ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 1 rup. 12-13
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ku bijanye n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ubwami bw’Imana Ni Iki?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 1 rup. 12-13
Isi irasiweko n’umuco w’izuba, uyiravye uri mu kirere

Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana

Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bavuga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana ni iki? Ni ibiki buriko burarangura? Kubera iki twosenga dusaba ko buza?

Yezu ni we Mwami w’Ubwami bw’Imana.

Luka 1:31-33: “Uze umwite Yezu. Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

Ubwami ni bwo Yezu yashimikako mu kwamamaza.

Matayo 9:35: “Yezu agendagenda mu bisagara vyose no mu bigwati vyose, yigisha mu masinagogi yabo, yamamaza inkuru nziza y’ubwami yongera akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose.”

Yezu yarahaye abigishwa biwe ikimenyetso cobafashije kumenya ko Ubwami buri hafi.

Matayo 24:7: “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.”

Muri iki gihe, abigishwa ba Yezu baramamaza ivyerekeye ubwo Bwami kw’isi yose.

Matayo 24:14: “Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”

Ibiranga Ubwami bw’Imana

Icicaro. Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko yashinzwe n’Imana mw’ijuru.​—DANIYELI 2:44; MATAYO 4:17.

Imigambi. Ubwami bw’Imana buzohindura isi ibe iparadizo, aho abantu bose bazobaho mu bumwe n’amahoro kandi batigera barwara canke ngo bapfe.​—ZABURI 37:11, 29.

Abatware. Imana yatoye Yezu ngo abe Umwami kugira aganze ari mw’ijuru afadikanije n’abantu 144.000 baguzwe bakuwe mw’isi.​—LUKA 1:30-33; 12:32; IVYAHISHUWE 14:1, 3.

Abatwarwa. Abatwarwa b’ubwo Bwami bazoba kw’isi bayobokera ubutegetsi bwa Yezu babikunze kandi bagamburuke amategeko y’ubwo Bwami.​—MATAYO 7:21.

Igituma Yezu ari we abereye kuganza abantu

Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko yobaye umutware abishoboye kandi akundana, kubera ko

  • Yitaho abakene.​—LUKA 14:13, 14.

  • Yanka igiturire n’akarenganyo.​—MATAYO 21:12, 13.

  • Yari afise ububasha ku bidukikije.​—MARIKO 4:39.

  • Yagaburiye abantu ibihumbi.​—MATAYO 14:19-21.

  • Yumvira impuhwe abagwaye, agakiza n’abamerewe nabi bose.​—MATAYO 8:16.

  • Yazuye abapfuye.​—YOHANI 11:43, 44.

Ivyiza Ubwami bw’Imana bushobora kukuronsa ubu

Hamwe wohitamwo kuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, urashobora kugira ubuzima buhimbaye muri iki gihe. Nk’akarorero, abatwarwa b’ubwo Bwami

  • ‘Bararondera kugiranira amahoro n’abantu bose.’​—ABAHEBURAYO 12:14.

  • Barinovora ubumwe n’amahoro mu muryango, kuko abubakanye bakundana kandi bakubahana.​—ABANYEFESO 5:22, 23, 33.

  • Babaho bahimbawe kandi batekanye mu mutima, kuko bazi yuko ‘bakeneye ivy’Imana.’​—MATAYO 5:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika