Twigane ukwihangana kwa Yehova
“Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, ariko [irihanganye]”.—2 PETERO 3:9.
1. Ni ingabirano ntangere iyihe Yehova yemereye abantu?
YEHOVA yaratwemereye ikintu ata wundi n’umwe ashobora kutwemerera. Ni ikintu ciza cane utoraba kandi c’agaciro kanini cane, ariko kikaba ari ikintu umuntu adashobora kugura canke guca. Ico kintu Yehova atwemerera ni ya ngabirano y’ubuzima budahera, kuri benshi muri twebwe bukazoba ari ubuzima butagira iherezo kw’isi izoba yahindutse iparadizo (Yohana 3:16). Ese ukuntu ivyo bizoba bihimbaye! Ibintu bitera umubabaro ntibizoba bikiriho: uri umuryano, uri ubukazi, uri ubukene, uri ubugizi bwa nabi, uri indwara, eka mbere n’urupfu. Abantu bazokwiberaho mu mahoro n’ubumwe bitagira agahaze bategekwa n’intwaro irangwa urukundo y’Ubwami bw’Imana. Ese ukuntu tunyotewe iyo Paradizo!—Yesaya 9:6, 7; Ivyahishuriwe 21:4, 5.
2. Ni kubera iki Yehova atarakuraho iyi si mbi ya Shetani?
2 Yehova na we nyene, si we azobona igihe kirageze c’uko ashiraho Iparadizo kw’isi. Nakare, akunda ukugororoka n’imanza zibereye (Zaburi 33:5). Ntibimunezera na gato kwitegereza isi itanegwa canke iterekwa ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, isi itera akagere ubukuru bwiwe ikongera ikagirira nabi abasavyi biwe. Yamara, hariho imvo zumvikana zerekana igituma atarakuraho iyi si mbi ya Shetani. Izo mvo zirafitaniye isano n’ibibazo bijanye n’ikibereye be n’ikitabereye, vyerekeye ukugaba n’ukuganza kwiwe. Mu gutorera umuti ivyo bibazo, Yehova aragaragaza kamere ikwegera bimwe bidasanzwe, abantu benshi usanga badafise muri iki gihe. Iyo kamere ni ukwihangana.
3. (a) Ijambo ry’ikigiriki be n’ijambo ry’igiheburayo ahindurwa muri Bibiliya ngo “ukwihangana”, asobanura iki? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye guca irya n’ino?
3 Hariho ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa muri Bibiliya risobanura ijambo ku rindi kugira “agatima karekare”, akaba ari co gituma rikunze guhindurwa ngo “ukwiyumanganya” canke ngo “ukwihangana”. Ijambo ry’ikigiriki be n’ijambo ry’igiheburayo ahindurwa ngo “ukwihangana”, yompi arimwo iciyumviro c’ukwigumya n’uguteba kuraka. None twungukira gute ku kwihangana kwa Yehova? Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku kwihangana kwa Yehova n’ukw’abasavyi biwe b’intahemuka? Tuzi gute yuko ukwihangana kwa Yehova kuri n’aho kugarukira? Reka tubirabe.
Zirikana ku kwihangana kwa Yehova
4. Intumwa Petero yanditse iki ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova?
4 Ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova, intumwa Petero yanditse ati: “Abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe. Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bi[gay]a” (2 Petero 3:8, 9). Turakwingize urabe ivyiyumviro bibiri biboneka muri iyo mirongo bishobora kudufasha gutahura ukwihangana kwa Yehova.
5. Uburyo Yehova abona igihe bugira ico bukoze gute ku vyo akora?
5 Iciyumviro ca mbere ni ic’uko Yehova atabona igihe nk’uko twebwe tukibona. Kuri Yehova, Umwe yamaho ibihe bidahera, imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe. Ntatangirwa canke ngo yihutishwe n’igihe, yamara ntateba kugira ico akoze. Kubera ko Yehova afise ubukerebutsi butagira aho bugarukira, arazi neza na neza igihe kibereye kuruta ibindi co kugira ico akoze ku bw’ineza y’abantu bose vyerekeye, kandi ararindira yihanganye ko ico gihe gishika. Ariko rero, ntidukwiye guca tubona ko Yehova atanezwe imibabaro iyo ari yo yose yoshikira abasavyi biwe mu gihe akirindiriye. Ni Imana y’“imbabazi [“zirimwo ikibabarwe,” NW]”, akaba ari na we karorero ruheta k’urukundo (Luka 1:78; 1 Yohana 4:8). Arashoboye gukuraho buhere kandi rimwe rizima inabi iyo ari yo yose yoshobora kuba yaratewe n’ukwo kuba araretse imibabaro ikabandanya.—Zaburi 37:10.
6. Ni iciyumviro ikihe tudakwiye gushikako ku vyerekeye Imana, kandi kubera iki?
6 Ariko ntiwumve, kurindira ikintu umuntu yipfuza rwose ntivyoroshe (Imigani 13:12). Gutyo, iyo abantu badaciye bashitsa ningoga ivyo basezeranye, abandi boshobora guca bashika ku ciyumviro c’uko badashaka kubishitsa. Ese ukuntu bitoba biranga ubukerebutsi kwiyumvira gutyo ku vyerekeye Imana! Twihenze tukabona ko ukwihangana kw’Imana ari uguteba, uko igihe kigenda kirengana turashobora gutangura gukekeranya no gucika intege bitagoranye, kandi turahakwa guhunyiza mu vy’impwemu. N’igikomeye kuruta, twoshobora kuzimizwa na bamwe Petero yari amaze kugabishako, abo na bo bakaba ari abacokoranyi, abantu batagira ukwizera. Mwene abo bavugana agashinyaguro bati: “Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi”.—2 Petero 3:4.
7. Ukwihangana kwa Yehova gufitaniye isano irihe n’icipfuzo afise c’uko abantu bigaya?
7 Iciyumviro kigira kabiri dushobora gukura mu majambo ya Petero, ni ic’uko Yehova yihangana kubera ko yipfuza yuko bose bashika ku kwigaya. Abantu banka n’akagagazo n’akantu guheba ingeso zabo mbi, Yehova azobakuraho. Yamara, Imana ntihimbarwa n’uko umunyakibi apfa. Ahubwo riho, ihimbarwa n’uko abantu bigaya, bagahindukira bakava mu ngeso zabo mbi, maze bakabona kubandanya kubaho (Ezekiyeli 33:11). Ni co gituma yihanganye akaba kandi ariko atuma inkuru nziza yamamazwa mw’isi yose kugira ngo abantu bashobore kuronka akaryo ko kubaho.
8. Ukwihangana kw’Imana kubonekera gute ku kuntu yafashe ihanga rya Isirayeli?
8 Ukwihangana kw’Imana kurabonekera kandi ku kuntu yafashe ihanga rya Isirayeli rya kera. Yarihanganiye ukugambarara kw’Abisirayeli ibinjana n’ibindi. Abicishije ku bahanuzi biwe, yabahimirije incuro n’izindi ati: “Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n’amateka yanje, nk’ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha”. None vyavuyemwo iki? Ikibabaje, abo bantu ‘baranse kwumva’.—2 Abami 17:13, 14.
9. Ukwihangana kwa Yezu kwerekanye gute ukwa Se wiwe?
9 Amaherezo, Yehova yararungitse Umwana wiwe, uwagumye atera akamo Abayuda ngo basubize hamwe n’Imana. Ukwihangana kwa Yezu kwarerekanye neza na neza ukwa Se wiwe. Yezu, uwari azi neza yuko yari agiye kwicwa, yavuganye akababaro ati: “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!” (Matayo 23:37). Ayo majambo akora ku mutima si ay’umucamanza atagira ikigongwe yipfuza guhana umuntu, ahubwo riho n’ay’umugenzi yuzuye urukundo yihanganira abantu. Yezu, cokimwe na Se wiwe wo mw’ijuru, yagomba ko abantu bigaya kugira ngo boye kuzocirwa rubi. Hari abumviye imburi za Yezu maze bararokoka rwa rubanza rw’agahomerabunwa rwashitswa kuri Yeruzalemu mu 70 G.C.—Luka 21:20-22.
10. Twungukiye gute ku kwihangana kw’Imana?
10 Wumva none ukwihangana kw’Imana atari igitangaza? Naho abantu bagambaraye ku rugero rutagira uko rungana, Yehova yarahaye umwe wese muri twebwe, hamwe n’abandi bantu amamiliyoni, akaryo ko gushobora kumumenya no kuronka icizigiro c’ubukiriro. Petero yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’agakiza” (2 Petero 3:15). Ntidukenguruka none kubona ukwihangana kwa Yehova kwaratwugururiye inzira ijana ku bukiriro? Mbega ntidusenga dusaba Yehova ko yobandanya kutwihanganira uko tumusukurira uko bukeye uko bwije?—Matayo 6:12.
11. Gutahura ukwihangana kwa Yehova bituvyurira umutima wo gukora iki?
11 Dutahuye igituma Yehova yihanganye, biradufasha kurindira twihanganye ubukiriro azozana, ntitwigere dushika ku ciyumviro c’uko atevye gushitsa ivyo yasezeranye (Gucura intimba 3:26). Naho tubandanya gusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza, turizigira ko Imana izi igihe ciza cane kuruta ibindi co kwishura iryo sengesho. Vyongeye, gutahura igituma Yehova yihangana biratuvyurira umutima wo kumwigana mu kugaragaza ukwihangana nk’ukwiwe mu migenderanire tugiranira n’abavukanyi bacu be n’abo tubwira inkuru nziza. Natwe ntitugomba ko hogira abahona, ahubwo riho tugomba ko bokwigaya maze bakagira icizigiro c’ubuzima budahera nk’ico dufise.—1 Timoteyo 2:3, 4.
Zirikana ku kwihangana kw’abahanuzi
12, 13. Mu buryo buhuye n’ibivugwa muri Yakobo 5:10, umuhanuzi Yesaya yashoboye gute kwihangana?
12 Kuzirikana ku kwihangana kwa Yehova biradufasha guha agaciro iyo kamere no kuyitsimbataza. Ego ni ko ntivyoroshe ko abantu b’abanyagasembwa batsimbataza kamere y’ukwihangana, mugabo birashoboka. Ku bijanye n’ivyo, hari ico twigira ku basavyi b’Imana ba kera. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana” (Yakobo 5:10). Kumenya yuko hari abashoboye kwihanganira ingorane zisa n’izidushikira, biraduhumuriza bikongera bikaturemesha.
13 Nk’akarorero, nta gukeka ko wa muhanuzi Yesaya yari akeneye ukwihangana mu gikorwa yarangura. Yehova ivyo yavyerekanye mu kumubwira ati: “Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze. Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābishe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire” (Yesaya 6:9, 10). Naho abo bantu banka kwumva, Yesaya yarabandanije kubashikiriza yihanganye ubutumwa bwa Yehova bwo kubaburira, abigira mu kiringo kitari munsi y’imyaka 46! Nk’ukwo kwa Yesaya, ukwihangana kuzodufasha gukomera kw’ibanga mu gikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza, naho abantu benshi batayakira.
14, 15. Ni ibiki vyafashije Yeremiya kwihanganira ingorane be n’ugucika intege?
14 Ariko ntiwumve, igihe abahanuzi baba bariko barangura ubusuku bwabo, barahura n’izindi ngorane uretse gusa ukwanka kubumviriza; baragirirwa nabi. Yeremiya yarashizwe mu mpatane z’ibiti, arashirwa “mw ibohero”, yongera aratabwa mu cobo c’amazi (Yeremiya 20:2; 37:15; 38:6). Abamugirira ivyo ni barya nyene yipfuza gufasha. Yamara, Yeremiya ntiyaciye agira umujinya canke ngo yihore. Yarihanganye ararindirako imyaka mirongo.
15 Uruhamo n’ugutyekezwa ntivyanumije Yeremiya, kandi natwe muri iki gihe ntibitunumya. Ariko ntiwumve, vyoshika rimwe na rimwe tukumva ducitse intege. Na Yeremiya yaracitse intege. Yanditse ati: “Ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi. . . . [Na]vuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe”. None vyaciye bigenda gute? Yeremiya yoba yaciye areka kwamamaza? Yabandanije ati: “[Ijambo ry’Imana ryaciye rimera] nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora” (Yeremiya 20:8, 9). Urabona yuko igihe yiyumvira cane ivy’ukuntu abantu bamutyekeza, vyatumye atakaza umunezero. Ariko igihe yazirikana ku kuntu ubwo butumwa ubwabwo bwari bwiza bukaba n’ubuhambaye, umunezero waciye ugaruka. Vyongeye, Yehova yari kumwe na Yeremiya “nk’umunyenkomezi n’uw’igitinyiro”, aramukomeza kugira yamamaze ijambo ry’Imana afise umwete n’ubushizi bw’amanga.—Yeremiya 20:11.
16. Dushobora gute kugumana umunezero mu gikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza?
16 Umuhanuzi Yeremiya, yoba none yaragira umunezero mu gikorwa yarangura? Me! Yabwiye Yehova ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ingabo” (Yeremiya 15:16). Yeremiya yaranezererewe agateka yari yaratewe ko guserukira ya Mana y’ukuri no kwamamaza ijambo ryayo. Natwe turashobora kugira umunezero. N’ikindi kandi, nka kumwe kw’abamarayika bo mw’ijuru, turanezererwa kubona kw’isi yose abantu benshi cane bakira ubutumwa bw’Ubwami, bakigaya, maze bakaja mu nzira ijana mu buzima budahera.—Luka 15:10.
“Ukwihangana kwa Yobu”
17, 18. Yobu yihanganye gute, kandi vyavuyemwo iki?
17 Umwigishwa Yakobo, amaze kuvuga ibijanye n’abahanuzi ba kera, yanditse ati: “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe” (Yakobo 5:11). Ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe muri uwu murongo ngo “ukwihangana” riratandukanye n’iryo Yakobo yakoresheje mu kuvuga ‘ukwihangana’ mu murongo w’imbere y’uwo. Mu kwerekana itandukaniro riri hagati y’iryakoreshejwe mu murongo w’icumi n’iryakoreshejwe mu wa 11, incabwenge imwe yanditse iti: “Iryo rya mbere risobanura ukwihangana igihe hagize abatugirira nabi, iryo rya kabiri na ryo rigasobanura ugukomera kw’ibanga n’umutima rugabo igihe turi mu bintu bidutera umubabaro”.
18 Yobu yaragize umubabaro ukomeye. Yaratakaje ivyo yari atunze, arabura abana biwe, yongera ararwara indwara ibabaza rwose. Vyongeye, yarihanganiye ivyo yagirijwe yuko ngo Yehova yariko aramuhana. Yobu ntiyigumijemwo umubabaro; yaridoze kubera ukuntu ivyiwe vyari vyifashe, mbere aramera nk’uwuvuga yuko agororotse kuruta Imana (Yobu 35:2). Yamara, ntiyigeze atakaza ukwizera kwiwe, eka mbere ntiyadohotse ku Mana. Ntiyarogose ku Mana nk’uko Shetani yari yaravuze (Yobu 1:11, 21). None ivyo vyavuyemwo iki? Yehova “[yarahaye] Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere” (Yobu 42:12). Yehova yarasubije Yobu amagara meza, amuha ubutunzi bungana n’ubwo yari afise ibihetangabo kabiri, yongera aramuhezagira mu gutuma agira ubuzima bumara akanyota kandi bwuzuye agahimbare, ari kumwe n’abiwe. Kuba Yobu yarabandanije kwihangana adahemuka vyaratumye kandi arushiriza gutahura Yehova bimwe bishitse.
19. Ni igiki twigira ku kuntu Yobu yihanganye akarindirako?
19 Ni igiki twigira ku kuntu Yobu yihanganye akarindirako? Cokimwe na Yobu, twoshobora kurwara canke gushikirwa n’ayandi marushwa. Hari aho tutoba dutahura neza igituma Yehova areka tugashikirwa n’ikigeragezo kinaka. Yamara, ico twomenya tudakeka co, ni iki: Nitwaguma turi intahemuka, tuzohezagirwa. Yehova ntabura guha impera abamuronderana umwete (Abaheburayo 11:6). Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira”.—Matayo 10:22; 24:13.
“Umusi w’Umwami wacu uzoza”
20. Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko umusi wa Yehova uzoza?
20 Naho Yehova yihangana, n’Imana y’ubutungane, akaba rero atazokwihanganira ubukozi bw’ikibi ibihe vyose. Ukwihangana kwiwe kuri n’aho kugarukira. Petero yanditse ati: “Imana [ntiy]aretse guhana isi ya kera” (UB). Mu gihe Nowa n’umuryango wiwe bo bakijijwe, iyo si itubaha Imana yararengejwe umwuzure w’amazi. Vyongeye, Yehova yarashikije urubanza kuri Sodomu na Gomora, arahakomvomvora hasigara ari umunyota. Izo manza zabereye “[“akarolero”, UB] . . . abazogenda batubaha Imana”. Ico twokwizigira tudakeka ni iki: “Umusi w’Umwami wacu uzoza”.—2 Petero 2:5, 6; 3:10, ni twe dushimitse.
21. Twogaragaza gute ukwihangana, kandi ni igiki turimbura mu kiganiro gikurikira?
21 Ku bw’ivyo rero, nimuze twigane ukwihangana kwa Yehova mu gufasha abandi gushika ku kwigaya kugira bashobore gukizwa. N’ikindi kandi, nimuze twigane abahanuzi mu kwamamaza inkuru nziza twihangana naho abo tubwira iyo nkuru nziza bokwanka kuyumva. Vyongeye, turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova azoduhunda imihezagiro myinshi turamutse twihanganiye ibigeragezo tukongera tukaguma turi intadohoka, nka kumwe kwa Yobu. Emwe, turi n’imvo yumvikana yo kunezererwa ubusuku bwacu iyo twitegereje ukuntu Yehova yahezagiye rwose utwigoro abasavyi biwe bagize two kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Ivyo ni vyo tubona mu kiganiro gikurikira.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki Yehova yihangana?
• Ni igiki twigira ku kwihangana kw’abahanuzi?
• Yobu yagaragaje gute ukwihangana, kandi vyavuyemwo iki?
• Tuzi gute yuko ukwihangana kwa Yehova kuri n’aho kugarukira?
[Ifoto ku rup. 18]
Ukwihangana kwa Yezu kwarerekanye neza na neza ukwa Se wiwe
[Ifoto ku rup. 20]
Ni impera iyihe Yehova yahaye Yeremiya ku bw’ukwihangana kwiwe?
[Ifoto ku rup. 21]
Ni impera iyihe Yehova yahaye Yobu ku bw’ukwihangana kwiwe?