Ntimutinye kuko Yehova ari kumwe namwe!
HASHIZE igihe gito vya bibombe ruhonyanganda vya mbere bituritse, ubu hakaba haheze imyaka irenga 50, wa munyasiyansi yitwa Harold C. Urey yatsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel avuze ku vyerekeye kazoza ati: “Tuzofungura turi n’ubwoba, turyamane ubwoba, tubeho dufise ubwoba, turinde duhwera dufise ubwoba”. Ivyo yabivuze haciye igihe gitoyi vya bibombe ruhonyanganda vya mbere bituritse. Vy’ukuri, muri iki gihe isi yishwe n’ubwoba, kandi ivyo ntibitangaje! Ku musi ku musi ibinyamakuru biravuga amakuru y’agacavutu ajanye n’iterabwoba, ubugizi bwa nabi be n’indwara z’akayoberabahinga.
Twebwe abakirisu turazi ico ivyo bintu bisobanura. Vyerekana yuko tubayeho “mu misi y’iherezo” y’ivy’iyi si mbi, imisi Bibiliya yari yaravuze ko yoranzwe n’“ibihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Icizigiro cacu kirakomezwa rero n’uko Yehova Imana agiye vuba kuzana isi nshasha izoba irimwo ukugororoka (2 Petero 3:13). Ariko none, vyoba bisobanura ko tudashobora gutinya magingo tukirindiriye ico gihe?
Ingene abasavyi b’Imana babona ibijanye n’ugutinya
Yakobo, Dawidi na Eliya bari mu basavyi ba Yehova vyashitse baratinya ku rugero runaka igihe bari bageramiwe (Itanguriro 32:6, 7; 1 Samweli 21:11, 12; 1 Ngoma 19:2, 3). Si ukuvuga ko abo bagabo bari babuze ukwizera. Ahubwo riho, barerekanye ko biheka kuri Yehova n’umutima wabo wose. Ariko rero, Yakobo, Dawidi na Eliya bari abantu buntu, bakaba rero barashobora gutinya. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Eliya yar’umuntu ameze nkatwe”.—Yakobo 5:17.
Na twebwe nyene twoshobora kugira ubwoba igihe hari intambamyi yinaka itubangamiye canke igihe tubona ko hari iyoshobora kutubangamira ejo canke hirya y’ejo. Mwene ukwo gutinya kuratahurika. Niwibuke ko Bibiliya ivuga yuko Shetani wa Mucokoranyi yiyemeje ‘kurwanya abitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise [“igikorwa co gushingira”, NW] intahe Yezu’ (Ivyahishuriwe 12:17). Naho ayo majambo yerekeye canecane abakirisu basizwe, Paulo yanditse ati: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa” (2 Timoteyo 3:12, ni twe dushimitse.). Naho ari ukwo, ubwoba ntibukwiye kudutesha umutwe igihe dushikiwe n’ingorane. Uti kubera iki?
“Imana y’agakiza”
Wa mwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse ati: “Imana itubera Imana y’agakiza” (Zaburi 68:20). Yehova yarerekanye akatari gake ubushobozi afise bwo gukiza canke kurokora abasavyi biwe, haba mu kubarokora akabakura mu kaga canke mu kubaronsa inkomezi zo kwihangana (Zaburi 34:17; Daniyeli 6:22; 1 Ab’i Korinto 10:13). Ufatiye ku vyo wize muri Bibiliya, ni ibikorwa bingahe ‘vy’agakiza’ mwene ivyo woba wibuka?
Ukoresheje ca gitabu c’ironderero Index des publications Watch Towera, ubona gute ugize ubushakashatsi ku vyerekeye ibintu vyabaye koko, nk’akarorero ivyerekeye wa Mwuzure waba kw’isi yose mu gihe ca Nowa, kwa kurokorwa kwa Loti n’abakobwa biwe agatikizo k’i Sodomu n’i Gomora, kwa kuntu Abisirayeli bakurwa mu Misiri bakongera bakajabuka Ikiyaga Gitukura, canke ivyerekeye wa mugambi Hamani yagira wo guherengeteza Abayuda wamutekurukanye? Gusoma izo nkuru zikora ku mutima hanyuma ugaca uzizirikanako bizotuma urushiriza kwizera yuko Yehova ari Imana y’agakiza. Ivyo bizoheza bigufashe guhangana n’ibigerageza ukwizera kwawe udatinya.
Uburorero bwo muri iki gihe
Woba ushobora kwibuka abantu bo mu karere ubamwo bagaragaje ukwihangana? Ashobora kuba ari umuntu yapfunzwe azira ukudahemuka. Ushobora kuba uzi umukirisu ageze mu zabukuru ariko asukurira Yehova naho afise amagara make. Canke iyumvire abakiri bato baguma bitandukanije n’isi naho abo bigana babagirako akosho gakomeye. Muri abo bantu bihangana, harimwo n’abavyeyi usanga bireranye abana, canke abantu batubatse basukurira Yehova naho bishika bakagira irungu. Ni igiki wigira ku bantu nk’abo? Kuzirikana ku kuntu babayeho badahemuka birashobora kugufasha kwihangana no kuguma ata bwoba ugira mu bigeragezo ivyo ari vyo vyose vyoshobora kugushikira.
Kudatinya ntibikenewe gusa mu gihe hari abaduhama canke abaturwanya, ariko kandi birakenewe mu gihe dutanguye kwibaza nimba Yehova adukunda canke atadukunda. Turakeneye kuguma twemera tudakeka yuko incungu ya Kirisitu ikora kuri twebwe umwumwe ukwiwe (Ab’i Galatiya 2:20). Gutyo, turashobora kwiyegereza Yehova tutamutinya mu buryo butabereye canke duhinda agashitsi. Niba twumva umengo ntitubereye gukundwa na we, turashobora kuzirikana kuri aya majambo Yezu yabwiye abayoboke biwe agira ati: “Mbeg’utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi”.—Matayo 10:29-31, ni twe dushimitse.
Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! akenshi usanga vyigana ivyashikiye Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bihanganiye ibigeragezo badatinya. Ivyo ntibisigura yuko ingorane baba barimwo zitatuma bumva bamerewe nabi mu mutima. Mugabo ntibigeze bareka ngo umubabaro bumva ubabuze gusukurira Yehova. Inkuru ziberekeye ziganwa muri ivyo binyamakuru, na wewe nyene zirashobora kugufasha kwihangana udatinya. Raba ubu burorero bubiri.
Isanganya ryarahinduye ubuzima bwiwe
Ikinyamakuru Réveillez-vous! co ku wa 22 Ndamukiza 2003, carimwo ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Isanganya ryahinduye ubuzima bwanje” (mu gifaransa). Muri ico kiganiro, Icabona ca Yehova wo muri Kenya yitwa Stanley Ombeva aravuga ingorane yagize bitumwe n’uko yagonzwe n’umuduga wariko wiruka nk’uwasaze. Kubera ko amagara yiwe yariko arayonga, yarakuwe mu kazi kandi ntiyaza arahabwa ibironswa abavuye mu kazi. Muri iyo nkuru yigana ivyiwe, umuvukanyi Ombeva yiyemerera ati: “Niyumviriye ukuntu merewe, naciye mba umuntu yama abona ibintu nabi, yitwararika ivyiwe gusa kandi w’inkomwahato. Vyarashika ngashavura, nkagira umujinya”. Naho uwo mukirisu yari mu bintu bigoye kandi bibabaje, yagumye ata bwoba afise. Ntiyaretse ngo ugucika intege kumurengere maze ngo bitume atana n’akabando. Ahubwo riho, yarihetse kuri Yehova. Uwo muvukanyi Ombeva avuga ati: “Yehova yama amfata mu mugongo mu ngorane zose zanshikira gushika n’aho ubwanje vyashika nkumva maramaye. Naciye niyemeza kuza ndasoma ivyanditswe naba nzi ko vyompumurije ndavye ukuntu ivyanje vyari vyifashe nongera ndabizirikanako”.
Ayo majambo umuvukanyi Ombeva yavuze atarya umunwa yarafashije abandi bavukanyi benshi kwihanganira ibigeragezo badatinya. Umuvukanyikazi umwe yanditse ati: “Igihe nasoma ico kiganiro, narakoroye amosozi. Numva yuko Yehova yariko arangaragariza ubwitwararitsi burangwa igishika n’urukundo kandi ko yariko ampumuriza biciye kuri ico kiganiro”. Umuvukanyi umwe na we yanditse ati: “Ibiganiro nk’ivyo biraremesha cane abo muri twebwe bariko baca mu bintu nk’ivyo kandi usanga banihira mu mutima”.
Kwihanganira intuntu yo mu mutima
Iyindi nkuru ikora ku mutima ni iyerekeye ivyashikiye uwitwa Herbert Jennings, bivugwa mu kiganiro gifise umutwe uvuga ngo ‘Ntimuzi ibizoba ejo’ (mu gifaransa)b. Umuvukanyi Jennings arihanganira indwara ituma umuntu aza arahindagurika, umwanya umwe agashwashwanuka birenze, uwundi mwanya akijirwa birenze ata n’imvo yumvikana ibiteye. Mu kwerekana ukuntu iyo ndwara yiwe yamumerera mu misi ya mbere, avuga ati: “Kwitaba amakoraniro ya gikirisu rwari urugamba koko. Ariko rero, narabona neza ko kwifatanya n’abandi mu vy’impwemu biri n’akamaro. Kugira nshobore kuyitaba, akenshi ninjira mu Ngoro y’Ubwami abandi bose bamaze kwicara kandi nkahava amakoraniro ubwo nyene agihera, hataratangura kuba uruja n’uruza mu Ngoro”.
Kwamamaza inkuru nziza na vyo nyene vyaramugora. Umuvukanyi Jennings avuga ati: “Mbere n’igihe naba maze gushika ku muhana, vyarashika sinshobore no kugira umutima wo gufyonda karya gakengeri ko kw’irembo ngo ndakavuze. Ariko rero, sinaca ntana n’akabando kuko nari nzi yuko ubusuku turangura bushobora kudukiza twebwe ubwacu, bukongera bugakiza uwo wese abwakiriye neza (1 Timoteyo 4:16). Hashize akanya, narashobora kwigumya, nkaja ku muryango ukurikira, maze nkasubira kuraba ko nobishobora. Kubera ko nabandanije kugira uruhara mu busuku, muri rusangi nagumye mfise amagara meza mu vy’impwemu, kandi ivyo vyatumye ndushiriza kugira inkomezi zo kwihangana”.
Iyo nkuru yigana ivyashikiye umuvukanyi Jennings yarafashije abasomyi benshi kwihanganira intuntu ata guhagarika umutima, nk’ukwo kwa Jennings. Nk’akarorero, umuvukanyikazi umwe yanditse ati: “Mu myaka 28 maze nsoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, sinari bwigere nkorwa ku mutima nk’uko nakozwe ku mutima igihe nasoma ico kiganiro. Narabwirijwe guhagarika umurimo w’igihe cose narangura maze bituma nza ndiyagiriza, nkumva ko iyo nari kuba mfise ukwizera gukomeye kuruta nari gushobora kubandanya uwo murimo. Gusoma ibijanye n’ukuntu umuvukanyi Jennings yabwirijwe guheba amabanga yari ajejwe kugira yitwararike amagara yiwe, vyaramfashije kubona uko ivyanje vyifashe mu buryo butarimwo ukurenza urugero. Emwe, iyo yari inyishu y’amasengesho nari naratuye!”.
Umuvukanyi umwe na we nyene yanditse ati: “Haheze imyaka cumi ndi umukurambere mw’ishengero rimwe, nabwirijwe guhagarika ako gateka nari naratewe, bitumwe n’indwara yo mu mutwe. Kwumva umengo vyarananiye, na vyo nyene vyatuma gusoma ibiganiro bivuga ivy’inkuru z’ubuzima bimbera ikintu gica intege cane narirya izo nkuru usanga akenshi zigana ibintu bitangaje abasavyi ba Yehova bashoboye kurangura. Yamara, ukwihangana kw’umuvukanyi Jennings kwarankomeje. Ico kiganiro nagisomye incuro zitagira uko zingana”.
Nutere imbere uri n’umutima mu nda
Cokimwe n’abavukanyi Ombeva na Jennings, abenshi mu Vyabona vya Yehova barabandanya gusenga Yehova Imana badatinya, naho usanga hari intambamyi zibaca intege. Niba uri muri abo, urakwiye gukezwa. Shira amazinda: ‘Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyawe n’urukundo werekanye ko ukunze izina ryayo, kuko watunze abera, na none ukibatunze’.—Abaheburayo 6:10.
Nk’uko nyene Yehova yafashije abasavyi biwe b’intahemuka bo mu gihe ca kera gutsinda abansi babo, arashobora kugufasha gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yoshobora kukubangamira. Ku bw’ivyo, nushire ku mutima aya majambo Yehova yavuze abicishije ku muhanuzi Yesaya agira ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje”.—Yesaya 41:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 2000, urupapuro rwa 24-28.
[Ifoto ku rup. 16]
Cokimwe na Stanley Ombeva (uwo ari haruguru) be na Herbert Jennings (uwo ari i buryo), abenshi bariko barasukurira Yehova badatinya
[Abo dukesha ifoto ku rup. 14]
Ifoto ya USAF