ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/5 rup. 3-4
  • Ubukene bwifashe gute muri iki gihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukene bwifashe gute muri iki gihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Utwigoro two gukuraho ubukene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ubukene
    Be maso!—2015
  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/5 rup. 3-4

Ubukene bwifashe gute muri iki gihe?

UWITWA Vicentea, abantu barakunda kumubona ariko akwega umukogote wuzuye imizigo mu mabarabara y’i São Paulo, muri Berezile. Aregeranya ibikarato, ivyuma bitagikoreshwa be n’ibintu vy’ibipurasitike. Bugorovye, aca asasa nya bikarato munsi y’uwo mukogote wiwe maze akiryamira. Womengo ntiyumva urwamo rw’utuduga n’amabisi biguma bica kuri iryo barabara ararako haguma hari uruja n’uruza. Yarigeze kuba afise akazi, inzu n’umuryango, ariko ubu nta vyo agifise. Ubu abeshejweho n’utuntu tw’inticantikize aronka arinze kubirira akuya muri ayo mabarabara.

Ikibabaje, ni uko abantu amamiliyoni kw’isi yose babayeho mu bukene butagira izina nk’ukwo kwa Vicente. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, abantu benshi usanga babwirizwa kuba mw’ibarabara canke ahantu hubatswe utururi. Muri ivyo bihugu, umuntu arakunda kubona abantu basegerereza: uri ibimuga, uri impumyi, uri abagore bariko bonsa abana, n’abandi. Ku bituro vy’amabisi, uhasanga abana biruka hagati y’imiduga bariko barondera kugurisha utubombo be n’utundi tuntu kugira barabe ko boronka akanoti.

Biragoye gusigura igituma hari ubukene nk’ubwo. Ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza (The Economist) cavuze giti: “Umuryango w’abantu ntaho wari bwigere ugira ubutunzi, canke ngo ugire ubumenyi mu vy’ubuvuzi, ubuhanga mu vy’ubuhinga bwa none be n’ubwenge bikenewe kugira ngo urwanye ubukene, nk’uko biri muri iki gihe”. Nta nkeka ko benshi bungukiye kuri ubwo bumenyi bwose. Amabarabara yo mu bisagara bininibinini vyo mu bihugu bitari bike bikiri mu nzira y’amajambere, usanga yuzuyemwo imiduga mishashamishasha ikayangana. Amamangazini maninimanini usanga yuzuye ibikoresho bigezweko, kandi ugasanga ntibibura ababigura. Muri Berezile, hari ibibanza bibiri bidandarizwamwo vyagize isekeza ridasanzwe ryo guhayagiza ibidandazwa vyaho. Ivyo bibanza vyaraye vyuguruye kuva ku wa 23 gushika ku wa 24 Kigarama 2004. Kimwe muri ivyo bibanza carakotesheje abatamvyi b’intambo zaho bita samba kugira kinezereze aboza kuhagurira ibintu. Ico kintu bagize cakwegereye abaguzi bababa 500.000!

Ariko rero, abantu benshi ntibaronka ku butunzi usanga bamwebamwe bungukirako. Ubudasa bukomeye buri hagati y’abatunzi n’abakene bwatumye abantu benshi babona yuko bikenewe ko ubukene burwanywa bimwe vyihutirwa. Ikinyamakuru citwa Veja co muri Berezile cavuze giti: “Uyu mwaka [2005], urugamba rwo kurwanya ubukene gikwiye kuba co kibazo nyamukuru kiganirwako kw’isi yose”. Ico kinyamakuru caragize kandi ico kivuze ku bijanye n’iciyumviro co gushiraho umugambi mushasha umeze nk’umwe wiswe Plan Marshall ufise intumbero yo gufasha ibihugu bikenye cane kuruta ibindi, canecane ivyo muri Afirikab. Ariko rero, naho mwene ivyo vyiyumviro bishikirizwa bisa n’ivyerekana ko ibintu bitera bija imbere, ico kinyamakuru nyene congeyeko giti: “Hariho impamvu nyinshi zotuma umuntu yibaza ibibazo ku bijanye n’ico ivyo vyiyumviro vyavuyemwo. Kuba ibihugu vyinshi bigonanwa kugira ico biterereye ku bijanye na mwene iyo migambi, ni kubera ko usanga ari gake amahera bitanga ashikira abo yitwa ko agenewe”. Ikibabaje, ni uko igice kinini c’ayo mahera atangwa n’amaleta, amashirahamwe mpuzamakungu be n’abantu bamwebamwe, atigera ashikira abayakeneye vy’ukuri kubera ibiturire be n’uko birinda guca kure.

Yezu yari azi yuko ingorane y’ubukene yobandanije igihe kirekire. Yavuze ati: “Aboro muramana imisi yose” (Matayo 26:11). Ivyo vyoba none bisobanura yuko kw’isi hazokwama hari ubukene? Nta cokorwa none kugira ibintu bimere neza? Abakirisu bashobora gute gufasha abakene?

[Utujambo tw’epfo]

a Izina ryarahinduwe.

b Uwo mugambi wiswe Plan Marshall wari umugambi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika wari ugenewe gufasha kunagura ubutunzi bw’Uburaya inyuma ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika