ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/8 rup. 4-7
  • Intwaro y’ubwami bw’Imana si umugani muri iki gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intwaro y’ubwami bw’Imana si umugani muri iki gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umutware Kizigenza w’iyo ntwaro y’Ubwami
  • Abatwarwa b’intwaro y’Ubwami bw’Imana
  • Ubwami bw’Imana be n’ivy’ukwigisha
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/8 rup. 4-7

Intwaro y’ubwami bw’Imana si umugani muri iki gihe

“Bishoboka bite yuko ibihugu vyinshi cane gutyo, bitandukanye rwose mu mico kama kandi bitandukanye rwose mu vy’iterambere, vyemera ico kintu? Vyavuzwe yuko igitero kivuye ku wundi mubumbe ari co conyene kizotuma umuryango w’abantu wunga ubumwe”.—Ikinyamakuru co muri Ositaraliya citwa The Age.

NGO igitero giturutse ku wundi mubumbe? Nimba ico gitero cotuma ibihugu vyose vyo kw’isi vyunga ubumwe canke kitobishobora, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buravuga koko ivyerekeye icago cimirije gushika kizotuma ibihugu vyo kw’isi bihurikira hamwe. Kandi ico cago kizoterwa koko n’inteko zitari izo kw’isi.

Wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaravuze mu buryo menyeshakazoza ukwo kuntu ibintu vyogenze kw’isi muri iki gihe. Ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Abami bo mw isi baragomoye, n’abakuru bahūrije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta; bati Ngo ducagagure imvuto bātubohesheje, dute kure ingoyi bādushizemwo” (Zaburi 2:2, 3; Ivyakozwe 4:25, 26). Urabona yuko abatware b’isi bohurije ingingo hamwe kurwanya Yehova, Umuremyi w’isi n’ijuru, no kurwanya uwasizwe wiwe canke Umwami yigeneye ari we Yezu Kirisitu. Ivyo vyoshitse gute?

Twisunze urukurikirane rw’ibihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyabereyeko be n’ubuhanuzi bwarangutse, Ubwami bw’Imana bwashinzwe mw’ijuru mu mwaka wa 1914, Umwami wabwo akaba yabaye Yezu Kirisitua. Ico gihe amahanga yo mw’isi yarahurije ingingo hamwe. Aho kugira ngo ayo mahanga ayobokere ukugaba n’ukuganza kw’Ubwami bw’Imana bwari buherutse kuvuka, yaciye yisuka mu vyo kurwanira ububasha, ivyo bikaba vyagaragariye muri ya Ntambara Ihambaye ari yo ya Ntambara ya Mbere y’isi yose.

Yehova Imana abona gute iyo nyifato y’abatware b’abantu? “Umwe avyagiye mw ijuru azobatwengera mw ijigo: Umwami Imana azobakēngēra. Maz’azobabarirana uburake bgiwe, azobatēza ubgoba uguhambara kwiwe gukomeye”. Maze, Yehova azobwira Umwana wiwe, ni ukuvuga Umwami yasizwe w’ubwo Bwami, ati: “Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe, n’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe. Uzobavunaguza inkoni y’icuma, uzobamenagura nk’ikibumbano”.—Zaburi 2:4, 5, 8, 9.

Ukwo gutsinda rimwe rizima amahanga y’abansi hakoreshejwe inkoni y’icuma, kuzoshika kuri Harumagedoni. Igitabu ca nyuma ca Bibiliya, ni ukuvuga Ivyahishuriwe, kidondora ico kintu c’agaheta yuko ari “intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”, “abami bo mw isi yose” bakaba bariko bakoranirizwa hamwe ku bw’iyo ntambara (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Bivuye ku kosho k’amadayimoni, amahanga y’isi amaherezo azokoranira hamwe afise umugambi umwe, uwo mugambi ukaba ari ukurwanya Imana Mushoboravyose.

Igihe abantu bazohuriza ingingo hamwe yo kurwanya ubusegaba bw’Imana kiriko kiregereza cihuta. Igitwengeje ni uko icitwa ngo ni ubumwe bwabo ata co buzobamarira. Ahubwo riho, ico kintu bazokora kizoba ari icitangira imbere amahoro abantu bose bamaze igihe kirekire barindiriye. Uti ivyo bishoboka gute? Muri iyo ntambara ya nyuma, Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [b’isi]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Ubwami bw’Imana ni yo ntwaro izoshitsa icipfuzo umuryango w’abantu ufise co kuronka amahoro kw’isi, si ishirahamwe ry’abantu rizogishitsa.

Umutware Kizigenza w’iyo ntwaro y’Ubwami

Ubwo ni bwo bwa Bwami abantu benshi b’umutima nziraburyarya bamaze igihe basaba, bavuga ngo: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Aho kugira ngo bube ari imimerere itaboneka yo mu mutima, Ubwami bw’Imana ni intwaro itari umugani imaze kurangura ibikorwa vy’igitangaza kuva kw’ishingwa ryayo mw’ijuru mu 1914. Reka turimbure ibintu nyamukuru bimwebimwe vyerekana yuko Ubwami bw’Imana atari umugani, ko buriko burakora mu buryo bushitse muri iki gihe.

Imbere ya vyose, burafise igisata kijejwe ubuyobozi gifise ububasha kandi gikora neza kirongowe na wa Mwami yimitswe ari we Yezu Kirisitu. Mu 33 G.C., Yehova Imana yagize Yezu Kirisitu Umutwe w’ishengero rya gikirisu (Abanyefeso 1:22). Kuva ico gihe, Yezu yarakoresheje ikibanza ciwe co kuba umutwe, gutyo arerekana ubushobozi afise bwo gutegeka. Nk’akarorero, igihe ikigoyi gikomeye catera i Yudaya mu kinjana ca mbere, ishengero rya gikirisu ryaciye rigira ico rikoze mu gufasha abarigize. Haratunganijwe igikorwa co gutabara, Barunaba na Sauli bararungikwa bavuye muri Antiyokiya bajanye ivyo gutabara.—Ivyakozwe 11:27-30.

Ntitwobura kwitega ko Yezu Kirisitu akora n’ibiruta ivyo ubu intwaro y’Ubwami iriko irakora. Igihe cose hateye ivyago, nk’akarorero vya nyamugigima, ibigoyi, amasegenya, ibivumbuzi, ibihuhusi canke ibirunga bigafumbuka, ishengero rya gikirisu ry’Ivyabona vya Yehova rica rihaseruka mu maguru masha rigafasha abo basangiye ukwizera be n’abandi mu turere tuba twashikiwe n’ivyo vyago. Nk’akarorero, igihe ikinyamugigima cabica bigacika muri Salvador mu kwezi kwa Nzero n’ukwa Ruhuhuma 2001, ibikorwa vyo gutabara vyararinganijwe mu mihingo yose y’ico gihugu, kandi imigwi igizwe n’Ivyabona vya Yehova bo muri Kanada, Gwatemala n’abo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaratanze imfashanyo. Bitatu mu bibanza vyabo vyo gusengeramwo hamwe n’amazu arenga 500 vyarasanuwe mu gihe gito.

Abatwarwa b’intwaro y’Ubwami bw’Imana

Kuva Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bushingwa mu 1914, buriko buratororokanya bwongera bwungunganya abatwarwa babwo mu bantu bo hirya no hino kw’isi. Ivyo biba mw’iranguka ry’ubuhanuzi buhambaye bwanditswe na Yesaya bugira buti: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho [ni ukuvuga ugusenga kwiwe kuninahaye kw’ukuri] uzogasara ku mpinga z’imisozi, . . . kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo”. Ubwo buhanuzi bwerekana ko “amoko menshi” yoduze akaja kuri uwo musozi maze akakira inyigisho be n’amabwirizwa vya Yehova.—Yesaya 2:2, 3.

Ico gikorwa catumye haba ishirahamwe rinini kuruta ayandi yose yo muri iki gihe, na ryo rikaba ari ikivukano mpuzamakungu kigizwe n’abakirisu barenga 6.000.000 mu bihugu birenga 230 vyo kw’isi. Ku mahwaniro mpuzamakungu y’Ivyabona vya Yehova, ababihweza akenshi usanga bikugura urukundo, amahoro n’ubumwe birangwa mu bantu amasinzi n’amasinzi baba bahari, barengera ukudahuza ibihugu, imico kama be n’ururimi (Ivyakozwe 10:34, 35). Ntiwemera none yuko kugira ngo intwaro kanaka ishobore gutororokaniriza hamwe imigwi y’amoko amajana n’ayandi mu mahoro no mu mwumvikano, itegerezwa kuba ibishoboye kandi idahindagurika, eka mbere itari umugani?

Ubwami bw’Imana be n’ivy’ukwigisha

Intwaro yose iba ifise ingingo mfatirwako abo itwara bitegwako gushitsa, kandi umuntu wese ashaka kubaho atwarwa n’iyo ntwaro ategerezwa gushitsa izo ngingo mfatirwako. Muri ubwo buryo nyene, Ubwami bw’Imana burafise ingingo mfatirwako abo bose bipfuza kuba abatwarwa babwo bategerezwa gushitsa. Ariko rero, gutuma abantu benshi cane bagize kahise gatandukanye rwose bashobora kwemera no gukurikiza ingingo ngenderwako zimwe, mu vy’ukuri ni igikorwa amahanga. Ngiki rero ikindi kintu cerekana ko Ubwami bw’Imana atari umugani: porogarama kirumara y’inyigisho idashikira canke ngo ihindure umuzirikanyi gusa, ariko kandi ishikira ikongera igahindura n’umutima.

None nya ntwaro y’Ubwami irangura gute ico gikorwa kitoroshe? Ikirangura ikoresheje uburyo intumwa zakoresha bwo kwamamaza ‘ku muhana ku muhana’ no kwigisha Ijambo ry’Imana umuntu umwumwe ukwiwe (Ivyakozwe 5:42; 20:20). None mwene iyo nyigisho iriko iroranirwa ku rugero rungana iki? Uwitwa Jacques Johnson, akaba ari umupatiri w’umugatolika, yaranditse mu kinyamakuru gisohoka ku ndwi ku ndwi co muri Kanada ku bijanye n’utwigoro yagize two kubuza umukenyezi umwe kwigana n’Ivyabona vya Yehova. Yavuze ati: “Nsa n’uwabuze ico mfata n’ico ndeka kandi naratahuye yuko nari nisutse mu rugamba ntashobora gutsinda. Naratanguye gutahura yuko mu mezi atari make yari ahaciye, ivyo Vyabonakazi bari baragiraniye ubucuti buri n’ico buvuze n’uwo inabibondo atari ashoboye kuva aho ari. Baragiraniye ubumwe na we mu kumufasha, mu kumugira umugenzi no mu kugiriranira na we ubucuti bw’umutima buri n’ico buvuze. Ntiyatevye gucika umuyoboke w’umunyamwete mw’idini ryabo kandi nta kintu kinini nashobora gukora kugira ngo ico kintu ndakibuze”. Nka kurya nyene umutima w’uwo yahoze ari umugatolika wavyuriwe ingiro n’ubutumwa bwa Bibiliya bwigishwa n’Ivyabona vya Yehova akongera akavyurirwa ingiro n’inyigenzo yabo ya gikirisu, ni na ko imitima y’abantu amamiliyoni bo kw’isi yose iriko iravyurirwa ingiro.

Mwene iyo nyigisho, ni ukuvuga inyigisho yerekeye Ubwami, ishingiye kuri Bibiliya, ikaba ishigikira ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako zayo zijanye n’ukwigenza runtu. Irigisha abantu gukundana no kwubahana bataravye kahise kabo (Yohana 13:34, 35). Irafasha kandi abantu kwitabira iyi nkeburo igira iti: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose” (Abaroma 12:2). Kubera yuko abantu amamiliyoni baheba uburyo bwabo bwa kera bwo kubaho maze babigiranye umunezero bakisunga amategeko be n’ingingo ngenderwako vy’intwaro y’Ubwami, bararonse amahoro n’agahimbare ubu, hamwe n’ivyizigiro vya kazoza bikayangana.—Ab’i Kolosayi 3:9-11.

Imfashanyo imwe ihambaye ituma ubwo bumwe bwo kw’isi yose bushikwako, ni iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Biciye ku buhinga bwo guhindura butunganijwe be no ku bikoresho bifasha gusohora ibitabu mu ndimi nyinshi, ibiganiro nyamukuru vyo mu Munara w’Inderetsi birasohorerwa icarimwe mu ndimi 135, kandi ibice birenga 95 kw’ijana vy’abasomyi b’ico kinyamakuru kw’isi yose, barashobora kwiga ayo mayagwa mu rurimi rwabo kavukire mu gihe kimwe.

Umwanditsi umwe wo mw’idini ry’abamorumone (église mormone) yarerekanye igikorwa c’ubumisiyonari caroraniwe kuruta ibindi vyose kitari ico mw’idini akukira. Yerekanye yuko ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, ari vyo binyamakuru vyiza kuruta ibindi mu bijanye no kwigisha Injili maze avuga ati: “Nta n’umwe yokwagiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi canke Be maso! yuko biremesha agatima ko kuba sindabibazwa, ahubwo riho bituma abantu bagira agatima ko kwama barikanuye, kakaba ari agatima ntigera mbona mu bindi bitabu bijanye n’idini. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! biraruhura uravye ibintu bivugwamwo bishingiye ku nkuru y’imvaho, biba vyagiriwe ubushakashatsi bwitondewe kandi bijanye n’ibintu bibaho koko mu buzima”.

Hariho ibimenyamenya vyinshi koko vyerekana yuko Ubwami bw’Imana buriko burakora bimwe bishitse. Ivyabona vya Yehova babigiranye umunezero n’umwete barasangira “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” n’abantu nka bo, bakabatumira ngo babe abatwarwa babwo (Matayo 24:14). Wumva woshimishwa n’ukuba umutwarwa wabwo? Urashobora kuronka imihezagiro iva mu kwifatanya n’abariko barigishwa ingingo mfatirwako za nya Bwami kandi bakita ku rutare kugira ngo babeho bazisunga. N’ikirushirije kuba ciza, urashobora kugira icizigiro co kuzobaho igihe Ubwami buzoba buganza mw’isi nshasha yasezeranywe, iyo “ukugororoka kuzobamwo”.—2 Petero 3:13.

[Akajambo k’epfo]

a Kugira ngo uronke ikiganiro gitanga ido n’ido, raba ikigabane ca 10 kivuga ngo “Ubwami bw’Imana Buraganza”, mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, urupapuro 90-97.

[Ifoto ku rup. 4, 5]

Mu 1914 amahanga yarisutse mu ntambara y’isi yose

[Amafoto ku rup. 6]

Igikorwa co gutabara gikorwa n’abavyishakiye, ni ikimenyamenya c’urukundo rwa gikirisu rubonekera mu bikorwa

[Ifoto ku rup. 7]

Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barungukira kuri porogarama imwe y’inyigisho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika