Abantu boba bashobora gukuraho ubukene?
ABANTU amamiliyoni bakuze batazi ubukene ico ari co. Ntibarigera barara ubusa canke ngo basinzire bariko barasusumira kubera imbeho. Mugabo benshi muri bo baraterwa akagongwe n’abakene kandi bakagerageza kubafasha mu buryo bashoboye bwose.
Ariko rero, ubukene buracari ikintu kibabaje gishikira abantu barembejwe n’intambara y’abanyagihugu, imyuzure, uruzuba n’izindi ngorane. Ivyo bintu usanga ari agacavutu ku barimyi batobato b’Abanyafirika. Bamwe vyabaye ngombwa ko bava mu ngo zabo bakimukira mu bisagara bininibinini canke bagahungira mu kindi gihugu. Abandi baba hagati mu gihugu barimukira mu bisagara kubera ko bibaza yuko ari ho bashobora kuronkera ubuzima bwiza.
Ibisagara birundanyemwo abantu akenshi birorohereza ubukene. Usanga hari ikibanza gito cane co kurimamwo, canke ugasanga nta n’ikihari. Akazi kama kagoye kuronka. Kubera yuko baba bihebuye rwose, benshi baca baja mu vy’ubukozi bw’ikibi. Abanyagisagara barataka barondera imfashanyo, ariko intwaro z’abantu ntizishobora gutorera umuti iyo ngorane y’ubukene iguma yongerekana. Mu kwerekeza kuri raporo y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) yasohowe muri Munyonyo 2003, ikinyamakuru kimwe (The Independent) c’i Londres cavuze giti: “Isi iriko irushiriza kwicwa n’inzara”. Congeyeko giti: “Mw’isi yose bigereranywa yuko abantu imiliyoni 842 bafungura nabi muri iki gihe, kandi ico gitigiri gitera congerekana, kubera yuko uko umwaka utashe hiyongerako abantu bashonje bashika imiliyoni 5”.
Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Afirika y’Epfo rimwe na rimwe biraronka amakete birungikiwe n’abantu basinzikajwe n’ubukene. Nk’akarorero, hari umugabo umwe ava mu gisagara ca Bloemfontein yanditse ati: “Ndi umushomeri, kandi ndiba mu gisagara igihe cose ndonse akaryo. Iyo ntivye duca tumara imisi tutaronka ico dutamira, aho nkaba ntiriwe ndavuga ya mbeho y’igikonyozi. Nta kazi namba kariho. Benshi baguma bayerera mu mabarabara barondera akazi canke ico botamira. Ndazi n’abandi banuranura mu mayarara barondera ico barya. Hari abiyahura. Benshi nka jewe baradendebuwe n’umubabaro kandi barihebuye. Bisa n’uko bihebuye ku vyerekeye kazoza. Imana yo yaturemanye icipfuzo co gufungura no kwambara yoba itabibona?”.
Hariho inyishu zihumuriza kuri ivyo bibazo uwo mugabo yabajije. Nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, nya nyishu tuzisanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya.