Shetani yoba abaho koko?
WEWE Shetani umubona gute? Woba ubona ko ari umuntu abaho koko yosha abantu gukora ibibi, canke woba ubona ko ari ikibi kiri mu bantu? Shetani yoba ari umuntu wo gutinya, canke yoba akwiye kubonwa nk’ikintu c’ikintazi gusa, kibure umuntu atabaho avugwa gusa mu migani? Ijambo “Shetani” ryoba ryerekeza ku nguvu yonona iriho igoye isigura? Iryo jambo ryoba rigereranya gusa ububi buri mu bantu nk’uko abanyatewolojiya benshi bo muri iki gihe bavuga?
Ntibitangaje kubona abantu batabona kumwe ikibazo kijanye no kumenya Shetani uwo ari we. Iyumvire ukuntu vyokugora kumenya umuntu munaka uwo ari we vy’ukuri hamwe yoba ari karuhariwe mu vyo kwiyoberanya! Vyokugora na canecane hamwe uwo muntu yoba yiyemeje kuguma yiyoberanije mu kwambara ikintu mu maso. Bibiliya ivuga yuko Shetani ari umuntu ameze nk’uyo. Ivuga ku bimwerekeye iti: “Satani yīgira umumarayika w’umuco” (2 Ab’i Korinto 11:14). Naho Shetani ari umuntu w’umubisha, yiyerekana ko ari umuntu mwiza mu ntumbero yo guhenda abantu. Igihe rero atumye abantu bemera ko atabaho namba, emwe kuri we aba ari amata avyaye amavuta.
None vy’ukuri Shetani ni nde? Yatanguye kubaho ryari kandi gute? Yosha gute abantu muri iki gihe? Hoba hari ico twokora kugira ngo tunanire ako kosho kiwe? Bibiliya irimwo inkuru y’ukuri yerekeye Shetani kuva agitangura kubaho, kandi iratanga inyishu z’ukuri kuri ivyo bibazo.
[Ifoto ku rup. 3]
Emwe, ntivyokworoha na gato kumenya umuntu munaka uwo ari we hamwe yoba yiyemeje kuguma yiyoberanije mu kwambara ikintu mu maso!