Nunezererwe ubuzima mu kubaho utinya Yehova
“[“Mutinye Yehova”, “NW”], yemwe abera biwe, kukw [“abamutinya”, “NW”] batagira ico bakena”.—ZABURI 34:9.
1, 2. (a) Amadini y’abiyita abakirisu abona ibijanye n’ugutinya Imana mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Ni ibibazo ibihe tugomba turimbure?
ABAKURU bamwe b’amadini y’abiyita abakirisu bigisha ugutinya Imana, akenshi babigira bisunze inyigisho idashingiye ku Vyanditswe ivuga yuko ngo Imana ihanira abanyavyaha ibihe vyose mu muriro udahera. Mwene iyo nyigisho irateye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yehova, yoyo yigisha ko ari Imana y’urukundo n’ubutungane (Itanguriro 3:19; Gusubira mu vyagezwe 32:4; Abaroma 6:23; 1 Yohana 4:8). Abandi na bo usanga batandukanye n’abo; bobo ntibigera bigisha ivy’ugutinya Imana. Ahubwo riho, bigisha yuko Imana irekerana ibintu kandi ko uwo ari we wese imwemera uko yoba abayeho kwose. Ivyo na vyo nyene si vyo Bibiliya yigisha.—Ab’i Galatiya 5:19-21.
2 Mu vy’ukuri, Bibiliya iraturemesha gutinya Imana (Ivyahishuriwe 14:7). Ukwo kuri guca kuvyura ibibazo bikurikira: Ni kubera iki Imana y’urukundo idusaba kuyitinya? Ni ugutinya bwoko ki Imana idusaba? Gutinya Imana bishobora kutugirira akamaro gute? Turaza kurimbura ivyo bibazo uko tubandanya guca irya n’ino Zaburi ya 34.
Igituma dukwiye gutinya Imana
3. (a) Itegeko ridusaba gutinya Imana wewe uribona gute? (b) Ni kubera iki abatinya Yehova bahimbawe?
3 Yehova arabereye ko tumutinya kubera yuko ari we Muremyi akaba na we Mutegetsi Segaba w’ibiriho vyose (1 Petero 2:17). Ariko rero, ukwo gutinya si ukwicwa n’ubwoba uri imbere y’ikimana c’imburakigongwe. Ahubwo riho, ni ukugirira akoba Yehova mu buryo bwerekana ko umwubaha kubera ko uzi uwo ari we. Vyongeye ni ugutinya gukora ibitamuhimbara. Ugutinya Imana ni kwiza cane kandi gutuma umuntu arushiriza kumererwa neza, aho gutuma avunika umutima canke agira ubwoba. Yehova, ya “Mana ihimbawe”, yipfuza ko abantu yaremye banezererwa ubuzima (1 Timote 1:11, UB). Ariko rero, kugira ngo ivyo tubishikeko, dutegerezwa kubaho duhuza n’ivyo Imana idusaba. Ivyo bisobanura yuko biba ngombwa ko benshi bagira ivyo bahinduye mu buryo babayeho. Abo bose bagira ivyo bahinduye baribonera yuko aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi Dawidi ari ay’ukuri, ayagira ati: “Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe: hahirwa ūmuhungirako. [“Mutinye Yehova”, “NW”], yemwe abera biwe, kukw [“abamutinya”, “NW”] batagira ico bakena” (Zaburi 34:8, 9). Abatinya Yehova Imana bose nta kintu c’agaciro kamaho bakena, kubera yuko bafitaniye ubucuti bwiza na we.
4. Ni amajambo ayahe asubiriza umutima mu nda, Dawidi na Yezu bavuze?
4 Urabona yuko Dawidi yateye iteka abantu biwe mu kubita “abera”, mu buryo buhuye n’uko iyo mvugo yari isanzwe ikoreshwa mu gihe ciwe. Bari abo mw’ihanga ryera ry’Imana. Vyongeye, baremera no gushobora gutakaza ubuzima mu gukurikira Dawidi. Naho bariko barahunga Umwami Sauli, Dawidi yarizigira adakeka ko Yehova yobandanije kubaronsa ibintu nyamukuru bokeneye. Dawidi yanditse ati: “Imigunza y’intambge ishobora kuburanirwa no gusonza, arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena” (Zaburi 34:10). Yezu na we nyene yarasubirije umutima mu nda abayoboke biwe muri ubwo buryo.—Matayo 6:33.
5. (a) Benshi mu bayoboke ba Yezu bari abantu bameze gute? (b) Ni impanuro iyihe Yezu yatanze ku bijanye n’ugutinya?
5 Benshi mu bumviriza Yezu bari Abayuda batifise kandi baciye bugufi. Ku bw’ivyo, Yezu “[baramuteye] akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Abo bantu baciye bugufi boba bogize umutima rugabo wo gukurikira Yezu? Kugira ngo ivyo babishobore, vyosavye ko batsimbataza ugutinya Yehova, aho gutinya abantu. Yezu yavuze ati: “Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira. Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya. Mbeg’utunyoni dutanu ntitugurwa amakuta abiri? Ariko kamwe muri two ntigahundukwa imbere y’Imana. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi”.—Luka 12:4-7.
6. (a) Ni amajambo ayahe Yezu yavuze yakomeje abakirisu? (b) Ni kubera iki Yezu ari we karorero keza kuruta ubundi mu vyo kugaragaza ugutinya Imana?
6 Igihe abantu batinya Yehova bazigirijwe n’abansi babo ngo bareke gukorera Imana, boshobora kwibuka impanuro Yezu yatanze igira iti: “Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, Umwana w’umuntu azomwaturira imbere y’abamarayika b’Imana. Arik’ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana” (Luka 12:8, 9). Ayo majambo yarakomeje abakirisu, na canecane ababa mu bihugu aho ugusenga kw’ukuri kubujijwe. Abo bakirisu baguma bashemeza Yehova babigiranye ukwiyubara ku makoraniro ya gikirisu no mu busuku bwo mu ndimiro barangura (Ivyakozwe n’intumwa 5:29). Yezu aratanga akarorero keza kuruta ubundi mu vyo kugaragaza ‘ukwubaha Imana’, ari kwo kuyitinya (Abaheburayo 5:7). Mu kuvuga ibimwerekeye, Ijambo ry’ubuhanuzi ryavuze riti: ‘Impwemu y’Uhoraho izoba kuri we, impwemu y’[“ugutinya Yehova”, NW]. Ikizomuhimbara [“ni ugutinya Yehova”, NW]’ (Yesaya 11:2, 3). Ku bw’ivyo, Yezu ni we abereye cane kutwigisha ivyiza biva ku gutinya Imana.
7. (a) Ni ryari twovuga ko abakirisu baba bariko baritaba akamo nka kamwe Dawidi yatera? (b) Abavyeyi bashobora gute gukurikiza akarorero keza Dawidi yatanze?
7 Abakurikiza akarorero Yezu yatanze bose bakongera bakagamburuka inyigisho ziwe, twovuga ko baba bariko baritabira akamo nka kamwe Dawidi yatera kagira gati: “Yemwe bana bato, ni muze, munyumve: ndabigishe kwubaha Uhoraho”, ari kwo kumutinya (Zaburi 34:11). Vyari ibisanzwe yuko Dawidi yita abantu biwe “abana” kubera ko babona ko ari we ndongozi yabo. Dawidi ubwiwe yarafashije mu vy’impwemu abari bamushigikiye ku buryo bashoboye kwunga ubumwe bongera baratoneshwa n’Imana. Ese ukuntu ako ari akarorero keza abavyeyi bakirisu bokwigana! Yehova yarabahaye ubukuru ku bahungu babo no ku bakobwa babo kugira ngo ‘babarere, babahana babahanura, uko Umwami wacu agomba’ (Abanyefeso 6:4). Mu gihe abavyeyi baganira n’abana babo bakiri bato ibintu vy’impwemu ku musi ku musi no mu gihe baza barabayoborera inyigisho ya Bibiliya idahorereza, baba bariko barabafasha kunezererwa ubuzima mu kubaho batinya Yehova.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.
Ukuntu twogaragaza ugutinya Imana
8, 9. (a) Ni kubera iki kubaho umuntu atinya Imana bihimbaye cane? (b) Bisobanura iki kubuza ururimi rwacu kuvuga ikibi?
8 Nk’uko twamaze kubivuga, gutinya Yehova ntibitubuza kunezerwa. Dawidi yabajije ati: “Ni nde agomba ubu[zima], akifuza kuramba, ngw az’abone ivyiza?” (Zaburi 34:12). Mu vy’ukuri, ugutinya Yehova ni co kintu nyamukuru gituma umuntu aramba akongera akabona ivyiza. Ariko rero, biroroshe kuvuga ngo “ndatinya Imana”, yamara kuvyerekana mu kuntu twigenza ni urugamba. Ni co gituma Dawidi abandanya adusigurira ukuntu twogaragaza ugutinya Imana.
9 “Uz’ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi, n’iminwa yawe yoye kuvuga ivy’uguhendana” (Zaburi 34:13). Intumwa Petero ahumekewe n’Imana yarasubiyemwo ayo majambo yo muri Zaburi ya 34 ahejeje guhanura abakirisu mu bijanye n’ukuntu bokundana nk’abavukana (1 Petero 3:8-12). Kubuza ururimi rwacu kuvuga ikibi bisobanura ko twirinda gukwiragiza insaku, tukama twihatira kuba abantu baremesha abandi igihe tuganira na bo, vyongeye tukihatira kugira umutima rugabo wo kuvuga ukuri.—Abanyefeso 4:25, 29, 31; Yakobo 5:16.
10. (a) Sigura ico gutandukana n’ikibi bisobanura. (b) Gukora ivyiza harimwo ibiki?
10 “Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza, rondera amahoro, uyakurikire, kugira ng’uyashikīre” (Zaburi 34:14). Turirinda ibintu Imana yiyamiriza, nk’ubuhumbu, amashusho yerekana ubushegabo, ubusuma, ubupfumu, ubukazi, akaborerwe be n’ugufata ibiyayuramutwe. N’ikindi kandi, turamirira kure ivyo kwinezereza usanga birimwo mwene ivyo bintu bisesemye (Abanyefeso 5:10-12). Ahubwo nyabuna, turakoresha umwanya wacu mu gukora ivyiza. Iciza kuruta ibindi vyose dushobora gukora ni ukugira uruhara tudahorereza muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, tukabafasha kugira ngo bazorokoke (Matayo 24:14; 28:19, 20). Gukora ivyiza harimwo no gutegura amakoraniro ya gikirisu tukongera tukayitaba, gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu, be no kwitwararika abakirisu bari n’ivyo bakeneye.
11. (a) Dawidi yashize mu ngiro gute ivyo yigisha ku bijanye n’amahoro? (b) Wokora iki kugira ngo ‘ukurikire amahoro’ mw’ishengero?
11 Dawidi yaratanze akarorero keza mu bijanye no gukurikira amahoro. Yararonse akaryo ko kwica Sauli incuro zibiri zose. Muri ivyo bihe vyompi, yaririnze gukora ivy’ubukazi maze mu nyuma avugana n’uwo mwami abigiranye urupfasoni, yizigiye gusubiza hamwe na we (1 Samweli 24:8-11; 26:17-20). Ni igiki twokora muri iki gihe bishitse hakagira ikintu kigomba guhungabanya amahoro y’ishengero? Dukwiye ‘kurondera amahoro, tukayakurikira’. Rero, igihe tubonye yuko ubucuti dufitaniye n’uwo dusangiye ukwizera butifashe neza, turagamburuka iyi mpanuro Yezu yatanze igira iti: “[Banza] ugende wikiranure na mugenzawe”. Ivyo biheze, twoheza tukabandanya mu yindi mice ijanye n’ugusenga kw’ukuri.—Matayo 5:23, 24; Abanyefeso 4:26.
Gutinya Imana birazana impera nyinshi
12, 13. (a) Ni ivyiza ibihe abatinya Imana bironkera muri iki gihe? (b) Ni impera nini iyihe abasavyi b’intahemuka bagiye kwironkera?
12 “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo” (Zaburi 34:15). Inkuru ivuga ivyo Imana yagiriye Dawidi irerekana ko ayo majambo ari ay’ukuri. Muri iki gihe, turagira umunezero mwinshi be n’amahoro yo mu mutima kubera tuzi yuko Yehova atwamizako ijisho. Turizigira tudakeka ko azokwama aturonsa ivyo dukeneye mbere n’igihe twoba turi mu mubabaro ukomeye. Turazi yuko vuba abasenga b’ukuri bose bazoterwa na Gogi w’i Magogi nk’uko vyavuzwe, bongere bibonere wa ‘musi uteye ubwoba w’Uhoraho’ (Yoweli 2:11, 31; Ezekiyeli 38:14-18, 21-23). Naho muri ico gihe tuzoba duhanganye n’ibintu bigoye gute, aya majambo ya Dawidi azoturangukirako, na yo akaba agira ati: “Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva, abakiza amagorwa yabo yose”.—Zaburi 34:17.
13 Ese ukuntu ico gihe bizoba bihimbaye kubona Yehova ashira hejuru izina ryiwe rihambaye! Tuzorushiriza kwumva tumugiriye akoba n’icubahiro kuruta uko twigeze kubigira, kandi abaturwanya bose bazohonywa mu buryo bw’akamaramaza. “Igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi, ngw ahenebereze ukwibukwa kwabo mw isi” (Zaburi 34:16). Ese ukuntu izoba ari impera nini kurokorwa muri ubwo buryo butangaje tukaja mw’isi nshasha y’Imana igororotse!
Imihango idufasha kwihangana
14. Naho twoshikirwa n’amarushwa, ni ivyiyumviro ibihe vyo mu Vyanditswe vyodufasha kwihangana?
14 Magingo tukirindiye iyo mpera, kubandanya kugamburukira Yehova mw’isi yononekaye kandi itatwerekwa, bisaba ukwihangana. Ugutinya Imana ni ikintu kidufasha cane gutsimbataza ukugamburuka. Kubera ibihe bigoye tubayemwo, bamwebamwe mu basavyi ba Yehova barashikirwa n’amakuba atagira uko yovugwa atuma imitima yabo imeneka ikongera ikajanjagurika, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Ariko rero, barashobora kwemera bagaherezako yuko mu gihe bihetse kuri Yehova, azobafasha kwihangana. Aya majambo Dawidi yavuze araduhumuriza vy’ukuri. Agira ati: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse” (Zaburi 34:18). Dawidi yabandanije aturemesha mu kuvuga ati: “Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik’Uhoraho ayamukiza yose” (Zaburi 34:19). Naho twoshikirwa n’amarushwa angana gute, Yehova arafise ububasha buhagije bwo kuturokora.
15, 16. (a) Gatoyi inyuma y’aho Dawidi atunganirije Zaburi ya 34, ni icago ikihe yumvise? (b) Ni igiki kizodufasha kwihanganira ibigeragezo?
15 Gatoyi inyuma y’aho Dawidi atunganirije Zaburi ya 34, yarumvise ibijanye n’icago cari cashikiye abantu b’i Nobu, igihe Sauli yabagandagurana na benshi mu baherezi baho. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyaramubabaje cane yibutse ko ukuba yaraciye muri ico gisagara ari vyo vyatumye Sauli araka ukuraho (1 Samweli 22:13, 18-21)! Nta nkeka ko Dawidi yaciye aronderera imfashanyo kuri Yehova, kandi ko yahumurijwe n’icizigiro c’uko hazoba izuka ry’“abagororotsi”.—Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
16 Icizigiro c’izuka na twebwe nyene kiradukomeza muri iki gihe. Turazi yuko ata kintu na kimwe abansi bacu bokora cotugirira inabi y’ibihe bidahera (Matayo 10:28). Dawidi yaraseruye ko afise ukwizigira nk’ukwo muri aya majambo, ati: “Azigama amagufa yiwe yose, nta na rimwe rivunika” (Zaburi 34:20). Ayo majambo yararangukiye neza na neza kuri Yezu. Naho Yezu yishwe nk’inkozi y’ikibi, nta gufa ryiwe na rimwe ‘ryavunywe’ (Yohana 19:36). Mu buryo bwagutse, muri Zaburi 34:20 hadukura amazinda yuko naho abakirisu basizwe be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” boshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, batazokwama bababazwa ibihe vyose. Amagufa yabo ntazokwigera avunwa, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo.—Yohana 10:16.
17. Ni icago ikihe kigiye gushikira abantu batigaya banka abasavyi ba Yehova?
17 Abanyakibi bobo, ivyabo si uko biri. Vuba bagiye kwimbura ibibi babivye. “Ibibi bizokwica umunyakibi, abanka umugororotsi bazocirwakw iteka” (Zaburi 34:21). Abantu bose babandanya kurwanya abasavyi b’Imana bagiye gushikirwa n’icago kibabaje kuruta ibindi vyose. Yezu Kristu niyahishurwa, “bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira”.—2 Ab’i Tesalonike 1:9.
18. Ni mu buryo ki “ishengero ryinshi” rimaze gucungurwa, kandi ni ibiki abarigize bazokwibonera muri kazoza?
18 Iyo zaburi ya Dawidi isozera n’aya majambo asubiriza umutima mu nda, agira ati: “Uhoraho acungura ubugingo bg’abasavyi biwe, mu bamuhungirako nta n’umwe azocirwakw iteka” (Zaburi 34:22). Mu mpera z’umwaka ugira 40 Umwami Dawidi ari ku ngoma, yavuze ati: “[Imana] yagiye [i]ndokora mu vyago vyose” (1 Abami 1:29). Nka kurya kwa Dawidi, abatinya Yehova vuba bazoshobora gutereza amaso inyuma, maze banezerwe kubona bataciriweko iteka kubera icaha be no kubona bararokowe mu ngorane zose zabashikiye. Benshi mu bakirisu basizwe baramaze kuronka impera yabo mw’ijuru. Abagize “ishengero ryinshi” bo mu mahanga yose bariko barifatanya n’amasigarira ya benewabo na Yezu mu gukorera Imana, maze ivyo bigatuma baba abantu bahumanuwe mu nyonga za Yehova. Ni abantu bahumanuwe kubera yuko bizera ububasha bwo gucungura bw’amaraso ya Yezu yasesetse. Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi ya Kristu igiye kuza, ivyiza biva ku nkuka y’incungu bizokoreshwa kuri bo mu buryo bushitse, bitume baba abatagira agasembwa.—Ivyahishuriwe 7:9, 14, 17; 21:3-5.
19. Abagize “ishengero ryinshi” biyemeje gukora iki?
19 Ni kubera iki ivyo vyiza vyose bizoronswa “ishengero ryinshi” rigizwe n’abasavyi b’Imana? Ni uko bafise umwiyemezo wo kubandanya gutinya Yehova, bakamukorera babigiranye akoba n’ukugamburuka kurimwo ukumwubaha. Mu vy’ukuri, ugutinya Yehova gutuma muri iki gihe tugira ubuzima buhimbaye, kukongera kukadufasha ‘gucakira ubuzima nyakuri’, ni ukuvuga ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana.—1 Timoteyo 6:12, 18, 19; Ivyahishuriwe 15:3, 4.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki dukwiye gutinya Imana, kandi kuyitinya bisobanura iki?
• Ugutinya Imana gukwiye kugira ico gukoze gute ku kuntu twigenza?
• Ni ivyiza ibihe biva ku gutinya Imana?
• Ni imihango iyihe idufasha kwihangana?
[Ifoto ku rup. 26]
Abatinya Yehova bariyubara igihe igikorwa cabo kiba kibujijwe
[Ifoto ku rup. 28]
Iciza kuruta ibindi vyose dushobora gukorera bagenzi bacu ni ukubabwira inkuru nziza y’Ubwami