Nugumane uburimbane mu kuntu ubona ivy’ukunywa inzoga
“Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, kand’ūbidandabagiranamwo wese [canke, “umuntu wese azimizwa na vyo”, “NW”] ntagira ubgenge”.—IMIGANI 20:1.
1. Umwanditsi wa Zaburi yaseruye gute ko akenguruka zimwezimwe mu ngabirano nziza Yehova atanga?
WA MWIGISHWA Yakobo yanditse ati: “Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico” (Yakobo 1:17). Umwanditsi wa Zaburi yaravyuriwe umutima wo gukenguruka ingabirano nyinshi Imana itanga, maze aririmba ati: “Umereza inka ubgatsi, umeza imboga zo kugaburira abantu, kugira ng’ubakūrire umutsima mwivu, na vino inezereza imitima y’abantu, n’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, kandi ng’umutsima uhe imitima y’abantu amagara” (Zaburi 104:14, 15). Vino n’izindi nzoga ni ingabirano nziza ziva ku Mana, cokimwe n’ivyatsi, n’umutsima be n’amavuta. None dukwiye gukoresha gute izo ngabirano?
2. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura ku bijanye n’ukunywa inzoga?
2 Ingabirano ihimbaye iba nziza iyo gusa ikoreshejwe mu buryo bubereye. Nk’akarorero, ubuki “[ni] bgiza”, mugabo “si vyiza kurya ubūki bginshi cane” (Imigani 24:13; 25:27). Naho kunywa “utuvino duke” vyoshobora kuba vyiza, kunywa inzoga zirenze urugero ni ingorane ikomeye (1 Timoteyo 5:23). Bibiliya igabisha iti: “Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, kand’ūbidandabagiranamwo wese [canke, “umuntu wese azimizwa na vyo”, NW] ntagira ubgenge” (Imigani 20:1). None, kuzimizwa n’inzoga ni ikia? Inzoga zirenze urugero ziba zingana iki? Ni ukubona ibintu ukuhe kuri ku burimbane umuntu akwiye kugira mu bijanye n’ukunywa inzoga?
Umuntu “azimizwa” gute n’inzoga?
3, 4. (a) Ni igiki cerekana ko kunywa gushika aho umuntu aborerwa vyiyamirizwa muri Bibiliya? (b) Bimwebimwe mu bimenyetso vy’akaborerwe ni ibihe?
3 Muri Isirayeli ya kera, umwana w’igisambo kandi w’imborerwa atigaya yategerezwa kwicishwa amabuye (Gusubira mu vyagezwe 21:18-21). Intumwa Paulo yakebuye abakirisu ati: “[Ntimwivange] n’uwitwa mwene Data, namb’ar’umusambanyi, cank’uwifuza, cank’ūsenga ibigirwamana, cank’ūtukana, cank’ūborerwa, cank’umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we”. Biratomoye yuko kunywa gushika aho umuntu aborerwa vyiyamirizwa mu Vyanditswe.—1 Ab’i Korinto 5:11; 6:9,10.
4 Bibiliya iradondora ibimenyetso vy’akaborerwe ikavuga iti: “Ntukitegereze vino iy’itukuye, iy’ica ibibatsi mu kirahuri, igashōka neza: uburuhiro iryana nk’inzoka, igakomora nk’imvuvyi. Amaso yawe ugahava uyarābisha abagore b’ivyīgenze [canke, “ibintu bitangaje”, NW], umutima wawe ukavuga ibidadi” (Imigani 23:31-33). Kunywa inzoga zirenze urugero bikomora nk’inzoka y’ubumara, bigatera indwara, bigatuma umuntu avurunganirwa mu bwenge, no guta ubwenge akabuta. Imborerwa yoshobora kubona “ibintu bitangaje” mu buryo bw’uko yoshobora kubona ibintu bitabaho canke kwiyumvira ibintu bidashoboka. Umuntu w’imborerwa yoshobora kandi kuba atacigumya cane mu kuvuga ivyiyumviro be n’ivyipfuzo vyononekaye atokwubahuka kuvuga atanyoye.
5. Ni mu buhe buryo kurenza urugero mu vy’ukunywa inzoga bigirira umuntu nabi?
5 Tuvuge iki hamwe umuntu yonywa inzoga mugabo akiyubara ntanywe gushika aho umuravye yoboneka ko yaborewe? Abantu bamwebamwe usanga iyo baborewe vyibonekeza gahoro, n’iyo mbere boba bamaze kwitereramwo uducupa nka tungahe. Ariko rero, kwiyumvira yuko ingeso nk’iyo ata co yonona ni ukwihenda (Yeremiya 17:9). Buhorobuhoro, umuntu yoshobora kwizizirwa n’inzoga maze agacika ‘uwanohowe umutima na vino nyinshi’ (Tito 2:3). Ku bijanye n’ingene bigenda kugira ngo umuntu acike uwiziziwe n’inzoga, umwanditsi yitwa Caroline Knapp avuga ati: “Ni ikintu kiza buhorobuhoro, intambwe ku yindi, kiza ku ruyeri ku rwenge, kigoye itahura”. Ese ukuntu kunywa inzoga zirenze urugero ari umutego wica!
6. Ni kubera iki umuntu akwiye kwirinda kurenza urugero mu vy’ukunywa inzoga no mu vy’ugufungura?
6 Rimbura kandi ingabisho Yezu yatanze igira iti: “Mwirinde, kugira ngwimitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukwari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mwisi yose” (Luka 21:34, 35). Si ngombwa ngo umuntu arinde kuborerwa kugira abe ari ho atura ingiga canke ngo abe ari ho abura intege mu mubiri no mu vy’impwemu. Vyogenda gute hamwe umusi wa Yehova womusanga amerewe gutyo?
Kunywa inzoga zirenze urugero bishobora gushikana ku ki?
7. Ni kubera iki kunywa inzoga zirenze urugero biteye kubiri n’ubuyobozi dusanga mu 2 Ab’i Korinto 7:1?
7 Kunywa inzoga zirenze urugero bishobora gushikana umuntu ku ngeramizi nyinshi, izo ku mubiri n’izo mu vy’impwemu. Mu ndwara ziterwa n’ukunywa inzoga zirenze urugero harimwo: ya ndwara ituma igitigu gicika nk’urubuye (ari yo bita cirrhose du foie mu gifaransa), indwara z’igitigu (zitwa hépatite) ziterwa n’inzoga, ukwononekara kw’ubwonko be n’udutsi nsozabwenge, nk’akarorero ivyo bita delirium tremens. Umuntu iyo amaze igihe kirekire anywa akarenza urugero, arashobora no kurwara kanseri, ya ndwara y’igisukari yitwa diyabeti, n’indwara zimwezimwe z’umutima, akarwara n’umushishito. Kunywa inzoga zirenze urugero biribonekeza ko biteye kubiri n’ubu buyobozi bwo mu Vyanditswe bugira buti: “Twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana”.—2 Ab’i Korinto 7:1.
8. Twisunze Imigani 23:20, 21, kunywa inzoga zirenze urugero bishobora kuvamwo iki?
8 Kunywa inzoga zirenze urugero birashobora kandi gutuma umuntu asesagura amahera, no kwirukanwa mu kazi akirukanwa. Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yagabishije ati: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama”. Kubera iki? Yasiguye ati: “Kukwimborerwa n’umunyameru uburuhiro ar’ugufūtāna, kand’itiro rizokwambika umuntu ubucocerwa”.—Imigani 23:20,21.
9. Ni kubera iki ari ibiranga ubukerebutsi ko umuntu yirinda kunywa inzoga mu gihe ahava atwara umuduga?
9 Igitabu kimwe (The Encyclopedia of Alcoholism) kirerekana n’akandi kaga kikavuga giti: “Ivyigwa vyagizwe vyarerekanye yuko inzoga zigabanya ubuhanga umuntu afise bwo gutwara umuduga, zikagira ico zihinduye ku mwanya uhaca kugira ngo iyo habaye ikintu ace agira ico akoze, zikagabanya ububangutsi bwiwe mu gukora ibintu, ugukerebuka, ukurikanura n’ukubona ikibereye”. Ingaruka ziterwa n’ugutwara umuduga umuntu yanyoye ni agahomerabunwa. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, abantu ibihumbi mirongo barahasiga ubuzima n’abandi ibihumbi amajana bagakomereka uko umwaka utashe bivuye ku masanganya yo mw’ibarabara aturutse ku nzoga. Ababangamirwa canecane n’ako kaga ni urwaruka, kubera ko rutaba ruramenya utuntu n’utundi mu vy’ugutwara umuduga no mu vy’ukunywa inzoga. Ubwo umuntu yotwara umuduga yitereyemwo inzoga zitari nke, muri ico gihe akavuga ko yubahiriza ubuzima bwa ngabirano iva kuri Yehova Imana (Zaburi 36:9)? Turavye ukuntu ubuzima ari bweranda, vyorushiriza kuba vyiza umuntu atagejeje inzoga mu kanwa mu gihe ahava atwara umuduga.
10. Inzoga zishobora gute kugira ico zikoze ku bwenge bwacu, kandi ni kubera iki ivyo ari akaga?
10 Kunywa birenze urugero ntibigirira nabi umuntu ku mubiri vyonyene, yamara kandi biranamugirira nabi mu vy’impwemu. Bibiliya ivuga iti: “Vino n’umubira wayo bimara ubgenge” (Hoseya 4:11). Ubukari bw’inzoga burashobora kwonona ubwenge. Igitabu kimwe casohowe n’Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruraba ivy’ugufata ibiyayuramutwe kivuga giti: “Iyo umuntu anyoye inzoga, ubukari bwazo buca mu bihimba bifasha gusya ivyo dufunguye, bukinjira mu maraso, maze bugaca bushika ningoga mu bwonko. Buca butangura gutuma ibihimba bimwebimwe vy’ubwonko bijejwe ivy’ukwiyumvira be n’inyiyumvo bikora buhorobuhoro. Uwo muntu aca yumva atagishoboye kwigumya cane, kandi akumva ko yokora ibimujemwo vyose”. Tugeze ahantu nk’aho, vyoshoboka rwose ko ‘tuzimizwa’, tugakora ivyo twishakiye kandi tugashobora no gutwarwa n’inyosha mbi nyinshi.—Imigani 20:1.
11, 12. Ni ingorane izihe zo mu vy’impwemu zishobora guterwa no kunywa inzoga zirenze urugero?
11 Vyongeye, Bibiliya itegeka iti: “Nukwiyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana [canke, “ku bw’ubuninahazwa bw’Imana”, NW]” (1 Ab’i Korinto 10:31). Kunywa inzoga nyinshinyinshi vyoba vyokwigera bizanira Imana ubuninahazwa? Nta gukeka ko umukirisu yoshima kwirinda kuvugwa yuko ari umunywi wa cane. Ukuvugwa gutyo vyosiga iceyi izina rya Yehova, ntivyotuma rininahazwa.
12 Bite ho hamwe ukutigerera kw’umukirisu mu vy’ukunywa vyotsitaza uwo basangiye ukwizera, kumbure umwigishwa mushasha (Abaroma 14:21)? Yezu yagabishije ati: “Ūzotsitaza n’umwe mur’abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kwizosi, akadobezwa ibgina mu kiyaga” (Matayo 18:6). Kunywa inzoga zirenze urugero vyoshobora no gutuma umuntu atakaza uduteka yari yaratewe mw’ishengero (1 Timoteyo 3:1-3, 8). Ico umuntu atokwirengagiza coco ni ingorane ukunywa inzoga zirenze urugero bishobora gutera mu muryango.
Ingene umuntu yokwirinda izo ngeramizi
13. Ni ikintu ikihe gihambaye ku bijanye n’ukwirinda kunywa inzoga zirenze urugero?
13 Ikintu nyamukuru codufasha kwirinda akaga ko kunywa inzoga zirenze urugero ni ukwishingira umugambi wo kwirinda kunywa inzoga zirenze urugero, si ukwirinda gusa akaborerwe. Ni nde none yokumenyera izoba ziri ku rugero be n’izoba zirenze urugero? Kubera yuko hajamwo ibintu vyinshi, nta tegeko ntabanduka ryoshirwaho ryerekana ingene inzoga zirenze urugero zingana. Umwumwe wese ategerezwa kwimenyera urugero atarenza kandi ntiyigere arurenza. Ni igiki kizogufasha kumenya izirenze urugero kuri wewe uko zoba zingana? Hoba hariho ingingo ngenderwako yokuyobora?
14. Ni ingingo ngenderwako nyobozi iyihe izogufasha kumenya akarimbi utorenza ku bijanye n’ukunywa inzoga?
14 Bibiliya ivuga iti: “Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga [canke, “ububasha bwo kwiyumvira”, NW]; ni ho bizobera umutima wawe ubugingo, n’izosi ryawe ugushaza” (Imigani 3:21, 22). Ingingo ngenderwako nyobozi rero wokwisunga ni iyi: Inzoga izo ari zo zose wonywa zigatuma utakaza ubushobozi bwawe bwo kubona ibintu mu buryo bwiza ugatakaza n’ububasha bwo kwiyumvira, kuri wewe ubwawe ziba zirenze urugero. Mugabo, utegerezwa kwiyemerera uko uri utibesha igihe uraba urwo rugero utorenza urwo ari rwo!
15. Ni ryari no kunywa utuyoga na dukeyi vyoba birenze urugero?
15 Mu bihe bimwebimwe, no kunywa utuyoga na dukeyi vyoshobora kuba birenze urugero. Turavye akaga bitera ku mwana ari mu nda, umugore afise imbanyi yoshobora guhitamwo kutageza inzoga ku munwa. Bisubiye, ntivyoba none biranga umutima mwiza wirinze kunywa uri kumwe n’umuntu yahora afise ingorane y’ukwizizirwa n’inzoga canke umuntu ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamwemerera kunywa inzoga? Yehova yategetse abǎkora ibikorwa bijanye n’ubuherezi kw’ihema ati: “Nt[im]uze [m]wigere [m]unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe . . . igihe mugira mwinjire mwihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe” (Abalewi 10:8, 9). Ku bw’ivyo, niwirinde kunywa inzoga igihe ugira uje ku makoraniro ya gikirisu, igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro be n’igihe uriko urarangura ayandi mabanga yo mu vy’impwemu. Vyongeye, mu bihugu aho usanga kunywa inzoga bibujijwe canke birekuriwegusaabantu baba bamaze gushikana imyaka minaka, umuntu arakwiye kwubaha amategeko y’ico gihugu.—Abaroma 13:1.
16. Ni gute ukwiye gufata ingingo y’ico wokora igihe ushizwe imbere inzoga?
16 Iyo bakubajije ko boguha inzoga canke iyo zishizwe imbere yawe, ikibazo ca mbere ukwiye kwibaza ni iki: ‘Noba nkwiye kunywa na dukeyi?’. Niba ufashe ingingo yo kunywa, nugume wibuka urugero rwawe bwite kandi ntururenze. Ntureke ngo nyene kukwakira w’umutanzi wa cane ahindure ivyiyumviro vyawe. Vyongeye, niwiyubare ahantu usanga ibinyobwa ari nywa nawe, nko mu gatutu k’ubugeni canke mu bukwe. Mu mihingo myinshi, usanga amategeko arekurira abana kunywa inzoga. Abavyeyi ni bo bafise ibanga ryo kwigisha abana babo ku bijanye n’ukunywa inzoga, be n’ibanga ryo gucungera ingene bazinywa.—Imigani 22:6.
Urashobora guhangana n’iyo ngorane
17. Ni igiki gishobora kugufasha kumenya niba ufise ingorane mu bijanye n’ukunywa inzoga zirenze urugero?
17 Woba ufise ingorane yo kunywa birenze urugero umuvinyu be n’izindi nzoga? Ntiwihende. Niba kurenza urugero mu vy’ukunywa biriko bicika icaha co mu kinyegero, bitebe bitebuke bizokugirako ingaruka. Ku bw’ivyo, niwisuzume cane kandi utibesha. Niwibaze ibibazo vy’ukwisuzuma nk’ibi: ‘Noba nsigaye nywa kenshi kuruta uko nahora nywa? Noba nsigaye nywa izikaze kurusha izo nahora nywa? Noba nywa kugira niyibagize imyitwarariko, imikazo, canke ingorane? Hoba hari uwo mu muryango canke umugenzi yanseruriye ko ahagaritswe umutima n’ukuntu nywa? Ukunywa inzoga kwanje kwoba kwarateje ingorane mu muryango wanje? Noba mbona ko vyongora kumara indwi, ukwezi canke amezi nk’angahe ntanyoye? Noba mpisha abandi umuvinyu canke inzoga nywa uko zingana?’. Tuvuge iki niba inyishu kuri bimwebimwe muri ivyo bibazo ari ego? Ntube ‘nk’umuntu yiraba mu cirore mu maso hiwe yavukanye uwo mwanya nyene agaca yiyibagira uko asa’ (Yakobo 1:22-24). Tera intambwe zo gukosora iyo ngorane. None wokora iki?
18, 19. Ushobora gute guhagarika ivy’ukunywa inzoga zirenze urugero?
18 Intumwa Paulo yakebuye abakirisu ati: “Ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu; ariko mwuzure [im]pwemu” (Abanyefeso 5:18). Numenye inzoga zirenze urugero kuri wewe uko ziba zingana, hanyuma wishingire uturimbi tubereye. Niwiyemeze kutaturenga; nube umuntu yigumya (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Woba ufise abagenzi baguhatira kunywa ngo urenze urugero? Niwiyubare. Bibiliya ivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka”.—Imigani 13:20.
19 Niba unywa inzoga kugira wiyibagize ingorane kanaka, nuhangane n’iyo ngorane nyabuna ata kuyihunga. Ingorane umuntu arashobora guhangana na zo mu gushira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana (Zaburi 119:105). Ntugonanwe kurondera gufashwa n’umukurambere mukirisu yizigirwa. Nukoreshe neza intunganyo Yehova yashizeho kugira wiyubake mu vy’impwemu. Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana. Nuyisenge udahorereza, canecane usenge ku bijanye n’ubugoyagoye bwawe. Niwinginge Imana uyisaba ‘gutyorora amafyigo yawe n’umutima wawe’ (Zaburi 26:2, NW). Nk’uko twavyihweje mu kiganiro c’imbere y’iki, nugire uko ushoboye kwose kugira ugendere mu nzira y’ukutadohoka.
20. Ni ingingo ntabanduka izihe wosanga ubwirizwa gufata kugira ngo utorere umuti ingorane idahera y’ukurenza urugero mu vy’ukunywa inzoga?
20 Bite nimba ingorane y’ukunywa ukarenza urugero ibandanije naho woba ugira utwigoro? Utegerezwa rero guca ukurikiza impanuro Yezu yatanze igira iti: “Ukuboko kwawe ni kwagutsitaza, uguce igikonjo; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo, hak’uja muri Gehinomu . . ., ufise amaboko yompi” (Mariko 9:43). Inyishu ni iyi: Ntusubire kugeza icitwa inzoga ku munwa. Ivyo ni vyo umugore umwe dutaziriye Irene yiyemeje kugira. Avuga ati: “Inyuma y’imyaka hafi ibiri n’igice yari iheze nirinda kunywa inzoga, naratanguye kwiyumvira yuko akarahuri kamwe gusa ata co kongira, nkaba nagomba gusa kuraba ukuntu umubiri wanje uyakira. Yamara, iyo niyumvisemwo gutyo, nca buno nyene mbwira ico kibazo Yehova mw’isengesho. Niyemeje kutigera nsubira kunywa inzoga gushika isi nshasha ije, nimba na ho nyene nzozinywa”. Umuntu yopfuma aheba inzoga buhere hako bimubuza kuronka ubuzima mw’isi nshasha y’Imana irangwamwo ubugororotsi.—2 Petero 3:13.
“Abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra”
21, 22. Ni intambamyi iyihe ishobora kutubuza gushikira umurongo wa nyuma muri kwa gusiganirwa ubuzima, kandi dushobora gute kuyirinda?
21 Intumwa Paulo yagereranije ubuzima bw’umukirisu n’isiganwa canke ihiganwa ry’ukwiruka, avuga ati: “Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra. Kuk’umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira. Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha; kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe”.—1 Ab’i Korinto 9:24-27.
22 Impera ari ko gashimwe, ihabwa gusa abashoboye kurangiza neza isiganwa. Mu vy’ugusiganirwa ubuzima, kunywa inzoga zirenze urugero vyoshobora kutubuza gushikira umurongo wa nyuma. Dutegerezwa kwigumya. Kugira dusiganwe tuzi iyo tuja bisaba ko tutaja mu vyo “kunohorwa na vino” ari kwo kunywa vino irenze urugero (1 Petero 4:3). Ahubwo riho, turakeneye kwigumya muri vyose. Ku vyerekeye ukunywa inzoga, twoba tubaye inkerebutsi “[t]wikunkumu[ye] ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’isi, . . . [tuk]ama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana”.—Tito 2:12.
[Akajambo k’epfo]
a Muri iki kiganiro, ijambo “inzoga” ryerekeza ku biyeri, umuvinyu be no ku bindi binyobwa bikaze biboreza.
Woba uvyibuka?
• Kunywa inzoga zirenze urugero ni iki?
• Ni ingaruka mbi izihe ziva ku kunywa inzoga zirenze urugero?
• Ushobora gute kwirinda ingeramizizokunywa inzoga zirenze urugero?
• Ushobora gute gutorera umuti ingorane y’ukunywa inzoga zirenze urugero?
[Ifoto ku rup. 19]
Vino “inezereza imitima y’abantu”
[Ifoto ku rup. 20]
Dutegerezwa kumenya urugero rwacu maze tukirinda kururenza
[Ifoto ku rup. 21]
Nufate ingingo imbere y’igihe y’aho utarenga
[Ifoto ku rup. 22]
Senga Yehova ubudahorereza kubijanye n’ubugoyagoye bwawe
[Ifoto ku rup. 23]
Abavyeyi barafise ibanga ryo kwigisha abana babo ibijanye n’ukunywa inzoga