ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/9 rup. 13-15
  • “Ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isoko ry’“icizigiro gikomeye”
  • “Icubahiro c’umwami”
  • Ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu n’ivyo mu buryo bw’umubiri
  • Gutinya Imana biradufasha kutagira nkunzi
  • “Bushira ihanga hejuru”
  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nutinye Yehova Kandi Witondere Ivyagezwe Vyiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Imigabo yawe izokomera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Imigani
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/9 rup. 13-15

“Ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi”

“VYOSE vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese” (Umusiguzi 12:13). Mbega iciyumviro gikomeye wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yashitseko ahumekewe n’Imana! Umwe sekuruza w’imiryango Yobu na we nyene yaratahura agaciro ko gutinya Imana, kubera ko yavuze ati: “Rāba [“ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi”, NW], kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura”.​—Yobu 28:28.

Bibiliya iraha agaciro kanini ugutinya Yehova. Ni kubera iki gutsimbataza ugutinya Imana kurimwo ukuyubaha bigera kure ari ikintu kiranga ubukerebutsi? Ni mu buryo ubuhe gutinya Imana bitugirira akamaro umwe wese ukwiwe bikongera bikatugirira akamaro uko tugize umugwi w’abasenga Imana b’ukuri? Kuva ku murongo wa 26 gushika ku wa 35 w’ikigabane ca 14 c’Imigani harishura ivyo bibazoa.

Isoko ry’“icizigiro gikomeye”

Salomo avuga ati: “Kwubaha [canke, “gutinya”, “NW”] Uhoraho n’icizigiro gikomeye, kand’abana biwe bazogira ubuhungiro” (Imigani 14:26). Isôko ry’icizigiro umuntu atinya Imana afise nta rindi atari Yehova, ya Mana idahemuka kandi ishobora vyose. Ntibitangaje kubona umuntu nk’uwo ahanga amaso kazoza afise icizigiro gikomeye! Kazoza kiwe ni ak’igihe kirekire kandi karahimbaye.

Ariko none, tuvuge iki ku vyerekeye kazoza k’abantu bashira ivyizigiro vyabo mw’isi, ni ukuvuga mu migambi yayo, mu mashirahamwe yayo, mu vyiyumviro vyayo no mu bintu vyayo? Kazoza ako ari ko kose bizigiye kuronka ni ak’igihe gito, kubera ko Bibiliya igira iti: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). Wumva none hari imvo n’imwe yotuma ‘dukunda isi canke ibiri muri yo’?​—1 Yohana 2:15.

Ni ingingo izihe abavyeyi batinya Imana bashobora gufata kugira ngo biyemeze neza yuko abana babo “bazogira ubuhungiro”? Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Yemwe bana bato, ni muze, munyumve: ndabigishe kwubaha [canke, “gutinya”, NW] Uhoraho” (Zaburi 34:11). Igihe abana bigishijwe gutinya Imana biciye ku karorero abavyeyi babo batanga no ku vyo babigisha, birashoboka rwose ko bazokura bakaba abagabo n’abagore bizigira rwose Yehova.​—Imigani 22:6.

Salomo abandanya ati: “Kwubaha [canke, “gutinya”, “NW”] Uhoraho n’isōko y’ubu[zima], gukūra mu mitego y’urupfu” (Imigani 14:27). Ugutinya Yehova ni “isōko y’ubu[zima]” kubera yuko Imana y’ukuri ari “yo sōko y’amazi y’ubu[zima]” (Yeremiya 2:13). Kumenya Yehova na Yezu Kirisitu birashobora gutuma turonka ubuzima budahera (Yohana 17:3). Vyongeye, gutinya Imana biradukura mu mitego y’urupfu. Uti gute? Mu Migani 13:14 hagira hati: “Ibgirizwa ry’umunyabgenge n’isōko y’ubu[zima], rikūra mu mitego y’urupfu”. Igihe dutinya Yehova, tukagamburuka amabwirizwa yiwe, tukongera tukareka Ijambo ryiwe rikayobora intambuko zacu, ntituba none dukingiwe ingeso n’inyiyumvo vyonona bishobora gutuma dupfa hatari bwagere?

“Icubahiro c’umwami”

Salomo yamaze igice kinini c’ingoma yiwe ari umwami atinya Imana kandi amugamburukira. Ivyo vyatumye ingoma yiwe iroranirwa. Ni igiki cerekana ko umwami yoba atwara neza? Mu Migani 14:28 hishura hati: “Icubahiro c’umwami giterwa n’ubginshi bw’abantu, arik’uguhenebera kwa segaba guterwa no kubura abantu”. Ukuroranirwa kw’umwami kwerekanwa n’ukuntu abo atwara bamerewe. Nimba abantu benshi cane bipfuza ko yoguma abatwara, ivyo biba vyerekana ko ari umutegetsi mwiza. Salomo “[ya]ganza uhereye ku kiyaga [Gitukura] ugashitsa ku kiyaga [Mediterane], kand’uhereye kuri rwa Ruzi [Efurate], ugashitsa ku mpera y’isi” (Zaburi 72:6-8). Ingoma yiwe yaranzwe n’amahoro be n’ugusagamba bitari bwigere bibaho (1 Abami 4:24, 25). Ingoma ya Salomo yararoraniwe. Ariko rero, mu gihe umutegetsi mukuru adashimwa n’abanyagihugu, bituma adahabwa icubahiro.

Ku bijanye n’ivyo, twovuga iki ku vyerekeye ubuninahazwa bw’umwe Salomo Mukuru, ari we wa Mwami Mesiya Yezu Kirisitu? Iyumvire honyene abatwarwa afise muri iki gihe. Mw’isi yose, abagabo n’abagore batinya Imana barenga imiliyoni zitandatu baramaze guhitamwo kubaho bwatwarwa na Kirisitu. Barizera Yezu kandi barahurikiye hamwe mu gusenga mu kuri ya Mana nzima (Yohana 14:1). Mu mpera ya ya Ntwaro y’imyaka igihumbi, abo Imana yibuka bose bazozurwa. Isi izoba yahindutse iparadizo izoca rero yuzurako abantu bahimbawe kandi bagororotse bazoba baragaragaje ko bashima Umwami wabo. Ese ingene kizoba ari ikimenyamenya c’uko ingoma ya Kirisitu izoba yararoraniwe! Nimuze rero twumire ku cizigiro cacu c’akaroruhore c’Ubwami.

Ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu n’ivyo mu buryo bw’umubiri

Ugutinya Imana kurimwo ukuyubaha kugera kure kurashobora gutuma tugira umutima utekereje be n’umuzirikanyi utekanye. Bishobora kugenda gutyo kubera yuko mu mice myinshi y’ubukerebutsi harimwo ukubona ibintu mu buryo bwiza be n’ubwenge canke ugutegera. Mu Migani 14:29 hagira hati: “Ūteba kuraka aba ar’umunyabgenge bginshi, arikw ikirandamuke cīhaya ubupfu”. Ugutegera kuradufasha kubona yuko ishavu ridacungerewe rigira ingaruka mbi kuri kamere yacu y’ivy’impwemu. “Ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba” biri mu rutonde rw’ibikorwa vyohava bitubuza ‘kuragwa Ubwami bw’Imana’ (Ab’i Galatiya 5:19-21). Duhanurwa kutabika ishavu n’igihe nyene ryoba ryumvikana (Abanyefeso 4:26, 27). Vyongeye, ukutihangana kwoshobora gutuma tuvuga tukongera tugakora ivy’ubupfu bizotuma twicuza mu nyuma.

Wa mwami wa Isirayeli arerekana ingaruka mbi ishavu rigira ku magara mu kuvuga ati: “Umutima utekereje ni bgo bu[zima] bg’umubiri, arikw ishari ni nk’ikimungu co mu magufa” (Imigani 14:30). Mu ndwara ziterwa n’ishavu be n’uburake harimwo ingorane zijanye n’uguhema, iyongerekana ry’ivumbuka ry’imirindi y’amaraso, ingorane z’igitigu, be n’ingaruka mbi gushavura no kuraka bigira ku rwagasha. Abaganga bavuga kandi yuko ishavu be n’uburake biri mu vyunyura canke bikanatera indwara nk’ibisebe vyo mu mushishito, uruhere, asima, indwara z’urukoba, be n’ingorane zo kudasya neza ivyo twafunguye. Ku rundi ruhande, “umutima ufise amahoro uha ubuzima umubiri” (Imigani 14:30, New International Version). Twoba tubaye inkerebutsi rero “dukuriki[y]e ivy’amahoro n’ivyo gukomezanya”.​—Abaroma 14:19.

Gutinya Imana biradufasha kutagira nkunzi

Salomo avuga ati: “Ūnyikije umugorwa aba agaye Umuremyi wiwe, arik’ūgirira ikigongwe agakene, uwo we aba amwubashe” (Imigani 14:31). Umuntu atinya Imana aratahura yuko abantu bose bafise Umuremyi umwe ari we Yehova Imana. Ku bw’ivyo, umugorwa ni umuntu nkatwe, kandi ukuntu afatwa biragira ico bikoze kuri wa Muremyi yarema abantu. Kugira ngo tuninahaze Imana, dutegerezwa kuba abantu batarenganya kandi batagira nkunzi mu kuntu dufata abandi. Umukirisu akenye arakwiye kwitwararikwa mu vy’impwemu ata kugira nkunzi. Dutegerezwa kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abakene n’abatunzi ata kurobanura.

Wa mwami w’inkerebutsi mu kwerekeza ku bindi vyiza biva ku gutinya Imana, avuga ati: “Umunyakibi atsindwa hasi n’ugukora nabi kwiwe, arik’umugororotsi agira ivyizigiro mu [“kutadohoka kwiwe”, “NW”]” (Imigani 14:32). None umunyakibi atsindwa hasi gute? Hari abavuze ko ivyo bisobanura yuko uwo munyakibi adashobora gusubirana igihe ashikiwe n’ivyago. Ku rundi ruhande, igihe hateye ivyago, umuntu atinya Imana aca ahungira mu kutadohoka kwiwe. Kubera ko aba yizigiye Yehova agaherezako, aragaragaza ko afise umwiyemezo nk’umwe wa Yobu, we yavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana [canke, “ku kutadohoka”, NW] kwanje”.​—Yobu 27:5.

Kugira umuntu agume ari intadohoka bisaba ugutinya Imana n’ubukerebutsi. None ubukerebutsi yobukura hehe? Mu Migani 14:33 hishura hati: “Ubgenge buguma mu mutima w’umuntu azi gutahura, [“kandi hagati mu bipfu buramenyekana”, “NW”]”. Egome, ubwenge ari bwo bukerebutsi yobukura mu mutima w’umuntu afise ugutahura. Ariko none, ni mu buhe buryo ubukerebutsi bumenyekana hagati mu bipfu? Igitabu kimwe kivuga yuko “igipfu, kubera yuko kirondera kwiyerekana ko gifise ubukerebutsi, gipfa kwadukana ivyo ciyumvira ko ari ubukerebutsi, ariko amaherezo bikaba ubupfu”.

“Bushira ihanga hejuru”

Wa mwami wa Isirayeli arakura ivyiyumviro vyacu ku kuntu gutinya Imana bigira ico bikoze ku muntu ukwiwe, akabihindukiriza ku kuntu bigira ico bikoze kw’ihanga ryose. Avuga ati: “Ubugororotsi bushira ihanga hejuru, arikw icaha gitukisha amoko” (Imigani 14:34). Ese ukuntu iyo ngingo ngenderwako yagaragaye mu buryo butomoye yuko ari iy’ukuri ku bijanye na rya hanga rya Isirayeli! Gukurikiza ingingo mfatirwako ziri hejuru z’Imana vyatuma Isirayeli ija hejuru y’ayandi mahanga yari ayikikuje. Ariko rero, kubera yuko Abisirayeli bagumye baza baragambararira Yehova, vyatumye aba atakibashima amaherezo arabata. Iyo ngingo ngenderwako irakora ku basavyi b’Imana bo muri iki gihe. Ishengero rya gikirisu riratandukanye n’isi kubera yuko rikurikiza ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse. Ariko rero, kugira tugumye ico kibanza kiri hejuru, dutegerezwa umwumwe wese ukwiwe kugira ubuzima butyoroye. Gukora icaha nta kindi bikora atari ukudukurako icubahiro twebwe ubwacu bikanasiga iceyi ishengero be n’Imana.

Ku biraba ibizanira agahimbare umwami, Salomo avuga ati: “Umwami atonesha umusavyi w’ubgenge, arik’uburake bgiwe buba ku muntu akora ibiterasoni” (Imigani 14:35). N’ikindi kandi, mu Migani 16:13 hagira hati: “Abami bahimbarwa n’iminwa y’ubugororotsi, kandi bakunda ūvuga ibiroranye”. Egome, ya Ndongozi yacu akaba n’Umwami wacu, ari we Yezu Kirisitu, arahimbarwa igihe dukora ibintu mu buryo bugororotse kandi buranga uguca mu kajisho tukongera tugakoresha iminwa yacu mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Nimuze rero tugume dufise vyinshi dukora muri ico gikorwa uko tunezerererwa imihezagiro iva ku gutinya ya Mana y’ukuri.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza ikiganiro gishingiye ku Migani 14:1-25, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2004, urupapuro rwa 26-29, be n’uwo ku wa 15 Mukakaro 2005, urupapuro rwa 17-20.

[Ifoto ku rup. 15]

Turashobora kwiga gutinya Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika