turi. Niba uwugeze mu zabukuru afise ingorane y’ukwumva, vyokenerwa ko tuvuga twitonze kandi tukavuga dutobora. Vyongeye, kugira ngo habe ‘uguhanahana indemesho’ nyakwo, dutegerezwa kwumviriza twitonze ivyo uwugeze mu zabukuru avuga.—Abaroma 1:11, 12, NW.

17. Dushobora gute kwerekana ko twitwararika abakirisu bageze mu zabukuru badashobora kuva muhira?

17 Tuvuge iki igihe hari abageze mu zabukuru boba badashobora kwitaba amakoraniro ya gikirisu? Muri Yakobo 1:27 harerekana ko “kurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo” ari ibanga ritwega. Insobanuro imwe y’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kurāba” ni “kugendera” (Ivyakozwe 15:36). Vyongeye, urazi ukuntu bashimishwa n’uko tubagendera! Igihe “umutāma” Paulo yari apfungiwe i Roma nko mu 65 G.C., yari inyakamwe koko. Yaripfuje kubona umukozi mugenziwe Timoteyo araheza amwandikira ati: “Gira umwete wo kuza aho ndi vuba” (Filemoni 9; 2 Timoteyo 1:3, 4; 4:9). Naho abageze mu zabukuru bataba bapfunzwe, bamwebamwe muri bo usanga badashobora kuva muhira bitewe n’ingorane z’amagara. Nkako, boshobora kuba bariko bataka ngo ‘Ndakwinginze, gira uko ushoboye ungendere bidatevye’. Twoba twitaba mwene ukwo kwitabariza?

18. Ni ivyiza ibihe bishobora kuva mu kugendera abageze mu zabukuru?

18 Ntiwigere ufatira mu rwara ivyiza biva mu kugendera umuvukanyi canke umuvukanyikazi wo mu vy’impwemu ageze mu zabukuru. Igihe umukirisu umwe yitwa Onesiforo yari i Roma, yararonderanye ubwira Paulo, aramubona, hanyuma amaze kumubona ‘aramuruhura kenshi’ (2 Timoteyo 1:16, 17). Hari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru avuga ati: “Ndahimbarwa n’ukumara umwanya ndi kumwe n’abakiri bato. Ikintu nshima cane ni ukuntu bamfata nk’uwo mu muryango wabo. Birandemesha”. Uwundi mukirisu ageze mu zabukuru avuga ati: “Ndabishima koko igihe hagize umuntu andungikira agakarata k’intasho, ampamagaye kuri telefone naho hoba ari mu minuta mikeyi, canke akubitiye kundaba. Ni nk’uguhumeka akayaga keza”.

Yehova araha impera abitaho abandi

19. Ni imihezagiro iyihe iva ku kwitaho abageze mu zabukuru?

19 Kwitaho abageze mu zabukuru bivamwo imihezagiro myinshi. Kwifatanya n’abageze mu zabukuru be no kwikora ku bumenyi bwabo be no ku buhanga bwabo, ivyo ubwavyo ni agateka. Abitaho abandi baragira agahimbare kenshi kava ku gutanga be n’ukwiyumvamwo ko hari ico bakoze, bakongera bakagira amahoro yo mu mutima ava ku kuba baranguye ibanga bahabwa n’Ivyanditswe (Ivyakozwe 20:35). Vyongeye, abitaho abageze mu zabukuru ntibakwiye guhagarika umutima ngo na bo bazobura uwubitaho nibashika mu myaka yabo y’ubusaza. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Umutima urekura uzototahara, kand’ūvomera abandi azovomerwa na we”.—Imigani 11:25.

20, 21. Yehova abona gute abitaho abageze mu zabukuru, kandi umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe?

20 Yehova araha impera abana batinya Imana, abacungezi be n’abandi bakirisu batinya Imana bitwararikana, kubera agatima bagaragaza ko kwitaho ata bwikunzi ivyo abo basangiye ukwizera bageze mu zabukuru bakeneye. Agatima nk’ako karahuye n’uwu mugani ugira uti: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura” (Imigani 19:17). Nimba urukundo rudusunikira ku kugirira ubuntu umugorwa n’umukene, Imana ibona ukwo gutanga nk’ingurane yishura mu gutanga umuhezagiro. Iranatwishura ku bw’umutima tugira wo kwitwararikana urukundo abo dusangiye ugusenga bageze mu zabukuru, benshi muri bo bakaba ari ‘aboro mu vy’iyi si mugabo bakaba abatunzi mu kwizera’.—Yakobo 2:5.

21 Urazi ukuntu ivyo Imana itwishura bigaragaza ugutanga kwa cane! Birimwo ubuzima budahera. Kuri benshi cane mu basavyi ba Yehova, buzoba ari ubuzima budahera kw’isi izoba yabaye iparadizo, aho ingaruka z’icaha twarazwe zizoba zakuweho, n’abageze mu zabukuru b’abizerwa bagasubirana inkomezi zabo zo mu buto (Ivyahishuriwe 21:3-5). Magingo tukirindiriye ico gihe c’agahore, nimuze tubandanye kurangura ibanga rya gikirisu tujejwe ryo kwitaho abageze mu zabukuru.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kuronka izindi nama ngirakamaro z’uburyo bwo kwitaho abavyeyi bageze mu zabukuru, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ruhuhuma 1994, urupapuro rwa 3-10.

Wokwishura gute?

• Abana bashobora gute gutera iteka abavyeyi babo bashaje?

• Abakurambere berekana gute ko baha agaciro abo mu mukuku bageze mu zabukuru?

• Ni igiki abakirisu umwumwe ku giti ciwe bashobora gukora kugira ngo bitwararike vy’ukuri abageze mu zabukuru?

• Ni imihezagiro iyihe iva ku kwitaho abakirisu bageze mu zabukuru?

[Uruzitiro ku rup. 17]

Igihe abavyeyi biwe bari bakeneye imfashanyo

Philip yakora ari uwitanze avyishakiye mu gikorwa c’ubwubatsi muri Liberiya mu 1999 igihe yaronka inkuru zimubwira yuko se wiwe yari arwaye cane. Kubera ko yari azi yuko nyina wiwe atari gushobora kwirwanako wenyene, yarafashe ingingo yo gusubira iwabo kugira ngo avuze se wiwe.

Philip avuga ati: “Ntivyari vyoroshe gusubira i muhira. Mugabo narabona yuko ibanga nategerezwa kubanza kwitwararika ari abavyeyi banje”. Mu myaka itatu yakurikiye, yarimuriye abavyeyi biwe mu nzu irushirije kuba nziza hanyuma, abifashijwemwo n’abakirisu bagenziwe bo mu karere yabamwo, aratunganya iyo nzu bushasha bivanye n’ivyo se wiwe yari akeneye bidasanzwe.

Nyina wa Philip ubu rero ariteguriye neza kwitwararika ingorane z’amagara zikomeye za se wa Philip. Philip aherutse kwemera ubutumire yahawe bwo kuja gukora ari umwishakire ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri Makedoniya.

[Uruzitiro ku rup. 19]

Ntibirengagije ivyo akeneye

Igihe Ada, umukirisukazi w’imyaka 85 wo muri Ositaraliya, atari akibasha kuva muhira kubera amagara mabi, abakurambere bo mw’ishengero bararinganije ivy’ukumusahiriza. Baratunganije umugwi w’abakirisu bagenziwe boshoboye kumufasha. Abo bavukanyi n’abavukanyikazi barahimbawe no gukora udukorwa tumwetumwe, nk’isuku, ukumesura, ugukinjika be no kubirukangira muri utu canke turiya.

Kuva iyo nsahirizo itanguye, harashize imyaka hafi cumi. Gushika ubu, Ivyabona vya Yehova bagenziwe barenga 30 baramaze gufasha mu kwitaho Ada. Barabandanya kumugendera, kumusomera ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kuguma bamumenyesha aho iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abo mw’ishengero rigeze be no gusenga ubudahorereza bari kumwe na we.

Hari umukurambere wo ngaho yavuze ati: “Abitaho Ada babona ko kumufasha ari agateka. Benshi barakozwe ku mutima n’umurimo uranga ubwizerwe amaze imyaka irenga mirongo arangura, bakaba batoruha barota kwirengagiza ivyo akeneye”.

[Ifoto ku rup. 16]

Twoba turi abantu b’inda nziza mu bijanye n’ukugaragariza igishika abavyeyi bageze mu zabukuru?

[Amafoto ku rup. 18]

Bose mw’ishengero barashobora kugaragaza urukundo bafitiye abo basangiye ukwizera bageze mu zabukuru

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika