Tugendere mu nzira y’umuco ugenda urushiriza kwongerekana
“Inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose”.—IMIGANI 4:18.
1, 2. Habaye iki mu basavyi b’Imana bivuye ku muco wiyongereye wo mu vy’impwemu uva kuri Yehova?
HARI uwundi yosigura neza kuruta ivyo izuba riserutse rihindura ku mwiza w’ijoro atari umwe Sôko ry’umuco, Yehova Imana (Zaburi 36:9)? Imana ivuga yuko ‘igihe umuco wo mu gitondo ufashe imikugiro y’isi, isi ica ihinduka nk’uko ikibumbano giciye amagarwe kimera, vyose bikaja ahabona nk’ivyambaye’ (Yobu 38:12-14). Uko umuco w’izuba ugenda wongerekana, ni ko ivyo kw’isi bigenda birushiriza kwibonekeza no kuboneka neza kuruta, nka kurya ibumba ryoroshe rihinduka iyo rifyondeweko igikoresho gica amagarwe.
2 Yehova ni na we Sôko ry’umuco wo mu buryo bw’impwemu (Zaburi 43:3). Mu gihe isi iguma iri mu mwiza w’umuzitanya, Imana y’ukuri irabandanya kumurikira abasavyi bayo. Ivyo none bivamwo iki? Bibiliya yishura iti: “Inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose” (Imigani 4:18). Umuco ugenda wongerekana uva kuri Yehova, urabandanya kumurika inzira y’abasavyi biwe. Uratuma muri bo haba ibintu biryohorwa mu bijanye n’uburyo bwo gutunganya ibintu, mu bijanye n’inyigisho, no mu bijanye n’inyifato ibereye.
Ukumurikirwa kwaratumye hagira ibiryohorwa mu buryo bwo gutunganya ibintu
3. Ni igiki Yehova yasezeranye muri Yesaya 60:17?
3 Yehova abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, yavuze kuva kera ati: “Mu gishingo c’imiringa nzozana izahabu, no mu gishingo c’ivyuma nzozana ifeza; nzane imiringa mu gishingo c’ibiti, n’ivyuma mu gishingo c’amabuye” (Yesaya 60:17). Nk’uko nyene iyo umuntu afashe igikoresho akagisubiriza ikikiruta aba agize ico aryohoye, muri iki gihe c’“insozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, ari yo “misi y’iherezo”, hari ivyaryohowe mu Vyabona vya Yehova mu bijanye n’ukuntu ibintu bitunganywa.—Matayo 24:3, NW; 2 Timoteyo 3:1.
4. Ni intunganyo iyihe yatanguye gukora mu 1919, kandi yagize akamaro akahe?
4 Mu ntango z’imisi y’iherezo, amashengero y’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, yatora abakurambere n’abadiyakoni mu buryo bwa demokarasi. Ariko rero, abakurambere bamwebamwe wasanga badafise agatima nyakuri ko kwamamaza. Bamwebamwe, uretse ko batashaka kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, baranaca intege abandi ngo ntibagire uruhara muri ico gikorwa. Ku bw’ivyo, mu 1919 hari ibanga rishasha ryashizweho mw’ishengero rimwerimwe ryose, iryo rikaba ryari ibanga ry’umuyobozi w’umurimo. Uwo muyobozi w’umurimo ntiyatorwa n’ishengero, ahubwo riho yagenwa muri iryo banga n’ibiro vy’ishami vy’abasavyi b’Imana mu buryo bwa gitewokarasi. Mu mabanga uwo muyobozi yaba yaragenywe yari ajejwe, harimwo ukuringaniza ibijanye n’igikorwa co kwamamaza, ugutanga ivyibare, hamwe n’ukuremesha abamamaji kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Mu myaka yakurikiye, igikorwa c’ukwamamaza cararanguranywe ishaka ryinshi.
5. Ni igiki caryohowe mu myaka ya 1920?
5 Abagize ishengero bose baravyuriwe kandi ingoga n’akamo batewe mu 1922 kw’ihwaniro ry’Abatohoji ba Bibiliya ryabereye i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ako kamo kakaba kagira gati: “Tangaze, tangaze, tangaze, Umwami n’ubwami bwiwe”. Mu 1927, umurimo wo mu ndimiro waratunganijwe ku buryo umusi w’iyinga wiswe ko ari wo musi mwiza kuruta iyindi wo kuja mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Uti kubera iki uwo musi? Kubera ko kuri uwo musi w’iyinga abantu benshi bataba bagiye ku mirimo. Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe baragaragaza agatima nk’ako nyene mu kugira akigoro ko kugendera abantu mu bihe usanga bishoboka cane ko babasanga i muhira, nk’akarorero mu mpera z’imishamvu canke ku migoroba.
6. Mu 1931, ni umwiyemezo uwuhe wafashwe, kandi ivyo vyagize ico bihinduye gute ku gikorwa co gutangaza Ubwami?
6 Ku w’iyinga igenekerezo rya 26 Mukakaro 1931, Ivyabona baravyuriwe ishaka ryinshi ryo kurushiriza kwamamaza Ubwami igihe hafatwa umwiyemezo kw’ihwaniro ryabereye i Columbus muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu nyuma na ho ugafatwa hirya no hino kw’isi. Muri uwo mwiyemezo, harimwo amajambo yavuga ati: “Turi abasavyi ba Yehova Imana bashinzwe kurangura igikorwa mw’izina ryiwe, no gushikiriza intahe Yezu Kirisitu yashinze, gutyo tukaba tugamburutse itegeko [rya Yehova], be no kumenyesha abantu yuko Yehova ari we Mana y’ukuri akaba ari na we Mana Mushoboravyose; ku bw’ivyo, twemeranye umunezero yuko kuva ubu tuzokwitwa izina ryavuzwe n’akanwa k’Umukama Imana, tukaba twipfuza kumenyekana ko turi Ivyabona vya Yehova no kwitwa iryo zina” (Yesaya 43:10). Emwe, iryo zina rishasha ryarerekanye neza igikorwa nyamukuru abitwa iryo zina bose bajejwe! Ni vyo, Yehova yari afise igikorwa yashaka ko abasavyi biwe bose bagiramwo uruhara. Muri rusangi, uwo mwiyemezo wakiranywe igishika cinshi koko!
7. Ni igiki cahinduwe mu 1932, kandi kubera iki?
7 Abakurambere benshi baricishije bugufi barakorana umwete mwinshi igikorwa co kwamamaza. Ariko rero, ahantu hamwehamwe, hari abakurambere bari baratowe barwanije cane iciyumviro c’uko umwumwe wese mu bagize ishengero yari akwiye kugira uruhara mu busuku burangurirwa ku mugaragaro. Yamara, hari ibindi bintu vyari bigiye kuryohorwa. Mu 1932, amashengero yarabwiwe biciye ku Munara w’Inderetsi ko yohagarika ivyo gutora abakurambere n’abadiyakoni. Ahubwo riho, ayo mashengero yotegerejwe gutora komite y’umurimo igizwe n’abagabo bahumuye mu vy’impwemu bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro. Gutyo, abantu bagira uruhara mu busuku n’umwete ni bo bashingwa ibanga ry’ubucungezi, kandi igikorwa caciye gitera imbere.
Umuco wiyongereye utuma haryohorwa n’ibindi
8. Ni igiki caryohowe mu 1938?
8 Umuco wariko “ugenda urushiriza gukayangana”. Mu 1938, ivyo gutora vyararanduranywe n’imizi. Abasuku bo mw’ishengero bose bogiye baragenwa mu buryo bwa gitewokarasi bihagarikiwe na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45-47). Iryo hinduka ryakirijwe yompi n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova hafi yose, kandi igikorwa co gushinga intahe carabandanije kwama ivyamwa.
9. Mu 1972, ni indinganizo iyihe yashizweho, kandi ni kubera iki twovuga ko hari ico vyaryohoye?
9 Kuva kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 1972, hari irindi hinduka ryabaye mu bijanye no guhagarikira ishengero. Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova yo kw’isi yose harashizweho indinganizo y’uko ishengero rihagarikirwa n’inama y’abakurambere, aho guhagarikirwa n’umusuku w’ishengero umwe, ari we mucungezi w’ishengero, nk’uko vyari bisanzwe bigirwa. Iyo ndinganizo nshasha yararemesheje rwose abagabo bahumuye kurondera gukwiza ibisabwa kugira babe abaja imbere abandi mw’ishengero (1 Timoteyo 3:1-7). Ivyo vyatumye abavukanyi benshi kuruta baca uruma mu bijanye no kurangura amabanga yo mw’ishengero. Ntiworaba ukuntu bafashije cane mu kuragira abantu bashasha benshi bemeye ukuri kwo muri Bibiliya!
10. Ni indinganizo iyihe yatanguye gukora mu 1976?
10 Abagize Inama Nyobozi barungunganijwe mu makomite atandatu, kandi kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero 1976, ibikorwa vyose vyo mw’ishirahamwe no mu mashengero yo kw’isi yose vyaciye bitangura guhagarikirwa n’ayo makomite. Emwe, kuba imice yose y’igikorwa c’Ubwami iyoborwa n’“abajanama benshi”, wabaye umuhezagiro koko!—Imigani 15:22; 24:6.
11. Ni igiki caryohowe mu 1992, kandi kubera iki?
11 Mu mwaka wa 1992, hari ikindi kintu caryohowe, kikaba ari ikintu gisa n’icabaye inyuma y’aho Abisirayeli hamwe n’abandi bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni. Ico gihe, nta Balewi bakwiye bo kurangura ibikorwa vyo ku rusengero bari bahari. Ku bw’ivyo rero, abantu batari Abisirayeli bitwa Abanetinimu baciye bahabwa ibikorwa vyiyongereye kugira bafashe Abalewi. Mu buryo nk’ubwo, hari abo mu “zindi ntama” bashinzwe amabanga y’umurimo yiyongereye mu 1992 kugira bafashe wa mugwi w’umushumba wo kwizigirwa w’ubwenge kurangura amabanga ajejwe atera yiyongera ajanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi. Abo bo mu zindi ntama baragenywe kugira bafashe amakomite agize Inama Nyobozi.—Yohana 10:16.
12. Ni mu buryo ubuhe Yehova yimitse amahoro ngo abe ari yo atuganza?
12 None ivyo vyose vyavuyemwo iki? Yehova avuga ati: “Nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara” (Yesaya 60:17). Mu basavyi ba Yehova harangwa “amahoro” muri iki gihe, kandi ugukunda “ukugororoka” ni kwo gusigaye ‘kubatwara’ kukababera zo nguvu zibasunikira ku gukorera Imana. Barungunganijwe neza kugira barangure igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
Yehova amurika inzira mu bijanye n’inyigisho
13. Mu myaka ya 1920, Yehova yamuritse gute inzira y’abasavyi biwe mu bijanye n’inyigisho?
13 Yehova ariko kandi agenda amurika inzira y’abasavyi biwe mu bijanye n’inyigisho. Akarorero kamwe kavyerekana ni Ivyahishuriwe 12:1-9. Aho haravugwamwo ibintu bitatu vy’ikigereranyo: “umugore” akuriwe ahava akavyara, “igisato c’amahēro”, be n’“umwana w’umuhungu”. Woba uzi uwo kimwekimwe cose muri ivyo kigereranya? Ikiganiro cari gifise umutwe uvuga ngo “Ivuka ry’ihanga” casohotse mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Ntwarante 1925, carerekanye abo ari bo. Ico kiganiro carafashije abasavyi b’Imana gutahura neza kuruta ubuhanuzi buvuga ivy’ivuka ry’Ubwami, bituma bitomoka neza yuko hariho amashirahamwe abiri atandukanye: irya Yehova n’irya Shetani. Hanyuma, mu mwaka wa 1927 ushira uwa 1928, abasavyi b’Imana baratahuye ko guhimbaza Noweli n’imisi mikuru y’ivuka bidashingiye ku Vyanditswe, maze barahagarika guhimbaza iyo misi mikuru.
14. Ni inyigisho izihe zatomowe mu myaka ya 1930?
14 Mu myaka ya 1930, harabaye umuco wiyongereye ku bijanye n’inyigisho zitatu. Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze imyaka n’iyindi bazi yuko rya “shengero ryinshi” rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9-17 ryari ritandukanye na bamwe 144.000 bofatanije na Kirisitu kuganza ari abami n’abaherezi (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1-5). Yamara, ntibari bwatahure neza abagize iryo shengero ryinshi abo ari bo. Nk’uko nyene umuco ugenda wongerekana wo mu gitondo utuma ibintu bitari biboneka umuntu abona ukuntu bimeze be n’ibara ryavyo, mu 1935 vyaramenyekanye ko iryo shengero ryinshi ari abazorokoka “wa mubabaro mwinshi”, bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Mu nyuma muri uwo mwaka nyene, hari ikindi kintu catomowe cagize ico gikoze ku bana b’Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitari bike bari ku ntebe y’ishure. Mu gihe ivyo gukunda igihugu vyari bikomeye cane kw’isi yose, Ivyabona baratahuye yuko kuramutsa ibendera atari gusa ikintu gisanzwe co guheza umwuga. Mu mwaka wakurikiye, hari iyindi nyigisho yasiguwe, iyo na yo ikaba yari iy’uko Kirisitu atapfiriye ku musaraba, ariko ko yapfiriye ku giti.—Ivyakozwe n’intumwa 10:39.
15. Ubweranda bw’amaraso bwashimitsweko ryari kandi gute?
15 Inyuma ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose aho vyari bisigaye ari ibisanzwe kuvura abasirikare bakomeretse mu kubatera amaraso, harabaye umuco wiyongereye ku bijanye n’ubweranda bw’amaraso. Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Mukakaro 1945 waremesheje “abasenga Yehova bose barondera kuzoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha yiwe irangwamwo ubugororotsi, kwubaha ubweranda bw’amaraso no kwisunga amategeko y’Imana agororotse ajanye n’ico kibazo c’inkoramutima”.
16. Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yo mu congereza yasohowe ryari, kandi ni ibintu bibiri vyiza cane ibihe biyiranga?
16 Mu 1946, vyarabonetse ko hari hakenewe impinduro nshasha ya Bibiliya iteguwe hisunzwe ubumenyi buhanitse bwari bugezweko ico gihe kandi itandujwe n’inyigisho zishingiye ku migenzo yo mu madini y’abiyita abakirisu. Igikorwa co gutegura impinduro mwene iyo catanguye muri Kigarama 1947. Mu 1950, harasohowe mu congereza impinduro Les Écritures grecques chrétiennes—Traduction du monde nouveau. Ivyanditswe vy’igiheburayo bihinduwe mu congereza vyarasohowe mu mbumbe zitanu, zikaba zagiye zirasohorwa imwimwe imwimwe guhera mu 1953. Imbumbe ya nyuma yasohowe mu 1960, hakaba hari haciye imyaka irenga gatoyi 12 ibikorwa vyo gutegura iyo mpinduro bitanguye. Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yose uko ingana yo mu congereza iri mu mbumbe imwe yasohowe mu 1961. Ubu, iyo mpinduro iramaze kuboneka mu ndimi nyinshi, ikaba irimwo ibintu vyiza cane biyiranga. Irasubiza izina Yehova ahantu ryari ryarakuwemwo. N’ikindi kandi, uburyo yahinduwe hisunzwe ibisomwa vyo mu ntango ijambo ku rindi bwatumye ukuri kw’Imana kubandanya kurushiriza gutahurwa.
17. Ni umuco wiyongereye uwuhe wabonetse mu 1962?
17 Mu 1962, ba bakuru ‘baganza’ bavugwa mu Baroma 13:1 hamwe n’urugero umukirisu yoshikanako mu kubumvira, vyaratomowe. Ikigabane ca 13 c’Abaroma hamwe n’ivyanditswe nka Tito 3:1, 2 be na 1 Petero 2:13, 17, bimaze kwigwa bimwe vyimbitse, vyaciye bitomoka yuko imvugo abakuru ‘baganza’ iterekeza kuri Yehova Imana na Yezu Kirisitu, ariko ko yerekeza ku bategetsi bo mu vy’intwaro b’abantu.
18. Ni inyigisho zimwezimwe izihe zatomowe mu myaka ya 1980?
18 Mu myaka yakurikiye, inzira y’abagororotsi yarabandanije kugenda irushiriza gukayangana. Mu 1985, harabonetse umuco ku bijanye n’ico bisobanura kwitwa umugororotsi ku bw’‘ubuzima’ be n’ico bisobanura kwitwa umugororotsi bwa mukunzi w’Imana (Abaroma 5:18; Yakobo 2:23). Mu 1987, harasiguwe bimwe bigera kure ico ya Yubile y’abakirisu isobanura.
19. Yehova yaronkeje gute abasavyi biwe umuco wiyongereye wo mu buryo bw’impwemu muri iyi myaka iheze?
19 Mu 1995, kwa kurobanura “intama” mu “mpene” kwaratahuwe neza kuruta. Mu mwaka wa 1998, ivy’urusengero Ezekiyeli yeretswe vyarasiguwe ido n’ido, bikaba bimaze gutangura kuranguka. Mu 1999, haratomowe ibijanye n’igihe ‘ca kizira c’ubuyobe gihagarara ahantu hera’ be n’ukuntu kihahagarara (Matayo 24:15, 16; 25:32). Vyongeye, mu 2002 hari n’ibindi vyatahuwe ku biraba ico bisobanura gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri”.—Yohana 4: 24.
20. Ni mu wundi muce uwuhe habaye ukuryohora ibintu mu basavyi b’Imana?
20 Uretse ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’uburyo ibintu bitunganijwe no mu vy’inyigisho, hari n’ivyaryohowe mu bijanye n’inyifato ya gikirisu. Nk’akarorero, mu 1973 kunywa itabi vyarabonywe ko ari ‘uguhumanya umubiri’ be n’uko bikwiye gufatwa nk’icaha gikomeye (2 Ab’i Korinto 7:1). Haciye imyaka cumi, Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1983 waratomoye neza ukuntu dukwiye kubona ibijanye no gukoresha ibirwanisho bicira umuriro. Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bwerekana ukuntu umuco wagiye wongerekana muri iki gihe cacu.
Nubandanye kugendera mu nzira y’umuco ugenda urushiriza kwongerekana
21. Ni agatima akahe kazodufasha kubandanya kugendera mu nzira y’umuco ugenda urushiriza kwongerekana?
21 Umukurambere umwe abumazemwo igihe kirekire yiyemereye ati: “Iyo bishitse hakaba ihinduka, kuryemera no kurimenyera birashobora kugora”. Ni igiki none camufashije kwemera ibintu vyinshi vyaryohowe yiboneye mu myaka 48 amaze ari umwamamaji w’Ubwami? Yishura ati: “Ikintu nyamukuru camfashije ni agatima ko kubona ibintu mu buryo bubereye. Wanse kwemera ikintu kinaka caryohowe, uca usigara inyuma mu gihe ishirahamwe ryoryo ribandanya gutera rija imbere. Igihe bishitse hakaba amahinduka asa n’ayatoroshe kwemera, nca nzirikana ku majambo Petero yabwiye Yezu agira ati: ‘Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira?’. Nca rero nibaza nti: ‘None nje hehe? Hanze mu mwiza w’isi?’. Ivyo biramfasha kwumira kw’ishirahamwe ry’Imana”.—Yohana 6:68.
22. Kugendera mu nzira y’umuco bitugirira akamaro akahe?
22 Si agaseseshwarumuri, isi idukikije iri mu mwiza w’umuzitanya. Uko Yehova abandanya kumurikira abasavyi biwe, ni ko umukokwe uri hagati yabo n’abo mw’isi utera waguka. None uwo muco utugirira akamaro akahe? Ni ivy’ukuri yuko umuco wo mw’Ijambo ry’Imana udakuraho ibintu bishobora gutera akaga, nk’uko nyene kurasa umuco ku kinogo kiri mw’ibarabara igihe hari umwiza bidaca bigikuraho. Yamara, nta gukeka ko umuco uva ku Mana udufasha kwirinda ivyo bintu bishobora gutera akaga kugira ngo dushobore kubandanya kugendera mu nzira y’umuco ugenda urushiriza kwongerekana. Nimuze rero tubandanye gushira umutima kw’ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova, nka kurya twokurikira “itara ryākira ahacuze umwiza”.—2 Petero 1:19.
Woba uvyibuka?
• Ni ibintu ibihe Yehova yaryohoye mu basavyi biwe mu bijanye n’uburyo ibintu bitunganijwe?
• Umuco wiyongereye watumye haryohorwa ibintu ibihe mu bijanye n’inyigisho?
• Ni amahinduka ayahe wiboneye, kandi ni igiki cagufashije kuyemera?
• Ni kubera iki ushaka kubandanya kugendera mu nzira y’umuco ugenda urushiriza kwongerekana?
[Ifoto ku rup. 27]
Rya hwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio mu 1922 ryaravyuriye Abatohoji ba Bibiliya ishaka ryo gukora igikorwa c’Imana
[Picture credit line on page 29]
Aha N. H. Knorr yariko ashikiriza ya mpinduro “Les Écritures grecques chrétiennes—Traduction du monde nouveau” yo mu congereza yasohorwa mu 1950
[Picture credit line on page 26]
© 2003 BiblePlaces.com