Nube inkerebutsi mu gutinya Imana
“Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi”.—IMIGANI 9:10, NW.
1. Ni kubera iki abantu benshi babona ko gutinya Imana ari ikintu kigoye gutahura?
HARIGEZE kuba igihe aho umuntu atinya Imana wasanga abantu bamushima. Muri iki gihe hoho, abantu benshi babona ko gutinya Imana ari ikintu cataye igihe kandi kigoye gutahura. Boshobora kubaza bati: ‘Niba Imana ari urukundo, ni kubera iki none noyitinya?’. Bo babona ko ugutinya ari inyiyumvo itabereye, mbere ihagarika umuntu umutima. Ariko rero, nk’uko tuza kubibona, ugutinya Imana kw’ukuri gusobanura ibintu vyinshi, si inyiyumvo gusa.
2, 3. Ugutinya Imana nyakwo kurimwo iki?
2 Uravye ukuntu Bibiliya ikoresha imvugo ugutinya Imana, usanga ari ikintu ciza (Yesaya 11:3). Ni ukwubaha Imana bimwe bigera kure, ukugira icipfuzo gikomeye co kutayibabaza (Zaburi 115:11). Ugutinya Imana kurimwo ukwemera ingingo mfatirwako zayo zigenga ikibereye n’ikitabereye hamwe n’ukuzumirako, kukabamwo n’ukugira icipfuzo co kubaho twisunga ivyo Imana ivuga ko bibereye canke bitabereye. Igitabu kimwe cerekana ko mwene ukwo gutinya kwiza guserura “uburyo buhambaye umuntu abona Imana butuma yigenza mu buryo buranga ubukerebutsi, bukanatuma yirinda gukora ikibi ico ari co cose”. Birabereye rero kubona Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi”.—Imigani 9:10, NW.
3 Mu vy’ukuri, ugutinya Imana kuragira ico gukoze ku mice itandukanye y’ivyo abantu bakora. Ntigutuma umuntu agira ubukerebutsi gusa, ariko kandi kuratuma aronka umunezero, amahoro, ivyiwe bisagamba, akaramba kandi akagira n’ukwizigira (Zaburi 2:11; Imigani 1:7; 10:27; 14:26; 22:4; 23:17, 18; Ivyakozwe n’intumwa 9:31). Kurafitaniye isano cane n’ukwizera be n’urukundo. Mu vy’ukuri, kuragira ico gukoze ku bucuti bwose dufitaniye n’Imana be n’imigenderanire yose tugiranira n’abantu nkatwe (Gusubira mu vyagezwe 10:12; Yobu 6:14; Abaheburayo 11:7). Ugutinya Imana kurimwo ukwemera tudakeka yuko Data wa twese wo mw’ijuru ubwiwe atwitaho, kandi ko yiteguriye guharira ibigabitanyo vyacu (Zaburi 130:4). Abanyakibi batigaya ni bo bonyene bakwiye guhinda agashitsi imbere y’Imanaa.—Abaheburayo 10:26-31.
Twige gutinya Yehova
4. Ni igiki gishobora kudufasha “kwiga gutinya Yehova”?
4 Ko ugutinya Imana ari ikintu gihambaye cane kidufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi no kuronka imihezagiro yayo, dushobora gute none “kwiga gutinya Yehova” mu buryo bubereye (Gusubira mu vyagezwe 17:19, NW)? Ivyanditswe birimwo uburorero bwinshi bw’abagabo n’abagore batinya Imana bwanditswe ‘kugira ngo butwigishe’ (Abaroma 15:4). Kugira ngo dutahure neza ico ugutinya Imana gusobanura vy’ukuri, nimuze twihweze ubuzima bw’umwe muri bo, uwo na we akaba ari wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera.
5. Igikorwa co kuragira cafashije gute Dawidi kumenya ico ari co ugutinya Yehova?
5 Sauli wa mwami wa mbere wa Isirayeli, Yehova yaramukuyeko amaboko kuko yatinya abantu, aho gutinya Yehova (1 Samweli 15:24-26). Ariko Dawidi wewe, ubuzima bwiwe be n’ubucuti bwa hafi yari afitaniye na Yehova birerekana ko yari umuntu atinya Imana vy’ukuri. Dawidi akiri muto, yarakunda kuba ari kuragira intama za se (1 Samweli 16:11). Amajoro Dawidi yamaze munsi y’ijuru ryuzuye inyenyeri ari kuragira, ategerezwa kuba yaramufashije gutahura ico ari co ugutinya Yehova. Naho Dawidi yashobora kubona gusa agace gatoyi k’ijuru ringana amahero, yaratahuye iki kintu c’ukuri: Imana irakwiriye ko tuyubaha tukongera tukayisenga. Mu nyuma yanditse ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka, cank’umwana w’umuntu ah’umugendera?”.—Zaburi 8:3, 4.
6. Dawidi yumvise amerewe gute igihe yatahura ubukuru bwa Yehova?
6 Birakwiriye kubona Dawidi yarakozwe ku mutima cane igihe yigereranya n’ijuru ringana amahero agasanga we angana n’akantu ide. Kuba yaratahuye ivyo, ntivyatumye atekerwa n’ubwoba, ahubwo vyaramuvyuriye umutima wo gushemeza Yehova ati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo” (Zaburi 19:1). Ico cubahiro Dawidi yari afitiye Yehova Imana catumye amwiyegereza, congera kiratuma yipfuza kumenya inzira ziwe zitunganye no kuzikurikira. Iyumvire nawe ukuntu Dawidi yumva amerewe igihe yaririmbira Yehova ati: “U[ra]hambaye, kand’ukora ibitangaza: ni wewe Mana wenyene. Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; egeranya umutima wanje [“ku bwo gutinya”, NW] izina ryawe”.—Zaburi 86:10, 11.
7. Ugutinya Imana kwafashije gute Dawidi kurwana na Goliyati?
7 Igihe Abafilisitiya batera igihugu ca Isirayeli, Goliyati, wa muhizi wabo yareha n’imetero hafi zitatu, yaracokoye Abisirayeli, amera nk’uwuvuga ati: ‘Ni mwitorere umuntu kugira ngo aze turwane umwe ku wundi. Niyanesha, tuzoba abaja banyu’ (1 Samweli 17:4-10). Sauli n’ingabo ziwe zose baratekewe n’ubwoba, ariko Dawidi we ubwoba yarabaza. Yari azi ko Yehova ari we abereye gutinywa, ko ata muntu n’umwe abikwiriye, naho yoba akomeye gute. Dawidi yabwiye Goliyati ati: ‘Nje kukurwanya mw’izina [rya “Yehova”, NW] Nyen’ingabo, kandi iri koraniro ryose riramenya yuko [“Yehova”, NW] adakirisha inkota canke icumu kuko intambara ari iyiwe’. Dawidi, akoresheje umugozi wiwe n’ibuye rimwe, kandi afashijwe na Yehova, nya rugatanya yarugize ingatu.—1 Samweli 17:45-47.
8. Uburorero bumwebumwe bw’abantu batinya Imana bavugwa muri Bibiliya butwigisha iki?
8 Nk’ukwo kwa Dawidi, vyoshika tukagira intambamyi zigoye cane canke abansi bateye ubwoba. Muri ico gihe none twoca dukora iki? Twoshobora kuvyifatamwo nk’uko Dawidi be n’abandi basavyi b’intahemuka bo mu gihe ca kera bavyifashemwo, tugakorana ugutinya Imana. Ugutinya Imana kurashobora kunesha ugutinya abantu. Umusavyi w’Imana w’intahemuka Nehemiya yahimirije Abisirayeli bagenziwe bariko barashirwako iterabwoba n’ababarwanya, ati: “Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba” (Nehemiya 4:14). Dawidi, Nehemiya be n’abandi basavyi b’Imana b’intahemuka, bafashwe mu mugongo na Yehova, bararanguye ibikorwa yabashinze. Na twebwe turashobora kubigenza gutyo tubifashijwemwo n’ugutinya Imana.
Duhangane n’ingorane tubigiranye ugutinya Imana
9. Ni mu bihe bimwebimwe ibihe Dawidi yerekanye ko atinya Imana?
9 Inyuma y’aho Dawidi agandaguriye Goliyati, Yehova yaramuhaye n’izindi ntsinzi. Ariko rero, Sauli n’ishari n’akantu yaragerageje kwica Dawidi, ubwa mbere abigira gihuruduka, ubukurikira abigirana urwenge, amaherezo akoresha igitero c’ingabo. Naho Yehova yari yarakuye amazinda Dawidi ko ari we yobaye umwami, vyarabaye ngombwa ko amara imyaka n’iyindi ahunga, arwana kandi arindiriye yuko igihe Yehova yashinze c’uko yimikwa kigera. Muri ivyo vyose, Dawidi yarerekanye ko atinya Imana y’ukuri.—1 Samweli 18:9, 11, 17; 24:2.
10. Dawidi yerekanye gute ko atinya Imana igihe yari ageramiwe?
10 Igihe kimwe, Dawidi yaragiye gusaba ubuhungiro Akishi umwami w’igisagara c’Abafilisitiya c’i Gati, aho Goliyati yahora aba (1 Samweli 21:10-15). Abasuku b’umwami barareze Dawidi bavuga ko ari umwansi w’ihanga ryabo. None Dawidi yakoze iki ico gihe yari mu mbisi no mu zihiye? Yaraseruriye Yehova mw’isengesho ingorane ziwe (Zaburi 56:1-4, 11-13). Naho Dawidi yabwirijwe kwigira nk’umusazi kugira ngo arokore igufa, yaratahuye ko vy’ukuri Yehova ari we yamurokoye mu guhezagira utwigoro yagize. Uburyo Dawidi yihetse kuri Yehova n’umutima wiwe wose be n’ukuntu yamwizigiye agaherezako, vyarerekanye ko yari umuntu vy’ukuri atinya Imana.—Zaburi 34:4-6, 9-11.
11. Nk’uko Dawidi yabigize, dushobora gute kwerekana ko dutinya Imana igihe turi mu bihe bigoye?
11 Nk’ukwo kwa Dawidi, na twebwe nyene turashobora kwerekana ko dutinya Imana mu kwizigira umuhango yatanze wo kudufasha kumenya uko tuvyifatamwo mu ngorane zidushikira. Dawidi yavuze ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa” (Zaburi 37:5). Ivyo ntibisobanura yuko ari ugutura gusa ingorane zacu Yehova, tugaca twiraramira ntidukore uko dushoboye kwose kugira tuzitorere umuti, twiteze ko ari we azidutunganiriza. Dawidi ntiyasavye Imana ngo imufashe, hanyuma aca ariraramira. Yarakoresheje ubushobozi bw’umubiri be n’ubwenge Yehova yamuhaye, maze aca ararondera gutorera umuti ingorane yarimwo. Yamara, Dawidi yari azi yuko utwigoro twose umuntu yogira atari two twonyene twotuma atorera umuti ingorane afise. Ukwo ni ko natwe dukwiye kubigenza. Igihe tumaze gukora ivyo dushoboye vyose, aho ni ho dutegerezwa guca turekera Yehova ibisigaye. Nkako, akatari gake usanga ata kindi kintu twoshobora gukora atari ukwiheka kuri Yehova. Ico gihe ni ho ugutinya Imana kwacu guca kubonekera. Twoshobora guhumurizwa n’aya majambo avuye ku mutima Dawidi yavuze, agira ati: “Ukunywana na Yehova ni ukw’abamutinya”.—Zaburi 25:14, NW.
12. Ni kubera iki dukwiye gufatana uburemere amasengesho dutura, kandi ni agatima akahe dukwiye kutigera tugira?
12 Ku bw’ivyo rero, turakwiye gufatana uburemere amasengesho dutura be n’ubucuti dufitaniye n’Imana. Igihe twegereye Yehova mw’isengesho, dutegerezwa ‘kwizera yuko abaho kandi ko aha impera abamuronderana’ ubwira (Abaheburayo 11:6; Yakobo 1:5-8). Vyongeye, igihe adufashije dukwiye kwama ‘dukenguruka’, nk’uko intumwa Paulo yabiduhanuye (Ab’i Kolosayi 3:15, 17). Ntidukwiye kwigera tumera nk’aba bantu umukirisu umwe yasizwe ahumuye yadondoye ati: “Bibaza ko Imana ari nk’umusuku wo mw’ijuru arindiriye ico bamutuma. Igihe hari ico bakeneye, bakira gusa kuvuza agahwa akaba yamaze kuhashika. Kandi, bamaze kwironkera ico bashaka, baca bamusaba kugenda”. Agatima mwene ako kerekana ukudatinya Imana.
Igihe ugutinya Imana kwiwe kwagoyagoya
13. Ni ryari vyashitse Dawidi ntiyubaha Ivyagezwe vy’Imana?
13 Gufashwa na Yehova mu gihe c’amarushwa vyaratumye Dawidi arushiriza kumutinya no kumwizigira (Zaburi 31:22-24). Ariko rero, mu bihe bitatu bikomeye, vyarashitse ugutinya Imana kwiwe kuragoyagoya, ivyo bikaba vyaragize ingaruka zikomeye. Ubwa mbere, ugutinya Imana kwiwe kwaragoyagoye igihe yatunganya ivy’uko isandugu y’isezerano ya Yehova itwarwa i Yeruzalemu ku mukogote kandi yabwirizwa kugenda ireruwe n’Abalewi ku bitugu, nk’uko Ivyagezwe vy’Imana vyasaba. Igihe Uza, uwariko ayobora uwo mukogote, yatuma ukuboko ngo ayisame, yaciye agwa bukumbi ahowe “ico gicumuro” akoze. Ego ni ko, Uza yarakoze icaha gikomeye, yamara ku bwa ngingo, kuba Dawidi atubashe Ivyagezwe vy’Imana ni vyo vyatumye iryo bara rigwa. Uca ubona rero ko gutinya Imana birimwo no gukora ibintu duhuza n’indinganizo yashizeho.—2 Samweli 6:2-9; Guharūra 4:15; 7:9.
14. Igihe Dawidi yaharura ingabo za Isirayeli vyakweze ingaruka iyihe?
14 Haciye igihe, Dawidi yaraharuye ingabo z’Abisirayeli asunitswe na Shetani (1 Ngoma 21:1). Guharura izo ngabo vyarerekanye ko ugutinya Imana kwa Dawidi kwari kwagoyagoye, bituma hapfa Abisirayeli 70.000. Naho Dawidi yigaye kuri Yehova, we hamwe n’abandi banyagihugu barahacumukuriye.—2 Samweli 24:1-16.
15. Ni igiki catumye Dawidi agwa mu caha c’ubusambanyi?
15 Ikindi gihe vyarashitse ugutinya Imana kwa Dawidi kuragoyagoya, bituma asambana na Batisheba muka Uriya. Dawidi yari azi ko kurenga ibigo canke mbere kwipfuza umugore wa mugenziwe vyari bibi (Kuvayo 20:14, 17). Ingorane yatanguye igihe Dawidi yabona Batisheba ariko ariyoga. Ugutinya Imana kubereye kwari gukwiye guca gutuma Dawidi ahindukiriza amaso yiwe n’ivyiyumviro vyiwe ahandi. Aho kubigenza gutyo, biboneka yuko Dawidi ‘yagumye amuraba’ gushika n’aho inambu y’umubiri irengera ugutinya Imana kwiwe (Matayo 5:28, NW; 2 Samweli 11:1-4). Dawidi yaribagiye uruhara rugera kure Yehova yari afise mu buzima bwiwe.—Zaburi 139:1-7.
16. Ni ingaruka izihe zashikiye Dawidi kubera icaha yakoze?
16 Ubwo busambanyi bwa Dawidi na Batisheba bwavuyemwo umwana w’umuhungu. Hashize igihe gito, Yehova yararungitse umuhanuzi wiwe Natani gushira ahabona ico caha Dawidi yakoze. Dawidi amaze kwemanga icaha yakoze, yarasubiye gutinya Imana hanyuma arigaya. Yaratakambiye Yehova amusaba kutamukurako amaboko canke impwemu yiwe yera (Zaburi 51:7, 11). Yehova yarahariye Dawidi maze amucira ngufi, ariko ntiyamukingiye ingaruka zose zibabaje z’ivyo yari yakoze. Nya muhungu wiwe yarapfuye, kandi guhera ico gihe inzu yiwe yarashikiwe n’ibintu vy’akavunamutima be n’ivyago. Wabonye rero ingaruka zikomeye zamushikiye kubera ko ugutinya Imana kwiwe kwagoyagoye!—2 Samweli 12:10-14; 13:10-14; 15:14.
17. Tanga akarorero kerekana ukuntu gukora icaha bivuna umutima.
17 Muri iki gihe, kudatinya Imana mu vyo kwigenza runtu na vyo nyene vyoshobora guteza ingaruka zikomeye kandi z’igihe kirekire. Iyumvire nawe intuntu umukenyezi umwe akiri muto yagize igihe yamenya ko umunega wiwe w’umukirisu yamuhemukiye igihe yariko akorera hakurya y’amazi. Yaciye yumva umugongo ucitse kubera ukuvunika umutima be n’umubabaro, yifata mu maso aricurikira, araturikisha ararira. None wibaza ko uwo mugabo bizomutwara igihe kingana iki kugira uwo mukenyezi wiwe asubire kumwizigira no kumwubaha? Mwene izo ngaruka ziteye agahinda turashobora kuzirinda mu gutinya Imana vy’ukuri.—1 Ab’i Korinto 6:18.
Ugutinya Imana kuraturinda gukora icaha
18. Shetani arondera gushika ku ki, kandi akoresha iki kugira abishikeko?
18 Shetani ariko atuma imico runtu y’isi igenda iratituka ningoga na ningoga, kandi ahanini arondera gutuma abakirisu b’ukuri bononekara. Kugira ngo ivyo abishikeko, akoresha uburyo bunyaruka bwo gushikira imitima yacu n’imizirikanyi yacu, ni ukuvuga ibihimba vy’umubiri bidufasha kumenya ibidukikije, na canecane amaso n’amatwi (Abanyefeso 4:17-19). Wokora iki nka hamwe woza ubona ibintu vyerekana ubushegabo, canke ukumva amajambo y’ubushegabo, kibure ugahura n’abantu bataye ubuntu?
19. Ugutinya Imana kwafashije gute umukirisu umwe gutsinda inyosha mbi?
19 Zirikana ku vyashikiye Andréb, umukurambere mukirisu, sebibondo akaba n’umuganga mu gihugu kimwe c’i Buraya. Igihe André yaba yakoze ijoro ryose ku bitaro yakorerako, hari abakenyezi bakorana baguma bagira utwo bamwandikira ku dukarata twari ducapuweko umutima, bakadushira ku musego wiwe, bamusaba ngo baryamane. André yarashikama akanka kwumviriza amajambo yabo yo kumuryosharyosha. Vyongeye, kugira ngo ave aho hantu hari ingeramizi, yaciye arondera akazi ahandi. Gutinya Imana vyaragaragaye ko biranga ubukerebutsi cane kandi vyatumye André yironkera imihezagiro, kuko ubu akorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu gihugu c’amavukiro mu kiringo c’amasaha makeyi ku musi.
20, 21. (a) Ugutinya Imana gushobora gute kudufasha kwirinda gukora icaha? (b) Ni ibiki biza kurimburwa mu kiganiro gikurikira?
20 Kuguma twiyumvira ivyiyumviro bibi birashobora gutuma tugira agatima kotuma vyoroha cane ko duheba ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Yehova tukabukaba ikintu tudafitiye uburenganzira (Yakobo 1:14, 15). Yamara, mu gihe dutinya Yehova, ibibanza, ibikorwa be n’ukwiruhura bishobora gutuma tutaguma turi maso cane mu vy’ukwigenza runtu, turabica kure no kubihunga tukabihunga (Imigani 22:3). Naho ugutinya Imana kwoshobora gutuma tugira ubuyega canke kukadusaba kugira ivyo duhevye, ivyo vyose usanga ata co bivuze ubigereranije n’ukutemerwa n’Imana (Matayo 5:29, 30). Nta gukeka ko ugutinya Imana kurimwo n’ukutigera twishira imbere y’ikintu ico ari co cose kijanye n’ivy’ubuhumbu, harimwo n’amashusho yerekana ubushegabo y’ubwoko bwose, yamara tugakebukisha amaso yacu kugira “yoye kuraba ibitagir’ikimazi”. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwizigira ko Yehova ‘atuzigama’ akongera akaturonsa ikintu cose dukeneye koko.—Zaburi 84:11; 119:37, NW.
21 Vy’ukuri, gukorana ugutinya Imana nyakwo vyama ari yo ngendo y’ubukerebutsi. Vyongeye, ni isoko ry’agahimbare nyakuri (Zaburi 34:9). Ivyo biraza gutomorwa neza mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “D’après la Bible . . . Craindre un Dieu d’amour:en quel sens?” (Twisunze Bibiliya . . . Ushobora gute gutinya Imana y’urukundo?) co muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 1998, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Si ko yitwa.
Woshobora kubisigura?
• Gutinya Imana birimwo kamere za gikirisu izihe?
• Ugutinya Imana gushobora gute kudufasha gutsinda ugutinya abantu?
• Dushobora gute kwerekana ko tubona isengesho mu buryo bubereye?
• Ugutinya Imana gushobora gute kuturinda gukora icaha?
[Ifoto ku rup. 23]
Dawidi yaramenye ugutinya Imana ico ari co mu kwitegereza ivyo Yehova yaremye
[Ifoto ku rup. 24]
Wokora iki nka hamwe woshikirwa n’inyosha mbi?