ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/5 rup. 27-31
  • Dukorere Kirisitu Umwami tudahemuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukorere Kirisitu Umwami tudahemuka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Umwami avyurira abatwarwa biwe umutima wo kuba intahemuka
  • Ivyo umuntu asabwa kugira abe umutwarwa wa Kirisitu
  • Abatwarwa biwe baragamburuka icagezwe ciwe
  • Ukudahemuka kwacu kurageragezwa
  • Abatwarwa ba Kirisitu b’intahemuka bazoronka impera z’ibihe bidahera
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
  • Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/5 rup. 27-31

Dukorere Kirisitu Umwami tudahemuka

“Ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe”.​—DANIYELI 7:14.

1, 2. Ni igiki kitwemeza ko Kirisitu ataronse ububasha bwose bw’Ubwami mu 33 G.C.?

MBEGA ni umutegetsi uwuhe yashoboye gutanga ubuzima bwiwe ku bw’ineza y’abatwarwa biwe, yamara agasubira kubaho hanyuma akaganza ari umwami? Ni umwami uwuhe yashoboye kuba kw’isi, agatuma abatwarwa biwe bamwizigira bakongera bakaba intahemuka kuri we, maze mu nyuma akaganza ari mw’ijuru? Umuntu umwe rudende yashoboye kugira ivyo, hamwe n’ibindi vyinshi, ni Yezu Kirisitu (Luka 1:32, 33). Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., inyuma y’aho Kirisitu apfiriye, akazuka akongera akurira mw’ijuru, Imana “[yaramuhaye] ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose” (Abanyefeso 1:20-22; Ivyakozwe n’intumwa 2:32-36). Gutyo Kirisitu yaratanguye kuganza, yamara ku rugero runaka gusa. Abatwarwa biwe ba mbere babaye abakirisu basizwe, abo bakaba baciye bagira Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ‘Isirayeli y’Imana’.​—Ab’i Galatiya 6:16; Ab’i Kolosayi 1:13.

2 Haheze hafi imyaka 30 iyo Pentekote yo mu 33 G.C. ibaye, intumwa Paulo yaremeje ko Kirisitu atari bwaronke ububasha bwose bw’Ubwami, yamara ko yari “i buryo bg’Imana, ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe” (Abaheburayo 10:12, 13). Mu nyuma, ikinjana ca mbere co mu gihe cacu kiri mu kurangira, intumwa Yohani, uwari ageze mu zabukuru, yareretswe nko mu ndoto Segaba w’ibiriho vyose Yehova, ariko arimika Kirisitu Yezu ngo abe Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru bwari buherutse kuvuka (Ivyahishuriwe 11:15; 12:1-5). Dutereje amaso inyuma, turashobora gusuzuma ikimenyamenya ntaharirizwa cemeza ko Kirisitu yatanguye kuganza mw’ijuru ari Umwami Mesiya mu 1914a.

3. (a) Kuva mu 1914, inkuru nziza y’Ubwami imaze kugira uwuhe muce mushasha? (b) Ni ibibazo ibihe dushobora kwibaza?

3 Egome, kuva mu 1914 inkuru nziza y’Ubwami isigaye irimwo umuce mushasha uteye umunezero. Kuva ico gihe, Kirisitu ariko araganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, naho aganza “hagati y’abansi b[i]we” (Zaburi 110:1, 2; Matayo 24:14; Ivyahishuriwe 12:7-12). Vyongeye, hirya no hino kw’isi, abatwarwa biwe b’intahemuka barumvira n’umutima ukunze ubukuru bwiwe mu kugira uruhara muri porogarama y’ukwigisha Bibiliya ibera kw’isi yose itari bwigere igirwa kuva abantu babayeho (Daniyeli 7:13, 14; Matayo 28:18). Abakirisu basizwe, ari bo “bana b’ubgami”, ni “[“abaserukizi”, NW] mu gishingo ca Kristo”. Abo bakirisu bafashwe mu mugongo n’amasinzi y’abantu b’intahemuka batera bongerekana bo mu bagize “izindi ntama” za Kirisitu, abo na bo bakaba ari intumwa z’Ubwami bw’Imana (Matayo 13:38; 2 Ab’i Korinto 5:20; Yohana 10:16). Naho ari ukwo, turakeneye kwisuzuma umwe wese ku giti ciwe tukaraba niba mu vy’ukuri twemera icese ubukuru bwa Kirisitu. Mbega twoba tuguma turi intahemuka kuri we tutanyiganyiga? Twokwerekana gute ko turi intahemuka ku Mwami aganza ari mw’ijuru? Mugabo, reka tubanze duce irya n’ino imvo dufise zituma tuguma turi intahemuka kuri Kirisitu.

Ni Umwami avyurira abatwarwa biwe umutima wo kuba intahemuka

4. Ni ibintu ibihe Yezu yaranguye mu busuku bwiwe ngaha kw’isi ari Umwami yagenywe?

4 Turi intahemuka kuri Kirisitu kubera yuko dukenguruka ivyo yakoze be na kamere ziwe zitangaje (1 Petero 1:8). Igihe Yezu yari ngaha kw’isi ari Umwami yagenywe, yarerekanye ku rugero rutoyi ivyo azokora kw’isi yose ari Umwami aganza igihe Imana yashinze kigeze. Yaragaburiye abashonje, arakiza abarwaye, arahumura impumyi, arakiza ibimuga, abatumva n’ibiragi. Hari n’abo yazuye mu bapfuye (Matayo 15:30, 31; Luka 7:11-16; Yohana 6:5-13). Ikindi kandi, kumenya ivyerekeye ubuzima bwa Yezu igihe yari ngaha kw’isi, biradufasha kumenya kamere azoba afise igihe azoba ari we Mutegetsi aganza isi, canecane urukundo rwiwe rw’ukwitanga (Mariko 1:40-45). Ku bijanye n’iyo kamere, bivugwa yuko Napoléon Bonaparte yigeze kuvuga ati: “Alegizandere, Kayisari, Shariremanye, na jewe ubwanje twarashinze inganji, ariko burya ibintu bikomeye twaranguye twabishitseko dukoresheje iki? Inguvu. Yezu Kirisitu ni we wenyene yashinze ubwami bwiwe akoresheje urukundo, kandi muri iki gihe abantu amamiliyoni bokwemera gupfa bamuzira”.

5. Ni kubera iki kamere za Yezu zashimwa cane?

5 Kubera yuko Yezu yari umugwaneza akaba n’uwiyoroheje mu mutima, abari badendebuwe n’imikazo kandi baremerewe bararuhuriwe n’inyigisho ziwe zikomeza be na kamere ziwe z’igikundiro (Matayo 11:28-30). Abana bararyoherwa cane bari kumwe na we. Abagabo bicisha bugufi kandi batahura ibintu baremeye n’umutima ukunze kuba abigishwa biwe (Matayo 4:18-22; Mariko 10:13-16). Biciye ku kuntu yitwararika abandi akongera akabubaha, yaratumye abagore benshi batinya Imana baba intahemuka kuri we, abatari bake muri abo bakaba barakoresheje umwanya wabo, inguvu zabo, be n’ivyo batunze mu kumwitwararika mu gihe c’ubusuku bwiwe.​—Luka 8:1-3.

6. Ni inyiyumvo izihe ziranga ikibabarwe Yezu yagaragaje ko afise igihe Lazaro yapfa?

6 Hariho inyiyumvo ziranga ikibabarwe kuruta izindi Kirisitu yagaragaje ko afise igihe umukunzi wiwe Lazaro yapfa. Yezu yarakozwe ku mutima cane n’umubabaro mwinshi Mariya na Marita bari bafise ku buryo atashoboye kwigumya ngo ntiyicwe n’ikigumbagumba, maze aca “ararira”. ‘Vyaramwankiye’ (UB), aragira intuntu nyinshi, naho nyene yari azi ko mu kanya gatoyi yari agiye gutuma Lazaro asubira kuba muzima. Yezu, abitumwe n’urukundo be n’impuhwe, yaciye akoresha ububasha yahawe n’Imana, maze arazura Lazaro mu bapfuye.​—Yohana 11:11-15, 33-35, 38-44.

7. Ni kubera iki bibereye ko tuguma turi intahemuka kuri Yezu? (Raba kandi ibiri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 31.)

7 Urukundo rukomeye Yezu yakunda iciza be n’ingene yanka urunuka uburyarya n’ubukozi bw’ikibi biradutangaza rwose. Yaragize umutima rugabo arirukana mu rusengero incuro zibiri abadandaza b’abanyamwina (Matayo 21:12, 13; Yohana 2:14-17). Vyongeye, igihe yari ngaha kw’isi ari umuntu nkatwe, yaraciye mu bintu bigoye cane vy’ubwoko bwose, gutyo aribonera ubwiwe imikazo be n’ingorane bidushikira (Abaheburayo 5:7-9). N’ikindi kandi, Yezu yarumvise ukuntu umuntu yumva amerewe igihe yankwa akongera akarenganywa (Yohana 5:15-18; 11:53, 54; 18:38–19:16). Amaherezo, yaremeye n’umutima rugabo gupfa rubi kugira ngo akore ivyo Se agomba no kugira ngo abatwarwa biwe bazoronke ubuzima budahera (Yohana 3:16). Wumva none izo kamere za Kirisitu zitakuvyurira umutima wo kubandanya umusukurira udahemuka (Abaheburayo 13:8; Ivyahishuriwe 5:6-10)? Ariko none, ni ibiki umuntu asabwa kugira ngo abe umutwarwa wa Kirisitu Umwami?

Ivyo umuntu asabwa kugira abe umutwarwa wa Kirisitu

8. Ni ibiki abatwarwa ba Kirisitu basabwa?

8 Zirikana kuri aka karorero: Igihe umuntu ashaka kugira ubwenegihugu bw’ikindi gihugu usanga akenshi hariho ibintu binaka vy’ishimikiro asabwa gushitsa. Vyoshobora gushika abipfuza kugira ubwo bwenegihugu bagasabwa kuba abantu bafise kamere nziza kandi bafise amagara meza ku rugero rwashinzwe. Abatwarwa ba Kirisitu na bo nyene barakeneye kuguma bigenza runtu ku rugero rwo hejuru no kuguma bafise amagara meza yo mu buryo bw’impwemu.​—1 Ab’i Korinto 6:9-11; Ab’i Galatiya 5:19-23.

9. Dushobora gute kwerekana ko turi intahemuka kuri Kirisitu?

9 Yezu Kirisitu na we nyene arasaba abatwarwa biwe kuguma ari intahemuka kuri we no ku Bwami bwiwe. Barerekana ukwo kudahemuka mu kubaho bisunga ivyo yigishije igihe yari ngaha kw’isi ari uwagenywe kuzoba Umwami. Nk’akarorero, barashira imbere ivy’Ubwami be n’ivyo Imana igomba, aho gushira imbere ibijanye no gukurikirana ivy’umubiri (Matayo 6:31-34). Barihatira kandi kugaragaza kamere nk’iza Kirisitu, n’igihe baba bari mu bintu bigoye cane (1 Petero 2:21-23). N’ikindi kandi, abatwarwa ba Kirisitu barakurikiza akarorero yatanze mu kwibwiriza kugirira abandi iciza.​—Matayo 7:12; Yohana 13:3-17.

10. Dushobora gute kwerekana ko turi intahemuka kuri Kirisitu (a) mu muryango be no (b) mw’ishengero?

10 Abayoboke ba Yezu barerekana kandi ko ari intahemuka kuri we mu kugaragaza kamere ziwe mu muryango. Nk’akarorero, abanega barerekana ko ari intahemuka ku Mwami wabo wo mw’ijuru Kirisitu mu kumwigana mu kuntu bafata abakenyezi babo n’abana babo (Abanyefeso 5:25, 28-30; 6:4; 1 Petero 3:7). Abakenyezi barerekana ko ari intahemuka kuri Kirisitu mu kugira inyifato ityoroye no mu kugaragaza “umutima w’ubugwaneza utekereje” (1 Petero 3:1-4; Abanyefeso 5:22-24). Abana barerekana ko ari intahemuka kuri Kirisitu mu gukurikiza akarorero kiwe k’ukugamburuka. Igihe Yezu yari akiri muto, yagumye agamburukira abavyeyi biwe, naho bari abanyagasembwa (Luka 2:51, 52; Abanyefeso 6:1). Abatwarwa ba Kirisitu, babigiranye ukudahemuka, barihatira kumwigana mu ‘kubabarana no mu gukundana nk’abavukana’ be no mu ‘kugiranira imbabazi’. Barihatira kumera nka Kirisitu, ‘bakicisha bugufi mu mutima, ntibagere ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi’.​—1 Petero 3:8, 9; 1 Ab’i Korinto 11:1.

Abatwarwa biwe baragamburuka icagezwe ciwe

11. Ni ivyagezwe ibihe abatwarwa ba Kirisitu bagamburuka?

11 Nk’uko nyene abipfuza kugira ubwenegihugu bw’ikindi gihugu bagamburuka amategeko y’ico gihugu, abatwarwa ba Kirisitu baragamburuka ‘icagezwe ca Kirisitu’ mu kubaho bisunga ivyo Yezu yigishije vyose be n’ivyo yategetse vyose (Ab’i Galatiya 6:2). Barabaho canecane bakurikiza badahemuka “icagezwe c’i bgami” c’urukundo (Yakobo 2:8). None ivyo vyagezwe bisobanura iki?

12, 13. Twerekana gute ko tugamburuka tudahemuka ‘icagezwe ca Kirisitu’?

12 Abatwarwa ba Kirisitu si abantu batagira udusembwa, badakora amakosa (Abaroma 3:23). Ku bw’ivyo, barakenera kubandanya batsimbataza “[gukunda] bene Data bitar’uruheyiheyi”, maze “[bagakovya] mu gukundana bivuye mu mutima” (1 Petero 1:22). “Iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi”, abakirisu baca bakurikiza icagezwe ca Kirisitu badahemuka, mu ‘kwihanganirana no mu guharirana’. Kugamburuka ico cagezwe biradufasha kuguma twirengagiza udusembwa abandi bafise no kuguma turondera ivyotuma tuguma dukundana. Ntukenguruka none kuba uri kumwe n’abagamburukira badahemuka Umwami wacu munyarukundo bambara urukundo, wo “mugozi utagira agasembwa wunga ubumwe”?​—Ab’i Kolosayi 3:13, 14, NW.

13 Ikigeretse kuri ivyo, Yezu yarasiguye yuko urukundo yakunze abantu rwaruta urwo basanzwe bagiriranira (Yohana 13:34, 35). Igihe twoba dukunda gusa abadukunda, nta kintu “c’akatabonetse” twoba dukoze. Ico gihe, urukundo rwacu hoba hari ukuntu rudakwiye, ruri n’agahaze. Yezu yaduhimirije kwigana urukundo rwa Se wiwe mu gukunda n’abatwanka kandi baduhama, urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako (Matayo 5:46-48, UB). Urwo rukundo ruravyurira kandi abatwarwa b’Ubwami umutima wo kubandanya bakora badahemuka igikorwa nyamukuru bashinzwe. Uti none ico gikorwa ni ikihe?

Ukudahemuka kwacu kurageragezwa

14. Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza gihambaye cane?

14 Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana muri iki gihe bashinzwe igikorwa gihambaye cane co “[gu]shingira intahe ivy’ubgami bg’Imana” (Ivyakozwe n’intumwa 28:23). Gukora ico gikorwa birahambaye rwose kubera yuko Ubwami burongowe na Mesiya ari bwo buzokwemeza ko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose (1 Ab’i Korinto 15:24-28). Igihe twamamaza inkuru nziza, biraha abayumviriza akaryo ko kuba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. N’ikindi kandi, uburyo abantu bakira ubwo butumwa biraba ikintu Kirisitu Umwami yofatirako canke yorabirako mu gucira imanza abantu (Matayo 24:14; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-10). Ku bw’ivyo, kugamburuka itegeko rya Kirisitu ryo kubwira abandi ivy’Ubwami ni uburyo nyamukuru bwo kwerekana ko turi intahemuka kuri we.​—Matayo 28:18-20.

15. Ni kubera iki ukudahemuka kw’abakirisu kugeragezwa?

15 Ariko ntiwumve, Shetani ararwanya ico gikorwa co kwamamaza mu buryo bwose ashoboye, kandi abategetsi b’abantu ntibemera ubukuru Kirisitu yahawe n’Imana (Zaburi 2:1-3, 6-8). Ni co gituma Yezu yagabishije abigishwa biwe ati: “Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama” (Yohana 15:20). Ku bw’ivyo, abayoboke ba Kirisitu bari mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu ituma ukudahemuka kwabo kugeragezwa.​—2 Ab’i Korinto 10:3-5; Abanyefeso 6:10-12.

16. Ni mu buhe buryo abatwarwa b’Ubwami baha ‘Imana ivy’Imana’?

16 Naho ari ukwo, abatwarwa b’Ubwami bw’Imana baraguma ari intahemuka ku Mwami wabo atabonwa n’amaso kandi bakubaha abategetsi b’abantu (Tito 3:1, 2). Yezu yavuze ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana” (Mariko 12:13-17). Abatwarwa ba Kirisitu rero baragamburuka amategeko ya Leta adateye kubiri n’amategeko y’Imana (Abaroma 13:1-7). Ariko, igihe ya sentare nkuru y’Abayuda yahonyanga amategeko y’Imana mu gutegeka abigishwa ba Yezu kureka kwamamaza, bano bavuze bashize amanga ariko n’urupfasoni ko bategerezwa “kwumvira Imana kuyirutisha abantu”.​—Ivyakozwe n’intumwa 1:8; 5:27-32.

17. Ni kubera iki dushobora kwihanganira ibigerageza ukudahemuka kwacu turi n’umutima rugabo?

17 Mu bisanzwe, birasaba ko abatwarwa ba Kirisitu bagira umutima rugabo kugira ngo bagume ari intahemuka kuri uwo Mwami wabo igihe baba bariko barahamwa. Mugabo rero, Yezu yavuze ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru” (Matayo 5:11, 12). Abayoboke ba Kirisitu bo mu ntango bariboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri. N’igihe batonagurwa bazira ko babandanije kwamamaza ivyerekeye Ubwami, baranezerejwe “n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina. Kand’imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo” (Ivyakozwe n’intumwa 5:41, 42). Emwe, urakwiye gukezwa kubera yuko ugaragaza mwene ako gatima ko kudahemuka igihe wihanganira amagume, indwara, intuntu, canke ukurwanywa.​—Abaroma 5:3-5; Abaheburayo 13:6.

18. Amajambo Yezu yabwiye Ponsiyo Pilato yerekana iki?

18 Igihe Yezu yari akiri uwagenywe kuzoba Umwami, yasiguriye Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ubgo mur’iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ubgami bganje s’ubg’ino” (Yohana 18:36). Ku bw’ivyo rero, abatwarwa b’Ubwami bwo mw’ijuru, ntibafata ibirwanisho ngo hagire uwo barwanya eka mbere nta ruhande na rumwe bashigikira mu ntambara n’imwe y’abantu. Kugira ngo bagume ari intahemuka kuri wa “Mukama w’amahoro”, baraguma bitandukanije rwose n’ibintu vy’isi bitera amacakubiri mu bantu.​—Yesaya 2:2-4; 9:6, 7.

Abatwarwa ba Kirisitu b’intahemuka bazoronka impera z’ibihe bidahera

19. Ni kubera iki abatwarwa ba Kirisitu bashobora kwitega kazoza umutima uri mu nda?

19 Abatwarwa b’intahemuka ba Kirisitu, we “Mwami w’abami”, biteze kazoza umutima uri mu nda. Bariteganye umushasharo igihe cegereje aho Kirisitu azokwerekanira ububasha bwa cami budasanzwe (Ivyahishuriwe 19:11–20:3; Matayo 24:30). Ya masigarira y’“abana b’ubgami” basizwe impwemu yera b’intahemuka, biteze kuzoronka intoranwa yabo y’agaciro ntangere yo kuganzanya na Kirisitu ari abami mw’ijuru (Matayo 13:38; Luka 12:32). Abo mu “zindi ntama” za Kirisitu b’intahemuka biteganye umushasharo kwemerwa n’uwo Mwami wabo igihe azobabwira ati: “Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe [Iparadizo yo kw’isi iganzwa n’]ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi” (Yohana 10:16; Matayo 25:34). Ku bw’ivyo rero, nimuze twese abatwarwa b’Ubwami tugire umwiyemezo wo kubandanya gusukurira Kirisitu Umwami tudahemuka!

[Akajambo k’epfo]

a Raba Amayagwa y’inyongera munsi y’agatwe kavuga ngo “1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya”, mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ku rupapuro rwa 215-218, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora kubisigura?

• Ni kubera iki bikwiriye ko tuba intahemuka kuri Kirisitu?

• Abatwarwa ba Kirisitu berekana gute ko ari intahemuka kuri we?

• Ni kubera iki twipfuza kuba intahemuka kuri Kirisitu Umwami?

[Uruzitiro ku rup. 31]

IZINDI KAMERE ZA KIRISITU ZIBONEKEJE

Ukutagira nkunzi​—Yohana 4:7-30.

Ikigongwe​—Matayo 9:35-38; 12:18-21; Mariko 6:30-34.

Urukundo rw’ukwitanga​—Yohana 13:1; 15:12-15.

Ukudahemuka​—Matayo 4:1-11; 28:20; Mariko 11:15-18.

Impuhwe​—Mariko 7:32-35; Luka 7:11-15; Abaheburayo 4:15, 16.

Ukugira ibitegereka​—Matayo 15:21-28.

[Ifoto ku rup. 29]

Mu kugaragarizanya urukundo, tuba turiko turagamburuka tudahemuka ‘icagezwe ca Kirisitu’

[Ifoto ku rup. 31]

Kamere za Kirisitu zoba zikuvyurira umutima wo kumusukurira udahemuka?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika