Inkuru y’ubuzima
Nararonse ‘ivyo umutima wanje ugomba’
NK’UKO VYAVUZWE NA DOMINIQUE MORGOU
Emwe naza nashika muri Afirika! Aho hari muri Kigarama 1998. Ico nari naripfuje kuva nkiri umwana cari kigiye cashika. Urazi ukuntu nahora nipfuza kubona uturere twagutse two muri Afirika be n’ibikoko n’ibinyabuzima vyaho vy’akaroruhore! Ico gihe ho nari ndahibereye! Ariko hari n’ikindi kintu nahora nipfuza cane cari kirangutse: nari mbaye umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose akorera mu gihugu co mu mahanga. Abenshi babona ko umenga ico kintu nticokwigeze gishoboka. Mfise ingorane ikomeye y’amaso, kandi nca mu mabarabara yuzuyemwo umusenyi yo mu bigwati vyo muri Afirika ndabifashijwemwo n’imbwa iyobora impumyi isanzwe yaramenyerejwe amabarabara yo mu bisagara vyo mu Buraya. Reka ndabiganire ingene vyahavuye bishoboka ko nja gukorera muri Afirika be n’ingene Yehova yampaye ‘ivyo umutima wanje ugomba’.—Zaburi 37:4.
NAVUKIYE mu Bumanuko bw’Ubufaransa kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi 1966. Ni je nari umuhererezi mu bana indwi, ni ukuvuga abahungu babiri n’abakobwa batanu, tukaba twari dufise abavyeyi batwitwararikana urukundo. Ariko rero, hari ikintu kibabaje canshikiye mu buto bwanje. Cokimwe na nyokuru, mawe be na mwenewacu umwe w’umukobwa, ndwaye indwara y’akaronda ituma amaherezo umuntu ahuma ntabe akibona.
Igihe nari umuyabaga, nabwirijwe kwihanganira urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba, ndihanganira imyikeko be n’uburyarya, ivyo vyose bikaba vyaratumye mba umuntu agarariza. Muri ico gihe kitoroshe ni ho twimukira mu ntara ya Hérault. Igihe twari muri iyo ntara, hari ikintu ciza cane cabaye.
Umusi umwe ku w’iyinga mu gitondo, hari Ivyabona vya Yehova babiri b’igitsina-gore baje kutugendera. Mawe yari asanzwe abazi, akaba yaciye abaha ikaze. Umwe muri bo yaciye abaza mawe nimba yibuka ko yari yarigeze kubabwira yuko umusi uri izina yokwemeye kwiga Bibiliya. Mawe yaciye avyibuka, maze aca abaza ati: “None tuzotangure ryari?”. Baciye bumvikana ko bogiye barabonana ku w’iyinga mu gitondo, gutyo mawe atangura kwiga “ukuri kw’ubutumwa bgiza”.—Ab’i Galatiya 2:14.
Ntahura impamvu
Mawe nta ko atagira ngo atahure ivyo yiga yongere avyibuke. Kubera ko yari impumyi, yategerezwa gufata ku mutwe ivyo yiga vyose. Ivyo Vyabona baramwihanganira rwose. Nayo jewe, igihe cose ivyo Vyabona baza i muhira, naca nja kunyegera mu cumba nkavayo ari uko bagiye. Mugabo umusi umwe ku muhingamo, twarabonanye n’umwe muri ivyo Vyabona yitwa Eugénie aca aranganiriza. Yarambwiye yuko Ubwami bw’Imana bwokuyeho uburyarya, urwanko be n’umwikeko birangwa mw’isi. Yaciye avuga ati: “Nta wundi azoshobora kubitorera umuti atari Imana”. Yaciye ambaza nimba noshima kumenya n’ibindi. None noba naremeye? Erega bukeye naciye ntangura kwiga Bibiliya.
Ivyo niga vyose nabona ko ari bishasha. Ico gihe naratahuye yuko Imana ibaye irareka ubukozi bw’ikibi bukabandanya kubera impamvu zumvikana (Itanguriro 3:15; Yohana 3:16; Abaroma 9:17). Naramenye kandi ko Yehova yaduhaye icizigiro. Yaraduhaye umuhango mwiza igitangaza wo kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse iparadizo (Zaburi 37:29; 96:11, 12; Yesaya 35:1, 2; 45:18). Naho amaso yanje yariko agenda arahuma buhorobuhoro, muri iyo Paradizo nosubiye kuronka ingabirano yo gushobora kubona.—Yesaya 35:5.
Ntangura umurimo w’igihe cose
Kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 1985, naragaragaje ko niyeguriye Yehova mu kubatizwa mu mazi, gutyo mba nkurikiye mwenewacu Marie-Claire yari amaze gutera iyo ntambwe. Musazanje Jean-Pierre be na mawe nkunda cane na bo nyene ntibatevye guca bakurikira.
Ishengero narimwo ryari ririmwo abatsimvyi benshi, ni ukuvuga abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose. Nararemeshejwe cane n’umunezero bari bafise be n’ukuntu bakunda cane ubusuku. Mbere na Marie-Claire yahavuye yinjira mu murimo w’igihe cose naho yari afise ingorane y’amaso, akaba kandi yari yambaye ku kuguru kumwe ikintu camufasha gutambuka. Gushika n’ubu akarorero kiwe karacandemesha cane mu vy’impwemu. Kwama ndi kumwe n’abatsimvyi mw’ishengero no mu muryango vyatumye nanje nipfuza cane gukora umurimo w’igihe cose. Muri Munyonyo 1990 nahavuye ntangura gukorera i Béziers ndi umutsimvyi.—Zaburi 94:17-19.
Nihanganira ugucika intege
Mu ndimiro, abandi batsimvyi bama banyitwararika cane bakamfasha. Ariko ivyo ntivyabuza yuko bishika rimwe na rimwe nkumva ncitse intege kubera ntashobora gukora vyinshi kandi nari mfise icipfuzo co gukora cane kuruta. Ariko rero, Yehova yarankomeje muri ivyo bihe vyose numva ncitse intege. Naragize ubushakashatsi muri ca gitabu c’amaronderero citwa Index des publications de la Société Watch Tower, ndondera inkuru z’ubuzima z’abatsimvyi boba bari bafise ingorane y’amaso nkanje. Urazi ukuntu natangaye nsanze ari benshi! Izo nkuru ngirakamaro kandi ziremesha zaramfashije kubona yuko ivyo nari nshoboye gukora biri n’agaciro, zongera ziramfasha kwemera aho ububasha bwanje bugarukira.
Kugira nironse ivyo nkeneye, narakorana n’ibindi Vyabona igikorwa co kugira isuku ku bibanza bininibinini usanga bikorerwamwo ivy’ubudandaji. Umusi umwe narabonye ko abo twakorana bariko basubiramwo aho nari mpejeje gusukura. Biboneka ko nagenda ndasigaza umucafu mwinshi. Naciye nja kuraba Valérie, uwo akaba yari umutsimvyi ahagarikiye umugwi wacu ukora isuku, maze nca ndamusaba ngo ambwize ukuri nimba ntariko ndagora abandi. N’umutima mwiza, yaciye areka ngo abe ari jewe nifatira ingingo yo kuva muri ako kazi mu gihe nokwumva ko ntagishoboye kugakora. Nahavuye mpeba ako kazi ko gukora isuku muri Ntwarante 1994.
Ico gihe naciye nsubira kwumva umengo nta co maze. Narasenganye ubwira Yehova, kandi ndazi ko yumvise amasengesho namutura. N’ico gihe nyene, kwiga Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vya gikirisu vyaramfashije cane. Ariko rero, naho narushiriza kugenda mpuma, icipfuzo co gukorera Yehova coco caguma kirushiriza gukomera. None nari kubigenza gute?
Mbanza kurindirizwa, mu nyuma nkabwirizwa gufata ingingo yihuta
Narasavye ko nokurikirana ivyigwa vyatangirwa ku Kigo c’i Nîmes citaho impumyi n’abatabona neza, kandi nahavuye nemererwa kuhamara amezi atatu. Emwe, uwo mwanya namazeyo ntiwapfuye ubusa. Nahavuye ntahura aho ubumuga bwanje bugeze maze ndiga kubumenyera. Kuba nari kumwe n’abantu barwaye indwara z’ubwoko bwose vyaramfashije kubona yuko icizigiro nari mfise bwa mukirisu ari ic’agaciro kanini. Nari mfise intumbero mu buzima, kandi narashobora kugira ikintu c’akamaro nkoze, mugabo ku bandi si ko vyari bimeze. N’ikindi kandi, narize inyuguti z’impumyi z’Abafaransa.
Igihe nataha, ab’i muhira barabonye ko ivyo vyigwa vyari vyarangiriye akamaro vy’ukuri. Ikintu kimwe gusa ntakunda na gato, yari inkoni ndende yera nategerezwa gukoresha. Emwe, vyarangoye vy’ukuri kumenyera urwo nabona ko ari urubando. Nabona ko nkwiye kurondera ikindi kintu comfasha, kumbure nk’imbwa iyobora impumyi.
Narujuje urukaratasi rwo gusabirako imbwa, mugabo mbwirwa yuko hari abandi benshi bazisavye bakirindiriye. N’ikindi kandi, ishirahamwe ryatanga izo mbwa ryari kubanza kugira itohoza kubera ko imbwa iyobora impumyi idapfa guhabwa uwo ari we wese. Umusi umwe, hari umugore afasha mw’ishirahamwe ryitaho impumyi yambwiye yuko umugwi umwe w’abakina urukino rwa tenisi wo ng’aho wagomba kugabira imbwa umuntu w’impumyi canke umuntu atabona neza wo mu karere kacu. Yaciye ambwira ko yari yaranyiyumviriye. Noba nari kwemera gutwara iyo mbwa? Naciye mbona ko Yehova ari we yari inyuma y’ivyo bintu, maze nca ndemera iyo ngabirano iranga umutima mwiza yari anyemereye. Ariko ntiwumve, iyo mbwa sinaciye ndayironka ubwo nyene.
Sinari naribagiye ibijanye no muri Afirika
Mu kurindira, naciye ntangura kwiyumvira ibindi. Nk’uko nabivuze mu ntango, kuva nkiri umwana nahora nipfuza cane kuja muri Afirika. Naho naguma ndushiriza guhuma, ico cipfuzo cari cararushirije gukomera, na canecane kuva igihe numva yuko abantu benshi cane bo muri Afirika bakunda ivya Bibiliya bagakunda no gukorera Yehova. Igihe gito imbere y’aho, nari narabwiye Valérie yuko nipfuza kuzoja kuraba muri Afirika, ndabimubwira nk’uwiyagira gusa. Yoba yaremeye ko tujana? Yaremeye, maze turandikira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bitari bike vyo mu bihugu vyo muri Afirika bikoresha igifaransa.
Mu nyuma, twararonse inyishu ivuye muri Togo. N’akamwemwe kenshi, naciye nsaba Valérie ngo ansomere iryo kete. Iryo kete ryararemesha ku buryo Valérie yaciye avuga ati: “Niba ari ko biri, twobuzwa n’iki kujayo?”. Maze kwandikiranira n’abavukanyi bo ku biro vy’ishami vyo muri ico gihugu, bambwiye ko novugana n’umuvukanyikazi w’umutsimvyi yitwa Sandra yakorera i Lomé, umugwa mukuru wa Togo. Twaciye dufata ingingo yuko twofashe urugendo kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 1998.
Nari ngiye ahantu hatandukanye n’aho nari nje mva, mugabo sinokubwira ingene hari haryoshe! Indege imaze gushika i Lomé, twarururutse, ubwo nyene duca twumva ubushuhe bwo muri Afirika buturembeje nka kurya kw’umuntu batekeye mu burengeti. Twaciye tubonana na Sandra. Naho ata wari bwigere akubita ijisho uwundi, ubwo nyene tukibonana wamengo turi abagenzi bazinanye kuva kera. Gatoyi imbere y’uko dushika, Sandra na mugenziwe Christine bari bagenywe ngo babe abatsimvyi badasanzwe, bakaba bari bagiye gukorera mu gasagara gatoyi ko hagati mu gihugu kitwa Tabligbo. Twari tugiye guterwa agateka ko kujana na bo muri ico cibare gishasha bari bahawe. Twahamaze amezi nk’abiri, mugabo igihe twasubira inyuma nari nzi yuko nogarutse.
Nararyohewe igihe nasubirayo
Ngeze mu Bufaransa, naciye ubwo nyene ntangura kwitegurira kuja muri Togo ubugira kabiri. Ndabifashijwemwo n’umuryango wanje, narashoboye kwitegurira kumarayo amezi atandatu. Muri Nyakanga 1999 ni ho nasubira gufata indege ija muri Togo. Ariko ico gihe hoho nta wundi twari kumwe. Iyumvire ingene abo mu muryango wanje bumvise bamerewe babonye ngiye ndi jenyene n’ubumuga nari mfise! Ariko nta mvo n’imwe yari ikwiye gutuma bahagarika umutima. Narasubirije umutima mu nda abavyeyi banje, ndababwira yuko abagenzi banje, abari basigaye bameze nk’umuryango kuri jewe, bobaye bandindiriye i Lomé.
Iyumvire umunezero nagize wo gusubira mu karere aho usanga abantu benshi bakunda ivya Bibiliya! Muri ako karere, ukunze gusanga abantu bariko basomera Bibiliya kw’ibarabara. I Tabligbo, abantu usanga ari bo baguhamagara ngo mube murayaga kuri Bibiliya. Ese ingene kari agateka kubana mu nzu ibayabaye n’abavukanyikazi babiri b’abatsimvyi badasanzwe! Nahavuye menya iyindi mico kama, ndamenya n’ubundi buryo bwo kubona ibintu. Ubwa mbere na mbere, narabonye ko abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo muri Afirika bashira ivyungura Ubwami imbere y’ibindi vyose mu buzima bwabo. Nk’akarorero, naho babwirizwa kugenda ibilometero n’ibilometero kugira bashike ku Ngoro y’Ubwami, ivyo ntibibabuza kwitaba amakoraniro. N’ikindi kandi, narigiye vyinshi ku kuntu ari abantu b’igishika kandi b’abakiranyi.
Umusi umwe, igihe nari mvuye mu busuku bwo mu ndimiro, narahishutse Sandra yuko ntinya gusubira mu Bufaransa. Amaso yanje yari yararushirije kurwara rwose. Nariyumvira amabarabara y’i Béziers arimwo uruja n’uruza rwinshi rw’abantu be n’urwamo rwinshi, nkiyumvira ingazi zo mu mazu y’amagorofa abamwo abantu, nkiyumvira n’ibindi bintu usanga bitorohereza umuntu asanzwe atabona neza. Amabarabara y’i Tabligbo yoyo, naho yari ay’ivu, wasanga atekanye, atarimwo uruja n’uruza rwinshi rw’abantu canke rw’imiduga. Ko nari nsigaye menyereye aho i Tabligbo, ubwo vy’ukuri nari gushobora kuba mu Bufaransa?
Haciye imisi ibiri, mawe yaranterefonye amenyesha yuko ishure ryo kumenyereza imbwa ziyobora impumyi ryari rindindiriye. Imbwa itarakura cane yitwa Océane yo mu bwoko bw’imbwa nininini bwitwa Labrador ni yo yari igiye kumbera ico nokwita amaso. N’ico gihe nyene, ivyo nari nkeneye vyaritwararitswe, amaganya nari mfise na yo arahera. Maze amezi atandatu nkorera i Tabligbo igikorwa kiryoshe cane, naciye nsubira mu Bufaransa kugira nje kubona Océane.
Iyo mbwa yitwa Océane imaze amezi atari make imenyerezwa, baciye bayinshikiriza. Mu ntango, ibintu ntivyari vyoroshe. Vyabaye ngombwa ko twiga kwumvikana. Ariko uko hagiye haraca igihe, ni ko nagiye ndabona ko nari nkeneye Océane cane. Mu vy’ukuri, ubu numva ntashobora gutandukana na Océane. None abantu b’i Béziers bavyifatamwo gute igihe babona ndabagendeye ndi kumwe n’imbwa? Emwe, banyakirana urupfasoni n’umutima mwiza. Océane yari isigaye ari akayazwe mu babanyi. Narirya abantu benshi usanga bibatera ubuyega igihe bari kumwe n’umuntu afise ubumuga, kugendana n’iyo mbwa vyaca bituma nshobora kuvuga ivyerekeye ingwara yanje bitarinze kungora. Abantu baca bumva borohewe, maze bakantega yompi. Océane yahavuye vy’ukuri iba ari yo imfasha cane gutanguza ibiyago.
Tujana na Océane muri Afirika
Ariko ntiwibaze ko nari maze kwibagira Afirika. Ahubwo riho, naciye ntangura kwitegurira urugendo rugira gatatu. Ico gihe ho twajanye na Océane, hamwe n’umugabo n’umugore bari bamaze igihe gito bubakanye, ari bo Anthony na Aurore, be n’umugenzi wanje yitwa Caroline, abo bose bakaba bari abatsimvyi nkanje. Kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2000 ni ho twashika i Lomé.
Mu ntango, abantu benshi baratinya Océane. Benshi mu bantu b’i Lomé ntibari bwigere babona imbwa niniya ingana n’iyo, kubera ko imbwa nyinshi zo muri Togo usanga ari ntonto. Abantu bamwebamwe babonye umusipi kw’izosi, baca biyumvira ko ari igikoko c’ikiryanyi gikeneye gucungerwa neza. Ivyo vyatumye Océane ikara, ikama igabirije kunkingira ikintu cose yabona ko coshobora kungirira nabi. Ariko Océane ntiyatevye kumenyera aho hantu. Iyo yambaye ikiziriko mw’izosi, iba iri ku kazi: ntikubagana, ikora neza akazi kayo, kandi iguma iri iruhande yanje. Ariko iyo itambaye umusipi mw’izosi, usanga iguma igomba gukina, rimwe na rimwe igakubagana. Twe na Océane turakina cane ntiworaba.
Twese uko tungana twaratumiwe ngo tuje kubana na Sandra be na Christine i Tabligbo. Kugira ngo dufashe abavukanyi n’abavukanyikazi kumenyera Océane, twarabatumira kuza kutugendera, tukabasigurira ico imbwa iyobora impumyi ikora, tukabasigurira igituma nari ndayikeneye, be n’ukuntu bovyifatamwo igihe bari kumwe na yo. Abakurambere baremeye yuko noza ndazanana na Océane ku Ngoro y’Ubwami. Kubera ko iyo ndinganizo itari isanzwe imenyerewe muri Togo, harasomwe itangazo ryo kubisigurira ishengero. Ku bijanye n’indimiro na ho, Océane twajana gusa igihe nsubiye kuraba abantu twayaze canke igihe ngiye kurongora inyigisho za Bibiliya, kubera yuko muri ivyo bihe abantu bitari kubagora cane gutegera igituma iyo mbwa iri kumwe nanje.
Kwamamaza muri ako karere n’ubu biracaryoshe cane. Namye nkorwa ku mutima n’ukuntu abantu baho bameze neza bitwararikana cane mu kugaragaza umutima mwiza, nk’akarorero ndavye ukuntu bihuta kumpa agatebe. Muri Gitugutu 2001, mawe twarazananye muri Togo igihe nahaza ubugira kane. Yahamaze indwi zitatu aca arasubira mu Bufaransa, agenda atahuye ko merewe neza, kandi agenda anezerewe cane.
Ndakengurukira cane Yehova kubona narashoboye gukorera muri Togo. Ndizigiye ntakeka yuko Yehova azobandanya kumpa ‘ivyo umutima wanje ugomba’ uko mbandanya gukoresha ivyo mfise vyose mu gikorwa ciwea.
[Akajambo k’epfo]
a Umuvukanyikazi Morgou yahavuye asubira mu Bufaransa. Kw’igenekerezo rya 6 Gitugutu 2003, yarashoboye kuja muri Togo ubugira gatanu, asubira inyuma kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2004. Ikibabaje, ni uko muri uru runkwekwe rw’ibintu hari aho kumbure atazoshobora gufata urundi rugendo rumushikana muri Togo, bitumwe n’izindi ngorane z’amagara zahavuye zaduka. Yamara, gukorera Yehova ni vyo gushika n’ubu yipfuza kuruta ibindi vyose.
[Amafoto ku rup. 10]
Nahora nipfuza kubona uturere twagutse two muri Afirika be n’ibikoko n’ibinyabuzima vyaho vy’akaroruhore
[Ifoto ku rup. 10]
Twarajana na Océane iyo nsubiye kuraba abantu twayaze
[Ifoto ku rup. 11]
Abakurambere baremeye ko noza ndazana Océane ku makoraniro