Uraba maso ku migenzo idahimbara Imana
KU MBUGA ntoyi, hari isandugu yuguruye ku ruzuba rumena imbwa agahanga rwo muri Afirika. Uko abagandaye bagenda ku murongo baca kuri iyo sandugu mu guserura akababaro bafise, umutama umwe arahagaraye. Amaso yiwe yuzuye intuntu, arunamitse umutwe yegera mu maso h’uyo muntu yapfuye, maze atanguye kuvuga ati: “Ko utambariye yuko wagira ugende? Kubera iki unsize gutya? Ubu ho ko usubiye iyo wavuye, woba uzobandanya kumfasha?”.
Mu kandi gace ko muri Afirika, umwana yavutse. Nta n’umwe yemerewe kumubona. Uwo mwana azosohorwa ari uko habanje guca igihe kinaka, maze hakagirwa ibirori vyo kumwita izina.
Ku bantu bamwebamwe, kuvugisha umuntu yapfuye canke kunyegeza umwana avutse ngo abandi ntibamubone vyosa n’ibitangaje. Ariko rero, mu mico kama imwimwe no mu bibano bimwebimwe, inyifato abantu bagira ku bijanye n’urupfu hamwe n’ivuka, be n’ukuntu babibona, usanga bishingiye ku kuba bemera bimwe bikomeye yuko abapfuye bataba vy’ukuri barapfuye, ahubwo ko baba ari bazima be n’uko baba bazi ibiriko biraba.
Ukwo kwemera kurakomeye cane ku buryo kwinjiye mu migenzo no mu mihamuro igirwa hafi mu mice yose y’ubuzima. Nk’akarorero, hari abantu amamiliyoni bemera yuko ibiringo bihambaye mu buzima bw’umuntu, nk’ivuka, ubuyabaga, ugushinga umuryango, ukwibaruka be n’urupfu, ari intambwe z’ukubaho umuntu acako zimushikana mu karere k’impwemu ka ba sokuruza. Ngo uwapfuye amaze gushika muri ako karere, abandanya kugira uruhara rukomeye mu buzima bw’abo yasize. Kandi ngo arashobora kubandanya izo ntambwe z’ukubaho ziguma zisubiriza, biciye mu gusubira kuvuka.
Kugira ngo biyemeze neza yuko umuntu azova ku ntambwe imwe akaja ku yindi bitagoranye, haragirwa imigenzo n’imihamuro myinshi. Iyo migenzo usanga ishingiye ku kwemera yuko hari ikintu kiturimwo kidahwera iyo umuntu apfuye. Abakirisu b’ukuri baririnda imigenzo yose ifitaniye isano n’ukwo kwemera. Uti kubera iki?
Abapfuye bamerewe gute?
Bibiliya iratomora ibintu igihe idondora ukuntu abapfuye bamerewe. Ivuga mu buryo bwumvikana iti: “Ereg’abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi. . . . Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize. . . . [N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja” (Umusiguzi 9:5, 6, 10). Abasavyi b’Imana b’ukuri baramaze igihe kirekire bemera ukwo kuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. Baratahuye yuko ata kintu na kimwe mu bigize umuntu kidahwera (Ezekiyeli 18:4). Baramenye kandi yuko imizimu y’abapfuye itabaho (Zaburi 146:4). Kera, Yehova yategetse abasavyi biwe ashimitse ngo bamirire kure imigenzo be n’imihamuro vyari bifitaniye isano n’ukwemera yuko abapfuye bazi ubwenge be n’uko hari ico bashobora kugira abazima.—Gusubira mu vyagezwe 14:1; 18:9-13; Yesaya 8:19, 20.
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene baririnda umugenzo canke umuhamuro uwo ari wo wose wagirwa muri ico gihe waba ufitaniye isano n’inyigisho zo mw’idini ry’ikinyoma (2 Ab’i Korinto 6:15-17). Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova, batarinze kuraba ibara ry’urukoba bafise, ubwoko bwabo, amamuko canke kahise kabo, baramirira kure imico n’imigenzo bifitaniye isano n’inyigisho y’ikinyoma ivuga yuko mu muntu hari ikintu kidahwera iyo apfuye.
