Ugusagamba nyakuri mw’isi nshasha y’Imana
HARI umunega mukirisu akaba na sebibondo yitwa Davida yagiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. We yari yizigiye ko yariko akora ikintu kibereye. Naho atipfuza gutandukana n’umugore n’abana, yabona yuko yoshoboye gutuma babaho neza kuruta aramutse gusa aronse amahera menshi gusumba. Ku bw’ivyo, yaremeye akamo incuti ziwe zari i New York zamuteye ko kujayo, kandi ntiyatevye kuronkayo akazi.
Ariko, ivyizigiro David yari afise vy’uko ibintu vyogenze neza, haciye amezi vyaratanguye kuyama. Yari asigaye aronkera umwanya muto imirimo ijanye n’ivy’Imana. Mbere yarashitse n’aho asa n’uwutacizera Imana. Aho amariye gutwarwa n’inyosha mbi y’ugukora ibitabereye ni ho amaherezo yikangura akabona aho ageze. Ugutwarwa n’amatungo y’ivy’umubiri kwariko buhorobuhoro kumutwara kure y’ibintu vyose vyari bihambaye koko kuri we. Hari hageze ko yikubita agashi akagira ivyo ahinduye.
Cokimwe na David, ku mwaka ku mwaka hari abantu benshi bava mu bihugu bikenye bakimukira mu bindi bihugu, bizigiye kwisununura mu vy’ubutunzi. Yamara, kenshi cane usanga mu vy’Imana bahatakarije ibitovugwa. Hari abibajije bati: ‘Umukirisu yoba ashobora gukurikirana amatungo akongera akaba umutunzi ku Mana?’. Abanditsi be n’indongozi z’amadini bazwi cane bavuga ko ivyo bishoboka. Mugabo, nk’uko David be n’abandi bavyiboneye, gushika kuri kimwe muri ivyo udatakaje ikindi birashobora kugora.—Luka 18:24.
Amahera si mabi
Mu bisanzwe, amahera ni ikintu cashizweho n’abantu. Cokimwe n’ibindi bintu vyashizweho n’abantu, amahera ubwayo si mabi. Mu vy’ukuri, ni ikintu gusa gikoreshwa mu vy’ukugura no kugurisha. Iyo rero akoreshejwe mu buryo bubereye, arashobora kugira ikimazi. Nk’akarorero, Bibiliya iremeza ko “amahera ar’ubgugamo”, na canecane ubwugamo bukingira umuntu ingorane zijanye n’ubukene (Umusiguzi 7:12). N’imiburiburi kuri bamwebamwe, bisa n’uko “amahera [ari] bimari vya vyose”.—Umusiguzi 10:19.
Ivyanditswe biriyamiriza ubunebwe bikaremesha ugukora cane. Dutegerezwa kuronsa abo mu muryango wacu wa hafi ivyo bakeneye, kandi niba dufise ibisagutse, tuba dufise “ivyo gufasha ūkennye” (Abanyefeso 4:28; 1 Timoteyo 5:8). Vyongeye, Bibiliya, aho kuremesha ivy’ukugira ubuzima bw’ukwiyima, ituremesha kunezerererwa ivyo dutunze. Itubwira yuko “[two]kūramw’umugabane [wacu]” tukongera tukanezerererwa ibiva mu butame bwacu (Umusiguzi 5:18-20). Kukaba nkako, muri Bibiliya harimwo uburorero bwinshi bw’abagabo n’abagore b’intahemuka bari batunze.
Abagabo b’intahemuka bari batunze
Wa musuku w’Imana w’intahemuka Aburahamu, yarironkeje imikuku myinshi n’amasho menshi, ifeza nyinshi n’izahabu nyinshi, be n’abasuku benshi baharurwa mu majana (Itanguriro 12:5; 13:2, 6, 7). Wa mugabo w’umugororotsi Yobu, na we nyene yari afise ubutunzi butovugwa: uri amasho, uri abasuku uri amazahabu, be n’amafeza (Yobu 1:3; 42:11, 12). Abo bagabo bari batunze ufatiye no ku buzima bwo muri iki gihe, mugabo kandi bari n’abatunzi ku Mana.
Intumwa Paulo yita Aburahamu “sekuruza w’abizera bose”. Aburahamu ntiyari umuntu w’ingumyi canke ngo abe umuntu yumira birenze urugero ku vyo afise (Abaroma 4:11; Itanguriro 13:9; 18:1-8). Yobu na we nyene Imana ubwayo yavuze ko yari umuntu “atunganye w’umugororotsi” (Yobu 1:8). Yama nantaryo yiteguriye gufasha umukene n’impahazwa (Yobu 29:12-16). Aburahamu na Yobu bizigira Imana aho kwizigira amatungo yabo.—Itanguriro 14:22-24; Yobu 1:21, 22; Abaroma 4:9-12.
Akandi karorero ni ak’Umwami Salomo. Salomo, uwari samuragwa w’intebe y’ubwami y’Imana i Yeruzalemu, ntiyahawe gusa ubukerebutsi buva ku Mana, ariko kandi yarahawe amatungo n’icubahiro vyinshi cane (1 Abami 3:4-14). Igice kinini c’ubuzima bwiwe yakimaze ari umwizigirwa. Ariko rero, mu myaka yiwe ya nyuma, “umutima wiwe ntiwaba[ye] ugitunganira Uhoraho” (1 Abami 11:1-8). Mu vy’ukuri, ivyo bintu bibabaje vyamushikiye birerekana imwimwe mu mitego abantu bama baguyemwo bitewe n’ugusagamba mu vy’umubiri. Reka turabe mikeyi.
Imitego iva ku gutunga
Akaga gakomeye kuruta utundi ni ako gukunda amahera be n’ivyo umuntu ashobora kuyagura. Amatungo aravyura muri bamwe icipfuzo kitigera gihera. Mu ntango, Salomo yarabonye ako gatima mu bandi. Yanditse ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa” (Umusiguzi 5:10). Mu nyuma, Yezu na Paulo bompi baragabishije abakirisu ku bijanye n’urwo rukundo rurimwo uruhendo.—Mariko 4:18, 19; 2 Timoteyo 3:2.
Iyo amahera acitse co kintu dukunda kuruta ibindi aho kuba gusa uburyo budufasha kurangura ibintu, bica bituma tuba abashoboye gutwarwa n’inyosha mbi z’ubwoko bwose mu bijanye n’inyifato runtu, aho hakaba harimwo ukubesha, ukwiba, be n’ubuhemu. Yuda Isikariyoti, umwe muri za ntumwa za Kirisitu, yaragurishije shebuja intete 30 gusa z’ifeza (Mariko 14:11; Yohana 12:6). Hari n’abagiye kure gushika n’aho Imana bayisubiriza amahera, aba ari yo basenga (1 Timoteyo 6:10). Abakirisu bakwiye rero kwama bagerageza kuraba neza ata kwihenda imvo nyakuri ituma barondera kuronka amahera menshi kuruta.—Abaheburayo 13:5.
Gukurikirana amatungo birimwo n’utundi twaga turushirije kuba ututibonekeza. Ubwa mbere ni uko amatungo menshi ahakwa gutuma umuntu yiyizigira. Ivyo Yezu yarabicishijemwo igihe yavuga ivy’“uruhendo rw’ubutunzi” (Matayo 13:22). Umwanditsi wa Bibiliya yitwa Yakobo na we nyene yaragabishije abakirisu ngo ntibibagire Imana n’igihe nyene bashinga imigambi ijanye n’ivy’ubudandaji (Yakobo 4:13-16). Kubera ko amahera asa n’ayatuma twigenga ku rugero runaka, ku bayafise hama hariho akaga ko kwizigira amahera yabo aho kwizigira Imana.—Imigani 30:7-9; Ivyakozwe n’intumwa 8:18-24.
Ubugira kabiri, nk’uko umwe David twavuga mu ntango yabibonye, gukurikirana amatungo akenshi biratwara umuntu igice kinini c’umwanya wiwe n’inguvu ziwe ku buryo bigenda intambwe ku yindi bituma areka kwitwararika ivy’Imana (Luka 12:13-21). Ku bantu batunze, hama kandi hariho inyosha mbi yo gukoresha ivyo bafise canecane mu vy’ukwinezereza canke mu vyabo bwite.
Ugutemba mu vy’Imana kwa Salomo, kwoba ku rugero runaka kwavuye ku kuba yararetse ubuzima bw’ukudibama yarimwo bukamuyovya ubwenge (Luka 21:34)? Yari azi itegeko rirashe Imana yari yaratanze ryabuza gushingiranira n’abo mu mahanga. Yamara, yahavuye yitororokaniriza abagore bashika nk’igihumbi (Gusubira mu vyagezwe 7:3). Kubera ko yari ashashaye kunezereza abagore biwe b’abanyamahangakazi, yaragerageje kugira ubwoko bunaka bw’ugusukiranya ukwizera kugira abahimbare. Nk’uko vyamaze kuvugwa, umutima wa Salomo wagiye ukurwa kuri Yehova buhorobuhoro.
Si agaseseshwarumuri, ubwo burorero burerekana yuko iyi mpanuro Yezu yatanze ari iy’ukuri, iyigira iti: “Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga” (Matayo 6:24). Umukirisu ashobora gute none kuvyifatamwo neza mu ngorane z’ivy’ubutunzi abantu benshi ubu bahangana na zo? N’igihambaye kuruta, ni icizigiro ikihe kihari ku bijanye n’ubuzima bwiza kuruta turindiriye?
Ugusagamba nyakuri kuri imbere
Ivy’abayoboke ba Yezu ntivyifashe nk’ivya ba sekuruza b’imiryango Aburahamu na Yobu be na rya hanga rya Isirayeli. Bobo barafise igikorwa bashinzwe co ‘guhindura [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa’ (Matayo 28:19, 20). Kurangura ico gikorwa bisaba umwanya n’akigoro vyoshobora gukoreshwa mu gukurikirana ibintu vy’umubiri. Ku bw’ivyo, ikintu nyamukuru cotuma turoranirwa ni ugukora ivyo Yezu yatubwiye igihe yavuga ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa”.—Matayo 6:33.
David amaze guhakwa gutakaza umuryango wiwe be na kamere yiwe y’ivy’impwemu, yahavuye asubiza ubuzima bwiwe ku murongo. Nk’uko Yezu yasezeranye, igihe David yasubira gushira imbere mu buzima bwiwe ukwiga Bibiliya, isengesho be n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, ibindi bintu vyaciye bitangura kumera neza. Ubucuti yari afitaniye n’umugore wiwe be n’abana biwe bwagiye buhorobuhoro buragaruka. Yarasubiye kugira umunezero n’agahimbare. N’ubu aracakora cane. Inkuru y’ubuzima bwiwe si inkuru y’umukene yahavuye acika umutunzi. Yamara, hari ivyigwa bimwebimwe vy’ingirakamaro yigiye ku bintu bibabaje vyamushikiye.
David yarasubiye kuzirikana ku ngingo yari yarafashe yo kuja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika arabona ko itari iranga ubukerebutsi, araheza yiyemeza kutigera asubira kureka ngo amahera abe ari yo ayobora ingingo afata. Ubu, arazi yuko ibintu vy’agaciro kuruta ibindi vyose mu buzima, ni ukuvuga umuryango urangwa urukundo, abagenzi beza, be n’ubucuti umuntu agiranira n’Imana, bidashobora kugurwa amahera (Imigani 17:17; 24:27; Yesaya 55:1, 2). Vy’ukuri, kutadohoka mu vy’ukwigenza runtu ni ikintu kiri n’agaciro kanini rwose kuruta amatungo y’ivy’umubiri (Imigani 19:1; 22:1). Ubu David n’umuryango wiwe biyemeje kuguma bashira imbere ibikwiye kuza mu kibanza ca mbere.—Ab’i Filipi 1:10.
Utwigoro abantu bagiye bagira ngo batume haba ikibano gisagamvye kandi kirangwamwo imico runtu, nta co twagiye dushikako. Ariko rero, Imana yasezeranye yuko Ubwami bwayo buzozana ibintu umukimba vyo mu buryo bw’umubiri no buryo bw’impwemu dukeneye kugira ngo tubeho neza (Zaburi 72:16; Yesaya 65:21-23). Yezu yigishije yuko ugusagamba nyakuri gutangurira ku vy’Imana (Matayo 5:3). Rero, twaba turi abatunzi mu vy’umubiri canke turi abakene, gushira imbere ivy’Imana ubu, ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi uwo ari we wese muri twebwe ashobora kwitegurira isi nshasha y’Imana iri ku rugi (1 Timoteyo 6:17-19). Iyo si izoba ari ikibano gisagamvye koko mu vy’umubiri no mu vy’Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Izina ryarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 5]
Yobu yizigiye Imana aho kwizigira amatungo
[Ifoto ku rup. 7]
Ibintu vy’agaciro kuruta ibindi vyose mu buzima ntibishobora kugurwa amahera