ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/5 rup. 21-25
  • Woba witeguriye kuzorokoka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguriye kuzorokoka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu vyo muri iki gihe bifitaniye isano n’ivyabaye mu gihe ca Nowa
  • Umuntu ategerezwa kugira ukwizera kugira ngo azorokoke
  • Ibintu bigenda biraryohorwa biradutegura
  • Niwitegurire kuzorokoka
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/5 rup. 21-25

Woba witeguriye kuzorokoka?

“Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje”.​—ITANGURIRO 7:1.

1. Mu gihe ca Nowa, ni intunganyo iyihe Yehova yashizeho kugira ngo abantu bashobore kurokoka?

MU GIHE ca Nowa, Yehova ‘yarazanye umwuzure kw’isi y’abatamwubaha’, ariko kandi arashiraho intunganyo kugira ngo abantu bashobore kurokoka (2 Petero 2:5). Imana y’ukuri yarahaye wa mugororotsi Nowa amabwirizwa atomoye ku bijanye n’ukuntu yokwubatse ubwato kugira ngo abantu barokoke umwuzure wobaye kw’isi yose (Itanguriro 6:14-16). Nk’uko twovyitega ku musavyi wa Yehova uwo ari we wese agamburuka, ‘Nowa yabigenjeje atyo, uko Imana yamubariye kwose’. Emwe, “ni ko yakoze”. Ku ruhande rumwe, kuba turiho muri iki gihe tubikesha ukugamburuka kwa Nowa.​—Itanguriro 6:22.

2, 3. (a) Abantu bo mu gihe ca Nowa babona gute igikorwa yariko arakora? (b) Igihe Nowa yinjira muri bwa bwato yari yizigiye iki?

2 Kwubaka ubwo bwato, emwe, ntihari aho gutuma umwana! Birashoboka rwose ko abantu benshi batangazwa n’ivyo Nowa n’umuryango wiwe bariko barakora. Yamara, ivyo ntivyatumye bajijuka yuko boshoboye kurokoka ari uko gusa binjiye muri ubwo bwato. Amaherezo, harageze aho Imana iba itagishobora kwihanganira iyo si mbi.​—Itanguriro 6:3; 1 Petero 3:20.

3 Haciye imyaka mirongo Nowa n’umuryango wiwe bakora ico gikorwa kitoroshe, Yehova yabwiye Nowa ati: “Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje”. Kubera ko Nowa yizera akongera akizigira ijambo rya Yehova, “[yaciye] yinjirana mur’ubgo bgato n’abana biwe n’umugore wiwe n’abakazana biwe”. Yehova yaciye yugara umuryango kugira akingire abo basavyi biwe. Igihe Umwuzure waza kw’isi, ubwo bwato ni bwo bwabaye yo ntunganyo yo kwizigirwa Imana yashizeho kugira abantu bashobore kurokoka.​—Itanguriro 7:1, 7, 10, 16.

Ibintu vyo muri iki gihe bifitaniye isano n’ivyabaye mu gihe ca Nowa

4, 5. (a) Yezu yagereranije igihe c’ukuhaba kwiwe n’iki? (b) Ni amasano ayahe ari hagati y’igihe ca Nowa n’igihe cacu?

4 “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu [“kuhaba”, NW] kw’Umwana w’umuntu” (Matayo 24:37). Mu gukoresha ayo majambo, Yezu yarerekanye yuko ivyo mu gihe c’ukuhaba kwiwe kutaboneka vyobaye bisa n’ivyo mu misi ya Nowa, kandi mu vy’ukuri ukwo ni ko vyabaye. Canecane kuva mu 1919, ubutumwa bwo kuburira abantu nka bumwe Nowa yatangaza, bwaramamajwe mu bantu bo mu mahanga yose. Muri rusangi, abantu babwakiriye nk’uko nyene abo mu gihe ca Nowa babwakiriye.

5 Yehova akoresheje Umwuzure, yarahagurukiye isi yari “yuzuye umuryano” (Itanguriro 6:13). Abantu bose babona Nowa n’umuryango wiwe, baribonera yuko batagira uruhara muri uwo muryano, yamara ko bikorera igikorwa co kwubaka ubwato ata we barya urwara. N’ivyo nyene birasa n’ibiba muri iki gihe. Muri iki gihe abantu b’inziraburyarya barashobora “[“kubona”, NW] yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera” (Malaki 3:18). Abantu bacisha aho ukuri kuri barashima ukuntu Ivyabona vya Yehova ari inzirabugunge, abanyabuntu, abanyamahoro be n’abanyamwete, kandi izo kamere zirerekana itandukaniro riri hagati y’abasavyi b’Imana be n’abandi bantu muri rusangi. Ivyabona baramirira kure ubukazi ubwo ari bwo bwose bakongera bakareka impwemu ya Yehova ikaba ari yo ibarongora. Ni co gituma bifitiye amahoro kandi bakurikira inzira y’ukugororoka.​—Yesaya 60:17.

6, 7. (a) Ni ibiki abantu bo mu gihe ca Nowa batashoboye kubona, kandi ni mu buryo ki ivyo bisa n’ivyo muri iki gihe? (b) Ni uburorero ubuhe bwerekana ko abantu muri rusangi babona ko Ivyabona vya Yehova batandukanye n’abandi?

6 Abantu bo mu gihe ca Nowa ntibashoboye kubona ko yari ashigikiwe n’Imana be n’uko yariko akurikiza ubuyobozi bwayo. Ni co gituma ubutumwa bwo kubagabisha Nowa yamamaza batabufatana uburemere maze ngo babukurikize. Tuvuge iki ku bijanye no muri iki gihe? Naho abantu benshi batangarira cane igikorwa Ivyabona vya Yehova bakora be n’inyifato yabo, abenshi muri bo ntibafatana uburemere inkuru nziza be n’imburizi Bibiliya itanga. Ababanyi, abakoresha, canke incuti boshobora gushimagiza kamere nziza abakirisu b’ukuri bafise mugabo bagaca bidoga bati: “Ni uko gusa ari Ivyabona vya Yehova!”. Ico abo bantu bitegereza Ivyabona badatahura ni uko bano bagaragaza kamere nk’urukundo, amahoro, ubuntu, ukumera neza, ubugwaneza n’ukwigumya kubera ko bayoborwa n’impwemu yera y’Imana (Ab’i Galatiya 5:22-25). Ivyo vyari bikwiye gutuma bemera ubutumwa babashikiriza.

7 Nk’akarorero, mu Burusiya, hari Ivyabona vya Yehova bariko barubaka Ingoro y’Ubwami. Umugabo umwe yarahagaze kugira ngo avugishe umwe muri abo bariko bubaka, maze avuga ati: “N’aho nakagendeye sinari bwabone ishantiye nk’iyi basha! Ehe raba: nta n’umwe anywa itabi, nta n’umwe avuga amajambo ateye isoni, kandi nta n’umwe aborewe! Ubwo ntiwoba uri Icabona ca Yehova?”. Uno yamubajije ati: “None nokubwira ko ntari we, wovyemera?”. Uwo mugabo yaciye ubwo nyene asubizayo ati: “Uwokubesha!”. Mu kindi gisagara co ng’aho mu Burusiya nyene, umukuru w’ico gisagara yaratangaye cane igihe yabona Ivyabona bariko barubaka Ingoro y’Ubwami yabo nshasha. Yavuze ko naho yahora yibaza yuko amadini yose ari cokimwe, yabonye ko atari ko biri aho amariye kubona ingene Ivyabona vya Yehova koko batagira ubwikunzi aravye ukuntu bariko barakora. Ubwo ni uburorero bubiri gusa bwerekana yuko abasavyi ba Yehova batandukanye n’abantu badakurikiza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya.

8. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuzorokoke umuhero w’iyi si mbi?

8 Mu misi ya nyuma ya ya “si ya kera” yatikizwa na wa Mwuzure, Nowa yari “umwigisha w’ivyo kugororoka” w’intahemuka (2 Petero 2:5). Muri iyi misi ya nyuma y’ivy’iyi si, abasavyi ba Yehova bariko baramenyesha ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse bongera bamamaza inkuru nziza ijanye n’uko umuntu ashobora kurokoka akaja mw’isi nshasha (2 Petero 3:9-13). Nk’uko Nowa n’abo mu muryango wiwe batinya Imana bazigamiwe muri bwa bwato, kugira ngo abantu bazorokoke muri iki gihe, bategerezwa kugira ukwizera bakongera bakaguma bifatanije n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi no mw’ijuru badahemuka.

Umuntu ategerezwa kugira ukwizera kugira ngo azorokoke

9, 10. Ni kubera iki bihambaye cane ko tugira ukwizera niba twipfuza kuzorokoka umuhero w’iyi si ya Shetani?

9 Umuntu ategerezwa gukora iki kugira ngo aze arokoke isangangurwa ryegereje ry’iyi si iri mu bubasha bwa Shetani (1 Yohana 5:19)? Ategerezwa kubanza kubona ko akeneye gukingirwa. Hanyuma aca ategerezwa kurondera ingene yokingirwa. Abantu bo mu gihe ca Nowa bibandanirije kubaho nk’uko bisanzwe, maze ntibabona ko bakeneye gukingirwa icago cari kiraririye gushika. Hari n’ikindi kintu babuze, ico na co akaba ari ukwizera Imana.

10 Nowa n’umuryango wiwe bobo barabona ko bakeneye gukingirwa no kurokorwa. N’ikindi kandi, barizeye Segaba w’ibiriho vyose, Yehova Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ūtizera ntibishoboka kw [ahimbara Yehova]; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera”. Yongeyeko ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera”.​—Abaheburayo 11:6, 7.

11. Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Yehova yakingiye abantu mu bihe vya kera?

11 Kugira ngo tuzorokoke umuhero w’iyi si mbi, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse kwemera yuko izosangangurwa. Dutegerezwa kugaragaza ukwizera mu kurondera kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zose Imana yadushiriyeho kugira ngo tuze turokoke. Ni vy’ukuri yuko dukeneye kwizera inkuka y’incungu yatanzwe n’Umwana w’Imana, Yezu Kirisitu (Yohana 3:16, 36). Ariko rero, turakwiye kandi kwibuka yuko abari vy’ukuri muri bwa bwato bwa Nowa ari bo bonyene barokotse wa Mwuzure. Na vya bisagara vyo guhungiramwo vyo muri Isirayeli ya kera vyakingira umuntu yaba yishe uwundi atabigomba mu gihe gusa yaba yahungiye muri mwene ico gisagara hanyuma agaca agumayo gushika umuherezi mukuru ahwereye (Guharūra 35:11-32). Mu gihe ca Musa, aho Misiri yatezwa ca cago kigira cumi, imfura z’Abanyamisiri zarishwe, ariko imfura z’Abisirayeli zirazigurizwa. Uti kubera iki? Yehova yari yabwiye Musa ati: “[Abisirayeli] bābīre ku maraso [y’umwagazi w’intama wa Pasika], bayasīge ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango w’inzu yose bawuririyemwo . . . , ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo” (Kuvayo 12:7, 22). Mbega ni imfura iyihe yo mu Bisirayeli yari kwubahuka kwirengagiza ayo mabwirizwa Imana yari yatanze, maze igasohoka ivuye mu nzu yaba iriko ikimenyetso c’amaraso yasizwe ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango wayo?

12. Ni ikibazo ikihe umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza, kandi kubera iki?

12 Uca rero ubona ko dukwiye kuzirikana twitonze ku kuntu ivyacu vyifashe umwe wese ku giti ciwe. Twoba vy’ukuri turi mu ndinganizo Yehova yashizeho yo kudukingira mu buryo bw’impwemu? Mu gihe ca ya marushwa ahambaye, abazoba barondeye gukingirwa bazogira amarira y’umunezero n’ugukenguruka. Abatazoba barondeye gukingirwa na bo bazogira amarira y’intuntu n’ukwicuza.

Ibintu bigenda biraryohorwa biradutegura

13. (a) Ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ukuntu ishirahamwe ryungunganijwe vyagize akamaro akahe? (b) Sigura bimwebimwe mu bintu vyagiye biraryohorwa.

13 Yehova yagiye aragira ivyo aryohoye mu gice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Ivyo vyararyohoye indinganizo yashizeho kugira dukingirwe mu buryo bw’impwemu, biratuma ishinga imizi vyongera birayikomeza. Kuva mu myaka ya 1870 gushika mu 1932, abakurambere be n’abadiyakoni batorwa n’abagize ishengero. Mu 1932, abakurambere batorwa basubiriwe na komite y’umurimo yatorwa n’ishengero, kugira ngo isahirize umuyobozi w’umurimo yagenywe. Mu 1938, harashizweho indinganizo zo kugena mu buryo bwa gitewokarasi abasukurira ishengero bose. Kuva mu 1972, biciye ku buyobozi butangwa n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, haragirwa amarata, kandi mu gihe ayo marata yemewe, amashengero aca aronka amakete agena abacungezi be n’abakozi b’ishengero mu buryo bwa gitewokarasi. Uko imyaka yagiye irahaca, amabanga Inama Nyobozi ijejwe yagiye ariyongera, maze bituma hagira ibihindurwa kugira ngo yoroherezwe mu gikorwa irangura.

14. Ni porogarama yo kumenyereza iyihe yatanguye mu 1959?

14 Mu 1950, icanditswe co muri Zaburi 45:16 kimaze kwihwezwa neza, haciye hashirwaho porogarama ibandanya y’ivyigwa vyo gukarisha ubwenge. Ico canditswe kivuga giti: “Mu gishingo ca ba sogokuruza bawe kizosubiramw’abana bawe, ni bo uzoshiraho kuba abaganwa mu gihugu cose”. Ubu, abakurambere bayobora abandi mw’ishengero bariko baramenyerezwa ku bw’amabanga ya gitewokarasi bashingwa muri iki gihe be n’ayo bazoshingwa inyuma ya Harumagedoni (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Mu 1959, Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ryaratangujwe. Ico gihe, haratunganijwe ivyigwa bimara ukwezi mu ntango vyahabwa abasuku b’ishengero, ukwo akaba ari ko abacungezi bahagarikizi bitwa ico gihe. Muri iki gihe, iryo shure ryaraguwe kugira ngo abacungezi bose be n’abakozi b’ishengero bose baryitabe. Abo bavukanyi na bo baca baja imbere abandi mu kumenyereza Ivyabona vya Yehova umwumwe ukwiwe mu mashengero bakukira. Gutyo, bose barasahirizwa mu buryo bw’impwemu bakongera bagafashwa kugira ngo barushirize kuba kirumara mu busuku barangura ari abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami.​—Mariko 13:10.

15. Ni mu buryo bubiri ubuhe ishengero rya gikirisu rikingirwa kugira ntirihumane?

15 Hari ibintu binaka abantu bipfuza kwifatanya n’ishengero rya gikirisu bategerezwa gushitsa. Ni ivyumvikana ko muri iki gihe abacokoranyi batemererwa kuja mw’ishengero rya gikirisu nka kurya nyene ata kibanza baronse muri bwa bwato bwa Nowa (2 Petero 3:3-7). Canecane kuva mu 1952, Ivyabona vya Yehova barashigikiye rwose indinganizo yashizweho ikingira ishengero, iyo na yo ikaba ari guca mw’ishengero abacumura ntibigaye. Ariko ntiwumve, abakoze ibibi bigaye vy’ukuri, barafashwa mu buryo buranga urukundo ‘guharurira ibirenge vyabo inzira zigororotse’.​—Abaheburayo 12:12, 13; Imigani 28:13; Ab’i Galatiya 6:1.

16. Abasavyi ba Yehova bamerewe gute mu vy’impwemu?

16 Kuba abasavyi ba Yehova basagamvye mu vy’impwemu ntibidutangaza kandi si ikintu capfuye kwizana. Yehova, abicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze ati: “Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra: rāba, abasavyi banje bazoririmbishwa n’umunezero wo mu mitima, ariko mweho muzorizwa n’intuntu yo mu mitima, muborozwe n’ukw imitima yanyu isābijwe n’umubabaro” (Yesaya 65:13, 14). Yehova arabandanya kuduha ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu biza ku gihe kibereye kandi nzanamagara bituma tuguma dukomeye mu vy’impwemu.​—Matayo 24:45.

Niwitegurire kuzorokoka

17. Ni igiki kidufasha kwitegurira kuzorokoka?

17 Ubu, kuruta ikindi gihe cose cigeze kubaho, ni co gihe c’uko “twiyumviran[a]ko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko [“turemeshanye”, NW]” (Abaheburayo 10:23-25). Kuguma twiyegereje rimwe mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 98.000 tukongera tukaguma dushirutse ubute mu gukorana na ryo, biradufasha kwitegurira kurokoka. Turafatwa mu mugongo n’abo dusangiye ukwizera uko twihatira kugaragaza “wa muntu musha”, tukongera tukihatira n’umutima wacu wose gufasha abandi ngo bamenye intunganyo Yehova yashizeho kugira abantu bazorokoke.​—Abanyefeso 4:22-24; Ab’i Kolosayi 3:9, 10; 1 Timoteyo 4:16.

18. Ni kubera iki wiyemeje kuguma wiyegereje ishengero rya gikirisu?

18 Shetani be n’isi yiwe mbi nta kindi barota atari ukutwosha ngo tuve mw’ishengero rya gikirisu. Yamara, turashobora kurigumamwo, maze tukazorokoka umuhero w’ivy’iyi si mbi. Ese urukundo dukunda Yehova be n’ukuntu dukenguruka intunganyo ziranga urukundo yadushiriyeho, vyotuvyurira umutima wo kurushiriza kwiyemeza kurwanya twivuye inyuma utwigoro twa Shetani! Tuzirikanye ku mihezagiro twironkera muri iki gihe bizodufasha gukomeza uwo mwiyemezo wacu. Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino imwimwe muri iyo mihezagiro.

Wokwishura gute?

• Igihe cacu gifitaniye isano gute n’igihe ca Nowa?

• Ni kamere ntahara iyihe ikenewe kugira ngo umuntu azorokoke?

• Ni ibintu vyagiye biraryohorwa ibihe vyakomeje indinganizo Yehova yashizeho kugira ngo dukingirwe?

• Umwe wese muri twebwe ashobora gute kwitegurira kuzorokoka?

[Ifoto ku rup. 22]

Abantu bo mu gihe ca Nowa ntibafatana uburemere ivyo yababwira

[Ifoto ku rup. 23]

Birahambaye ko ufatana uburemere ubutumwa bwo kutuburira Imana itanga

[Ifoto ku rup. 24]

Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami rifise akamaro akahe?

[Ifoto ku rup. 25]

Ubu ni co gihe co kuguma wiyegereje ishengero rya gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika