ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/3 rup. 21-rup. 24 ing. 10
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • SAMWELI ASUBIRIRA ELI KU BUCAMANZA
  • (1 Samweli 1:1–7:17)
  • UMWAMI WA MBERE WA ISIRAYELI: HOBA HARI ICO YAMAZE?
  • (1 Samweli 8:1–15:35)
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
  • AGAHUNGU K’AKUNGERE GATORANYWA NGO KAZOBE UMWAMI
  • (1 Samweli 16:1–31:13)
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
  • Ni igiki “g[i]sumba ibimazi”?
  • Umwami wa mbere wa Isirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yarihanganiye ibintu bivuna umutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yarihanganiye ibintu bivuna umutima
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Sauli—Umwami wa Mbere
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/3 rup. 21-rup. 24 ing. 10

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere

NI MU mwaka wa 1117 B.G.C. Imyaka nk’amajana atatu iraheze Yosuwa yigaruriye Igihugu c’Isezerano cose. Abagabo b’inararibonye b’Abisirayeli baza ku muhanuzi avugishwa na Yehova kugira bamusabe ikintu gihambaye. Nya muhanuzi ashira ico kintu mw’isengesho, maze Yehova arabemerera ivyo basavye. Ivyo biranga iherezo ry’ikiringo c’Abacamanza, bikerekana kandi n’intango y’ikiringo c’ubutegetsi bw’abami. Igitabu ca Bibiliya ca Samweli wa Mbere kirigana ibintu bikora ku mutima vyabaye imbere n’inyuma y’ico gihe caranze ihinduka rihambaye muri kahise k’ihanga rya Isirayeli.

Igitabu ca Samweli wa Mbere, icanditswe na Samweli na Natani be na Gadi, kivuga ibintu vyabaye mu kiringo c’imyaka 102, ni ukuvuga kuva mu 1180 gushika mu 1078 B.G.C. (1 Ngoma 29:29). Ni inkuru yerekeye abantu bane barongoye Isirayeli. Babiri ni abacamanza, bandi babiri bakaba ari abami; babiri baragamburukira Yehova, bandi babiri ntibamugamburukire. Turabona kandi abagore babiri b’intangakarorero be n’umurwanyi w’intatinyurukamvye mugabo atekereje. Mwene ubwo burorero buratanga ivyigwa ngirakamaro ku bijanye n’inyifato be n’ibikorwa umuntu yokwigana be n’ivyo yokwirinda. Ibiri muri Samweli wa Mbere birashobora rero kugira ico bikoze gikomeye ku vyiyumviro vyacu no ku vyo dukora.​—Abaheburayo 4:12.

SAMWELI ASUBIRIRA ELI KU BUCAMANZA

(1 Samweli 1:1–7:17)

Ni igihe c’Umusi mukuru w’Ishwabura, kandi Hana, uwuba i Rama, akamwemwe kariko karamusyaa. Yehova yishuye amasengesho ya Hana, uno araheza avyara akana k’agahungu. Kugira ngo Hana ashitse indagano yiwe, aratanga umwana wiwe Samweli ngo aje gukorera “mu ngoro y’Uhoraho”. Ng’aho, nya muhungu aracika umuntu “akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi” (1 Samweli 1:24; 2:11). Igihe Samweli akiri mutoyi, Yehova aravugana na we, mu gucira urubanza inzu ya Eli. Samweli amaze gukura, Abisirayeli bose barahava bakemera icese yuko ari umuhanuzi avugishwa na Yehova.

Mu nyuma, Abafilisitiya baraduga gutera Isirayeli. Barafata mpiri Isandugu ry’Isezerano bakongera bakagandagura abahungu babiri ba Eli. Umutama Eli yumvise iyo nkuru aca arapfa, akaba “yar’amaze imyaka mirongwine ar’umucamanza w’Abisirayeli” (1 Samweli 4:18). Ugutunga Isandugu y’Isezerano kurakwegera akarambaraye Abafilisitiya, ari co gituma baca bayisubiza Abisirayeli. Samweli noneho ni we acira imanza Abisirayeli, igihugu kiba impore.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

2:10​—Ni kubera iki Hana yasenze asaba yuko Yehova “[y]oha inkomezi umwami wiwe” kandi ata mwami w’umuntu yaganza Isirayeli? Ivy’uko Abisirayeli boronse umwami w’umuntu vyari vyaravuzwe imbere y’igihe mu Vyagezwe vya Musa (Gusubira mu vyagezwe 17:14-18). Mu buhanuzi Yakobo yashikirije ari ku mpfiro, yavuze ati: “Icumu ry’ubugabe [ikimenyetso c’ubutegetsi bwa cami] ntirizova kuri Yuda” (Itanguriro 49:10). Vyongeye, ku vyerekeye inakuruza w’Abisirayeli ari we Sara, Yehova yavuze ati: “Abami b’amoko bazokomōka kuri we” (Itanguriro 17:16). Rero, Hana yariko asenga ku vyerekeye umwami wo muri kazoza.

3:3​—Samweli yoba vy’ukuri yaryama Ahera Cane? Eka si ho yaryama. Samweli yari Umulewi wo mu muryango wa Kohati utari uw’abaherezi (1 Ngoma 6:33-38). Kubera ico, ntiyari arekuriwe ‘kwinjira ngo yitegereze ivyera’ (Guharūra 4:17-20). Ahantu honyene h’ihema Samweli yari arekuriwe gushika hari mu kigo c’ihema. Aho ni ho ategerezwa kuba yararyama. Biboneka yuko na Eli yaryama mu kigo. Imvugo ngo “ah’isandugu y’Imana [ya]ba”, biboneka yuko yerekana ahantu itaberenakulo yari.

7:7-9, 17​—Ni kubera iki Samweli yashikaniye ikimazi co kwoswa i Misipa akongera agashinga igicaniro i Rama, kandi ibimazi vyategerezwa kwama bitangirwa ahantu Yehova yaba yaratoye (Gusubira mu vyagezwe 12:4-7, 13, 14; Yosuwa 22:19)? Isandugu ryeranda rimaze gukurwa mw’itaberenakulo i Shilo, ukuhaba kwa Yehova ntikwari kukibonekera ng’aho. Kubera rero Samweli yaserukira Imana, yarashikanye ikimazi co kwoswa i Misipa yongera ashinga n’igicaniro i Rama. Biboneka ko Yehova yemeye ivyo Samweli yakoze.

Ivyigwa tuhigira:

1:11, 12, 21-23; 2:19. Ukuba Hana yarakunda gusenga, ukwicisha bugufi kwiwe, ukuntu yakuriye ubwatsi Yehova ku bw’ubuntu yamugiriye, be n’urukundo rwa kivyeyi rudahera Hana yagaragaje, ni akarorero ku bagore bose batinya Imana.

1:8. Mbega akarorero gahambaye Elukana yatanze mu vyo gukomeza abandi akoresheje amajambo (Yobu 16:5)! Yabanje kubaza Hana uwari yishwe n’intuntu ikibazo kitari ico kumwagiriza kigira giti: “Ubabajwe n’iki?”. Ivyo vyaramuremesheje guserura inyiyumvo ziwe. Ubukurikira, Elukana yaramukuye amazinda yuko amukunda, mu kuvuga ati: “Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye?”.

2:26; 3:5-8, 15, 19. Turanguranye umwete igikorwa twashinzwe n’Imana, tukungukira ku kumenyerezwa mu vy’impwemu, vyongeye tukagira urupfasoni tukongera tukubaha, turarushiriza “gushimwa” n’Imana n’abantu.

4:3, 4, 10. Mbere n’ikintu cari ceranda ari co Sandugu ry’Isezerano, nticabaye igiheko co gukingira abantu. Dutegerezwa ‘kwirinda ibigirwamana’.​—1 Yohana 5:21.

UMWAMI WA MBERE WA ISIRAYELI: HOBA HARI ICO YAMAZE?

(1 Samweli 8:1–15:35)

Samweli araba intahemuka kuri Yehova mu buzima bwiwe bwose, mugabo abahungu biwe ntibagendera mu nzira z’Imana. Igihe abakuru b’Abisirayeli basaba ngo bahabwe umwami w’umuntu, Yehova arabemerera. Samweli arakurikiza inyobozo Yehova amuhaye maze agasiga amavuta Sauli, Umubenyamini mwiza, ngo abe umwami. Sauli arakomeza ikibanza ciwe co kuba umwami mu kunesha Abamoni.

Umuhungu wa Sauli w’umurindutsi ari we Yonatani aranesha akagwi k’ingabo z’Abafilisitiya zicunze insago. Abafilisitiya baraduga gutera Isirayeli ari ingabo nyinshi cane. Sauli aricwa n’ubwoba maze n’ukugambarara n’akantu we ubwiwe agatanga ikimazi co kwoswa. Umurindutsi Yonatani ari kumwe gusa n’uwumutwaje ibirwanisho, aratera ibindi birindiro vy’ingabo z’Abafilisitiya. Ariko rero, indagano Sauli agize gihutihuti iramubuza gutahukana intsinzi yose. Sauli agenda “a[ra]rwanya” abansi biwe bose “impande zose” (1 Samweli 14:47). Mugabo amaze kunesha Abamaleki, aragambararira Yehova mu kuziguriza ‘ivyaciriweko iteka ryo gusangangurwa’ (Abalewi 27:28, 29). Kubera ico, Yehova arakura amaboko kuri Sauli ku bijanye no kuba umwami.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

9:9​—Imvugo ngo “uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi” ishaka kwerekana iki? Ayo majambo yoshobora kwerakana yuko igihe abahanuzi barushiriza kumenyekana mu misi ya Samweli no mu gihe c’abami muri Isirayeli, ijambo “kamenyi” ryahavuye risubirirwa n’imvugo ngo “ūvugishwa n’Imana” canke umuhanuzi. Samweli afatwa yuko ari we aza imbere mu rutonde rw’abahanuzi.​—Ivyakozwe 3:24.

14:24-32, 44, 45​—Yonatani yoba yaratakaje ubutoni ku Mana kubera yariye ubuki akaba arenze ku ndahiro ya Sauli? Biboneka yuko ico gikorwa kitatumye Yonatani adatoneshwa n’Imana. Ubwa mbere hoho, Yonatani ntiyari azi ivyerekeye indahiro se yagize. Ikindi kandi, nya ndahiro, yaba yagizwe bitumwe n’ishaka rirenze urugero canke ukubona ububasha bwa cami mu buryo butari bwo, yarateje abantu ingorane. Wumva none indahiro nk’iyo yari kwemerwa n’Imana? Naho Yonatani yari yiteguriye kwemera inkurikizi zari kuva ku kurenga iyo ndahiro, ubuzima bwiwe bwarazigurijwe.

15:6​—Ni kubera iki Sauli yitwararitse Abanyakeni bimwe bidasanzwe? Abanyakeni bari abana ba sebukwe wa Musa. Barafashije Abisirayeli inyuma y’aho bano baviriye ku Musozi Sinayi (Guharura 10:29-32). Mu gihugu c’i Kanani, Abanyakeni baramaze igihe kinaka babana n’Abayuda (Abacamanza 1:16). Naho nyene mu nyuma babanye n’Abamaleki be n’abandi bantu batandukanye, Abanyakeni bagumye bafitaniye ubugenzi n’Abisirayeli. Sauli rero yari afise imvo zumvikana zo kuziguriza Abanyakeni.

Ivyigwa tuhigira:

9:21; 10:22, 27. Ukwifata ruto be n’ukwicisha bugufi Sauli yari afise igihe yaba umwami kwaramurinze gukora nk’umusazi igihe “abantu b’abagesera” bamwebamwe banka kwemera ivy’ukuba umwami kwiwe. Ese ukuntu inyifato nk’iyo ituma umuntu adakora ibikorwa vy’ubupfu!

12:20, 21. Ntuze wigere ureka ngo “ivy’impfagusa” bigukevye maze bikubuze gusukurira Yehova. Ivyo vy’impfagusa bishobora kuba ari nk’ukwizigira abantu, ukwizigira ububasha bwa gisirikare bw’amahanga, canke ibigirwamana.

12:24. Ikintu gihambaye kidufasha kuguma dutinya Yehova mu buryo burangwa icubahiro tukongera tukamukorera n’umutima wacu wose, ni ‘ukuraba ibintu bihambaye yakoreye’ abasavyi biwe bo mu bihe vya kera n’abo muri iki gihe.

13:10-14; 15:22-25, 30. Niwirinde ukwishima canke ukwita imbere, kwaba kugaragajwe biciye ku bikorwa vy’ukugambarara canke ku nyifato iranga ubwibone.​—Imigani 11:2.

AGAHUNGU K’AKUNGERE GATORANYWA NGO KAZOBE UMWAMI

(1 Samweli 16:1–31:13)

Samweli arimikisha amavuta Dawidi wo mu muryango wa Yuda kugira ngo azobe umwami. Haciye igihe gito, Dawidi aragandagura Goliyati ca kigatanya c’Umufilisitiya akoresheje ibuye rimwe rudende ateresheje umugozi. Hagati ya Dawidi na Yonatani haratsimbatara ubugenzi somambike. Sauli aragira Dawidi umugabisha w’ingabo ziwe. Mu kwigina intsinzi nyinshi za Dawidi, abagore b’Abisirayelikazi bararirimba bati: “Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri” (1 Samweli 18:7). Sauli arajingitwa n’ishavu, agaca arondera kwica Dawidi. Sauli amaze kumuhatsa incuro zitatu, Dawidi arayanyaga akabaho aza aranyegera.

Mu myaka Dawidi amara agenda arahunga, araziguriza ubuzima bwa Sauli kabiri kose. Arahura kandi n’umugore w’igikundiro yitwa Abigayili maze agahava akamurongora. Igihe Abafilisitiya baduze gutera Isirayeli, Sauli arabaza Yehova. Mugabo Yehova yamaze kumukurako amaboko. Samweli yapfuye. Sauli arabura ico afata n’ico areka bigatuma aja kubaza umupfumu, uwo mupfumu akamubwira gusa yuko azogwa mu ntambara azorwana n’Abafilisitiya. Muri iyo ntambara, Sauli arakomereka bimwe bibi, abahungu biwe na bo bakicwa. Iyo nkuru irangirana no gupfa kwa Sauli bwa muntu ata co yamaze. Dawidi aracari iyo yinyegeje.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

16:14​—Impwemu mbi yakanga Sauli yari nyabaki? Iyo mpwemu mbi yabuza Sauli amahoro yo mu muzirikanyi yari impengamiro mbi y’umuzirikanyi wiwe n’umutima wiwe, ni ukuvuga ikintu cari imbere muri we camusunikira gukora nabi. Igihe Yehova yatwara impwemu yiwe yera, Sauli yaratakaje uburinzi buturuka kuri yo, arahava aganzwa n’impwemu yiwe bwite mbi. Kubera ko Imana yaretse iyo mpwemu igasubirira impwemu yayo yera, iyo mpwemu mbi yitwa “impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho”.

17:55​—Twisunze ibivugwa muri 1 Samweli 16:17-23, ni kubera iki Sauli yabajije ngo Dawidi ni mwene nde? Sauli ntiyashaka kumenya izina rya se wa Dawidi. Bishoboka cane rwose yuko yashaka kumenya umugabo yavyaye ako gahungu kari gahejeje gukora ikintu gitangaje kiraho co kugandagura ikigatanya.

Ivyigwa tuhigira:

16:6, 7. Aho gutamarira agashusho k’inyuma abandi bafise canke kwihutagiza mu kuvuga ukuntu bameze, dutegerezwa kugerageza kubabona nk’uko Yehova ababona.

17:47-50. Turashobora n’umutima rugabo guhangana n’ukurwanywa canke uruhamo biva ku bansi bameze nka Goliyati kubera ko “intambara ar’iy’Uhoraho”.

18:1, 3; 20:41, 42. Abagenzi nyakuri umuntu yobakura mu bakunda Yehova.

21:12, 13. Yehova yiteze ko dukoresha ububasha be n’ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo duhangane n’ibintu bitugora mu buzima. Yaraduhaye Ijambo ryiwe ryahumetswe, irituma tuba abantu biyubara, rikaturonsa ubumenyi n’ubushobozi bwo kwiyumvira (Imigani 1:4). Turafashwa kandi n’abakurambere bakirisu bagenywe.

24:6; 26:11. Mbega ukuntu Dawidi atanga akarorero keza ko kugirira icubahiro nyakuri uwasizwe wa Yehova!

25:23-33. Ubwenge Abigayili yagize ni akarorero keza.

28:8-19. Mu twigoro ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bigira two kubesha abantu canke kubagirira nabi, birashobora kwiyita abantu banaka bapfuye. Dutegerezwa kwirinda ubwoko bwose bw’ubupfumu.​—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

30:23, 24. Iyo ngingo, iyishingiye ku Guharūra 31:27, yerekana yuko Yehova aha agaciro abakora ibikorwa vyo gushigikira ibindi mw’ishengero. Ivyo dukora vyose rero, nimuze ‘tubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Yehova, ntitube nk’abakorera abantu’.​—Ab’i Kolosayi 3:23.

Ni igiki “g[i]sumba ibimazi”?

Ni ukuri ngenderwako ukuhe gushimikwako n’ivyashikiye Eli, Samweli, Sauli be na Dawidi? Ukwo kuri ni uku: “Kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama. Kuk’ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana”.​—1 Samweli 15:22, 23.

Ese ukuntu twatewe agateka gahambaye ko kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kw’isi yose! Uko dushikanira Yehova “ibimazi vy’iminwa yacu”, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugamburuke amabwirizwa atanga biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditswe no kw’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi.​—Hoseya 14:2; Abaheburayo 13:15.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya ahaherereye ibibanza bitandukanye bivugwa mu gitabu ca Samweli wa Mbere, raba ku rupapuro rwa 18-19 mu gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 23]

Umwami wa mbere wa Isirayeli yarahindutse ava ku kuba umutware yicisha bugufi kandi yifata ruto aba umwami atwaza igikenye, yibona kandi yita imbere

[Ifoto ku rup. 24]

Dushobora kwizigira iki igihe turwanijwe n’abansi bameze nka Goliyati?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika