ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/11 rup. 1
  • Turakeneye kwihangana mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turakeneye kwihangana mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Twigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene wotsimbataza ukwihangana
    Icofasha umuryango
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 6/11 rup. 1

Turakeneye kwihangana mu busuku

1. Yehova yerekana gute ko yihanganira abantu?

1 Imana irihanganira cane abantu. (Kuv. 34:6; Zab. 106:41-45; 2 Pet. 3:9) Kamwe mu turorero twibonekeje gusumba utundi twerekana ko yihangana ibigiranye urukundo kajanye n’igikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurirwa kw’isi yose. Naho Yehova amaze hafi imyaka 2.000 yihanganira abantu, arabandanya gukwegera kuri we abantu b’imitima nziraburyarya. (Yoh. 6:44) None twokwigana gute ukwihangana kwa Yehova mu busuku bwacu?

2. Twokwerekana gute ko twihangana igihe twamamaza mu vyibare vyacu?

2 Inzu ku nzu: Turigana ukwihangana kwa Yehova mu kwamamaza ‘tudatezura’ mu vyibare abantu baterekana ko bashimishwa n’inkuru nziza. (Ivyak. 5:42) Mu busuku bwacu, turihangana igihe berekanye ko batanegwa inkuru nziza tubashikiriza, igihe badutwenze be n’igihe baturwanije. (Mrk. 13:12, 13) Turerekana kandi ko twihangana mu kuguma tugira akigoro ko kuvomera imbuto z’ukuri n’igihe biba bigoye gusanga abantu bashimishijwe i muhira.

3. Kubera iki dukeneye kwihangana igihe tugira amasubirayo n’igihe turongora inyigisho za Bibiliya?

3 Inyigisho za Bibiliya: Kurima igiterwa bisaba ukwihangana. Turashobora kukibungabunga, mugabo ntidushobora kwihutisha ikura ryaco. (Yak. 5:7) N’ikura ryo mu buryo bw’impwemu ni ukwo; riba buhorobuhoro n’intambwe ku yindi. (Mrk. 4:28) Abo twigana Bibiliya vyoshobora kubagora guheba inyigisho z’idini ry’ikinyoma canke imigenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ntidukwiye kugerageza gutuma abo twigana Bibiliya bakura ningoga mu vy’impwemu mu kubahata ngo bagire ivyo bahinduye. Birasaba ko twihangana kugira duhe impwemu y’Imana umwanya uhagije wo kugira ico ihinduye ku mutima w’umutohoji.—1 Kor. 3:6, 7.

4. Kwihangana vyodufasha gute kubwira inkuru nziza incuti tudasangiye ukwizera mu buryo buvamwo ivyiza?

4 Incuti tudasangiye ukwizera: Naho twipfuza cane ko incuti zacu tudasangiye ukwizera zimenya ukuri, turerekana ko twihangana mu kurindira ko haboneka akaryo ko kubabwira ivyo twizera, tukirinda kubaremereza ibintu vyinshi umurengera. (Umus. 3:1, 7) Muri ico gihe nyene, turareka akarorero dutanga kakatuvugira kandi tukaguma twiteguriye guserura ukwizera kwacu tubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure. (1 Pet. 3:1, 15) Vy’ukuri, igihe twihangana mu busuku birarushiriza kuvamwo ivyiza kandi birahimbara Data wa twese wo mw’ijuru.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika