Turakeneye kwihangana mu busuku
1. Yehova yerekana gute ko yihanganira abantu?
1 Imana irihanganira cane abantu. (Kuv. 34:6; Zab. 106:41-45; 2 Pet. 3:9) Kamwe mu turorero twibonekeje gusumba utundi twerekana ko yihangana ibigiranye urukundo kajanye n’igikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurirwa kw’isi yose. Naho Yehova amaze hafi imyaka 2.000 yihanganira abantu, arabandanya gukwegera kuri we abantu b’imitima nziraburyarya. (Yoh. 6:44) None twokwigana gute ukwihangana kwa Yehova mu busuku bwacu?
2. Twokwerekana gute ko twihangana igihe twamamaza mu vyibare vyacu?
2 Inzu ku nzu: Turigana ukwihangana kwa Yehova mu kwamamaza ‘tudatezura’ mu vyibare abantu baterekana ko bashimishwa n’inkuru nziza. (Ivyak. 5:42) Mu busuku bwacu, turihangana igihe berekanye ko batanegwa inkuru nziza tubashikiriza, igihe badutwenze be n’igihe baturwanije. (Mrk. 13:12, 13) Turerekana kandi ko twihangana mu kuguma tugira akigoro ko kuvomera imbuto z’ukuri n’igihe biba bigoye gusanga abantu bashimishijwe i muhira.
3. Kubera iki dukeneye kwihangana igihe tugira amasubirayo n’igihe turongora inyigisho za Bibiliya?
3 Inyigisho za Bibiliya: Kurima igiterwa bisaba ukwihangana. Turashobora kukibungabunga, mugabo ntidushobora kwihutisha ikura ryaco. (Yak. 5:7) N’ikura ryo mu buryo bw’impwemu ni ukwo; riba buhorobuhoro n’intambwe ku yindi. (Mrk. 4:28) Abo twigana Bibiliya vyoshobora kubagora guheba inyigisho z’idini ry’ikinyoma canke imigenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ntidukwiye kugerageza gutuma abo twigana Bibiliya bakura ningoga mu vy’impwemu mu kubahata ngo bagire ivyo bahinduye. Birasaba ko twihangana kugira duhe impwemu y’Imana umwanya uhagije wo kugira ico ihinduye ku mutima w’umutohoji.—1 Kor. 3:6, 7.
4. Kwihangana vyodufasha gute kubwira inkuru nziza incuti tudasangiye ukwizera mu buryo buvamwo ivyiza?
4 Incuti tudasangiye ukwizera: Naho twipfuza cane ko incuti zacu tudasangiye ukwizera zimenya ukuri, turerekana ko twihangana mu kurindira ko haboneka akaryo ko kubabwira ivyo twizera, tukirinda kubaremereza ibintu vyinshi umurengera. (Umus. 3:1, 7) Muri ico gihe nyene, turareka akarorero dutanga kakatuvugira kandi tukaguma twiteguriye guserura ukwizera kwacu tubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure. (1 Pet. 3:1, 15) Vy’ukuri, igihe twihangana mu busuku birarushiriza kuvamwo ivyiza kandi birahimbara Data wa twese wo mw’ijuru.