Aho woronkera impanuro ngirakamaro kuruta izindi zose
UBUZIMA bwiza nta wutobwipfuza koko. Kugira ngo umuntu ashikire ubuzima nk’ubwo muri iyi si y’urusobangane, arakeneye impanuro nziza kandi akaba yiteguriye gukora ahuza na yo. Ariko rero, abantu ntibamye nantaryo bashaka kwumviriza impanuro ngirakamaro. Abenshi baravuze yuko umuntu akwiye kubaho nk’uko yumva ashaka. Kukaba nkako, inkuru yo muri Bibiliya yerekana ko Shetani, wa mwansi wa mbere na mbere yarwanije ubusegaba bw’Imana, yemereye ba bantu ba mbere umwidegemvyo. Mw’Itanguriro 3:5 harerekana ivyo yiraririye avuga ati: “Imana izi yuk’umusi mwa[riye ku vyama ku giti c’ukumenya iciza n’ikibi], amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”.
Adamu na Eva boba mu nyuma barashoboye kubaho baroraniwe, badashikirwa n’ingaruka mbi, bakabaho bayoborwa n’ivyiyumviro vyabo bwite vyonyene? Haba n’intete. Baciye ubwo nyene bibonera ingaruka z’ico biyumvira ko ari ukurondera kumenya iciza n’ikibi. Imana yarabashibuye bikwiriye, hanyuma batangura kubaho nabi ari abanyagasembwa, amaherezo barapfa (Itanguriro 3:16-19, 23). Urupfu ruradushikako twese. Bibiliya ivuga iti: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu [ruzanwa] n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha”.—Abaroma 5:12.
Naho ubu hariho inkurikizi mbi zavuye kw’ihitamwo rya Adamu na Eva, abenshi n’ubu ntibarabona yuko gukurikiza impanuro ziva kuri nyene kurema umuntu ari co kintu kiranga ubukerebutsi. Ariko rero, Bibiliya ubwayo ivuga ko ‘yahumetswe n’Imana kandi igira ikimazi’, ikaba ishobora kudufasha kuba ‘abashitse, bafise ibibakwiye vyose, ngo bakore igikorwa ciza cose’ (2 Timoteyo 3:16, 17). Nta kibuza ko tuzoba abahirwe nitwakurikira impanuro zo muri Bibiliya. Mu rugo ni ahantu nyamukuru iyo mpanuro ikora.
Ukudahemukiranira mu mubano w’ababiranye
Twisunze Bibiliya, Imana yategekanije yuko umugabo n’umugore bagumana (Itanguriro 2:22-24; Matayo 19:6). Vyongeye, Ivyanditswe bivuga yuko “uburiri [bw’ababiranye budakwiye gu]humanywa”, bikaba bishaka kuvuga yuko ubwo bumwe budakwiye kwanduzwa n’uguhuza ibitsina n’uwundi muntu atari uwo bubakanye (Abaheburayo 13:4). Ariko rero, ntubuze kuba uzi yuko muri iki gihe, imibano y’ababiranye myinshi idashitsa ico kintu. Abantu bamwebamwe usanga ku kazi bafise akamenyero ko gukwegana n’abo batubakanye. Abandi usanga babesha imiryango yabo kugira bamarane umwanya n’uwundi muntu bakunda atari uwo bubakanye. Hari mbere n’abaheba abo bubakanye bakaja kwibanira n’uwundi muntu akiritera akarisama, bagasigura yuko ngo baca bumva bamerewe neza kandi bahimbawe kuruta, nk’uko tubibonera mu vyashikiye Verónica, umwe yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki.
Naho ari ukwo, kugira umwiyemezo wo kwinezereza umuntu atabanje kuraba ingaruka zohaba, ntibizana ubuhirwe buramba. Ronald arashobora gushingira intahe ivyo. Kubera ko yiyumvira yuko ubuzima bwiwe bworushirije kumera neza, yarataye umugore wiwe aja kwubakana n’umugore bari bamaze imyaka itandatu bakundana mu kinyegero kandi bakaba bari bamaze kuvyarana abana babiri. Ariko rero, hashize igihe kinaka avanye n’umugore wiwe wa mbere, uwo mugore wundi bakundana yaramuhevye! Amaherezo Ronald yagiye kubana n’abavyeyi biwe. Yavuze ko ivyamushikiye ari ibintu “bitesha urupfasoni”. Ako ni akarorero kamwe gusa. Iyo nyifato iva ku vyipfuzo vy’ubwikunzi yaratumye ivy’ukwahukana be n’ivy’ugusambuka kw’ingo vyiyongera bimwe vy’akataraboneka, biraheza biteza umubabaro abantu benshi cane, abakuze n’abana.
Yamara, gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya biravamwo ubuhirwe nyakuri. Ni ko vyagendeye Roberto, uno akaba avuga ati: “Bivuye ku mpanuro zo muri Bibiliya, ntivyabaye ngombwa ko mvana n’umugore wanje. Ubuhirwe nyakuri umuntu ntabushikako mu kureka agakwegakwegwa n’umuntu atari uwo bubakanye, naho uwo muntu yoba asa n’irirenga. Inyigisho ishingiye kuri Bibiliya yaramfashije guha agaciro uwo twubakanye, tumaranye imyaka myinshi cane”. Impanuro ya Bibiliya ivuga ngo “ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance” yaragize uruhara ruhambaye mu buzima bwa Roberto (Malaki 2:15). Ni mu yindi mice iyihe dushobora kwungukira ku mpanuro ziva ku Mana?
Kurera abana bacu
Mu myaka mirongo iheze, iciyumviro c’uko ngo mu bijanye n’ukurera abana, abavyeyi badakwiye kubashingira uturimbi twinshi, carabaye iciyumviro gihurizwako n’abantu benshi. Vyasa n’uko ari ibitegereka kureka abana bakifatira ingingo bo ubwabo ku bijanye n’uburyo bokwiyumvira be n’uburyo bokwigenza. Intumbero bari bafise yari iyo kwirinda kunigira mu menshi ikura ryabo. Mu mihingo imwimwe, haranashinzwe uburyo bw’ukwigisha burimwo uguha umwidegemvyo abanyeshure, aho abanyeshure bashobora no kwifatira ingingo yo kwitaba canke kutitaba ivyigwa, bagashobora no kwihitiramwo urugero rw’ukwiruhura canke rw’ivyo bokwiga. Ingingo yafashwe na rimwe muri mwene ayo mashure, yari iyo “kureka abana bagaserura inyiyumvo zabo zose ata kubanebagura kandi ata muntu akuze abavogera”. Muri iki gihe, abahanuzi bamwebamwe mu bijanye n’inyifato y’abantu baracaharira ivyiza biva mu guhana, eka mbere no mu gihe abavyeyi babona ko bikenewe gutanga igihano kiranga urukundo.
None vyavuyemwo iki? Hari abantu benshi bemera yuko kurera abana babarekerana vyatumye baronka umwidegemvyo urenze urugero. Babona ko ivyo vyatumye ubugizi bwa nabi be n’ivy’ukwihereza ibiyayura umutwe vyongerekana. Itohoza rimwe ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryerekanye yuko ibice vyababa 70 kw’ijana vy’ababajijwe biyumvira yuko abana be n’urwaruka bataronka ubuyobozi bwa kivyeyi nk’uko babukeneye. Igihe abenshi bagerageza gusigura igituma kw’ishure haba abaraswa hakongera hakabera n’ubundi bugizi bwa nabi bukomeye bugirwa n’imiyabaga, bavuga ko ivyo biva ku “kurekerana [abana] kw’abavyeyi”. Eka mbere n’iyo hatoba mwene izo ngaruka zibabaje, abavyeyi n’abana baribonera ingaruka zibabaje zivuye ku kutayobora abana neza.
Bibiliya ivuga iki kuri ivyo? Impanuro itangwa n’Ivyanditswe ni iy’uko abavyeyi bakwiye gukoresha ubukuru bwabo babigiranye urukundo kandi bashikamye. Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe” (Imigani 22:15). Ariko ntiwumve, indero yose itangwa n’abavyeyi ikwiye kuba ihuje n’ukuntu ibintu vyifashe. Ubugwaneza, ukwigumya be n’ukurimbura ukuntu ibintu vyifashe bikwiye kuba ari vyo bigenga indero iyo ari yo yose itangwa. Aho ni ho rero iheza ikaba ikimenyetso c’urukundo. Abavyeyi bakoresheje ubukuru bwabo mu buryo buranga urukundo, atari mu buryo buranga ubunyamaswa, birashobora rwose gutuma ibintu bigenda neza.
Hariho ivyiza vyibonekeza biva mu gukurikiza iyo mpanuro. Arturo, umugabo w’imyaka 30 wo muri Megizike aherutse gushinga urwiwe, avuga ati: “Dawe yaradutomorera twe na benewacu yuko mawe afise ubukuru mu muryango. Ntibigera bagonanwa kuduhana. Yamara, bama bafata umwanya wo kuvugana natwe. Ubu maze kugera mu bigero, ndakenguruka cane ubuzima butekanye mfise, kandi ndazi ko ahanini vyavuye ku buyobozi bwiza naronse”.
Niwungukire ku mpanuro ngirakamaro kuruta izindi zose
Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya ririmwo impanuro zifitiye akamaro abantu kurusha izindi zose. Ubuyobozi ritanga ntibugarukira gusa mu muryango. Riradufasha mu kuturonsa ivyangombwa mu buryo bwinshi kubera yuko ritwigisha uburyo twokora muri iyi si aho usanga abenshi badashaka kwemera yuko Isôko ruheta ry’ubukerebutsi ari ryo rikwiye kuyobora ubuzima bwabo ku bw’ineza yabo.
Yehova Imana, we Muremyi w’umuryango w’abantu, abicishije ku mwanditsi wa Zaburi yavuze aya majambo asubiriza umutima mu nda agira ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako” (Zaburi 32:8). Woba ushobora kwiha ishusho y’ico bisobanura kuba Umuremyi adushinze ijisho kugira adukingire akaga? Ikibazo rero umwumwe wese muri twebwe yokwibaza ni iki: ‘Noba nzokwemera nicishije bugufi ubuyobozi bukingira Yehova atanga?’. Ijambo ryiwe ritubwira mu buryo buranga urukundo riti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.—Imigani 3:5, 6.
Gushika ku kumenya Yehova bisaba akigoro be n’ugukomera kw’ibanga, yamara ni ikintu abantu bashobora gushikako biciye kuri Bibiliya. Inzira y’ubuzima Yehova asaba ko twokurikira ‘irazana isezerano ry’ubuzima bwa none n’ubuzoza’. Vy’ukuri ni uburyo bwo kuronka inyungu nini uravye ivyiza iyo nzira itanga.—1 Timoteyo 4:8; 6:6.
Niba ushima ubukerebutsi Bibiliya itanga be n’imihezagiro iva ku kubaho uyisunga, gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako nubigire co kintu ushira imbere mu buzima bwawe. Kubigenza gutyo bizogufasha guhangana n’ingorane za kino gihe be n’izo ari zo zose ziraririye gushika, bikugendere neza. Vyongeye, uzoronka icizigiro co kuba mw’isi nshasha y’Imana, aho abantu bose bazoba bigishwa na Yehova kandi amahoro akaba umusesekara.—Yesaya 54:13.
[Ifoto ku rup. 5]
Impanuro Bibiliya itanga irashobora gukomeza ubucuti bwo mu mubano w’ababiranye
[Amafoto ku rup. 6]
Impanuro Bibiliya itanga ni ryo shimikiro ryo kuronka ubuyobozi bwiza, yamara ntibuza umuntu kwinezereza
[Amafoto ku rup. 7]
Abashira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga barashobora kugira ubuzima bwifashe neza