None twebwe abakirisu ni igiki codufasha kumenya nimba twogira umugenzo munaka canke tutowugira? Dukwiye kwiyumvira twitonze, tukaraba ko uwo mugenzo utoba ufitaniye isano n’inyigisho n’imwe iteye kubiri n’Ivyanditswe, nk’imwe y’ukwemera yuko imizimu y’abapfuye hari ico ishobora guhindura ku buzima bw’abariho. Turakeneye kandi kwibaza nimba kugira uwo mugenzo canke kuja muri ivyo birori bitohava bitsitaza abandi basanzwe bazi ivyo Ivyabona vya Yehova bemera be n’ivyo bigisha. Dufise ivyo vyiyumviro ku muzirikanyi, reka twihweze imice ibiri ihambaye, umwe ukaba ujanye n’ivuka uwundi n’urupfu.
Ibirori vy’ivuka n’ivyo kwita umwana izina
Imigenzo myinshi ijanye n’ivuka usanga ata co itwaye. Ariko rero, mu mihingo aho usanga ivuka rifatwa nk’ukuva mu karere kabamwo imizimu ya ba sokuruza ukimukira mu karere kabamwo abantu, abakirisu b’ukuri bategerezwa kuhagabira. Nk’akarorero, hamwehamwe muri Afirika, iyo umwana avutse bamugumiza mu nzu, kandi ntibamwita izina hatabanje guca ikiringo kinaka. Naho ico kiringo bamara barindiriye gishobora gutandukana bivanye n’ahantu, kirangirana n’ibirori vyo kwita umwana izina, muri ivyo birori akaba ari ho basohora nya mwana maze bakamwereka incuti n’abagenzi nk’uko bisanzwe bigirwa. Ico gihe, izina ry’uwo mwana riraheza rikamenyeshwa abari aho bose izuba riva.
Mu gutanga insobanuro y’uwo mugenzo, igitabu kimwe (Ghana—Understanding the People and Their Culture) kivuga giti: “Mu misi indwi ya mbere y’ubuzima bwiwe, umwana afatwa ko ari mu ‘rugendo’ be n’uko aba ariko arimuka ava mu karere k’imizimu aja mu buzima bwo kw’isi. . . . Uwo mwana mu bisanzwe agumizwa mu nzu kandi abantu batari abo muri urwo rugo ntibemererwa kumubona”.
Ni kubera iki babanza kurindira ko haca ikiringo kinaka imbere y’uko bagira ibirori vyo kwita umwana izina? Igitabu kimwe (Ghana in Retrospect) gisigura giti: “Imbere y’uko umusi ugira umunani ushika, uwo mwana ntafatwa ko ari umuntu. Ni nk’aho aba akiri mu karere yaje avamwo”. Ico gitabu kibandanya giti: “Nk’aho umengo izina ni ryo rituma umwana aba umuntu, igihe abubakanye batinya yuko umwana wabo yohava apfa, akenshi baca baba bararetse kumwita izina gushika babonye ko azobandanya kubaho. . . . Ku bw’ivyo, uwo muhamuro utuma ava kuri iyo ntambwe akaja ku yikurikira, uwo rimwe na rimwe bita ngo ni ugusohora umwana, bivugwa yuko ugira ingaruka zikomeye ku mwana no ku bavyeyi biwe. Ivyo birori ni vyo vyinjiza uwo mwana mw’isi y’abantu”.
Umuntu wo mu muryango akuze kuruta abandi kenshi ni we ahagarikira ivyo birori vyo kwita umwana izina. Ibigirwa kuri urwo rubanza bigenda biratandukana bivanye n’ahantu, ariko ibirori bigirwa akenshi usanga birimwo ugutanga ibimazi vy’ibinyobwa, amasengesho aturwa imizimu ya ba sokuruza yo kubashimira kubona uwo mwana yashitse ata nkomanzi, be n’iyindi mihamuro.
Igihe c’agaheta c’ivyo birori gishika iyo hageze ko izina ry’umwana ritangazwa. Naho abavyeyi ari bo bajejwe kwita izina umwana wabo, akenshi incuti ziragira ikintu kinini ziterereye kw’izina bahitamwo. Mu rurimi rw’aho hantu, amazina amwamwe ushobora gusanga afise insobanuro yihishije, nka “yaragiye yongera aragaruka”, “mawe yongeye kugaruka”, canke ngo “dawe yagarutse”. Ayandi usanga atekeye insobanuro zifise intumbero yo gutesha ba sokuruza ngo ntibasubize uwo mwana yavutse mu karere k’abapfuye.
Mu vy’ukuri, nta kibi kiri mu kunezerwa n’uko havutse umwana. Kwita umwana izina ufatiye ku rya naka no kumwita izina ufatiye ku vyashitse mu gihe c’ivuka ryiwe, ni imigenzo ata co itwaye, kandi gushinga igihe uzoherako umwana izina ni ingingo umwe wese yifatira. Ariko rero, abakirisu bagomba guhimbara Imana bariyubara kugira birinde imigenzo yose canke ibirori vyose vyotuma abantu biyumvira ko bemera yuko umwana avutse ngo aba ari nk’umushitsi avuye mu karere k’imizimu ya ba sokuruza akaza mw’isi y’abazima.
Vyongeye, naho benshi mu kibano boba babona ko ibirori vyo kwita umwana izina ari umuhamuro uhambaye utuma umwana ava mu ntambwe imwe y’ukubaho akaja mu yindi, abakirisu ntibakwiye kwirengagiza ijwi ryo mu mutima ry’abandi canke ukuntu abatizera bobibona. Nk’akarorero, bamwebamwe bokwiyumvira iki nka hamwe umuryango w’abakirisu wonyegeza umwana wabo avutse ngo abandi ntibamubone gushika bagize ibirori vyo kumwita izina? Vyoboneka gute hamwe bokwita umwana wabo amazina ateye kubiri n’ukuba bitwa ngo ni abigisha b’ukuri kwa Bibiliya?
Ku bw’ivyo, igihe abakirisu barondera kumenya izina bokwita umwana wabo be n’igihe borimuherako, barihatira “[gu]korera vyose gushimisha Imana” kugira ntibabere abandi igitsitaza (1 Ab’i Korinto 10:31-33). ‘Ntibakengera icagezwe c’Imana, ngo baziririze imigenzo’ ata yindi ntumbero ifise atari ugutera iteka abapfuye. Ahubwo nyabuna batera iteka bakongera bakaninahaza Yehova, we Mana nzima.—Mariko 7:9, 13.
Kuva mu rupfu ukaja mu buzima
Urupfu, cokimwe n’ivuka, benshi barufata nk’intambwe y’ukubaho umuntu acako aja mu bundi buzima; ngo iyo umuntu apfuye aba avuye mw’isi iboneka akaja mu karere kataboneka k’imizimu y’abapfuye. Benshi bemera yuko iyo umuntu apfuye ntihagirwe imigenzo imwimwe be n’imihamuro imwimwe ijanye n’urupfu, ngo birashavuza imizimu ya ba sokuruza, bakaba bemera ko ifise ububasha bwo guhana canke guha impera abazima. Abantu barisunga cane ukwo kwemera mu kuntu batunganya amaziko be n’ukuntu bayagira.
Amaziko agenewe gutururuza abapfuye kenshi usanga abantu bayagirana akanyengetera k’ubwoko bwinshi: uri ukuboroga, ugukoma induru bari imbere y’ikiziga, tutibagiye ibirori vy’ukwidagadura biba inyuma y’amaziko. Ukurira agahokero, ukuborerwa, be n’ugutamba imiziki ivuza urwamo, ni vyo kenshi usanga biranga mwene ivyo birori vy’amaziko. Ivy’amaziko birashimikwako cane ku buryo n’umuryango uri mu kwicwa n’ubukene usanga kenshi wita ku rutare ukarondera amahera akwiye yo kugira ivyo bita ngo ni amaziko ateye iteka, naho nyene vyoshobora kuwuteza ingorane canke bigatuma ufata amadeni.
Uko imyaka yagiye irarengana, Ivyabona vya Yehova barashize ku kabarore imigenzo ijanye n’urupfu iteye kubiri n’Ivyanditswea. Muri iyo migenzo harimwo ivyo guteramira ikiziga, gutanga ibimazi vy’ibinyobwa, kuganirira abapfuye no kubambaza, ibirori vyo kwibuka umusi umuntu yapfiriyeko, be n’iyindi migenzo ishingiye ku kwemera yuko mu muntu hari ikintu kidahwera iyo apfuye. Mwene iyo migenzo iteza urubwa Imana ‘irahumanye’, ni ‘uruhendo rw’ubusa’ rushingiye ku “karonda k’imigenzo y’abantu”, rudashingiye kw’Ijambo ry’Imana ry’ukuri.—Yesaya 52:11; Ab’i Kolosayi 2:8.
Iyo duhaswe ngo tugire ivyo abandi bagira
Kwirinda imigenzo yamye igirwa kuva kera vyarabonetse ko ari urugamba kuri bamwebamwe, canecane mu bihugu babona yuko ugutera iteka abapfuye ari ikintu gihambaye cane. Kubera yuko Ivyabona vya Yehova batagira mwene iyo migenzo, barinubwa canke bakagirizwa yuko batazi kubana n’abandi be n’uko batubaha abapfuye. Ukunebagurwa be n’uguhatwa bimwe bikomeye vyatumye bamwebamwe batinya kwibonekeza ko batandukanye n’abandi, naho nyene batahura neza ukuri kwa Bibiliya (1 Petero 3:14). Abandi na bo babonye yuko iyo migenzo iri mu bigize akaranga kabo, gutyo ikaba itoshobora kwirindwa buhere. Hari n’abandi biyumviriye yuko kwanka gukurikiriza imigenzo vyohava bituma abo mu kibano biyumvira abasavyi b’Imana ukutari kwo.
Ntitwipfuza kubabaza abandi bidakenewe. Yamara rero, Bibiliya iratugabisha yuko gushigikira ukuri dushikamye bizotuma tudashimwa n’isi yonkowe ku Mana (Yohana 15:18, 19; 2 Timoteyo 3:12; 1 Yohana 5:19). Turemera kugira iyo mpagararo, tuzi yuko dutegerezwa kuba abatandukanye n’abari mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu (Malaki 3:18; Ab’i Galatiya 6:12). Nka kumwe nyene Yezu yananira Shetani igihe yamwosha gukora ikintu kidahimbara Imana, ni ko na twebwe tunanira abaduhatira gukora ibintu mu buryo budahimbara Imana (Matayo 4:3-7). Aho gutinya abantu, abakirisu b’ukuri barazwa ishinga imbere ya vyose no guhimbara Yehova Imana, no kumutera iteka we Mana y’ukuri. Ivyo babigira mu kutadohoka ku ngingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga ugusenga kw’ukuri igihe abandi babahatiye kuzidohokako.—Imigani 29:25; Ivyakozwe 5:29.
Turatera iteka Yehova biciye ku kuntu tubona abapfuye
Ni ibisanzwe ko tugira intuntu nyinshi n’umubabaro mwinshi iyo tubuze uwacu (Yohana 11:33, 35). Kutibagira uwacu no kumuhambana iteka, ni uburyo bubereye bwo guserura urukundo twari tumufitiye. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova barihanganira umubabaro w’akaburarugero uterwa n’urupfu, batarinze kugira imigenzo ya kera iyo ari yo yose idahimbara Imana. Ivyo ntivyoroshe ku bantu bakuriye ahantu usanga mu mico kama yaho batinya cane abapfuye. Ushobora gusanga ari urugamba kugumana uburimbane igihe turembejwe n’intuntu ivuye ku kubura uwacu. Naho ari ukwo, abakirisu b’abizigirwa barakomezwa na Yehova, we “Mana yirura imibabaro yose”, bakongera bagafatwa mu mugongo n’abo basangiye ukwemera (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Kuba abakirisu b’ukuri bizigira badakeka yuko umusi uri izina abapfuye bibukwa n’Imana bazosubira kuba bazima, ni imvo yumvikana ituma bashiburira kure imigenzo ya gipagani ijanye n’urupfu iteye kubiri n’izuka.
Akamwemwe ntikadusya ga yemwe kubona Yehova yaraduhamagaye ‘akadukura mu mwiza, akadushira mu muco wiwe utangaje’ (1 Petero 2:9)? Uko turyoherwa n’ivuka tukongera tukihanganira umubabaro uterwa n’urupfu, nimuze tureke icipfuzo cacu gikomeye co gukora ibigororotse be n’urukundo rugera ibwina dukunda Yehova Imana, vyame nantaryo bituvyurira umutima wo “[kugenda] nk’abana b’umuco”. Ese tutokwigera twirekerana ngo twandukirwe mu buryo bw’impwemu n’imigenzo ya gipagani idahimbara Imana.—Abanyefeso 5:8.
[Akajambo k’epfo]
a Turagusavye urabe utu dutabu: Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, na Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?. Twasohowe n’Ivyabona vya Yehova.