“Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”
“[Gume] mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; [“gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”, “NW”]”.—2 AB’I KORINTO 13:5.
1, 2. (a) Gukekeranya ku vyo twemera bishobora kutugirako ingaruka iyihe? (b) Ni ibiki vyashitse i Korinto ho mu kinjana ca mbere bishobora kuba vyaratumye bamwebamwe batabona neza inzira bocamwo?
UMUNTU ariko aratembera hagati mu gihugu, ashitse mu mayirabiri. Kubera yuko atazi neza inzira iri bumushikane iyo agiye, abajije abahita ngo bamurangire inzira, mugabo bamuhaye inyishu zinyuranye. Kubera yuko azazaniwe, ntashobora kubandanya urugendo rwiwe. Gukekeranya ku vyo twemera birashobora kutugirako ingaruka nk’iyo nyene. Ugukekeranya mwene ukwo kurashobora kugeramira ubushobozi bwacu bwo gufata ingingo, bigatuma tutamenya neza inzira twocamwo.
2 Mu kinjana ca mbere, haradutse ibintu vyari gushobora kugira ingaruka nk’iyo ku bantu bamwebamwe bo mw’ishengero rya gikirisu ry’i Korinto mu Bugiriki. “Intumwa zihambaye” zariko zirahigisha ubukuru bw’intumwa Paulo, zikavuga ziti: “Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ar’ino, arakēngēretse, kand’amajambo yiwe nta co amaze” (2 Ab’i Korinto 10:7-12; 11:5, 6). Ivyiyumviro mwene ivyo bishobora kuba vyaratumye bamwebamwe mw’ishengero ry’i Korinto batamenya neza inzira bocamwo.
3, 4. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika impanuro Paulo yahaye Abanyakorinto?
3 Paulo yashinze ishengero ry’i Korinto igihe yagendera ico gisagara mu mwaka wa 50 G.C. I Korinto yahamaze “umwaka n’amezi atandatu, yigisha ijambo ry’Imana muri bo”. Kukaba nkako, ‘Abanyakorinto benshi barumvise, barizera, maze barabatizwa’ (Ivyakozwe n’intumwa 18:5-11). Paulo yari yitwararitse cane ivy’uko abo basangiye ukwizera b’i Korinto bamererwa neza mu vy’impwemu. Vyongeye, Abanyakorinto bari barandikiye Paulo bamusaba impanuro ku bintu bimwebimwe (1 Ab’i Korinto 7:1). Paulo rero yarabahaye impanuro nziza utoraba.
4 Paulo yanditse ati: “[Gume] mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; [“gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”, NW]” (2 Ab’i Korinto 13:5). Gushira mu ngiro iyo mpanuro vyari gukingira abo bavukanyi b’i Korinto ugukekeranya ku bijanye n’inzira bari gucamwo. Na twebwe birashobora kudukingira muri ubwo buryo nyene muri iki gihe. None twoshira mu ngiro gute iyo mpanuro Paulo yatanze? Twosuzuma gute nimba duhagaze mu kwizera? Vyongeye, ‘kwerekana ico twebwe ubwacu turi’ birimwo ibiki?
‘Gume musuzuma nimba muhagaze mu kwizera’
5, 6. Ni ikintu ikihe dufise twokoresha mu gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera, kandi ni kubera iki ari co ciza kuruta ibindi vyose?
5 Mu kugira isuzuma, akenshi haba hariho umuntu canke ikintu gisuzumwa, hakaba n’ingero canke ikintu gikoreshwa mu kugira iryo suzuma. Ku bitwerekeye, igisuzumwa si ukwizera kwacu, canke ivyo twemera vyose bifatiwe hamwe. Umwumwe wese muri twebwe ni we asuzumwa. Mu kugira iryo suzuma, dukoresha ikintu gitunganye rwose. Hari indirimbo imwe yatunganijwe na Dawidi umwanditsi wa Zaburi igira iti: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso” (Zaburi 19:7, 8). Bibiliya irimwo ivyagezwe vya Yehova bitunganye rwose kandi bigororotse, ikabamwo ivyo yashingiye intahe ari vyo vyibutswa vyiwe vyo kwizigirwa, hamwe n’ivyo yageze, ni ukuvuga amabwirizwa yiwe atanduye. Ubutumwa buri muri Bibiliya ni co kintu ciza kuruta ibindi vyose twokoresha mu kwisuzuma.
6 Ku vyerekeye ubwo butumwa bwahumetswe n’Imana, intumwa Paulo avuga ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, ri[r]injira [gushika] n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira” (Abaheburayo 4:12). Ego cane, Ijambo ry’Imana rirashobora gusuzuma umutima wacu, ni ukuvuga ico vy’ukuri turi imbere. None twoshobora gute kwiyerekezako ubwo butumwa bukarishe kandi bufise ububasha? Umwanditsi wa Zaburi aradutomorera ico ivyo bisaba. Yaririmvye ati: “Hahirwa umuntu . . . ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe [akaba ari] vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro” (Zaburi 1:1, 2). “Ivyagezwe vy’Uhoraho” tubisanga mw’Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya. Dutegerezwa guhimbarwa no gusoma Ijambo rya Yehova. Nkako, dutegerezwa gufata umwanya wo kurishirako umutima canke kurisoma n’ijwi ritoyi, ni ukuvuga kurizirikanako. Igihe turiko turarisoma, twebwe bene gusuzumwa turakeneye kwiyerekezako ivyanditswe muri ryo.
7. Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera ni ubuhe?
7 Rero uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera ni ubu: Gusoma no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana, maze tugasuzuma aho tugeza mu guhuza inyifato yacu n’ivyo twiga. Turahiriwe kubona dufise ibintu vyinshi bidufasha gutahura Ijambo ry’Imana.
8. Ibitabu bisohorwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” bishobora gute kudufasha gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera?
8 Yehova abicishije ku bitabu bisohorwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, yaratanze inyigisho be n’amacishabwenge bidufasha gutahura Ivyanditswe (Matayo 24:45). Iyumvire nk’akarorero rwa ruzitiro ruvuga ngo “Ibibazo vy’ukuzirikanako” dusanga ku mpera y’ibigabane vyinshi mu gitabu Niwiyegereze Yehovaa. Ese ingene uwo muce w’ico gitabu uronsa umuntu akaryo keza ko kwisuzuma! Ibiganiro umuyoro bishikirizwa mu binyamakuru vyacu, ari vyo Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, na vyo nyene biradufasha gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera. Ku bijanye na vya biganiro bishingiye ku gitabu c’Imigani biherutse gusohoka mu Munara w’Inderetsi, hari umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “Nasanze ivyo biganiro ari ngirakamaro rwose. Biramfasha gusuzuma nimba imvugo yanje, inyifato yanje be n’ukuntu mbona ibintu, vyoba bihuje koko n’ingingo mfatirwako za Yehova zigororotse”.
9, 10. Ni intunganyo izihe Yehova yashizeho zidufasha kuguma dusuzuma nimba duhagaze mu kwizera?
9 Turaronkera kandi ubuyobozi n’indemesho bitagira uko bingana ku makoraniro y’ishengero, ku materaniro no ku mahwaniro. Ivyo biri mu ntunganyo zo mu vy’impwemu Imana yashiriyeho abo umuhanuzi Yesaya yavuze ivyabo ati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho . . . kugira ngw [a]twigishe ivy’inzira z[iwe], natwe tuzigenderemwo” (Yesaya 2:2, 3). Vy’ukuri, ni umuhezagiro kuronka mwene iyo nyigisho yerekeye inzira za Yehova.
10 Ikindi kintu umuntu atokwirengagiza ni impanuro zitangwa n’abantu bakomeye mu vy’impwemu, harimwo n’abakurambere bakirisu. Ku biberekeye, Bibiliya ivuga iti: “Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi” (Ab’i Galatiya 6:1). Ese ukuntu dukwiye gukura ubwatsi ku bw’iyo ntunganyo yashizweho kugira dushobore kubogorwa!
11. Bisaba iki kugira ngo tumenye yuko duhagaze mu kwizera?
11 Uri ibitabu vyacu, uri amakoraniro ya gikirisu, uri abagabo bagenywe, emwe, izo zose ni intunganyo nziza igitangaza Yehova yashizeho. Ariko rero, kugira ngo tumenye yuko duhagaze mu kwizera, bisaba yuko twisuzuma. Ku bw’ivyo, iyo turiko turasoma ibitabu vyacu canke iyo turiko turumviriza impanuro ishingiye ku Vyanditswe, turakeneye kwibaza duti: ‘Noba ari ukwo meze? Ivyo noba ndabikora? Noba nemera inyigisho za gikirisu zose?’. Ukuntu tubona amakuru turonka biciye kuri izo ntunganyo na vyo nyene biragira ingaruka ku kuntu ivyacu vyifashe mu vy’impwemu. Bibiliya ivuga iti: ‘Umuntu afise umubiri n’ubwenge gusa ntiyemera ivy’impwemu y’Imana: kuko ari ubupfu kuri we. Ariko umuntu w’impwemu asesa vyose’ (1 Ab’i Korinto 2:14, 15). Ntitwokwihatira none kuguma tubona neza, kandi mu buryo bw’impwemu, ivyo dusoma mu bitabu vyacu, mu binyamakuru vyacu no mu bindi bisohokayandikiro, tutibagiye ivyo twumvira ku makoraniro yacu be n’ivyo tubwirwa n’abakurambere?
“Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”
12. Kwerekana ico twebwe ubwacu turi birimwo iki?
12 Kwerekana ico twebwe ubwacu turi bisaba yuko turaba ukuntu tumeze. Ego ni ko, dushobora kuba turi mu kuri, ariko none dukomeye ku rugero rungana iki mu vy’impwemu? Kwerekana ico turi birimwo gutanga ikimenyamenya c’uko duhumuye be n’uko dukenguruka bivuye ku mutima ibintu turonswa vyo mu buryo bw’impwemu.
13. Twisunze ibivugwa mu Baheburayo 5:14, ni igiki cerekana nimba turi abantu bahumuye?
13 Ni ikimenyamenya nyabaki tworondera muri twebwe cerekana ko turi abakirisu bahumuye? Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge [canke, “ububasha bwo gutegera”, NW], maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera [canke, “bumenyerezwa”, NW] gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Twerekana yuko turi abantu bahumuye mu kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera. Nka kurya nyene imirya imwimwe y’umunonotsi ikeneye kumenyerezwa biciye ku kwama ikoreshwa imbere y’uko uwo munonotsi acika uwubishoboye, ni ko n’ububasha bwacu bwo gutegera butegerezwa kumenyerezwa biciye ku kwama bukoreshwa mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya.
14, 15. Ni kubera iki dukwiye kwigora rwose kugira ngo twige ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana?
14 Ariko rero, imbere y’uko tumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera, dutegerezwa kubanza kuronka ubumenyi. Kugira tuburonke, ni ntahara yuko twiyigisha dushirutse ubute. Igihe twiyigisha ubudasiba, canecane igihe twiyigisha ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, ububasha bwacu bwo gutegera burongerekana. Uko imyaka yagiye irarengana, mu Munara w’Inderetsi harashikirijwe ibiganiro vyinshi bigumye. Duhora tuvyakira gute igihe dushitse ku biganiro bica irya n’ino ukuri kwimbitse? Twoba duca tubitinya ngo ni uko birimwo “[ibintu] bimwebimwe bigoye itahura” (2 Petero 3:16)? Ahubwo nyabuna duca twongereza akigoro kugira dutahure ibiriko biravugwa.—Abanyefeso 3:18.
15 Bite hoho hamwe vyoba bitugora kwiyigisha? Birahambaye cane ko twita ku rutare kugira ngo twige kubikundab (1 Petero 2:2). Kugira ngo tube abantu bahumuye, bisaba yuko twiga gufungura ibifungurwa bigumye, ni ukuvuga ukuri kwimbitse kwo mw’Ijambo ry’Imana. Tudafunguye ibifungurwa bigumye, ububasha bwacu bwo gutegera buzokwama ari bukeya. Ariko ntiwumve, kwerekana yuko turi abantu bahumuye, ntibigarukira gusa ku kuronka ububasha bwo gutegera. Mu buzima bwa misi yose, dutegerezwa gukoresha ubumenyi turonka biciye ku kwiyigisha dushirutse ubute.
16, 17. Umwigishwa Yakobo atanga inkeburo iyihe ku bijanye no kuba “abakora ivy’iryo jambo”?
16 Ico twebwe ubwacu turi kirabonekera kandi mu kuntu twerekana ko dukenguruka ukuri, ni ukuvuga biciye ku bikorwa vy’ukwizera dukora. Umwigishwa Yakobo akoresha akarorero gakora ku mutima mu kudondora ukuntu twokwisuzuma muri uwo muce. Avuga ati: “Mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha. Kuk’uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk’umuntu yirābiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye. Amaze kwirāba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira ukw asa. Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’uwumva akavyibagira, arikw ar’ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’akora”.—Yakobo 1:22-25.
17 Yakobo ariko akubwira ati: ‘Itegereze mu cirore c’Ijambo ry’Imana, maze urabe ukuntu umeze. Shishikara kubigira, wisuzume witonze ufatiye ku vyo ubona mw’ijambo ry’Imana. Ntuce wibagira ningoga ivyo wabonye. Nukosore ibikeneye gukosorwa’. Gukurikiza iyo mpanuro vyoshobora rimwe na rimwe kuba urugamba.
18. Ni kubera iki bitoroshe gukurikiza impanuro Yakobo yatanze?
18 Reka dufate nk’akarorero rya tegeko ryo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Paulo yanditse ati: “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza” (Abaroma 10:10). Kwaturisha akanwa kacu kugira ngo turonke agakiza bisaba yuko tugira ibintu bitari bike duhinduye. Kuri benshi muri twebwe, kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ntivyizana. Kugira umwete muri ico gikorwa no kugiha ikibanza kibereye mu buzima bwacu, vyovyo mbere bisaba ko duhindura tukongera tugaheba vyinshi kuruta (Matayo 6:33). Ariko tumaze kumenyera ico gikorwa twashinzwe n’Imana, kiraduhimbara kubera yuko gituma Yehova ashemagizwa. None twoba turi abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete?
19. Mu bikorwa vyacu vy’ukwizera hakwiye kujamwo ibiki?
19 None mu bikorwa vyacu vy’ukwizera hakwiye kujamwo ibiki? Paulo avuga ati: “Ivyo mwize, ivyo mwākiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’amahoro izobana namwe” (Ab’i Filipi 4:9). Twerekana ico turi mu gushira mu ngiro ivyo twize, ivyo twakiriye, ivyo twumvise be n’ivyo twabonye, ni ukuvuga ibintu vyose vyega umukirisu yiyeguye akaba n’umwigishwa. Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, adutegeka ati: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana”.—Yesaya 30:21.
20. Ni abantu nyabaki babera ishengero umuhezagiro ukomeye?
20 Abagabo n’abagore biga Ijambo ry’Imana babigiranye umwete, bamamaza inkuru nziza n’umwete, batagira akanenge mu kutadohoka kwabo, kandi bashigikira Ubwami badahemuka, ni umuhezagiro ukomeye kw’ishengero. Ishengero barimwo rirashinga imizi. Barafasha rwose, canecane kubera yuko hariho abashasha benshi cane bakeneye kwitwararikwa. Nitwafata nka nkama impanuro Paulo yatanze yo ‘kuguma dusuzuma nimba duhagaze mu kwizera, no kuguma twerekana ico twebwe ubwacu turi’, na twebwe nyene tuzogira akosho keza ku bandi.
Nuhimbarwe no gukora ivyo Imana igomba
21, 22. Ni igiki codufasha guhimbarwa no gukora ivyo Imana igomba?
21 Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaririmvye ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje” (Zaburi 40:8). Dawidi yarahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba. Uti kubera iki? Kubera yuko ivyagezwe vya Yehova vyari mu mutima wiwe. Dawidi ntiyakekeranya ku nzira yocamwo.
22 Igihe ivyagezwe vy’Imana biri mu mutima wacu, ntidukekeranya ku nzira twocamwo. Turahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba. Uko bishoboka kwose rero, nimuze ‘twihate’ rwose uko dukorera Yehova bivuye ku mutima.—Luka 13:24, UB.
[Utujambo tw’epfo]
a Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Ushaka kuronka inama zogufasha kumenya ingene wokwiyigisha, raba igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, ku rupapuro rwa 27-32, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Twosuzuma gute nimba duhagaze mu kwizera?
• Kwerekana ico twebwe ubwacu turi birimwo ibiki?
• Ni ikimenyamenya ikihe twotanga cerekana ko turi abakirisu bahumuye?
• Ibikorwa vyacu vy’ukwizera bidufasha gute kumenya ico turi?
[Ifoto ku rup. 23]
Woba uzi uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gusuzuma nimba duhagaze mu kwizera?
[Ifoto ku rup. 24]
Turatanga ikimenyamenya c’uko turi abakirisu bahumuye mu gukoresha ububasha bwacu bwo gutegera
[Amafoto ku rup. 25]
Twerekana ico turi mu ‘kuba abakora ivy’iryo jambo, ntitube abaryumva bagaca bibagira’