ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/2 rup. 21-25
  • Ugukoraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugukoraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ibiri mw ijuru”
  • Ugukoraniriza hamwe gutangura
  • Binjijwe mw’isezerano ry’Ubwami
  • Ukwihereza ku bimenyetso
  • Ugukoraniriza hamwe “ibiri mw isi”
  • Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Igituma duhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zikwiye guhimbazwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Turajana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/2 rup. 21-25

Ugukoraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi

“[Biri] nk’uko vyayihimbaye . . . [“gusubira”, “NW”] gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi”.​—ABANYEFESO 1:9, 10.

1. ‘Ibihimbara’ Yehova ku biraba ijuru n’isi ni ibihe?

AMAHORO MU VYAREMWE VYOSE! Uwo ni wo mugambi w’agahore Yehova, ya “Mana Nyen’amahoro”, afise (Abaheburayo 13:20). Yarahumekeye intumwa Paulo kwandika yuko ‘ibimuhimbara’ ari “[“ugusubira”, NW] gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi” (Abanyefeso 1:9, 10). Neza na neza, irivuga ryahinduwe muri uwo murongo ngo ‘ugusubira gukoraniriza hamwe’, ryerekana iki? Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yitwa J. B. Lightfoot avuga ati: “Iyo mvugo yerekana uguhuza bimwe bishitse kw’ibiriho vyose, aho ata bintu bidahwanye kandi bidahuje n’ibindi bizoba bikiriho, yamara aho ibintu vyose bizoba bihuriye kuri Kirisitu kandi vyunze ubumwe muri we. Icaha n’urupfu, intuntu, akanenge be n’umubabaro, ntibizosubira kubaho”.

“Ibiri mw ijuru”

2. “Ibiri mw ijuru” bitegerezwa gukoranirizwa hamwe ni bande?

2 Intumwa Petero yaravuze mu majambo avunaguye icizigiro ciza igitangaza abakirisu b’ukuri bafise, igihe yandika ati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13). “Ijuru risha” risezeranwa muri uwo murongo rizoba ari ubutegetsi bushasha, ni ukuvuga bwa Bwami buzoba burongowe na Mesiya. “Ibiri mw ijuru” Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Abanyefeso, bitegerezwa gukoranirizwa hamwe “muri Kristo”. Ivyo bintu ni abantu bakeyi bacaguwe kugira bafatanye na Kirisitu kuganza mw’ijuru (1 Petero 1:3, 4). Abo bakirisu basizwe 144.000 “bācunguwe ngo bakurwe mw isi”, ‘bacungurwa mu bantu’ kugira babe abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru.​—Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:3, 4; 2 Ab’i Korinto 1:21; Abanyefeso 1:11; 3:6.

3. Ni mu buryo ubuhe abasizwe ‘bicaye ahantu ho mw’ijuru’ naho nyene bakiri kw’isi?

3 Abakirisu basizwe baravyarwa kundi gusha n’impwemu yera kugira ngo bacike abana ba Yehova bo mu buryo bw’impwemu (Yohana 1:12, 13; 3:5-7). Yehova amaze kubahindura “abana” biwe, baca baba benewabo na Yezu (Abaroma 8:15; Abanyefeso 1:5). Ku bw’ivyo, n’igihe baba bakiri kw’isi, bavugwa ko ‘bazuranywe na Kirisitu Yezu bakicarikanwa na we ahantu ho mw’ijuru bari muri we’ (Abanyefeso 1:3; 2:6). Bari muri ico kibanza co mu vy’impwemu kiri hejuru kubera ‘bashizweko ikimenyetso ari co mpwemu yera yasezeranywe, yo ngwati y’umwandu bazohabwa’ babikiwe mw’ijuru (Abanyefeso 1:13, 14; Ab’i Kolosayi 1:5). Abo rero ni bo bintu “biri mw ijuru”. Igitigiri cabo cose hamwe, icashinzwe na Yehova imbere y’igihe, cotegerejwe gukoranirizwa hamwe.

Ugukoraniriza hamwe gutangura

4. Ni ryari ugukoraniriza hamwe “ibiri mw ijuru” kwatangura kandi kwatanguye gute?

4 Mu buryo buhuye n’ukuntu Yehova ‘ayobora’ (NW) ibintu ari kwo gutunganya ibintu, ugukoraniriza hamwe “ibiri mw ijuru” kwotanguye “igihe gikwiye gishitse” (Abanyefeso 1:10). Ico gihe gikwiye cashitse kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Uwo musi, impwemu yera yarasutswe ku ntumwa no ku mugwi w’abigishwa wari ugizwe n’abagabo n’abagore (Ivyakozwe n’intumwa 1:13-15; 2:1-4). Ivyo vyaratanze ikimenyamenya c’uko isezerano risha ryari rimaze gutangura gukora, gutyo haba havutse ishengero rya gikirisu be n’ihanga rishasha rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ari yo “Israeli y’Imana”.​—Abagalati 6:16, UB; Abaheburayo 9:15; 12:23, 24.

5. Ni kubera iki Yehova yashizeho “ihanga” rishasha ryo gusubirira Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri?

5 Isezerano ry’Ivyagezwe Imana yagiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ntiryavuyemwo ‘ubwami bw’abaherezi be n’ihanga ryera’ ryosukuye ibihe bidahera mw’ijuru (Kuvayo 19:5, 6). Yezu yabwiye indongozi z’idini z’Abayuda ati: “Ubgami bg’Imana muzobgakwa, [buhabwe] ihanga ryama imbuto zabgo” (Matayo 21:43). Iryo hanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu rigizwe n’abakirisu basizwe binjijwe mw’isezerano risha. Abo, intumwa Petero yabandikiye ati: “Mur’ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje: kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho muri abantu b’Imana” (1 Petero 2:9, 10). Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ntiyari ikiri ihanga rya Yehova ryagiranye isezerano na we (Abaheburayo 8:7-13). Nk’uko Yezu yari yarabivuze, agateka ko kuba mu bagize Ubwami burongowe na Mesiya barakatswe gahabwa bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.​—Ivyahishuriwe 7:4-8.

Binjijwe mw’isezerano ry’Ubwami

6, 7. Ni isezerano ridasanzwe irihe Yezu yagiranye na benewabo bavyawe n’impwemu, kandi ivyo bivuze iki kuri bo?

6 Mw’ijoro Yezu yatangujemwo Icibutso c’urupfu rwiwe, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje [“ngiranye namwe isezerano, nk’uko nyene Data yagiranye isezerano nanje, ku bw’Ubwami”, NW], ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri” (Luka 22:28-30). Aho, Yezu yariko avuga isezerano ridasanzwe yagiranye na benewabo 144.000 bavyawe n’impwemu, abogumye “[ba]yoboka gushitsa ku gupfa” bakongera ‘bakanesha’.​—Ivyahishuriwe 2:10; 3: 21.

7 Abari muri uwo mugwi mutoyi baraheba ivyizigiro vyose vyo kubaho ibihe bidahera kw’isi ari abantu b’inyama n’amaraso. Bazofatanya na Kirisitu kuganza mw’ijuru, bicaye ku ntebe z’Ubwami kugira ngo bacire imanza abantu (Ivyahishuriwe 20:4, 6). Reka ubu na ho dusuzume ibindi vyanditswe biraba gusa abo basizwe, vyerekana kandi igituma abo mu “zindi ntama” batihereza ku bimenyetso vy’Icibutso.​—Yohana 10:16.

8. Mu kwihereza ku mukate, abasizwe baba berekanye iki (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 23.)?

8 Abasizwe baragira imibabaro nk’iyo Kirisitu yagize, kandi bariteguriye gupfa urupfu nk’urwo yapfuye. Paulo, uwari umwe mu bagize uwo mugwi, yavuze yuko yari yiteguriye guheba ikintu ico ari co cose kugira ngo ashobore ‘kuronka Kirisitu ngo amumenye, amenye n’ubushobozi bwo kuzuka kwiwe yongere afatanye na we imibabaro yiwe’. Ego cane, Paulo yari yiteguriye ‘gushushanywa n’urupfu rwiwe’, ni ukuvuga gupfa urupfu nk’urwa Yezu (Ab’i Filipi 3:8, 10). Abakirisu basizwe benshi barihanganiye mu mibiri yabo “amagorwa y’urupfu [yatejwe] Yezu”.​—2 Abakorenti 4:10, UB.

9. Umukate w’Icibutso ugereranya uwuhe mubiri?

9 Igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yavuze ati: “[“Iki kigereranya”, NW] umubiri wanje” (Mariko 14:22). Yariko avuga umubiri bubiri wiwe wari ugiye gukubitwa no gusesekako amaraso. Umukate utagira umwambiro wari ubereye kugereranya uwo mubiri. Kubera iki? Kubera ko muri Bibiliya, umwambiro ushobora gusigura icaha canke ububisha (Matayo 16:4, 11, 12; 1 Ab’i Korinto 5:6-8). Yezu nta gasembwa yari afise, kandi umubiri wiwe w’umuntu nta caha wari ufise. Uwo mubiri utagira agasembwa yowutanzeko ikimazi c’impongano (Abaheburayo 7:26; 1 Yohana 2:2). Ivyo vyogiriye akamaro abakirisu b’intahemuka bose, baba bafise icizigiro co kuba mw’ijuru canke co kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo.​—Yohana 6:51.

10. Ni mu buryo ubuhe abihereza ku muvinyu wo ku Cibutso ‘basangira amaraso ya Kirisitu’?

10 Ku biraba umuvinyu abakirisu basizwe biherezako ku Cibutso, Paulo yanditse ati: “Igikombe c’umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo?” (1 Ab’i Korinto 10:16). Ni mu buryo ubuhe abihereza ku muvinyu ‘basangira amaraso ya Kirisitu’? Birumvikana ko batagira uruhara mu gutanga inkuka y’incungu, kubera ko na bo ubwabo bakeneye gucungurwa. Biciye ku kuba bizera ko amaraso ya Kirisitu afise ububasha bwo gucungura, ivyaha vyabo biraharirwa maze bakitwa abagororotsi babereye kuba mw’ijuru (Abaroma 5:8, 9; Tito 3:4-7). Biciye ku maraso ya Kirisitu yasesetse, ba baraganwa na we 144.000 ‘barezwa’ bagashirwa ku ruhande, bakongera bakuhagirwa icaha kugira babe “abera” (Abaheburayo 10:29; Daniyeli 7:18, 27; Abanyefeso 2:19). Egome, Kirisitu yakoresheje amaraso yiwe yasesetse mu “[gu]cungurira Imana [abantu] bo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, . . . [a]bahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi”.​—Ivyahishuriwe 5:9, 10.

11. Mu kunywa ku muvinyu w’Icibutso, abasizwe baba berekanye iki?

11 Igihe Yezu yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, yarahaye igikombe c’umuvinyu intumwa ziwe z’intahemuka maze azibwira ati: “Ni mukinywereko mwese, kukw iki [“kigereranya”, NW] amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha” (Matayo 26:27, 28). Nk’uko amaraso y’amashuri n’ay’impene yemeje isezerano ry’Ivyagezwe ryari hagati y’Imana na rya hanga rya Isirayeli, ni ko n’amaraso ya Yezu yemeje isezerano risha Yehova yogiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, rikaba ryatanguye kuri Pentekote yo mu 33 G.C. (Kuvayo 24:5-8; Luka 22:20; Abaheburayo 9:14, 15). Mu kunywa umuvinyu ugereranya ‘amaraso y’isezerano’, abasizwe baba berekanye ko bamaze kwinjizwa mw’isezerano risha be n’uko bariko bararyungukirako.

12. Abasizwe babatizwa gute mu rupfu rwa Kirisitu?

12 Abasizwe baributswa kandi n’ikindi kintu. Yezu yabwiye abigisha biwe b’intahemuka ati: “Igikombe nnywerako, muzokinywerako, kandi muzobatizwa umubatizo mbatizwa jewe” (Mariko 10:38, 39). Intumwa Paulo mu nyuma yaravuze ivy’‘ukubatizwa mu rupfu rwa [Kirisitu]’ kw’abakirisu (Abaroma 6:3). Abasizwe babaho ubuzima bwo kwitanga. Urupfu rwabo ni urwo kwitanga mu buryo bw’uko bemera guheba icizigiro ico ari co cose co kubaho ibihe bidahera kw’isi. Ukubatizwa mu rupfu rwa Kirisitu kw’abo bakirisu basizwe kurangira inyuma y’ugupfa kwabo ari intahemuka, igihe bazurwa ari ibiremwa vy’impwemu kugira ‘bimane’ na Kirisitu mw’ijuru.​—2 Timoteyo 2:10-12; Abaroma 6:5; 1 Ab’i Korinto 15:42-44, 50.

Ukwihereza ku bimenyetso

13. Ni kubera iki abafise icizigiro co kuba kw’isi batihereza ku bimenyetso vyo ku Cibutso, mugabo ni kubera iki bacitaba?

13 Kubera ko gufungura ku mukate no kunywa ku muvinyu bitemberezwa mu gihe c’Icibutso birimwo ivyo vyose, biribonekeza yuko bitoba bibereye ko abafise icizigiro co kuba kw’isi bavyiherezako. Abafise icizigiro co kuba kw’isi baratahura yuko batari mu basizwe, bo bagize umubiri wa Kirisitu, eka mbere ko batari mw’isezerano risha Yehova yagiranye n’abazofatanya na Yezu Kirisitu kuganza. Kubera ko “igikombe” kigereranya isezerano risha, abari muri iryo sezerano bonyene ni bo bihereza ku bimenyetso. Abiteze kuzoronka ubuzima budahera kw’isi izoba irongowe na bwa Bwami ari abantu batagira agasembwa ntibabatizwa mu rupfu rwa Yezu canke ngo bahamagarwe gufatanya na we kuganza mw’ijuru. Hamwe bokwihereza ku bimenyetso, boba bakoze ikintu kitajanye n’ibiberekeye. Gutyo, ntibihereza ku bimenyetso, yamara baritaba Icibutso ari abarorerezi bubaha. Barakenguruka ivyo Yehova yabakoreye vyose biciye ku Mwana wiwe, ushizemwo n’uguharirwa hishimikijwe amaraso ya Kirisitu yasesetse.

14. Abasizwe bakomezwa gute mu vy’impwemu mu kwihereza ku mukate no ku muvinyu?

14 Ukudomwako ikimenyetso kwa nyuma kw’abo bakirisu baboneka ko ari bakeyi bahamagawe ngo bafatanye na Kirisitu kuganza mw’ijuru, kuriko kuregereza insozero yakwo. Abasizwe barabandanya gukomezwa mu vy’impwemu mu kwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso, gushitsa kw’iherezo ry’ubuzima bwabo bw’ukwitanga bwo kw’isi. Bumva bunze ubumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo basizwe, uko bagize umubiri wa Kirisitu. Iyo bihereje ku mukate n’umuvinyu vy’ikigereranyo birabibutsa ko bafise ibanga ryo kuguma bari intahemuka gushika ku gupfa.​—2 Petero 1:10, 11.

Ugukoraniriza hamwe “ibiri mw isi”

15. Ni bande bagiye baratororokanirizwa ku ruhande rw’abakirisu basizwe?

15 Kuva hagati y’imyaka ya 1930, igitigiri kibandanya kwongerekana c’“izindi ntama” batari abo mu “busho buto” kandi bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi, bagiye baraja ku ruhande rw’abakirisu basizwe (Yohana 10:16; Luka 12:32; Zekariya 8:23). Baracitse abagenzi b’intahemuka ba benewabo na Kirisitu, barabafasha bimwe vy’ingirakamaro mu kwamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” bubera icabona amahanga yose (Matayo 24:14; 25:40). Mu kubigenza gutyo, barironkeje akaryo ko kuzokwitwa na Kirisitu ko ari “intama” ziwe, izizoshirwa “i buryo bgiwe” bw’ubutoni niyaza gucira imanza amahanga (Matayo 25:33-36, 46). Biciye ku kwizera amaraso ya Kirisitu, bazoba bagize rya “shengero ryinshi” rizorokoka “wa mubabaro mwinshi”.​—Ivyahishuriwe 7:9-14.

16. Mu “biri mw isi” hazojamwo bande, kandi ni gute abo bose bazoronka akaryo ko gucika “abana b’Imana”?

16 Bamwe 144.000 nibamara kudomwako ikimenyetso ca nyuma, “imiyaga” isangangura izoca irekurwa kugira isangangure urunkwekwe rubi rwa Shetani rwo kw’isi (Ivyahishuriwe 7:1-4). Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi ya Kirisitu be n’abami-baherezi bazoba bafatanije na we, hari igitigiri kinini kitazwi c’abazoba bazutse bazokwiyunga kw’ishengero ryinshi (Ivyahishuriwe 20:12, 13). Abo bazoba bazutse bazoronka akaryo ko kuzoguma ari abatwarwa bo kw’isi b’Umwami Mesiya, ari we Kirisitu Yezu. Mu mpera z’iyo Ngoma y’imyaka igihumbi, abo bose, ari na bo bintu “biri mw isi”, bazogeragezwa ubwa nyuma. Abazoguma ari intahemuka bazoca bagirwa “abana b’Imana” bo kw’isi.​—Abanyefeso 1:10; Abaroma 8:21; Ivyahishuriwe 20:7, 8.

17. Umugambi wa Yehova uzoranguka gute?

17 Gutyo, Yehova abicishije ku buryo bwiwe bwo ‘kuyobora’ ibintu burimwo ubukerebutsi butagira aho bugarukira, azoba yashikije umugambi wiwe wo “[“gusubira”, NW] gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi”. Ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo mw’ijuru no kw’isi bizoba vyakoranirijwe hamwe mu mahoro akwiye hose mw’isi no mw’ijuru, biyoboka n’umunezero ubutegetsi bugororotse bw’Umwe ahambaye mu vyo gushitsa imigambi, ari we Yehova.

18. Ni gute abasizwe hamwe na bagenzi babo bazokwungukira ku kwitaba Icibutso?

18 Ese ukuntu uguhurira hamwe kw’ico gitigiri gitoyi c’abasizwe hamwe na bagenzi babo amamiliyoni bo mu zindi ntama ku wa 12 Ndamukiza 2006 kizoba ari ikintu gikomeza ukwizera! Bazohimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu, nk’uko Yezu yategetse ati: “[“Muragume mugira ivyo”, NW] kugira ngo kibe icibutso canje” (Luka 22:19). Abazoba bitavye Icibutso bose bakwiye kuzokwibuka ivyo Yehova yabakoreye biciye ku Mwana wiwe akunda cane Kirisitu Yezu.

Mu gusubiramwo

• Umugambi Yehova afitiye ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi ni uwuhe?

• “Ibiri mw ijuru” ni bande, kandi vyagiye birakoranirizwa hamwe gute?

• “Ibiri mw isi” ni bande, kandi ni icizigiro ikihe bafise?

[Uruzitiro ku rup. 23]

“Umubiri wa Kristo”

Mu 1 Ab’i Korinto 10:16, 17, Paulo, igihe yariko avuga ikintu kidasanzwe umukate usigura kuri benewabo na Kirisitu basizwe impwemu, yaravuze “umubiri” mu nsobanuro idasanzwe. Yavuze ati: “Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo? Nk’uk’uwo mutsima ar’umwe, twebge, naho turi benshi, tur’umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe”. Igihe abakirisu basizwe bihereje ku mukate w’Icibutso, baba berekanye ubumwe bafitaniye mw’ishengero ry’abasizwe, irimeze nk’umubiri, Kirisitu akaba ari we Mutwe wawo.​—Matayo 23:10; 1 Ab’i Korinto 12:12, 13, 18.

[Ifoto ku rup. 23]

Ni kubera iki abasizwe bonyene ari bo bihereza ku mukate n’umuvinyu?

[Ifoto ku rup. 25]

Biciye ku kuyobora ibintu kwa Yehova, ibiremwa vyose vyo mw’ijuru no mw’isi bizokwunga ubumwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika