Inkuru y’ubuzima
Uko ivyacu vyaza birahindagurika twaraboneyeho akaryo ko gushinga intahe mu mihingo ya kure
NK’UKO VYAVUZWE NA RICARDO MALICSI
Igihe nakurwa mu kazi mporwa impagararo yanje ya gikirisu y’ukutagira aho mpengamiye, twe n’umuryango wanje twasavye Yehova ko yodufasha kwitegurira kazoza kacu. Mw’isengesho twatuye, twaraseruye icipfuzo twari dufise co kwagura ubusuku bwacu. Bidatevye inyuma y’aho, twaratanguye ubuzima bwo kuza turimuka, ivyo bikaba vyadushikanye mu bihugu umunani vyo mu mashinga abiri. Icavuyemwo ni uko twashoboye kurangura ubusuku bwacu mu mihingo ya kure.
NAVUKIYE muri Filipine mu 1933, mvuka ku muryango wari mw’idini rimwe ryitwa Ishengero ryigenga ryo muri Filipine. Umuryango wacu wose uko wari ugizwe n’abantu 14 wari muri iryo dini. Igihe nari mfise nk’imyaka 12 y’amavuka, narasavye Imana ngo inyereke idini ry’ukuri. Umwe mu bigisha banje yaranyandikishije mu cigwa c’ivy’Imana, nca mba umugatolika w’umunyamwete. Sinigera nsiba kwirega ku musi wa gatandatu no kuja mu misa yo ku musi w’iyinga. Ariko rero, nahavuye ntangura gukekeranya no kwumva ntanyuzwe. Ibibazo vyerekeye ingene bigenda umuntu apfuye, ivyerekeye inyigisho y’umuriro udahera be n’Ubutatu vyarantesha umutwe. Inyishu nahabwa n’abakuru b’idini nta co zari zivuze kandi ntizanyura.
Ndonka inyishu zinshika ku nyota
Igihe niga muri kaminuza, narifatanije n’akagwi katumye nisuka mu vy’ukurwana, gukina akamari, kunywa itabi be no mu bindi bikorwa bitabereye. Umusi umwe ku mugoroba, narahuye na nyina w’umunyeshure twigana, uwo muvyeyi akaba yari Icabona ca Yehova. Naramubajije vya bibazo nyene nari narabajije abigisha banyigisha ivy’Imana. Ibibazo vyanje vyose yavyishuye akoresheje Bibiliya, hanyuma ndajijuka ko ivyo yavuze ari ukuri.
Naraguze Bibiliya hanyuma ntangura kuyigana n’Ivyabona. Bidatevye, naratanguye kwitaba amakoraniro yose y’Ivyabona vya Yehova. Kugira nshire mu ngiro impanuro iranga ubukerebutsi yo muri Bibiliya ivuga yuko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”, naciye mvavanura na ba bagenzi banje bakora ibitabereye (1 Ab’i Korinto 15:33). Ivyo vyaramfashije gutera imbere mu nyigisho yanje ya Bibiliya, hanyuma ndahava ndiyegurira Yehova. Maze kubatizwa mu 1951, naramaze igihe ndi umusuku w’igihe cose (umutsimvyi). Maze muri Kigarama 1953, narubakanye na Aurea Mendoza Cruz, aca ambera umukenyezi wo mu buzima bwanje bwose, ambera n’umuntu w’umwizigirwa twakoranye mu busuku.
Amasengesho yacu yishurwa
Mu vy’ukuri twaripfuza gusukura turi abatsimvyi. Ariko rero, icipfuzo cacu co gusukurira Yehova mu buryo burushirije kuba ubushitse nticaciye gishoboka ubwo nyene. Naho ari ukwo, ntitwahagaritse gusaba Yehova ngo aturonse uturyo two kumusukurira. Yamara rero, ubuzima bwacu ntibwari bworoshe. Naho vyari vyifashe gutyo, twagumije ku muzirikanyi imigambi yacu yo mu vy’impwemu, hanyuma nshikanye imyaka 25 y’amavuka, nca ngenwa kuba umusuku w’ishengero, ni ukuvuga umucungezi muhagarikizi mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova.
Uko nabandanya gutera imbere mu bumenyi bwerekeye Bibiliya maze ngatahura neza ingingo ngenderwako za Yehova, nasanze akazi nakora gatuma ndenga ku mpagararo ijwi ryanje ryo mu mutima rinsaba yo kuba umukirisu atagira aho ahengamiye (Yesaya 2:2-4). Naciye mfata ingingo yo kugaheba. Ico carabaye ikigeragezo ku kwizera kwacu. None nari kuronsa gute umuryango wanje ivyo ukeneye? No muri ico gihe nyene twariyegereje Yehova Imana mw’isengesho (Zaburi 65:2). Twaramubariye ivyari bituraje ishinga be n’ubwoba twari dufise, twongera tumubwira icipfuzo twari dufise co gusukurira ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi (Ab’i Filipi 4:6, 7). Ntitwari tuzi ko hari hagiye kuboneka uturyo twinshi cane.
Dutangura urugendo
Muri Ndamukiza mu 1965, naremeye gukorera ku Kibuga mpuzamakungu c’indege c’i Vientiane muri Laos akazi ko guhagarikira ivyo kuzimya umuriro no gutabara igihe habaye isanganya, duca twimukira aho muri Laos. Mu gisagara ca Vientiane, hari Ivyabona 24, kandi twarakoranye n’abamisiyonari be n’abavukanyi bakeyi baho mu gikorwa co kwamamaza. Mu nyuma, narimuwe ndungikwa gukorera ku kibuga c’indege c’i Udon Thani muri Tayilande. Mu gisagara ca Udon Thani nta bindi Vyabona bari bahari. Twagira amakoraniro yose yo mu ndwi turi twenyene uko twari tugize umuryango. Twaramamaza inzu ku nzu, tugasubira kuraba abo twayaze, tukanarongora inyigisho za Bibiliya.
Twaributse inkeburo Yezu yahaye abigishwa biwe ababwira yuko bakwiye ‘kubandanya kwama cane’ (Yohana 15:8). Ku bw’ivyo, twariyemeje gukurikiza akarorero kabo turabandanya kwamamaza inkuru nziza. Bidatevye, twariboneye ivyiza vyavuyemwo. Hari umwigeme w’Umunyatayilande yakiriye ukuri hanyuma aracika umuvukanyikazi wacu wo mu vy’impwemu. Abantu babiri bo muri Amerika ya Ruguru barakiriye ukuri maze haciye igihe bacika abakurambere bakirisu. Twarabandanije kwamamaza inkuru nziza mu Buraruko bwa Tayilande mu kiringo c’imyaka irenga cumi. Urazi ukuntu duhimbawe no kumenya ko ubu muri Udon Thani hariho ishengero! Zimwezimwe mu mbuto z’ukuri twateye zirabandanya kuvamwo ivyiza.
Ariko rero, ikibabaje ni uko twategerejwe gusubira kwimuka, tukaba rero twaciye dusaba “Nyen’ivyimburwa” ngo adufashe kubandanya kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza (Matayo 9:38). Twarungitswe gukorera i Teherani, umurwa mukuru w’igihugu ca Irani. Ico gihe hatwara uwitwa Shah.
Twamamaza mu turere tutoroshe
Tugishika i Teherani, twaciye turondera abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu. Twaciye twifatanya n’umurwi mutoyi w’Ivyabona bava mu bihugu 13 bitandukanye. Twategerezwa kugira ivyo duhinduye kugira twamamaze inkuru nziza muri Irani. Naho tutahuye n’uruhamo rwibonekeza, twategerezwa kwiyubara.
Rimwe na rimwe twategerezwa kurongora inyigisho za Bibiliya mu gicugu canke inyuma yaho gushika mu mutwenzi kubera urutonde rw’ibikorwa rw’abashimishijwe. Yamara rero, ese ukuntu vyari biteye umunezero kwibonera ivyamwa vyava muri ico gikorwa kitari coroshe! Imiryango itari mike y’Abanyafilipine n’iy’Abanyakoreya yarakiriye ukuri kwa gikirisu hanyuma iriyegurira Yehova.
Ubukurikira narungitswe gukorera i Dhaka muri Bangaladeshi. Twashitseyo muri Kigarama 1977. Muri ico gihugu na ho nyene, igikorwa cacu c’ukwamamaza nticari coroshe kurangura. Ariko rero, imisi yose twamiza ku muzirikanyi yuko dutegerezwa kuguma twamamaza inkuru nziza. Turongowe n’impwemu ya Yehova, twarashobora kuronka imiryango myinshi y’abavuga ko ari abakirisu. Bamwebamwe muri bo bari banyotewe amazi amara inyota y’ukuri kwo mu Vyanditswe Vyeranda (Yesaya 55:1). Icavuyemwo ni uko twatanguje inyigisho za Bibiliya nyinshi.
Twagumanye ku muzirikanyi ivy’uko Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose . . . [ba]kizwa” (1 Timoteyo 2:4, NW). Igishimishije ni uko ata n’umwe yagerageje kuduteza ingorane. Kugira ngo dutsinde umwikeko uwo ari wo wose, twaritwararika kuganiriza abantu nk’abagenzi. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, twaragerageje ‘kuba vyose kuri bose’ (1 Ab’i Korinto 9:22). Igihe twaba tubajijwe igituma tubagendeye, twarishurana uburwaneza, kandi twarabona ko benshi batuyagisha nk’abagenzi.
I Dhaka twarahasanze umuvukanyikazi umwe w’imvukira yaho, hanyuma tumuremesha kwifatanya natwe mu makoraniro yacu ya gikirisu, mu nyuma na ho tumuremesha kwifatanya natwe mu gikorwa co kwamamaza. Mu nyuma, umukenyezi wanje yariganye Bibiliya n’umuryango umwe hanyuma arawutumira mu makoraniro yacu. Bivuye ku buntu-mvarukundo bwa Yehova, uwo muryango wose waraje mu kuri. Haheze igihe, abakobwa babiri bo muri uwo muryango barafashije mu gikorwa co guhindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rw’ikibengali, kandi benshi mu ncuti zabo bahavuye bamenya Yehova. N’abandi batohoji ba Bibiliya benshi barakiriye ukuri. Benshi muri bo ubu ni abakurambere canke abatsimvyi.
Kubera ko Dhaka ari igisagara kibamwo abantu benshi cane, twarasavye bamwebamwe mu bo mu muryango wacu kuza kudufasha mu gikorwa co kwamamaza. Benshi baritavye ako kamo maze badusanga muri Bangaladeshi. Ese ukuntu tunezerewe kandi dukengurukira Yehova kubona yaraturonkeje akaryo ko kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza muri ico gihugu! Muri Bangaladeshi, ahatanguranye n’umuntu umwe gusa, ubu hari amashengero abiri.
Muri Mukakaro 1982, twaravuye i Bangaladeshi. Twatandukanye n’abavukanyi amosozi yuzuye mu maso yacu. Budakeye na kabiri, nararonse akazi ku Kibuga mpuzamakungu c’indege c’i Entebbe muri Uganda, aho hakaba ari ho twari tugiye kumara imyaka ine n’amezi indwi. None ni igiki twoshoboye gukora kugira dutere iteka izina rihambaye rya Yehova muri ico gihugu?
Dukorera Yehova muri Afirika yo mu Buseruko
Tumaze gushika ku Kibuga mpuzamakungu c’indege c’i Entebbe, hari umushoferi yaciye adutwara twe n’umukenyezi wanje aho twategerezwa gushikira. Igihe twariko tuva ku kibuga c’indege, naciye ntangura kubwira uwo mushoferi ivy’Ubwami bw’Imana. Yambajije ati: “Uri Icabona ca Yehova?”. Ndamubwiye ko ndi we, yaciye avuga ati: “Hariho ikindi Cabona akorera mu munara bahanahaniramwo amakuru n’abadereva b’indege bakongera bagakurikiraniramwo ivy’uruja n’uruza rw’indege”. Naciye ndamusaba ngo anjaneyo. Twarabonanye n’uwo muvukanyi, aranezerwa cane no kutubona, maze duca turatunganya ivy’amakoraniro be n’umurimo wo mu ndimiro.
Ico gihe muri Uganda hari abamamaji b’Ubwami 228 gusa. Dufadikanije n’abavukanyi babiri b’i Entebbe, umwaka wacu wa mbere twawumaze tubiba imbuto z’ukuri. Kubera yuko abantu baho bakunda gusoma, twarashoboye gutanga ibitabu vyinshi cane be n’ibinyamakuru amajana. Mu mpera z’imishamvu twaratumira abavukanyi bo ku murwa mukuru ari wo Kampala ngo baze kudufasha kwamamaza mu karere k’i Entebbe. Ku nsiguro y’icese ya mbere nashikirije, hari haje abantu batanu nanje ndimwo.
Mu myaka itatu yakurikiye, twariboneye ibihe biteye umunezero kurusha ibindi vyose mu buzima bwacu, turibonera abo twigishije bakiriza yompi ukuri hanyuma bagatera imbere ningoga na ningoga (3 Yohana 4). Kw’iteraniro rimwe ry’umuzunguruko twagize, batandatu mu bo twigana Bibiliya barabatijwe. Benshi muri bo bavuze yuko icabaremesheje gukora umurimo w’igihe cose ari kubera batubona dukora ubutsimvyi kandi twari dufise akazi k’igihe cose.
Twarabonye yuko ku kazi kacu hashobora kuba na ho nyene icibare cimbuka. Igihe kimwe, naregereye umukuru umwe ajejwe ivyo kuzimya umuriro ku kibuga c’indege maze ndamubwira icizigiro Bibiliya itanga co kuba mw’isi izoba yabaye iparadizo. Naramweretse muri Bibiliya yiwe yuko abantu bagamburuka bazokwibera mu mahoro no mu bumwe, ntibabe bagicumukuzwa n’ubukene, ukubura uburaro, intambara, indwara be n’urupfu (Zaburi 46:9; Yesaya 33:24; 65:21, 22; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Amaze kuvyisomera muri Bibiliya yiwe bwite, vyatumye ashaka kumenya n’ibindi. Inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura ubwo nyene. Yaritavye amakoraniro yose. Bidatevye, yariyeguriye Yehova hanyuma arabatizwa. Mu nyuma, yarifatanije natwe mu busuku bw’igihe cose.
Igihe twari muri Uganda, haradutse uruhagarara mu banyagihugu incuro zibiri, ariko ivyo ntivyatumye duhagarika imirimo yacu yo mu vy’impwemu. Ababa mu miryango y’abakorera amashami y’amashirahamwe mpuzamakungu barajanywe i Nayirobi muri Kenya, bamarayo amezi atandatu. Abo muri twebwe basigaye muri Uganda twagumye tugira amakoraniro yacu ya gikirisu turabandanya n’igikorwa co kwamamaza, naho vyadusaba kwigengesera no kwiyubara.
Muri Ndamukiza 1988, igikorwa nari narashinzwe cararangiye duca turasubira kwimuka. Twavuye mw’ishengero rya Entebbe dufise umunezero mwinshi cane kubera iterambere ryo mu vy’impwemu ryariko riraba muri iryo shengero. Muri Mukakaro 1997, twararonse akaryo ko gutemberera Entebbe. Ico gihe, twasanze bamwebamwe mu bo twahora twigana Bibiliya ari abakurambere. Iyumvire ukuntu twaryohewe no kubona Ikoraniro ry’icese ryari ryitabwe n’abantu 106!
Twimukira mu karere katari bwakorerwemwo
Twoba twari gushobora gucakira uturyo dushasha twari tugiye kuboneka? Ego cane, kubera ko naciye ndungikwa gukorera ku Kibuga mpuzamakungu c’indege c’i Mogadisho, muri Somaliya. Twari twiyemeje gukoresha neza ako karyo gashasha kari kabonetse kugira dukorere mu karere katari bwakorerwemwo.
Igikorwa cacu c’ukwamamaza ahanini twakirangurira mu bakozi bakorera ku biro vy’abaserukira ibihugu vyabo, mu bakozi b’Abanyafilipine be no mu bandi bantu bava mu bindi bihugu. Akenshi twabasanga mu masoko. Twaranabatemberera i muhira iwabo. Bivuye ku gukoresha ubwenge, ubukerebutsi, ukwiyubara, be n’ukwiheka kuri Yehova, twarashoboye kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, kandi ivyo vyaramye ivyamwa mu bantu bava mu bihugu bitandukanye. Haheze imyaka ibiri, gatoya imbere yuko intambara yaduka, twaravuye i Mogadisho.
Ishirahamwe nakorera (The International Civil Aviation Organization) ryarandungitse i Yangon, muri Myanmar. Twarasubiye kuronka utundi turyo twiza two gufasha abafise umutima nziraburyarya kwiga ivyerekeye imigambi y’Imana. Tuvuye i Myanmar, twaciye turungikwa i Dar es Salaam muri Tanzaniya. Kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu i Dar es Salaam vyari vyoroshe gusumba, kubera ko hariho abantu bavuga icongereza.
Mu bihugu vyose twakoreyemwo, nta ngorane nyinshi twagize mu kurangura ubusuku bwacu, naho henshi hari ibintu vyari bibujijwe ku gikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Kubera akazi nakora, akenshi nkaba nakorana na Leta canke amashami y’amashirahamwe mpuzamakungu, abantu ntibagira amakenga ku bijanye n’ibikorwa vyacu.
Akazi nakora kasaba ko twe n’umukenyezi wanje tubaho tuza turimuka mu kiringo c’imyaka 30. Mugabo, akazi nakora twabona ko ari bwo buryo bwonyene bwo gushika ku mugambi wacu. Umugambi wacu nyamukuru wari uwo guteza imbere ivyungura Ubwami bw’Imana. Turakengurukira Yehova kubona yaradufashije turakoresha neza ukuntu ivyacu vyaza birahindagurika, twongera turaterwa agateka keza igitangaza ko gukwiragiza inkuru nziza mu mihingo ya kure.
Tugaruka aho vyose vyatanguriye
Nshikanye imyaka 58, narafashe ingingo yo gukukuruka hakiri kare maze ngasubira muri Filipine. Igihe twasubirayo, twarasavye Yehova ngo ayobore intambuko zacu. Twaratanguye gukorera mw’ishengero ryo mu gisagara ca Trece Martires mu ntara ya Cavite. Igihe twahashika ari bwo bwa mbere, hari abamamaji b’Ubwami bw’Imana 19 gusa. Umurimo wo kwamamaza ku musi ku musi waratunganijwe, kandi n’inyigisho za Bibiliya nyinshi ziratanguzwa. Iryo shengero ryaratanguye kwongerekana. Vyarashitse aho umukenyezi wanje aronka inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 19, nanje 14.
Bidatevye Ingoro y’Ubwami yaciye iba ntoyi. Twarabibwiye Yehova mw’isengesho. Umuvukanyi umwe be n’umukenyezi wiwe barafashe ingingo yo gutanga ikibanza, hanyuma ibiro vy’ishami biremeza ko hatangwa ingurane yo kwubaka Ingoro y’Ubwami nshasha. Iyo nyubakwa nshasha yaragize akamaro kanini ku bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza, bituma abitaba amakoraniro baza barongerekana ku ndwi ku ndwi. Ubu turagira urugendo rw’isaha imwe irenga kugira tuje gufasha irindi shengero rifise abamamaji 17.
Twe n’umukenyezi wanje turakenguruka cane agateka twatewe ko gusukurira mu bihugu vyinshi bitandukanye. Dutereje amaso inyuma tukaraba ubuzima twagize bwo kuza turimuka, duca twumva tumazwe akanyota cane no kuba tuzi ko twabukoresheje mu buryo bwiza bushoboka, ni ukuvuga mu gufasha abantu kwiga ivyerekeye Yehova.
[Ikarata ku rup. 24, 25]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
TANZANIYA
UGANDA
SOMALIYA
IRANI
BANGALADESHI
MYANMAR
LAOS
TAYILANDE
FILIPINE
[Ifoto ku rup. 23]
Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje Aurea