ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 17-20
  • “Imigabo yawe izokomera”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Imigabo yawe izokomera”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde ‘agenera inama umutima’?
  • “Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe”
  • “Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora”
  • “Kwubaha Uhoraho”
  • “Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe”
  • “Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’Uhoraho”
  • Gutoneshwa n’umwami
  • Nugire Umutima Uhimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Imigani 16:3: «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • “Ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nurinde Umutima Wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 17-20

“Imigabo yawe izokomera”

MU RURIRIMBO rumwe umwanditsi wa Zaburi Dawidi yatunganije, yasenze ati: “Mana, undememw’umutima utunganye: [“unshiremwo agatima gashasha”, NW] [ga]hamye. Unkomōrere umunezero w’agakiza kawe; unshigikirishe umutima [“ukunze”, NW]” (Zaburi 51:10, 12). Dawidi, mu kuvuga ayo majambo amaze kwigaya icaha yakoranye na Batisheba, yaringinze Yehova Imana ngo atunganye canke atyorore umutima wiwe yongere amushiremwo umutima wo gukora ibigororotse.

Mbega Yehova yoba vy’ukuri aturemamwo umutima mushasha, akanadushiramwo agatima gashasha gatuma dukora ibintu tubikunze? Canke umutima utyoroye ni ikintu twebwe nyene dukwiye kurondera kugira, tukongera tukakizigama? “Yehova ni we musuzumyi w’imitima”, mugabo ni ku rugero rungana iki agira ico akoze ku bibera mu mutima wacu (Imigani 17:3, NW; Yeremiya 17:10)? Ni ku rugero rungana iki agira ico akoze ku buzima bwacu, ku vyo dukora no ku mvo zituma tubikora?

Imirongo icenda ya mbere yo mu kigabane ca 16 c’Imigani iratwereka ukuntu dushobora kureka Imana ikayobora ubuzima bwacu kugira ngo ‘imigabo yacu ikomere’ (Imigani 16:3). Kuva ku murongo wa 10 gushika ku wa 15 harashimika ku vyo umwami canke umutware ajejwe.

Ni nde ‘agenera inama umutima’?

Mu Migani 16:1a hagira hati: “Inama umutima wigene[ra] n’iy’umuntu”. Biribonekeza ko ‘kugenera inama umutima’ ari ibanga ritwega. Yehova ntategura ku gitangaro umutima wacu canke ngo aduhe ku gitangaro umutima ukunze. Turakeneye kugira akigoro ko kwironsa ubumenyi butagira agakosa bw’Ijambo ryiwe Bibiliya, tukazirikana ku vyo turyigamwo, tukongera tugahuza ivyiyumviro vyacu n’ivyiyumviro vyiwe.​—Imigani 2:10, 11.

Ariko kuba Dawidi yarasavye “umutima utunganye” be n’“agatima gashasha”, vyerekana yuko yatahura ko yari afise impengamiro yo gukora icaha be n’uko yari akeneye gufashwa n’Imana kugira ngo atyorore umutima wiwe. Kubera yuko turi abanyagasembwa, vyoshika tukipfuza gukora “ibikorwa vy’akameremere kacu” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Kugira ngo “[t]wice ingingo za[c]u ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi”, turakeneye gufashwa na Yehova (Ab’i Kolosayi 3:5). Ese ukuntu bihambaye cane ko dusenga tumusaba ko adufasha kugira ngo twirinde gutwarwa n’inyosha mbi, twongere dukure mu mutima wacu impengamiro zo gukora icaha!

Twoba dushobora gufasha abandi ‘kugenera inama’ imitima yabo? Bibiliya ivuga iti: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra” (Imigani 12:18). Ni ryari ururimi rwacu ruba uruvura? Ni igihe gusa “ivyo ururimi rwishura biva k’Uhoraho”, ni ukuvuga igihe tuvuga amajambo ahuje n’ukuri kwo muri Bibiliya.​—Imigani 16:1b.

Bibiliya ivuga iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9). Umutima wacu w’ikigereranyo ufise impengamiro yo kwisigura no kwibesha. Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera atugabisha ku bijanye n’iyo ngeramizi mu kuvuga ati: “Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, arik’Uhoraho agera [“udutima”, “NW”] ku munzane”.​—Imigani 16:2.

Urukundo twikunda rwoshobora gutuma twisigura igihe twakoze amakosa, tugahisha kamere mbi dufise, tukongera tukiyobagiza ububi bwacu. Ariko rero, nta wushobora guhenda Yehova. Aragera ku munzane udutima abantu bafise. Agatima umuntu afise karakorana n’umutima wiwe. Ako gatima, ku rugero runini kagenda karatsimbatara bivanye n’ibibera mu mutima w’ikigereranyo, ivyo na vyo bikaba birimwo ivyiyumviro vyacu, inyiyumvo zacu be n’imvo zituma dukora ibintu. Ako gatima ni ko wa “musuzumyi w’imitima” agera ku munzane, kandi imanza aheza agaca ntizigira nkunzi. Vyoba biranga ubukerebutsi rero turinze agatima kacu.

“Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe”

Gushinga imigabo bisaba ko umuntu yiyumvira, ico kikaba ari ikintu kigirwa n’umutima wacu. Mu bisanzwe, umuntu amaze gushinga imigabo aca agira ivyo akoze. Twoba tuzororanirwa mu migabo turondera kurangura? Salomo avuga ati: “Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, ni ho imigabo yawe izokomera” (Imigani 16:3). Kuremeka Yehova ibikorwa vyacu bisigura kumwizigira, tukamwihekako, tukishira mu maboko yiwe, tukamera nk’aho dufata umuzigo uri ku bitugu vyacu tukawushira ku bitugu vyiwe. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa”.​—Zaburi 37:5.

Yamara rero, kugira ngo imigabo yacu ikomere, itegerezwa kuba idateye kubiri n’Ijambo ry’Imana, kandi tukaba twayishinze tubitumwe n’imvo nziza. Vyongeye, turakwiye gusenga Yehova ngo adufashe yongere adushigikire, ariko natwe tugakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo twumvire impanuro Bibiliya iduha. Birahambaye cane ‘gukorera Uhoraho umutwaro wacu’ na canecane igihe tuba turi mu bigeragezo canke mu ngorane, kubera yuko “azo[t]uramira”. Emwe, “ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”.​—Zaburi 55:22.

“Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora”

Ni ibiki kandi bizoheza bikava ku kuremeka Yehova ibikorwa vyacu? Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora” (Imigani 16:4a). Umuremyi w’isi n’ijuru ni Imana y’imigambi. Igihe tumuremetse ibikorwa vyacu, ubuzima bwacu buraheza bukarangwamwo ibikorwa biri n’intumbero kandi biri n’ico bivuze, atari ibitagira ikimazi. Vyongeye, umugambi Yehova afitiye isi n’abantu bayibako, ni umugambi w’ibihe bidahera (Abanyefeso 3:11). Ni we yashizeho isi, ayirema “kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18). N’ikindi kandi, umugambi yari afitiye abantu bo kw’isi mu ntango ntuzobura kuranguka (Itanguriro 1:28). Umuntu abaho akora ivyo Imana y’ukuri igomba azobaho ibihe bidahera kandi ubuzima bwiwe buzokwama buri n’ico buvuze imyaka yose.

Yehova yashizeho “mbere n’abanyakibi na bo . . . ngo babone umusi mubi” (Imigani 16:4b). Yehova si we yaremye abanyakibi, kubera yuko “igikorwa ciwe [ari] agahore” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Naho ari ukwo, yarabaretse barabaho gushika aho azobonera ko bibereye kubashitsako urubanza rubi yabaciriye. Nk’akarorero, Yehova yabwiye wa mwami Farawo wo mu Misiri ati: ‘Icatumye mba ndakuretse, ni ukugira ngo nkwereke ubushobozi bwanje, kandi ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose’ (Kuvayo 9:16). Vya Vyago Cumi n’uguhonywa kwa Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura vyabaye ibintu vy’intibagiranwa vyagaragaje ko Imana ifise ububasha ntangere.

Yehova arashobora kuyobora ibintu ku buryo abanyakibi bakora ibintu bishitsa umugambi wiwe batabiciye n’ikanda. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ku bijanye na Yehova ati: “Uburake bg’abantu buzogushimisha, uburake buzoba busigaye uzobukenyera” (Zaburi 76:10). Yehova yoshobora kureka abansi biwe bakarakira abasavyi biwe, yamara ku rugero abona ko rubereye kugira ngo atoze indero abo basavyi biwe, gutyo abe abamenyereje. Uburake burenze kuri ubwo, Imana ubwayo ica ibukenyera.

Yehova arashigikira abasavyi biwe bicisha bugufi. Ariko none abona gute abantu b’ubwibone? Umwami wa Isirayeli avuga ati: “Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; [“ukuboko kurashobora gufatana n’ukuboko, ariko umuntu”, “NW”] vy’ukuri akazobura guhanwa!” (Imigani 16:5). Abantu bafise “ubgibone mu mutima” boshobora gushigikirana, yamara ntibazobura guhanwa. Ku bw’ivyo rero, vyoba biranga ubukerebutsi dutsimbataje agatima ko kwicisha bugufi, naho twoba tuzi vyinshi canke dushoboye gukora ibintu binaka abandi badashoboye, kibure naho twoba twaratewe uduteka tw’umurimo utuhe.

“Kwubaha Uhoraho”

Kubera yuko twavukiye mu caha, dufise impengamiro yo guhuba (Abaroma 3:23; 5:12). Ni igiki kizodufasha kwirinda gushinga imigabo yotuma dukora ibitabereye? Mu Migani 16:6 hagira hati: “Ibigabitanyo bikūrwaho n’imbabazi n’ukuri, kand’abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho”. Mu gihe imbabazi za Yehova, ni ukuvuga ubuntu-mvarukundo bwiwe, be n’ukuba ari umunyakuri bituma akuraho ivyaha vyacu, ukwubaha Yehova, ni ukuvuga ukumutinya, ni kwo gutuma twirinda gukora ivyaha. Uretse ugukunda Imana no gukenguruka ubuntu-mvarukundo bwayo, ese ukuntu bihambaye cane ko dutsimbataza ugutinya gukora ivyoyibabaza!

Igihe dutsimbataza ukwubaha bimwe bigera kure ububasha bw’Imana buteye akoba, biratuma tuyitinya mu mutima wacu. Zirikana honyene ku bubasha bubonekera mu vyo yaremye! Kwibutswa ukuntu ivyo Imana yaremye bigaragaza ububasha bwayo vyarafashije umwe sekuruza w’imiryango Yobu kubogora ivyiyumviro vyiwe (Yobu 42:1-6). None si ko natwe bitugendera igihe dusomye inkuru zanditswe muri Bibiliya zerekeye ivyo Yehova yagiranye n’abasavyi biwe tukongera tukazizirikanako? Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ni muze murābe ibikorwa vy’Imana, iteye ubgoba ku vyo igirira abana b’abantu” (Zaburi 66:5). Nta kurira mbege ku buntu-mvarukundo bwa Yehova. Igihe Abisirayeli ‘bagarariza bakababaza impwemu yera y’Imana’, vyatumye Yehova “ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo” (Yesaya 63:10). Igihushanye n’ivyo, “inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho atuma n’abansi biwe buzura na we” (Imigani 16:7). Ese ukuntu ugutinya Yehova ari uburinzi!

Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Ibike birimw’ubugororotsi biruta inyungu nyinshi zirimwo kugabitanya” (Imigani 16:8). Mu Migani 15:16 na ho hagira hati: “Ibike birimwo kwubaha Uhoraho biruta ubutunzi bginshi burimwo guhagarika umutima”. Nta gukeka ko kwubaha cane Imana, ari kwo kuyitinya, bihambaye cane kugira ngo umuntu agume akora ibigororotse.

“Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe”

Umuntu yaremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo ikibereye canke ikitabereye (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20). Umutima wacu w’ikigereranyo urafise ubushobozi bwo kurimbura amahitamwo atandukanye maze ugaheza ukibanda kuri rimwe canke menshi muri yo. Mu kwerekana yuko guhitamwo ari ibanga ritwega, Salomo avuga ati: “Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe”. Umuntu amaze kwigerera inzira yiwe, “Uhoraho ni we” aca “atumbereza ibirenge vyiwe” (Imigani 16:9). Kubera ko Yehova ashobora kuyobora ibirenge vyacu, vyoba biranga ubukerebutsi turondeye ko adufasha kugira ngo ‘imigabo yacu ikomere’.

Nk’uko twamaze kubibona, umutima uribesha, kandi urashobora gutuma umuntu yiyumvira ukutari kwo. Nk’akarorero, umuntu arashobora gukora icaha maze umutima wiwe ukarondera kwisigura. Uwo muntu, aho guheba ingendo yiwe yo gukora icaha, yoshobora kwiyumvira yuko Imana ari inyarukundo, inyabuntu, yuzuye imbabazi kandi iharira. Umuntu nk’uyo yibwira mu mutima ati: “Imana yibagiye: yipfutse mu nyonga hayo, ntizokwigera ibibona” (Zaburi 10:11). Ariko rero, kurira mbege ku kigongwe c’Imana ntibibereye kandi vyokwegera umuntu akarambaraye.

“Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’Uhoraho”

Salomo arareka kuvuga ivyerekeye umutima n’ibikorwa vy’umuntu asanzwe maze agatangura kuvuga ivyerekeye umutima n’ibikorwa vy’umwami, ati: “Amajambo y’ubumenyi ari mu minwa y’umwami, akanwa kiwe nta ho kagoramika imanza” (Imigani 16:10). Nta gukeka ko ivyo ari ko bizomera ku Mwami Yezu Kristu, uwamaze kwimikwa. Azoganza isi mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba.

Wa mwami w’inkerebutsi arerekana isoko ry’ubutungane n’ubugororotsi mu kuvuga ati: “Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’Uhoraho, amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe” (Imigani 16:11). Ibigeresho n’iminzane bishitse, ari zo ngingo mfatirwako zigororotse, biva kuri Yehova. Izo ngingo mfatirwako umwami si we azishinga yisunze ivyo yigombeye. Igihe Yezu yari kw’isi yavuze ati: “Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba”. Turashobora kwitega ko Umwana w’Imana, ‘uwashikirijwe imanza zose’ na Se, azokoresha ubutungane butagira agahaze.​—Yohana 5:22, 30.

Ni igiki kandi umuntu yokwitega ku mwami aserukira Yehova? Umwami wa Isirayeli agira ati: “N’ikizira ku bami gukora ikibi, kukw ingoma ikomezwa n’ubugororotsi” (Imigani 16:12). Ubwami buyobowe na Mesiya bukora bwisunga ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana. Ntibuhuza n’“abagoreka imanza”.​—Zaburi 94:20; Yohana 18:36; 1 Yohana 5:19.

Gutoneshwa n’umwami

None abatwarwa b’umwami akomeye bakwiye gukora iki? Salomo avuga ati: “Abami bahimbarwa n’iminwa y’ubugororotsi, kandi bakunda ūvuga ibiroranye. Uburake bg’umwami ni nk’intumwa zo kugeseza, arik’umuntu w’umunyabgenge [“arabwirinda”, “NW”]” (Imigani 16:13, 14). Abasenga Yehova bo muri iki gihe barashira ku mutima ayo majambo, maze bakagira umwete mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Barazi yuko gukoresha iminwa yabo muri ubwo buryo bihimbara Umwami Mesiya, ari we Yezu Kristu. Kwirinda gukora ibishavuza umwami akomeye no kurondera gutoneshwa na we, nta gukeka ko cari ikintu kiranga ubukerebutsi. Ese ukuntu birushirije kuba ibiranga ubukerebutsi kurondera gushimwa n’Umwami Mesiya!

Salomo abandanya avuga ati: “Mu nyonga h’umwami iyo hakeye haba ubugingo, kandi gutonesha kwiwe ni nk’igicu kigwa imvura y’agatāsi” (Imigani 16:15). Kuba ‘mu nyonga h’umwami hakeye’ bisobanura gutoneshwa na we, nk’uko nyene imvugo ngo ‘umuco wo mu nyonga h’Uhoraho’ isobanura ukugirirwa ubutoni nawe (Zaburi 44:3; 89:15). Nka kurya ibicu vy’imvura ari ikimenyamenya c’uko hagiye kugwa imvura ituma ibiterwa vyera, ni ko n’ugutoneshwa n’umwami ari ikimenyamenya cerekana yuko umuntu yokwitega ivyiza. Ku ngoma y’Umwami Mesiya, ubuzima buzorangwa n’imihezagiro itagira uko ingana, kandi abantu batunge batunganirwe, nk’uko nyene vyari bimeze ku rugero rutoyi ku ngoma y’Umwami Salomo.​—Zaburi 72:1-17.

Mu gihe tukirindiriye ko Ubwami bw’Imana bwifatira mu minwe ivyo kw’isi vyose, ese tworondera ko idufasha gutyorora umutima wacu! Ese twokwizigira Yehova tukongera tugatsimbataza ukumutinya! Tubigize, turashobora kwizigira tudakeka yuko “imigabo ya[cu] izokomera”.​—Imigani 16:3.

[Ifoto ku rup. 18]

Ni mu buryo ki Yehova yashizeho ‘abanyakibi ngo babone umusi mubi’?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika