Ca gisabisho ca Dawe wa twese—ico gisobanura kuri wewe
CA GISABISHO ca Dawe wa twese, nk’uko catanzwe na Yezu Kirisitu muri ya Nsiguro yo ku Musozi, tugisanga muri Bibiliya muri Matayo ikibane ca 6, umurongo wa 9 gushika ku wa 13. Gatoyi imbere yuko Yezu atanga ico gisabisho, yavuze ati: “[“Igihe musenga, ntimukavuge amajambo amwe muza murayasubiramwo”, NW] nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’amajambo yabo menshi”.—Matayo 6:7.
Biribonekeza rero yuko Yezu atashaka kuvuga yuko ca gisabisho ca Dawe wa twese cogiye kirasubirwamwo ijambo ku rindi. Ego ni ko, mu nyuma yarasubiyemwo ico gisabisho kugira ngo abandi bariko bamwumviriza bacungukireko (Luka 11:2-4). Mugabo, hari ukuntu amajambo atandukanye uravye inkuru yo mu Njili ya Matayo n’iya Luka. Vyongeye, amasengesho Yezu n’abigishwa biwe batuye mu nyuma, ntiyakoreshejwemwo neza na neza amajambo kandondwa yo muri rya sengesho ry’akarorero yatanga.
Ni kubera iki ca gisabisho ca Dawe wa twese canditswe muri Bibiliya? Biciye kuri iryo sengesho ry’akarorero, Yezu aratwigisha ingene amasengesho yacu ashobora kuba ayemerwa ku Mana. Muri ico gisabisho, turasangamwo kandi bimwebimwe mu bibazo vy’ishimikiro biraba ubuzima. Nimuze rero turimbure igice kimwekimwe cose ca ca gisabisho ca Dawe wa twese.
Izina ry’Imana ni irihe?
“Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe [canke, “ryezwe”, “NW”]” (Matayo 6:9). Ayo majambo atangura rya sengesho ry’akarorero aradufasha kwiyegereza Imana tuyita “Data wa twese”. Nka kurya kw’umwana usanga mu bisanzwe akwegērwa ku muvyeyi amukunda kandi amutahura, turashobora kwegera Dawe wa twese wo mw’ijuru twizigiye tudakeka yuko ashaka kudutega ugutwi. Wa Mwami Dawidi yaririmvye ati: “Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe”.—Zaburi 65:2.
Yezu atwigisha gusaba yuko izina ry’Imana ryezwa, canke rishirwa ku ruhande ko ari ryeranda. Mugabo none, izina ry’Imana ni irihe? Bibiliya yishura muri aya majambo: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’Uhoraho Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje” (Yesaya 12:2). Woba urigera usoma iryo zina Yehova muri Bibiliya?
Ku bwa ngingo, izina ry’Imana ari ryo Yehova, riboneka incuro zababa 7.000 mu vyandiko vya Bibiliya vya kera vyandikishijwe iminwe. Ariko rero, abahinduzi bamwebamwe baragiye kure gushika n’aho bakura iryo zina mu mpinduro zabo za Bibiliya. Birabereye rero ko dusaba Umuremyi wacu kweza izina ryiwe, canke kurigira ryeranda (Ezekiyeli 36:23). Uburyo bumwe twokora duhuza n’isengesho nk’iryo ni ugukoresha izina Yehova igihe dusenga Imana.
Umugore umwe yitwa Patricia, yarerewe muri gatolika kandi yari amenyereye rwose ca gisabisho ca Dawe wa twese. Yavyakiriye gute none igihe umwe mu Vyabona vya Yehova yamwereka izina ry’Imana muri Bibiliya? Yihaye akamo ati: “Ntibishoboka!”. Abandanya ati: “Naciye ntora Bibiliya yanje bwite ndaraba, nsanga na ho nyene ririmwo. Maze nya Cabona yaranyeretse muri Matayo 6:9, 10, hanyuma ansigurira yuko izina ry’Imana ryerekezwako muri ca gisabisho ca Dawe wa twese. Nararyohewe vy’ukuri, maze nca ndamusaba ko twokwigana Bibiliya”.
Ivyo Imana igomba bibe kw’isi
“Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Ico gihimba ca rya sengesho ry’akarorero Yezu yatanga kizoranguka gute? Abantu benshi biyumvira ko ijuru ari akarere karangwamwo amahoro n’itekane. Ivyanditswe bivuga ko ijuru ari ‘kwa Yehova aho ukwera kwiwe n’icubahiro ciwe biri’ (Yesaya 63:15). Ni co gituma dusaba yuko ivyo Imana igomba biba kw’isi “nk’uko biba mw ijuru”. Mugabo none, ivyo vyoba bizokwigera bishika?
Daniyeli, umumenyeshakazoza wa Yehova yabuye ati: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose [bwo kw’isi]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Ubwo Bwami bwo mw’ijuru ari yo ntwaro yo mw’ijuru vuba bugiye kugira ico bukoze maze buzane amahoro kw’isi yose biciye ku butegetsi bugororotse.—2 Petero 3:13.
Gusaba ngo Ubwami bw’Imana buze n’ivyo igomba ngo bikorwe kw’isi, ni uguserura ukwizera kutazotuma dutaha zirayoye. Intumwa Yohani mukirisu yanditse ati: “Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”. Maze Yohani yongeyeko ati: “Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti . . . Andika, kukw ayo majambo ar’ayo kwizerwa n’ay’ukuri”.—Ivyahishuriwe 21:3-5.
Isengesho be n’ivyo dukenera vy’umubiri
Dufatiye ku vyo Yezu yavuze muri rya sengesho ry’akarorero, yarerekanye yuko ikintu dukwiye kwitwararika imbere y’ibindi igihe dusenga gikwiye kuba kijanye n’izina ry’Imana be n’ivyo igomba. Yamara, rya sengesho ry’akarorero ribandanya rivuga ibijanye n’ugusaba Yehova mu buryo bubereye ivyo ubwacu dukenera.
Ica mbere muri ivyo ni iki: “Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi” (Matayo 6:11). Ukwo si ugusaba amatungo y’ivy’umubiri. Yezu yaturemesheje gusaba ‘ivyo dufungura ku musi bivanye n’ivyo dukeneye uwo musi’ (Luka 11:3, NW). Mu buryo buhuye na ca gisabisho ca Dawe wa twese, turashobora gusaba twizeye yuko Imana izoturonsa ivyo dukeneye ku musi ku musi niba tuyikunda kandi tukayigamburukira.
Kurazwa ishinga cane n’ingorane z’ivy’ubutunzi vyoshobora gutuma twirengagiza ivyo dukeneye mu vy’Imana, bigatuma tunanirwa gukora ivyo itwitezeko. Mugabo, niba dushira ugusenga kw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima, turashobora guhera amazina yuko ugutakamba kwacu dusaba ivy’umubiri dukeneye, nk’imfungurwa be n’ivyambarwa, kuzokwumvirwa neza. Yezu yavuze ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:26-33). Kurondera ukugororoka kw’Imana ni urugamba kubera ko twese turi abanyabicumuro, maze tukaba dukenera guharirwa (Abaroma 5:12). Ca gisabisho ca Dawe wa twese kiravuga n’ico kintu.
Amasengesho dutura be n’uguharirwa
“Uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu” (Matayo 6:12). Mu nkuru ya Luka yerekeye ca gisabisho ca Dawe wa twese, iyo “myenda” ivugwa ko ari “ivyaha” (Luka 11:4). Yehova Imana yoba koko azoduharira ivyaha vyacu?
Naho wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yari yarakoze ivyaha bikomeye, yarigaye hanyuma asenga abigiranye ukwizigira ati: “Wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose” (Zaburi 86:5). Mbega iciyumviro gihumuriza! Dawe wa twese wo mw’ijuru “[a]gabirije guharira” ivyaha vy’abamwitura bafise agatima k’ukwigaya. Nka kurya umwenda canke ideni rishobora guhanagurwa ntihagire na gatoya gasigara, ni ko na Yehova Imana ashobora kuduharira rwose ivyaha vyacu.
Ariko rero, Yezu yarerekanye ico dusabwa kugira niba dushaka guharirwa: Kugira duharirwe n’Imana, dutegerezwa guharira abandi (Matayo 6:14, 15). Naho wa mugabo w’umugororotsi Yobu yafashwe nabi n’abagenzi batatu, yarabahariye mbere aranasenga abasabira (Yobu 42:10). Duhariye abaducumuyeko, tuzohimbara Imana twongere twungukire ku kigongwe cayo.
Kuba Imana yiteguriye kwumva intakambo zacu bikwiye gutuma turondera kwemerwa na yo. Kandi ivyo turashoboye kubigira naho turi abanyagasembwa (Matayo 26:41). No ngaho nyene, Yehova arashobora kudufasha nk’uko Yezu yavyerekanye mu gusozera isengesho ryiwe ry’akarorero avuga ikintu gihambaye twosaba.
Gusaba ngo dufashwe gukora ibigororotse
“Ntutujane mu bitwosha nabi, arik’udukize wa Mubi” (Matayo 6:13). Yehova ntaduheba ngo twirwaneko igihe twoshwa nabi canke ngo atume tugwa mu caha. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Imana [nti]geragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha” (Yakobo 1:13). Imana irareka tukoshwa nabi, mugabo irashobora kudukiza wa Mwoshanyi Mukuru, ni ukuvuga “wa Mubi” azwi ko ari Shetani wa Mucokoranyi.
Intumwa Petero yahimirije abakirisu bagenziwe ati: ‘Nimwigerere, nimwame mugavye, wa mwansi wanyu Shetani yama yiyerereza nk’intambwe iroha, irondera uwo yorotsa’ (1 Petro 5:8, UB). Emwe, Shetani yaranagerageje wa muntu atagira agasembwa Yezu Kirisitu! Shetani yari afise irihe hangiro? Yari afise ihangiro ryo gukura Yezu ku gusenga Yehova Imana gutyoroye (Matayo 4:1-11). Nimba uriko urondera gukorera Imana, ihangiro Shetani afise ni iryo kukurotsa na wewe!
Shetani abicishije kw’isi iri mu bubasha bwiwe, yoshobora kutwosha kuja mu ngeso zidahimbara Imana (1 Yohana 5:19). Birahambaye rero yuko twama duhindukirira Imana ubudahorereza ngo idufashe, canecane iyo turiko duhangana n’inyosha mbi idatezura. Kandi nimba dusenga Yehova mu buryo buhuye n’Ijambo ryiwe ryahumetswe ari ryo Bibiliya, azodukiza mu kudufasha kunanira Shetani. Bibiliya itubwira iti: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora”.—1 Ab’i Korinto 10:13.
Kwizera Imana ni ntahara
Ese ukuntu vyeza umutima kumenya yuko Dawe wa twese wo mw’ijuru yitaho umwumwe wese muri twebwe! Mbere yaranatumye Umwana wiwe Yezu Kirisitu atwigisha uburyo twosenga. Nta gukeka yuko ivyo bituma dushaka guhimbara Yehova Imana. Ivyo dushobora kubigira gute?
Bibiliya ivuga iti: “Ūtizera ntibishoboka kw [ahimbara Imana]; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera” (Abaheburayo 11:6). Ukwizera nk’ukwo umuntu yokuronka gute? Bibiliya ivuga iti: “Ukwemera [canke ukwizera] kuva ku kwumva” (Abaroma 10:17). Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kuyaga ivyo mu Vyanditswe n’abantu bose bashashaye gukorera Imana bafise ukwizera nyakuri.
Twizigiye yuko iki kiganiro gica irya n’ino ca gisabisho ca Dawe wa twese catumye urushiriza gutahura cane ico gisobanura. Mu kwiga n’ibindi vyinshi vyerekeye Yehova be n’impera aha “aba[mu]rondera”, urashobora gukomeza ukwizera ufise mu Mana. Ese wokwiga n’ibindi ku biyerekeye no ku vyerekeye imigambi yiwe kugira ngo ushobore kugiranira ubucuti bwa hafi na So wo mw’ijuru ibihe bidahera.—Yohana 17:3.
[Iciyumviro ku rup. 5]
“Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe [canke, “ryezwe”, “NW”], ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru. Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi; uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu; kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’udukize wa Mubi”.—Matayo 6:9-13
[Ifoto ku rup. 7]
Yehova araronsa abamukunda ivyo bakenera
[Ifoto ku rup. 7]
Imana kandi iradufasha kunanira Shetani
[Ifoto ku rup. 7]
Niba tugira nka kumwe kwa Yobu tugaharira abaducumuyeko, turashobora kwungukira ku kigongwe c’Imana