ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/5 rup. 8-9
  • ‘Intambara ni iy’Uhoraho’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Intambara ni iy’Uhoraho’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agasore kizigira Yehova
  • ‘Nje kukurwanya mw’izina rya Yehova’
  • Dawidi na Goliyati
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Dawidi na Goliyati
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Dawidi ntiyagira ubwoba
    Niwigishe abana bawe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/5 rup. 8-9

‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’

‘Intambara ni iy’Uhoraho’

IMIGWI ibiri y’abasirikare irahanganye iri ku nda y’imisozi ibiri itandukanijwe n’ikiyaya. Abisirayeli bamaze imisi 40 batekewe n’ubwoba kandi bacucagirwa ibitutsi na Goliyati, umuhizi w’Abafilisitiya.​—1 Samweli 17:1-4, 16.

Goliyati ariko arahigisha n’ijwi rirenga Abisirayeli mu kuvuga ati: “Enda ni mwitorere umuntu, amanuke aze duhwane! Ni yashobora kundwanya akanyica, tuzoba abaja banyu; nanje ni nashobora kumutsinda nkamwica, ni mwebge muzoba abaja bacu, mudukorere. . . . Uyu musi ndagaye ingabo z’Abisirayeli! Enda ni muzane umuntu, twimarize twempi!”.​—1 Samweli 17:8-10.

Mu bihe vya kera, vyari ibisanzwe ko abahizi baserukira ingabo zabo bakazirwanira mu bihe vy’ukurwana kw’abantu babiri. Uwutsinze uwundi, ingabo aserukira zaba zitahukanye intsinzi. Mugabo, uwo ahigisha Isirayeli we, si umusirikare asanzwe. Ni ikigatanya kigereza iyo, emwe, umwansi w’inkazi kandi ateye ubwoba. Ariko rero, Goliyati mu gutyekeza ingabo z’igisata ca Yehova, arikwegera akarambaraye.

Urwo si urugamba rwa gisirikare rusanzwe. Ni urugamba ruri hagati ya Yehova n’imana z’Abafilisitiya. Aho kuyobora ingabo n’umutima rugabo ngo zije kurwanya abansi b’Imana, Sauli Umwami wa Isirayeli arasha coba.​—1 Samweli 17:11.

Agasore kizigira Yehova

Igihe bagihanganye, hari agasore kamaze gusigwa amavuta ngo kazobe umwami wa Isirayeli kagiye kuraba benewabo bari mu ngabo za Sauli. Ako gasore kitwa Dawidi. Kamaze kwumva amajambo Goliyati avuga, karabaza gati: “Uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’acōkōra ingabo z’Imana nzima?” (1 Samweli 17:26). Kuri Dawidi, Goliyati aserukira Abafilisitiya be n’imana zabo. Abitumwe n’ishavu ribereye, Dawidi aripfuza kurwanira Yehova na Isirayeli mu kurwanya ico kigatanya c’igipagani. Ariko Umwami Sauli avuga ati: “Ntiwoshobora kuja kurwanya uwo Mufilisitiya, kuk’ukir’umwana”.​—1 Samweli 17:33.

Emwe, Sauli na Dawidi babona ibintu mu buryo butandukanye koko! Sauli abona gusa ko Dawidi ari akungere kakiri gato kagiye gutana mu mitwe n’urugatanya rw’inkazi. Ariko rero Dawidi we, abona ko Goliyati ari umuntu buntu ariko arahigisha Umukama Segaba Yehova. Igituma Dawidi agira uburindutsi ni uko yizigiye adakeka yuko Imana itoreka ngo izina ryayo be n’abantu bayo bacokorwe, hanyuma ntigire ico ikoze. Mu gihe Goliyati yishimira inkomezi ziwe, Dawidi we yizigira Yehova, akabona ibintu nk’uko Imana ibibona.

‘Nje kukurwanya mw’izina rya Yehova’

Ukwizera kwa Dawidi kurafise ishingiro koko. Aribuka yuko Imana yamufashije kurokora intama ziwe mu vyara vy’idubu n’ivy’intambwe. Ako gasore k’akungere karizigiye kadakeka ko n’ubu Yehova aza kugafasha guhangana n’uwo mwansi ateye ubwoba w’Umufilisitiya (1 Samweli 17:34-37). Dawidi ng’uyo aragiye gutana mu mitwe na Goliyati, yitwaje gusa umugozi n’amabuye atanu yiburungushuye.

Ako gasore Dawidi gahisemwo kurwana urwo rugamba rusa n’urudashoboka kishimikije inkomezi Yehova atanga. N’uburindutsi, kabwira uwo Mufilisitiya gati: “Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina [“rya Yehova”, NW] Nyen’ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacōkōye. Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; . . . isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’Imana; kand’iri koraniro ryose rimenye yuk’Uhoraho adakirisha inkota cank’icumu, kukw intambara ar’iy’Uhoraho”.​—1 Samweli 17:45-47.

None amaherezo bigenda gute? Iyo nkuru yahumetswe ivuga iti: “Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi, a[r]amwica; kandi nta nkota Dawidi yari yitwaje” (1 Samweli 17:50). Nta nkota yari yitwaje, mugabo yari afashwe mu mugongo na Yehova Imana bimwe bikomeyea.

Ese ukuntu vyagaragaye ko Dawidi atihenze mu kwizera Yehova muri urwo rugamba! Igihe dutegerezwa guhitamwo hagati yo gutinya abantu no kwizigira ububasha Yehova afise bwo gukiza, ico twohitamwo kiratomoye. ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’ (Ivyakozwe n’intumwa 5:29). Vyongeye, igihe ibintu bigoye tubibona nk’uko Yehova Imana abibona, n’ingorane ziteye ubwoba turashobora kuzibona mu buryo bubereye.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, mai–juin.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]

GOLIYATI YANGANA GUTE?

Inkuru iri muri 1 Samweli 17:4-7 itubwira ko uburebure bwa Goliyati bwarenga amatambwe atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora (nk’imetero zitatu). Icerekana uko uyo Mufilisitiya yangana be n’inkomezi yari afise, ni icuma gikingira igikiriza yambara. Capima ibiro 57! Uruti rw’icumu ryiwe wamengo ni umuhini, kandi isonga ry’icuma ryaryo ryapima ibiro indwi. Emwe, birashoboka rwose ko ibirwanishwa vya Goliyati vyari biremereye kuruta Dawidi ubwiwe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika