Inkuru y’ubuzima
Kumenya ikibereye no kugikora
NK’UKO VYAVUZWE NA HADYN SANDERSON
Igihe kimwe, Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora” (Yohana 13:17). Egome, twoshobora kuba tuzi ikibereye, mugabo rimwe na rimwe ikigoye ugasanga ari ukugikora! Ariko rero, inyuma y’imyaka irenga 80 maze, muri iyo 40 nkaba ndayimaze mu murimo w’ubumisiyonari, ndabona neza ntakekeranya yuko amajambo ya Yezu ari ay’ukuri. Gukora ivyo Imana ivuga, mu vy’ukuri bishikana ku buhirwe. Reka ndabasigurire.
MU 1925, igihe nari mfise imyaka itatu, abavyeyi banje baritavye insiguro ishingiye kuri Bibiliya yashikirijwe mu gisagara c’amavukiro twabamwo ca Newcastle muri Ositaraliya. Iyo nsiguro, iyari ifise umutwe uvuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa”, yarashwiruye mawe ko yari yubuye ukuri, aca aratangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza. Ariko rero, ugushimishwa kwa dawe ntikwatevye kuyama. Yararwanije ukwizera mawe yari aherutse kwubura mbere amubwira ko azoca amuta yigire hamwe atobivamwo. Mawe yarakunda dawe, agashaka n’uko umuryango ugumana. Yamara rero, yari azi ko kugamburukira Imana ari vyo vyari bikwiye kuza imbere, kandi yari yiyemeje gukora ikibereye mu nyonga zayo (Matayo 10:34-39). Dawe yarataye urugo, mu nyuma nkaba naciye nza ndamubona rimwerimwe.
Ntereje amaso inyuma, ndashima rwose kubona mawe yaragumye ari intahemuka ku Mana. Ingingo yafashe yatumye twe na mushikanje mukuru Beulah tugira ubuzima burangwa imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu. Iyo ngingo yaratwigishije kandi iki cigwa gihambaye: iyo tuzi ikibereye, dutegerezwa kwihatira kugikora.
Ukwizera kugeragezwa
Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, baragiye hamwe kugira bafashe umuryango wacu. Nyokuru yaraje kubana natwe, na we nyene arahava arakira ukuri kwo muri Bibiliya. We na mawe bacika intavana mu gikorwa co kwamamaza, aho wasanga abantu babubaha kubera baboneka ko ari abantu bisoneye kandi b’abanyagishika.
Muri ico gihe, abavukanyi bakirisu bankurira baranyitayeho cane baramenyereza mu buryo ngirakamaro. Sinatevye kumenya ivy’ugukoresha agakarata ko gushinga intahe kugira ngo nshikirize abantu inkuru nziza mu buryo bworoshe ndabasanze ku mihana yabo. Naravuza kandi insiguro zafashwe zishingiye kuri Bibiliya nkoresheje icuma gisohora amajwi citwa ifono umuntu yashobora kugendana, nkongera nkagira uruhara mu gikorwa co kugendagenda mw’ibarabara rikuru ry’igisagara twambaye ivyapa biriko ubutumwa. Ivyo ntivyari vyoroshe narirya nanyinyana n’ingorane yo gutinya abantu. Ariko rero, nari nzi ikibereye, kandi nari niyemeje kugikora.
Maze kurangiza amashure, naciye ntangura gukorera ibanki imwe, ivyo bikaba vyasaba ko nza ndagenda ku mashami atari make yayo yari akwiragiye hirya no hino muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Naho muri ako karere k’igihugu hari Ivyabona bakeyi, ukumenyerezwa nari nararonse kwaramfashije kuguma mfise ukwizera gukomeye. Mawe yaranyandikira amakete aremesha yankomeza mu vy’impwemu.
Ayo makete yarandonkeje imfashanyo ku gihe kibereye. Ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yari yaratanguye, kandi nategetswe kwiyandikisha ngo nje mu gisoda. Umuyobozi w’iyo banki nakorera yari umunyedini akunda cane ivy’ugusenga akaba n’intwazangabo muri ako karere narimwo. Ndamusiguriye impagararo yanje y’ukutagira aho mpengamiye kubera ndi umukirisu, yaciye ambwira guhitamwo kimwe muri ibi bintu bibiri: kuva mw’idini narimwo canke kuva mu kazi nakora muri nya banki. Ibintu vyagiye gukomera aho narengutswa mu kibanza co muri ako karere candikirwamwo abinjira mu gisoda. Nya muyobozi w’ibanki niho yari ari, aranyitegereza uko negereza imeza bandikirako, ashashaye kuraba ingene biza kugenda. Aho nankiye gutera umukono ku mpapuro z’abinjira mu gisoda, abakuru bari ng’aho baciye bankarira. Naho imitsi yari yaranze, nari niyemeje gukora ikibereye. Yehova yaramfashije ndaguma ntekanye kandi nguma numiye ku mwiyemezo nari mfise. Mu nyuma, aho menyeye ko hari abantu bariko bandondera kugira bangirire nabi, naciye mu maguru masha ntekera utwanje hanyuma nurira igariyamoshi mva muri ico gisagara.
Maze gusubira i Newcastle, nararengukijwe muri sentare gusamba twe n’abandi bavukanyi indwi bari baranse kuja mu gisoda. Umucamanza yaduciriye umunyororo w’amezi atatu dukora ibikorwa vy’umuruho. Naho gupfungwa bitari biryoshe, gukora ikibereye vyarazanye imihezagiro. Tumaze kurekurwa, umwe mu bo twari dupfunganywe mu gasho, akaba yari Icabona mugenzanje yitwa Hilton Wilkinson, yansavye ngo nje kumukorera mu nzu itunganirizwamwo amafoto. Ng’aho ni ho nahuriye na Melody, uwahavuye aba umukenyezi wanje, akaba yakora igikorwa co kwakira abaza ng’aho. Hataraca n’igihe ndekuwe, narabatijwe bwa kimenyetso c’uko niyeguriye Yehova.
Twishingira umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose
Twe na Melody tumaze kwubakana, twaciye twugurura inzu yacu bwite yo gutunganirizwamwo amafoto i Newcastle. Hataraca n’igihe, twari dusigaye dufise ibikorwa vyinshi dukora ku buryo twatanguye kumererwa nabi ku mubiri no mu vy’impwemu. Ico gihe, Ted Jaracz, uwakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ositaraliya ubu na ho akaba ari mu bagize Inama Nyobozi, yarayaze natwe ku bijanye n’imigambi yacu yo mu vy’impwemu. Inyuma y’ico kiyago, twaciye dufata ingingo yo kugurisha urudandaza rwacu maze tukorosha ubuzima bwacu. Mu 1954, twaraguze agakonteneri gatoyi gakwegwa n’umuduga, twimukira mu gisagara ca Ballarat co muri Leta ya Victoria, hanyuma dutangura gukora turi abatsimvyi, ni ukuvuga abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose.
Uko twakorana n’ishengero ritoyi ry’i Ballarat, Yehova yarahezagira utwigoro twacu. Mu mezi 18, igitigiri c’abitaba amakoraniro caraduze kiva ku bantu 17 gishika ku bantu 70. Maze, twaciye turonka ubutumire bwo gukora igikorwa c’ubugenduzi ari co gikorwa co kugendera amashengero, muri Leta yitwa Ositaraliya yo mu Bumanuko. Mu myaka itatu yakurikiye, twaragize akanyamuneza ko kuza turagendera amashengero yo mu gisagara ca Adélaïde no mu turere two ku nkokoro y’Uruzi Murray turimwamwo imizabibu be n’ibiterwa vyo mu bwoko bw’indimu n’imicungwe. Emwe, ubuzima bwacu bwarahindutse rwose! Twarahimbarwa no gukorana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bakundana. Urazi ukuntu gukora ico twari tuzi ko kibereye vyavuyemwo imihezagiro!
Igikorwa c’ubumisiyonari
Mu 1958, twaramenyesheje ibiro vy’ishami vyo muri Ositaraliya ko tugomba kuzokwitaba Iteraniro mpuzamakungu ryari ryataziriwe ngo “Ukugomba kw’Imana” ryari ritegekanijwe kubera mu gisagara ca New York muri uwo mwaka. Mu kutwishura, baturungikiye inkaratasi zo kwuzuza dusaba kwitaba ishure rimenyereza abamisiyonari ry’i Gileyadi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kubera ko twari tumaze gushikana imyaka nka 35, twiyumvira ko twari tumaze kurenza imyaka yo kwemererwa kuja i Gileyadi. Naho vyari vyifashe gutyo, twararungitse inkaratasi zo gusaba maze dutumirwa kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 32. Ivyigwa bigeze hagati, twarabwiwe iyo tuzoja gukorera ubumisiyonari. Uzi n’amakuru aho batubwiye? Mu Buhindi ntuze we! Naho tukivyumva twahagaritse umutima, twaripfuza gukora ikibereye, duca rero turemera n’umutima ukunze ico gikebere.
Twarafashe ubwato turagenda, maze mu mutwenzi umwe wo 1959 aba ari ho dushika i Bombay (ahitwa ubu Mumbai). Abakozi amajana n’amajana basinziriye bari barambaraye ku kivuko. Akayaga k’aho kari kamota ukuntu. Izuba riserutse, twaciye dusa n’abahonja ivyari biturindiriye. Ntitwari bwigere twumva ubushuhe bwinshi ukuraho! Abamisiyonari bubakanye twari twarakoranye ubutsimvyi i Ballarat ari bo Lynton Dower n’umukenyezi wiwe Jenny, ni bo batwakiriye. Baratujanye kuri Beteli yo mu Buhindi, ikaba yari inzu yo hejuru yaga yari iri hafi yo mu gisagara hagati. Iyo nzu yabamwo abakozi batandatu bitanze bavyishakiye gukorera kuri Beteli. Umuvukanyi Edwin Skinner, uwari yatanguye gukorera mu Buhindi ari umumisiyonari kuva mu 1926, yaduhanuye ko twogura ibisakoshi vya rusakumba bibiri vy’urugendo, imbere y’uko tuja mu cibare twari twarungitswe gukoreramwo. Iryo zina rusakumba ryari ribereye kubera ko abafashe urugendo wasanga batekera muri mwene ivyo bisakoshi ibintu vy’ubwoko bwose. Umuntu yarakunda kubibona mu magariyamoshi yo mu Buhindi, kandi vyaradufashije cane mu ngendo twagize mu nyuma.
Tumaze imisi ibiri tugenda n’igariyamoshi, twagiye twashika aho twarungitswe gukorera, ni ukuvuga mu gisagara ca Tiruchchirappalli co muri Leta yo mu Bumanuko ya Madras (ubu ikaba yitwa Tamil Nadu). Twahasanze abatsimvyi badasanzwe babiri b’Abahindi bashinga intahe mu bantu 250.000. Ubuzima bwo muri ako karere bwari ububayabaye rwose. Vyarigeze gushika aho twari dusigaranye ku mupfuko amadolari y’amanyamerika adashika 4 (nk’amafaranga y’amarundi 4.000). Yamara, igihe ayo mahera yarangira Yehova ntiyaduhevye. Hari umuntu umwe twigana Bibiliya yatuguranye amahera yo gupanga inzu ibereye yo kugiriramwo amakoraniro. Igihe kimwe, imfungurwa twari dufise ziri ku mushiro, hari umubanyi w’umutima mwiza yatuzaniye imboga yari yateguriye i muhira zari zivanze n’ibindi bintu. Zarandyoheye, mugabo zarimwo agapiripiri kenshi cane ku buryo naciye ntangura gusevagura.
Mu ndimiro
Naho abantu bamwebamwe bo mu gisagara ca Tiruchchirappalli bavuga icongereza, benshi mu bantu baho bavuga igitamili. Ku bw’ivyo, twaritaye ku rutare kugira twige amajambo yoroshe yo gutanguza ikiyago mu murimo muri urwo rurimi. Ivyo vyatumye abantu benshi bo ng’aho batwubaha.
Twararyoherwa cane n’ubusuku bw’inzu ku nzu. Mu kuntu Abahindi bimereye, basanzwe ari abakiranyi, kandi benshi baraduha ikaze mu nzu ngo twizimye akanyota. Kubera ko ubushuhe akenshi wasanga buguma ku bipimo vy’ubushuhe vya dogere 40, twarakenguruka cane igihe batwakiriye. Vyararanga urupfasoni tubanje kuyaga ku bitwerekeye imbere yo kubashikiriza ubutumwa bwacu. Kenshi abo twayaga baratubaza twe n’umukenyezi wanje ngo: “Muva he? Murafise abana? Kubera iki?”. Bumvise ko tudafise abana, kenshi na kenshi baca batubaza niba twoshima ko baturangira umuganga ngo abishoboye cane! Ariko ntiwumve, ivyo biyago vyaraduha akaryo ko kwidondora no gusigura igituma igikorwa cacu kijanye n’ivya Bibiliya gihambaye.
Benshi mu bantu twabwira ubutumwa bwiza bari mw’idini ry’abahindu, rikaba ari idini aho ivyo bemera usanga bihushanye rwose n’ivyo abakirisu bemera. Aho guharira ku vyiyumviro y’urusobangane y’abahindu, twamamaza gusa inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kandi ntiwumve vyaravuyemwo ivyiza. Mu mezi atandatu, abantu bababa 20 baratanguye kwitaba amakoraniro yabera mu nzu yacu y’abamisiyonari. Umwe muri abo bantu yari umuhinga mu vy’ubwubatsi bw’amabarabara, ibiraro be n’ibindi yitwa Nallathambi. We n’umuhungu wiwe Vijayalayan, mu nyuma barafashije abantu nka 50 baracika abasavyi ba Yehova. Vijayalayan yaramaze kandi igihe kinaka akorera kw’ishami ryo mu Buhindi.
Twamira mu ngendo
Tutaramara n’amezi atandatu mu Buhindi, nasabwe gukora ndi umucungezi w’intara wa mbere w’igihe cose muri ico gihugu. Ivyo vyasaba kuza turafata ingendo tuja hirya no hino mu Buhindi hose, turinganiza amateraniro twongera dukorana n’imigwi itandukanye y’indimi icenda. Cari igikorwa kiruhisha. Twarafashe ivyambarwa vyacu hamwe n’ibindi bikoresho twokoresheje mu mezi atandatu tubipakira mu bisandugu bikozwe mu bibati no muri vya bisakoshi vya rusakumba vyari ngirakamaro, maze dufata igariyamoshi tuva mu gisagara citwa ico gihe Madras (ubu kikaba citwa Chennai). Kubera ko intara twari twarakebewe yari ifise nk’ibilometero 6.500 vy’inkikuro y’umuzingi, twamira mu ngendo. Igihe kimwe, twararangije iteraniro rimwe ryari ryabereye mu gisagara ca Bangalore co mu Bumanuko ku w’iyinga, duca tuja mu Buraruko i Darjeeling mu turambi turi mu mucamo w’umusozi Himalaya, kugira dufashe irindi teraniro ryari ritegekanijwe kuba mu ndwi ikurikira. Kuja i Darjeeling vyasaba kugira urugendo rw’ibilometero nka 2.700 no guhinduranya amagariyamoshi incuro zitanu.
Mu ngendo za mbere twagize, twarahimbawe no kwerekana ya senema La Société du Monde Nouveau en action. Iyo senema yaratumye abantu babona uko ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi ringana be n’igikorwa rikora. Akenshi, abantu amajana ni bo baza kuyiraba. Igihe kimwe, twareretse iyo senema umugwi w’abantu bari batororokaniye i ruhande y’ibarabara. Igihe iyo senema yariko iraba, twagiye tubona ibicu vyirabura bikorakoranye maze bica biza binyaruka bigana iyo turi mu buryo buteye ubwoba. Kubera ko vyari vyarigeze gushika igihe kimwe isinzi ry’abantu rigatera umuvurungano mpagaritse iyo senema, ico gihe ho naciye mfata ingingo yo kubandanya kuyerekana ariko ngaca ndayihutisha. Igishimishije, yarangiye ata kiyiciriyemwo, irangira imvura itanguye guta amama.
Mu myaka yakurikiye, twe na Melody twaragize ingendo mu mihingo myinshi cane y’Ubuhindi. Kubera ko akarere kamwekamwe kose ko muri ico gihugu usanga katameze nk’utundi mu bijanye n’ibifungurwa, inyambaro, ururimi be n’ukuntu gasa, kuva mu karere kamwe tuja mu kandi kwari nk’ukuva mu gihugu kimwe tuja mu kindi. Ese ukuntu ivyo Yehova yaremye usanga bigizwe n’indobeke iteye igomwe y’ibintu vy’ubwoko bwinshi! Ivyo ni na ko bimeze mu bikoko vyo mu Buhindi. Igihe kimwe, twari twashinze ihema mw’ishamba rya manyenye ryo muri Nepale. Tugize dutya twagiye tubona nka hariya ubwoko bw’ingwe amahero. Cari igikoko giteye igomwe bimwe utoraba. Tumaze kuyibona twaciye twumva turushirije kwipfuza kuba mw’Iparadizo, aho amaherezo abantu n’ibikoko bizoba vyibanira mu mahoro.
Hagira ibihindurwa kugira amashengero ajane n’ishirahamwe
Muri iyo myaka yo mu ntango, abavukanyi bo mu Buhindi bari bakeneye kuja ku murongo kugira bajane n’indinganizo z’ishirahamwe rya Yehova. Mu mashengero amwamwe, mu kibanza c’amakoraniro, abagabo bicara ku ruhande rumwe abagore na bo ku rundi. Ni gake amakoraniro yatangura ku gihe. Ahantu hamwe, haravuzwa inkengeri yo guhamagara abamamaji b’Ubwami ngo baze ku makoraniro. Mu yindi mihingo, abamamaji baza umwumwe ku makoraniro mu kugenekereza isaha y’amakoraniro baravye aho izuba rigeze mu kirere. Amateraniro be n’ukugenderwa n’abacungezi b’ingenzi vyagirwa rimwerimwe. Abavukanyi bari biteguriye gukora ikibereye, mugabo bari bakeneye kumenyerezwa.
Mu 1959, ishirahamwe rya Yehova ryaratanguje Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami. Iyo porogarama yo kumenyerezwa iba kw’isi yose yarafashije abacungezi b’imizunguruko, abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari, be n’abakurambere b’amashengero kurushiriza kurangura neza amabanga bashinzwe basabwa n’Ivyanditswe. Igihe iryo shure ryatangura mu Buhindi muri Kigarama 1961, narabaye umwigisha muri ryo. Buhorobuhoro, ivyiza vyavuye muri ukwo kumenyerezwa vyarashitse mu mashengero yo hirya no hino muri ico gihugu, kandi yaciye atera imbere ningoga na ningoga. Abavukanyi bamaze kumenya ikibereye, impwemu y’Imana yarabavyuriye umutima wo kugikora.
Amateraniro maninimanini na yo nyene yararemesheje abavukanyi yongera aratuma bunga ubumwe. Iryabaye irikomeye cane gusumvya ayandi yose muri ayo materaniro ryari rya Teraniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera” ryabereye i New Delhi mu 1963. Ivyabona bo mu mihingo yose y’Ubuhindi baragize urugendo rw’ibilometero ibihumbi kugira bitabe iryo teraniro, abenshi bakaba barakoresheje udufaranga twose bari baraziganije kugira baryitabe. Kubera ko iryo teraniro ryari ryitabwe kandi n’abashitsi 583 bari bavuye mu bihugu 27, bwari bwo bwa mbere Ivyabona bo muri ico gihugu babonana n’abavukanyi b’abashitsi benshi gutyo bakongera bakifatanya na bo.
Mu 1961, twe na Melody twaratumiwe kuba mu bagize umuryango wa Beteli i Bombay, aho mu nyuma nahavuye mba umwe mu bagize Komite y’ishami. Hari n’utundi duteka twakurikiye. Naramaze imyaka myinshi ndi umucungezi wa zone mu mihingo yo muri Aziya no mu Buseruko bwo Hagati. Kubera ko mu bihugu vyinshi muri ivyo bihugu hari ivyari vyarabujijwe ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza, abavukanyi baho bategerezwa ‘kugira ubwenge nk’inzoka yamara bakamera nk’inuma ata karohe’.—Matayo 10:16.
Iyagurwa be n’amahinduka
Igihe twashika mu Buhindi mu 1959, muri ico gihugu hari abamamaji 1.514 bakora. Ubu baramaze kurenga 24.000. Kugira ngo twitwararike abo bantu baguma bongerekana, twarimutse kabiri kose, twimukira mu nyubakwa nshasha za Beteli i Bombay no hafi yaho. Maze, muri Ntwarante 2002, umuryango wa Beteli warasubiye kwimuka, ico gihe ukaba wimukiye mu nyubakwa nshasha yubatswe hafi y’i Bangalore, mu Bumanuko bw’Ubuhindi. Izo nyubakwa zubatswe mu buryo bwa none ubu zibamwo Abanyabeteli 240, bamwebamwe muri bo bakaba bakora igikorwa co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi 20.
Naho twe na Melody twari turindiranye umushasharo kwimukira i Bangalore, amagara ntiyadukundiye, bituma tubwirizwa gusubira muri Ositaraliya mu 1999. Ubu turi mu bagize umuryango wa Beteli i Sydney. Naho twavuye mu Buhindi, urukundo dukunda abagenzi bacu bakundwa be n’abana bacu bakundwa bo mu vy’impwemu bo muri ico gihugu ruguma rukomeye. Urazi ukuntu turyoherwa cane iyo turonse amakete baba batwandikiye!
Twe na Melody, dutereje amaso inyuma tukaraba imyaka irenga 50 tumaze mu murimo w’igihe cose, turabona ko twahezagiwe rwose. Kera, twahora dukora akazi ko kuzigama amashusho y’abantu ku mafoto, yamara gukora kugira ngo tuzigame abantu mu muzirikanyi w’Imana ryabaye ryo hitamwo ryiza rwose kuruta twagize. Ese ibintu vy’agaciro twiboneye bivuye ku ngingo twafashe yo gushira imbere mu buzima bwacu ivyo Imana igomba! Vyemere, gukora ivyo Imana ivuga ko bibereye bishikana vy’ukuri ku buhirwe!
[Amakarata ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
UBUHINDI
New Delhi
Darjeeling
Bombay (Mumbai)
Bangalore
Madras (Chennai)
Tiruchchirappalli
[Amafoto ku rup. 13]
Hadyn na Melody mu 1942
[Ifoto ku rup. 16]
Umuryango wa Beteli yo mu Buhindi mu 1975