ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/8 rup. 26-30
  • Tinya Yehova maze wironkere agahimbare!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tinya Yehova maze wironkere agahimbare!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Barasubiye kugira agahimbare
  • Yemeye gucumukura hako acumura
  • Ugutinya Imana kurazana agahimbare
  • ‘Niwikomeze biciye kuri Yehova’
  • Iragi ry’agaciro
  • Nube inkerebutsi mu gutinya Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nunezererwe ubuzima mu kubaho utinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/8 rup. 26-30

Tinya Yehova maze wironkere agahimbare!

“Hahiriwe umuntu atinya Yehova”.​—ZABURI 112:1, NW.

1, 2. Ugutinya Yehova gushobora kutuzanira iki?

AGAHIMBARE karagoye kuronka. Agahimbare nyakuri kava ku kugira amahitamwo abereye, ku gukora iciza no ku kwamirira kure ikibi. Umuremyi wacu Yehova yaraduhaye Ijambo ryiwe Bibiliya kugira ngo atwigishe ingene twobaho mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose. Turondeye ubuyobozi bwa Yehova tukongera tukabukurikiza, gutyo tukaba twerekanye ko tumutinya, turashobora vy’ukuri kunezerwa no guhimbarwa.​—Zaburi 23:1; Imigani 14:26.

2 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura uburorero bwo muri Bibiliya be n’ubwo muri iki gihe bwerekana ukuntu ugutinya Imana bifasha umuntu kunanira akosho ko gukora ikibi, bikanatuma agira uburindutsi bwo gukora iciza. Turaza kubona yuko ugutinya Imana gushobora kutuzanira agahimbare mu kutuvyurira umutima wo kugorora ingendo mbi twoba dufise, nk’uko Umwami Dawidi yabwirijwe kubigira. Turaza kubona kandi yuko ugutinya Yehova, koko ari iragi ry’agaciro abavyeyi bashobora kuraga abana babo. Ijambo ry’Imana ni ryo ridukura amazinda riti: “Hahiriwe umuntu atinya Yehova”.​—Zaburi 112:1, NW.

Barasubiye kugira agahimbare

3. Ni igiki cafashije Dawidi gusubirana inyuma y’aho akoreye ivyaha?

3 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Dawidi vyarashitse arabura ugutinya Imana kubereye mu bihe bitatu bikomeye, maze aracumura. Ariko rero, ukuntu yakiriye ugutozwa indero na Yehova vyarerekanye ko muri rusangi yari asanzwe ari umuntu atinya Imana. Icubahiro kigera kure yari afitiye Imana caramuvyuriye umutima wo kwemera ivyaha vyiwe, kugorora ingendo yiwe no gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Naho amakosa yiwe yatumye we hamwe n’abandi bahacumukurira, ukwigaya nyakuri kwiwe kwaratumye Yehova abandanya kumufata mu mugongo no kumuhezagira. Nta nkeka ko akarorero ka Dawidi gashobora gukomeza abakirisu bo muri iki gihe vyoshika bakagwa mu caha gikomeye.

4. Ugutinya Imana gushobora gute gufasha umuntu gusubira kugira agahimbare?

4 Rimbura ivyashikiye Sonjaa. Naho Sonja yari umwamamazanjili w’igihe cose, yaratanguye kuza arifatanya n’abagenzi babi, arahava arisuka mu ngeso zitabereye abakirisu, maze biraba ngombwa ko acibwa mw’ishengero rya gikirisu. Sonja mu nyuma yarikubise agashi arakora ibikenewe vyose kugira ngo anagure ubucuti yahora afitaniye na Yehova. Haciye igihe, yaragarukanywe mw’ishengero. Muri ico gihe cose, Sonja yaragumanye icipfuzo ciwe co gukorera Yehova. Amaherezo, yarasubiye gukora ubusuku bw’igihe cose ari umutsimvyi. Mu nyuma, yarubakanye n’umukurambere mukirisu w’intangakarorero, kandi ubu akorana na we ahimbawe mw’ishengero bakukira. Naho Sonja yicuza kubona vyarashitse aramara igihe kinaka yarataye inzira ya gikirisu, arahimbarwa kubona ugutinya Imana kwaramufashije kuyigarukako.

Yemeye gucumukura hako acumura

5, 6. Sigura ukuntu Dawidi yaretse kwica Sauli incuro zibiri zose be n’igituma yabigize.

5 Ariko ntiwumve, biraba vyiza kuruta, igihe ugutinya Imana gufashije umuntu kwirinda gukora icaha. Ukwo ni ko vyagendeye Dawidi. Igihe kimwe Sauli, ariko ahiga buhongo Dawidi akoresheje ingabo ibihumbi bitatu, yarinjiye mw’isenga rimwe, iryo rikaba ari ryo Dawidi n’abantu biwe bari binyegejemwo. Abantu ba Dawidi baciye bamuhimiriza kwica Sauli, bamubwira bati: ‘None si Yehova agabuye umwansi wawe mu maboko yawe?’. Dawidi yarasobotse adakoma n’akatsi arashikira Sauli, maze aca aca umutwe w’impuzu yiwe. Kubera ko Dawidi yatinya Imana, n’ico kintu yakoze bisa n’uko ata nabi kirimwo caratumye ijwi ryiwe ryo mu mutima rimubuza amahoro. Dawidi yaratesheje abo bantu biwe bari barakaye, avuga ati: “Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ari we Uhoraho yimikishije amavuta!”b.​—1 Samweli 24:1-7.

6 Ikindi gihe, Sauli yari akambitse ahantu mw’ijoro, kandi we n’ingabo ziwe zose “Uhoraho yari yabasinzirije ubutikoma”. Dawidi ari kumwe na mwishwawe w’umurindutsi Abishayi, baranyuragiye muri izo ngabo aho zari zikambitse, maze bahagarara aho nyene Sauli yari aryame umukondorazosi. Abishayi yaciye ashaka kumukuraho ngo bihere biheze. Dawidi yaciye abuza Abishayi mu kumubaza ati: “Har’uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?”.​—1 Samweli 26:9, 12.

7. Ni igiki cafashije Dawidi kwirinda gucumura?

7 Ni kubera iki none Dawidi atishe Sauli igihe yamuronka akabero izo ncuro zibiri zose? Ni kubera yuko yatinya Yehova kuruta uko yatinya Sauli. Kubera ugutinya Imana kubereye kwiwe, yari yiteguriye gucumukura mu gihe bibaye ngombwa, aho gucumura (Abaheburayo 11:25). Yari yizigiye n’umutima wiwe wose ko Yehova yitaho abasavyi biwe, na we nyene atamwibagiye. Dawidi yari azi ko kugamburukira Imana no kuyizigira vyomuzaniye agahimbare be n’imihezagiro myinshi, mu gihe kuyirengagiza vyovyo vyotumye atemerwa n’Imana (Zaburi 65:4). Vyongeye, yari azi ko Imana yoshikije umuhango yari yaratanze wo kumwimika, kandi ko yokuye Sauli ku ngoma igihe yashinze kigeze kandi mu buryo yo ubwayo ibibona.​—1 Samweli 26:10.

Ugutinya Imana kurazana agahimbare

8. Ukuntu Dawidi yigenjeje mu bintu bigoye yarimwo bitubera gute akarorero?

8 Twebwe abakirisu, birashobora gushika tugatyekezwa, tugahamwa canke tugashikirwa n’ibindi bigeragezo (Matayo 24:9; 2 Petero 3:3). Rimwe na rimwe, vyoshobora gushika mbere tukagiranira ingorane n’abo dusangiye ugusenga. Ariko rero, turazi yuko Yehova abona ibintu vyose, ko yumva amasengesho tumutura, kandi ko igihe kibereye kigeze, azogorora ibintu ahuje n’ivyo agomba (Abaroma 12:17-21; Abaheburayo 4:16). Ku bw’ivyo rero, aho gutinya abaturwanya, dutinya Imana twiteze ko ari yo iturokora. Cokimwe na Dawidi, ntitwihora canke ngo turenge ku ngingo ngenderwako zigororotse turondera kudacumukura. Kubigenza gutyo biraheza bikatuzanira agahimbare. Uti mu buryo ki?

9. Tanga akarorero kerekana ingene ugutinya Imana gushobora gutuma umuntu agira agahimbare naho yoba ari mu ruhamo.

9 Umumisiyonari umwe abumazemwo igihe kirekire muri Afirika yigana ati: “Ndazirikana kuri inabibondo umwe n’umukobwa wiwe w’umuyabaga banse kugura amakarata y’umugambwe kubera impagararo yabo ya gikirisu yo kutagira aho bahengamiye mu vya politike. Barakubiswe n’isinzi ry’abantu, hanyuma babwirwa gutaha i muhira. Bariko barataha, uwo muvyeyi yaguma agerageza guhumuriza umukobwa wiwe yariko ararira, uno akaba atatahura igituma ivyo bintu vyabashikiye. Ico gihe nta munezero bari bafise, yamara bari bafise ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi. Mu nyuma, barahimbawe cane kubera bari bagamburukiye Imana. Iyo bagura ayo makarata y’umugambwe, nya sinzi ry’abantu akamwemwe kari kubasya. Bari kubaha utunyobwa bakongera bakagenda inzira yose babatambira gushika i muhira. Yamara, uwo mwigeme na nyina wiwe iyo babigenza gutyo, kubera bobaye bazi ko bahemutse, bobaye abantu badahimbawe na gato”. Ugutinya Imana kwabo kwarabakingiye ivyo vyose.

10, 11. Ni ivyiza ibihe umugore umwe yironkeye kubera ugutinya Imana kwiwe?

10 Ikindi kandi, ugutinya Imana kuratuma umuntu agira agahimbare mu gihe c’ibigeragezo bijanye n’ukwubaha ubweranda bw’ubuzima. Igihe uwitwa Mary yari yibungenze umwana wiwe wa gatatu, hari umuganga yamuhimirije gukorora iyo mbanyi. Uno yavuze ati: “Imbanyi yawe irakugeramiye. Urashobora kugira ingorane igihe ico ari co cose kandi mu masaha 24 ukaba wamaze gupfa, n’umwana na we nyene agaca ahasiga ubuzima. Uko biri kwose, nta kintu na kimwe cemeza ko uwo mwana azovuka ameze neza”. Ico gihe, Mary yariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ariko akaba atari bwabatizwe. Mary avuga ati: “Naho vyari vyifashe ukwo, nari maze gufata ingingo yo gukorera Yehova kandi nari niyemeje kuguma ndamugamburukira, naho vyogenze gute”.​—Kuvayo 21:22, 23.

11 Muri ico gihe Mary yari yibungenze, yagumye yigana umwete Bibiliya yongera yitwararika umuryango wiwe. Nya mwana yahavuye avuka. Mary yigana ati: “Ivuka ry’uwo mwana ryaragoye gatoyi kuruta iry’abo bandi bana babiri, mugabo nta ngorane zikomeye zahabaye”. Ugutinya Imana kwarafashije Mary kugumana ijwi ryiza ryo mu mutima, kandi bidatevye yarabatijwe. Uko uwo mwana yagenda arakura, ni ko na we nyene yiga gutinya Yehova, ubu akaba asukurira ku biro bimwe vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova.

‘Niwikomeze biciye kuri Yehova’

12. Ugutinya Imana kwakomeje gute Dawidi?

12 Ugutinya Yehova kwa Dawidi ntikwamufashije gusa kwirinda gukora ibitabereye. Kwaranamukomeje kuratuma ahaguruka aragira ico akoze abigiranye ubukerebutsi igihe yari mu bintu bigoye. Dawidi, ari kumwe n’abantu biwe, yarahunze Sauli, amara umwaka n’amezi ane i Sikulagi hagati mu gihugu c’Abafilisitiya (1 Samweli 27:5-7). Igihe kimwe, abagabo badahari, Abamaleki barateye ico gisagara baragiturira maze batwara abagore babo bose, abana babo bose be n’amasho yabo yose. Dawidi n’abantu biwe bagarutse bakabona ivyabaye, baciye baturikisha bararira. Intuntu abo bantu ba Dawidi bari bafise yaciye ihindukamwo ishavu, maze batangura kuja inama yo kumutera amabuye. Naho Dawidi yari afise intuntu, ntiyihebuye (Imigani 24:10). Ugutinya Imana kwiwe kwaramuvyuriye umutima wo kwitura Yehova, maze ‘ariremesha amwisunze’, ni ukuvuga arikomeza biciye kuri Yehova. Dawidi n’abantu biwe, bafashijwe n’Imana, barakurikiye nya Bamaleki barabashikira, maze baragarukana ibintu vyose bari batwaye.​—1 Samweli 30:1-20.

13, 14. Ugutinya Imana kwafashije gute umukirisukazi umwe gufata ingingo nziza?

13 Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe na bo nyene barashikirwa n’ibintu bisaba ko bizigira Yehova bakongera bakagira uburindutsi mu gufata ingingo ntabanduka. Rimbura nk’ivyashikiye uwitwa Kristina. Akiri muto, yarigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mugabo yipfuza kuba umucuraranzi acuraranga ipiyano mu biteramo, kandi yaragize iterambere riboneka kugira ico kintu agishikeko. Yamara, yumva kwamamaza vyomutera ubuyega, akaba ari co gituma yatinya kwemera amabanga yogize amaze kubatizwa. Uko Kristina yabandanije kwiga Ijambo ry’Imana, yaratanguye kwibonera ububasha bwaryo. Yariko ariga ugutinya Yehova, kandi yahavuye abona yuko Yehova yitega ko abasavyi biwe bamukunda n’umutima wabo wose, n’ubwenge bwabo bwose, n’ubugingo bwabo bwose be n’inkomezi zabo zose (Mariko 12:30). Ivyo vyaramuvyuriye umutima wo kwiyegurira Yehova maze arabatizwa.

14 Kristina yarasavye Yehova ngo amufashe gutera imbere mu vy’impwemu. Asigura ati: “Nari nzi ko ubuzima bw’umucuraranzi avuza ipiyano mu biteramo busaba ko yama ari ku nzira, bukongera bugasaba ko atera amakontara yo kuremesha ibiteramo bishika 400 ku mwaka. Ni co gituma naciye mfata ingingo yo kuba umwigisha kugira ngo ndonke ikimbeshaho nongere mbe umwamamazanjili w’igihe cose”. Ico gihe, vyari bimaze gutegekanywa ko Kristina aremesha igiteramo ciwe ca mbere mu ngoro y’ibiteramo izwi cane yo mu gihugu yabamwo. Avuga ati: “Igiteramo ca mbere naremesheje ni na co cabaye ica nyuma”. Mu nyuma, Kristina yarubakanye n’umukurambere mukirisu. Ubu bompi bakorera ku biro bimwe vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Arahimbawe no kuba Yehova yaramukomeje arafata ingingo zibereye, akaba ahimbawe kandi no kuba ashobora ubu gukoresha umwanya wiwe n’inguvu ziwe mu murimo wa Yehova.

Iragi ry’agaciro

15. Ni iragi irihe Dawidi yipfuza kuraga abana biwe, kandi yaribaraze gute?

15 Dawidi yanditse ati: “Yemwe bana bato, ni muze, munyumve: ndabigishe [“ugutinya Yehova”, NW]” (Zaburi 34:11). Dawidi, uwari sebibondo, yaripfuza cane kuraga abana biwe iragi ry’agaciro, iryo na ryo akaba ari ugutinya Yehova kw’ukuri, kuri ku rugero kandi kwiza. Mu mvugo no mu ngiro, Dawidi yarerekanye ko Yehova atari Imana isaba ibirenze kandi iteye ubwoba, yama ireretse uworenga ku mategeko yayo, ahubwo yuko ari Umuvyeyi munyarukundo, yitwararika abana biwe bo kw’isi akongera akabaharira. Dawidi yabajije ati: “Ni nde ashobora kuguma arondera gutora amakosa?”. Mu kwerekana ko yajijutse yuko Yehova atama ariko ararondera kudutora amahinyu, yaciye yongerako ati: “Ntumparureko ibintu vyinyegeje!”. Dawidi yari azi adakeka ko mu gihe yokwihase uko ashoboye kwose, amajambo yiwe be n’ivyiyumviro vyiwe vyoshoboye gushimwa na Yehova.​—Zaburi 19:12, 14, Byington.

16, 17. Abavyeyi bashobora gute kwigisha abana babo gutinya Yehova?

16 Dawidi ni akarorero keza ku bavyeyi muri iki gihe. Uwitwa Ralpf, akaba akorera ku biro bimwe vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova na mutoyi wiwe, avuga ati: “Abavyeyi bacu batureze mu buryo bwatuma kuba mu kuri bituryohera. Tukiri bato, baradushira mu biyago vyabo vyerekeye imirimo y’ishengero, kandi ivyo vyatumye tugirira ukuri igishika nk’ico na bo bari bagufitiye. Batureze batwereka yuko dushobora gukora ivyiza mu murimo wa Yehova. Kukaba nkako, umuryango wacu wamaze imyaka itari mike uba mu gihugu gikenye cane abamamaji b’Ubwami, kandi warafashije mu gutanguza amashengero mashasha.

17 “Amategeko menshi agoye si yo yadufashije kuguma tugendera mu nzira y’ukugororoka, ahubwo twafashijwe n’uko abavyeyi bacu Yehova babona ko atari umugani kandi ko ari umugwaneza n’umunyabuntu cane rwose. Baguma barondera kumenya Yehova neza kuruta no kumuhimbara, kandi twarigiye ku gutinya Imana nyakwo kwabo no ku rukundo bamukunda. N’igihe twaba twakoze ikosa, abavyeyi bacu ntibatuma twumva ko Yehova atakidukunda; eka kandi ntibaca batwarwa n’agashavu ngo badufatire ingingo zikomeye zidafise ishingiro. Akenshi, baratwicarika ahantu, maze bakatuyagisha bitonze bagerageza gushikira umutima wacu, rimwe na rimwe mawe bikaba vyaranashika agakorora amosozi. Kandi, vyaravuyemwo ivyiza. Biciye mu mvugo no mu ngiro, abavyeyi bacu baratwigishije ko ugutinya Yehova ari ikintu ciza igitangaza kandi ko kuba Icabona atari umuzigo, ahubwo ko ari ikintu giteye umunezero n’agahimbare”.​—1 Yohana 5:3.

18. Tuzokwunguka iki nitwatinya Imana y’ukuri?

18 Mu ‘majambo ya nyuma ya Dawidi’, dusoma duti: ‘Igihe hari uwuganza abantu mu bugororotsi, agatwara [“atinya”, NW] Imana, araheza akabarasira nk’umutwenzi iyo utambitse, nk’izuba iyo rirashe mu gatondo’ (2 Samweli 23:1, 3, 4). Salomo, umuhungu wa Dawidi akaba ari na we yamusubiriye ku ngoma, biboneka ko ayo majambo yayatahuye neza, kubera ko yasavye Yehova kumuronsa “umutima ugamburuka” (NW) be n’ubushobozi bwo ‘kumenya gutandukanya ikibi n’iciza’ (1 Abami 3:9). Salomo yaratahuye yuko gutinya Yehova ari yo ngendo y’ubukerebutsi n’agahimbare. Mu nyuma, yasozereye igitabu c’Umusiguzi n’aya majambo agira ati: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: [“Tinya”, NW] Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese. Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza” (Umusiguzi 12:13, 14). Nitwakurikiza iyo mpanuro, tuzokwibonera vy’ukuri ko “ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho”, ari kwo kumutinya, atari ubukerebutsi n’agahimbare gusa, ariko kandi ko ari “icubahiro n’ubu[zima]”.​—Imigani 22:4.

19. Ni igiki kizodufasha gutahura ico ari ico “ugutinya Yehova”?

19 Biciye kuri ubwo burorero bwo muri Bibiliya be n’ubwo muri iki gihe, turabonye yuko ugutinya Imana kubereye kugira uruhara rwiza mu buzima bw’abasavyi ba Yehova b’ukuri. Mwene ukwo gutinya ntikuturinda gukora gusa ibibabaza Data wa twese wo mw’ijuru, ariko kandi kurashobora gutuma tugira uburindutsi igihe hari abansi batubangamiye, kukongera kukaturonsa inkomezi zo kwihanganira ibigeragezo be n’ibintu bigoye bidushikira. Ku bw’ivyo rero, nimuze, abato n’abakuze, tugire umwete wo kwiga Ijambo ry’Imana, kuzirikana ku vyo twiga no kwiyegereza Yehova biciye ku masengesho dutura ubudasiba kandi avuye ku mutima. Nitwabigenza gutyo, ntituzokwironkera “ukumenya Imana” gusa, ariko kandi tuzotahura ico ari co “ugutinya Yehova”.​—Imigani 2:1-5, gereranya na NW.

[Utujambo tw’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

b Ico kintu cabaye gishobora kuba ari kimwe mu vyashikiye Dawidi vyatumye atunganya Zaburi ya 57 be n’iya 142.

Woshobora kuvyishura?

Ugutinya Imana gushobora gute

• gufasha umuntu gusubirana yarakoze icaha gikomeye?

• gutuma umuntu agira agahimbare mu bintu bigoye no mu ruhamo?

• kuturonsa inkomezi zo gukora ivyo igomba?

• kuba iragi ry’agaciro tworaga abana bacu?

[Ifoto ku rup. 26]

Ugutinya Yehova kwatumye Dawidi yirinda kwica Umwami Sauli

[Ifoto ku rup. 29]

Ugutinya Imana ni iragi ry’agaciro abavyeyi bashobora kuraga abana babo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika