ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/6 rup. 4-7
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amadayimoni aza kw’isi
  • Intuntu uwo mugororotsi yagize
  • Nowa yaragize uburindutsi bwo kutamera nk’abandi
  • Nowa yaritaho ibintu
  • Akarorero dukwiye kwigana
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/6 rup. 4-7

Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa

ABENSHI cane muri twebwe turibuka ibihe twoba twarumvise amakuru y’ibintu bihambaye. Turibuka ibintu vy’ido n’ido, atari gusa aho twari turi be n’ico twariko turakora igihe twayumva, ariko kandi turibuka n’ukuntu twayakiriye. Nta nkeka ko Nowa atigeze yibagira umusi yaronka amakuru avuye kuri Yehova Imana, we Segaba w’ijuru n’isi. Nakare nta makuru yari kuza ahambaye kuruta ayo! Yehova yavuze yuko yari yafashe ingingo yo guhonya ‘ibiri n’umubiri vyose.’ Nowa yategerezwa kwubaka ubwato amahanga kugira ngo aburokokeremwo n’umuryango wiwe be n’ibikoko vy’ubwoko bwose.​—Itanguriro 6:9-21.

None Nowa yakiriye gute ayo makuru? Yoba yarahimbawe no kuyumva, canke yoba yarayarwanije? Yamenyesheje gute ayo makuru umukenyezi wiwe be n’abandi bo mu muryango? Bibiliya nta vyo ivuga. Ico itubwira ni iki: “Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.”​—Itanguriro 6:22.

Nta nkeka ko ico ari co kintu gihambaye, kubera yuko ayo majambo aduha iciyumviro ku bijanye n’icatumye Nowa agira ubutoni mu nyonga z’Imana, ico na co kikaba ari uko yari afise umutima ukunze wo gukora ivyo Imana yamusavye. (Itanguriro 6:8) Ni ikindi kintu ikihe catumye Imana itonesha Nowa? Birahambaye ko tumenya inyishu y’ico kibazo, kubera yuko dutegerezwa kumera nka Nowa nimba twipfuza kuzorokoka igihe Imana izosubira gukura ubukozi bw’ikibi kw’isi. Ariko rero, reka tubanze twihweze ubuzima Nowa yari abayemwo imbere y’uko rya Segenya riba.

Amadayimoni aza kw’isi

Nowa yabayeho kera cane muri kahise k’abantu. Yavutse haheze nk’imyaka igihumbi wa mugabo wa mbere aremwe. Abantu muri ico gihe ntibaba mu masenga nk’uko benshi bavyiyumvira, bakiyumvira yuko bari bafise ivyoya kandi ko batari bafise ubwenge, bakagenda bahetamye bishimikije inkoni. Ico gihe hariho ibikoresho bicuzwe mu vyuma no mu miringa, kandi Nowa ashobora kuba yarabikoresheje mu kwubaka bwa bwato. Hariho kandi ibicurarangisho. Abantu bararongora, bakarera abana, bakarima, kandi bari bafise ubusho bw’ibitungwa. Baragura ibintu bakongera bakagira n’ivyo bagurisha. Muri iyo mice, ubuzima bwo muri ico gihe bwari bumeze nk’ubwo muri kino gihe.​—Itanguriro 4:20-22; Luka 17:26-28.

Mu yindi mice, ibintu vyari bitandukanye cane n’ivyo muri kino gihe. Itandukaniro rimwe ni uko abantu b’ico gihe baramba cane. Vyari bimenyerewe ko umuntu ashobora kubaho imyaka irenga 800. Nowa yabayeho imyaka 950; Adamu abaho imyaka 930; Metusela na we, uno akaba ari sekuru wa Nowa, abaho imyaka 969.a​—Itanguriro 5:5, 27; 9:29.

Irindi tandukaniro riravugwa mw’​Itanguriro 6:1, 2, ahagira hati: “Maz’abantu batanguye kugwira kw isi, bavyara abakobga, abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.” Abo “bana b’Imana” bari abamarayika bavuye mw’ijuru biyambika imibiri y’abantu maze baza kwibera mu bantu. Ntibari barungitswe n’Imana, eka mbere ntibari bazanywe no kugira ico bunguye umuryango w’abantu. Ahubwo, “[bataye] ahantu habo bwite ho kuba hababereye” mw’ijuru, kugira ngo baze guhuza ibitsina n’abagore bezabeza bo kw’isi. Baciye bacika amadayimoni.​—Yuda 6.

Abo bamarayika bacitse amadayimoni, abagararije, bagakoresha imibiri yabo ico bataremewe, bakaba kandi bari bafise ubwenge n’ububasha birengeye ivy’abantu, baragize akosho kabi cane ku bantu. Birashoboka ko bigaruriye bakongera bagategeka ikibano c’abantu. Ntibakora binyegeje nka kurya kw’umuntu w’inkozi y’ikibi w’umutekamutwe ahisha akaranga kiwe maze agakora ikibi yateguye, yikinze agahumbezi. Ahubwo riho, bakorera ku mugaragaro, bakagarariza bimwe vy’akamaramaza indinganizo Imana yari yashizeho.

Abo bana b’Imana barahuje ibitsina n’abagore, maze abo bagore bavyara abana bahavuye bagira inguvu zidasanzwe. Mu mvugo y’igiheburayo bahavuye badondorwa ko ari “Abanefilimu.” Tubwirwa duti: “Mur’ico gihe [hari Abanefilimu, NW] mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana b’Imana bamaze kurongora abakobga b’abantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa.” (Itanguriro 6:4) Abo Banefilimu bari batinyitse cane. Iryo jambo “Abanefilimu” risobanura “Abagwishi,” ni kuvuga abantu bagwisha abandi. Bari abicanyi, kandi ibikorwa vyabo biranga ubukazi bikaba bishobora kuba vyaravuzwe mu migani ya kera be no mu nkuru z’ibitito za kera.

Intuntu uwo mugororotsi yagize

Mu kudondora ukuntu abantu bo muri iryo yaruka bari bameze, Bibiliya ivuga ko ukwononekara kwabo kwari kwarashinze imizi kandi ko kwari kwarakwiragiye. Ivuga iti: “Ibibi vy’abantu [vyari] vyinshi mw isi, kandi . . . ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo. . . . Isi yari . . . yuzuye umuryano. . . . Abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.”​—Itanguriro 6:5, 11, 12.

Uko ni ko isi Nowa yari abayemwo yari imeze. Mu buryo butandukanye n’abantu bari bamukikuje, “Nowa [wewe] yar’umugororotsi . . . yagendana n’Imana.” (Itanguriro 6:9) Usanga bitoroshe ko umuntu w’umugororotsi aba mu kibano c’abantu batagororotse. Ese ukuntu Nowa ategerezwa kuba yaratuntujwe n’ivyo abantu bavuga be n’ivyo bakora! Birashoboka yuko yumvise amerewe nk’uko Loti yamerewe, uno akaba ari uwundi mugororotsi yabayeho inyuma ya rya Segenya. Loti, uwari abaye mu bantu bataye ubuntu b’i Sodomu, “ya[ra]tuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni,” kandi “ivyo yabona kandi akumva igihe yaba muri bo, ku musi ku musi ya[ra]babaza umutima wiwe ugororotse bitewe n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji.” (2 Petero 2:7, 8) Ukwo ni ko bitegerezwa kuba vyari bimeze no kuri Nowa.

Woba nawe utuntuzwa n’ibintu bibabaje wumva mu makuru canke inyifato yo kutibanga Imana irangwa mu bantu bagukikuje? Nimba ari ukwo, urashobora gutahura ukuntu Nowa yiyumva. Niwiyumvire nawe ukuntu bitegerezwa kuba bitoroheye Nowa kumara imyaka 600 yihanganira isi itagororotse, kuko iyo ari yo myaka yari afise igihe rya Segenya ryatera. Ese ukuntu ategerezwa kuba yaripfuza cane kuruhurirwa!​—Itanguriro 7:6.

Nowa yaragize uburindutsi bwo kutamera nk’abandi

Nowa “yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe.” (Itanguriro 6:9, NW) Urabona yuko Bibiliya ivuga ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe, atari ufatiye ku kuntu abo mu gihe ciwe babona ibintu. Mu yindi mvugo, Nowa ntiyagira amahinyu mu nyonga z’Imana, ariko abantu b’imbere ya rya Segenya bobo, babona ko ari umuntu adatahurika. Turashobora kwemera tudakeka yuko Nowa atisunga ivyiyumviro vya benshi, eka mbere ko atisuka mu vy’ukwinezereza kutibanga Imana be no mu bikorwa vyakorwa mu kibano muri ico gihe. Iyumvire nawe ukuntu abantu bamubona igihe yatangura kwubaka bwa bwato! Bashobora kuba baramutwenga, bakamushinyagurira. Babona yuko ariko arafyinata.

N’ikindi kandi, Nowa yari afise ibintu yemera cane mu vy’Imana, kandi ntiyavyigungiyeko. Bibiliya ivuga ko yari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Petero 2:5) Nta nkeka ko Nowa yari yiteze ko azorwanywa. Sekuruza wiwe Henoki yari umuntu w’umugororotsi yavuze imbere y’igihe yuko Imana yoshikije urubanza ku banyakibi. Biboneka yuko ivyo vyatumye ahamwa naho Imana itaretse ngo abamurwanya bamwice. (Itanguriro 5:18, 21-24; Abaheburayo 11:5; 12:1; Yuda 14, 15) Kubera yuko Nowa yari yaviriwe hasi na Shetani, amadayimoni, Abanefilimu, be n’abantu benshi cane, baba abatanegwa ivyo yavuga canke abamurwanya, yari akeneye kugira uburindutsi akongera akizera ubushobozi Yehova yari afise bwo kumuzigama.

Abakorera Imana bamye barwanywa n’abatayikorera. Mbere na Yezu Kristu yaranswe, kandi n’abamuyobotse na bo nyene vyagenze gutyo. (Matayo 10:22; Yohani 15:18) Nowa yaragize uburindutsi bwo gukorera Imana naho abandi bantu batabihurumbira. Yaratahura yuko gutoneshwa n’Imana vyari bihambaye cane rwose kuruta kwemerwa n’abamurwanya. Ni co gituma Nowa yatoneshejwe n’Imana.

Nowa yaritaho ibintu

Nk’uko twabibonye, Nowa yarabwiye abandi ubutumwa bw’Imana abigiranye uburindutsi. None abo bantu bakiriye gute ubutumwa yashikiriza? Bibiliya ivuga yuko imbere ya rya Segenya abantu “[barya] bakanywa, abagabo bakarongora, abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato; ntibagira ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.” Ntibumviye imburi yabahaye.​—Matayo 24:38, 39.

Yezu yavuze yuko ukwo ari ko vyobaye bimeze muri kino gihe cacu. Ivyabona vya Yehova bamaze igihe kirenga imyaka ijana basamiriza imburi yuko Yehova agiye gukora ibintu bikomeye kugira ngo arangure umuhango yatanze wo gusubizaho isi irimwo ubugororotsi. Naho abantu amamiliyoni bitabiriye ako kamo, abandi amamiliyaridi baba kw’isi nta vyo bitaho. “Nk’uko icipfuzo cabo kiri,” barirengagiza yuko rya Segenya ryabayeho vy’ukuri, bakirengagiza n’ico risobanura.​—2 Petero 3:5, 13.

Ariko Nowa wewe yaritaho ibintu. Yarizeye ivyo Yehova Imana yamubwiye. Ukwo kugamburuka kwamushikanye ku bukiriro. Intumwa Paulo yanditse ati: “Biciye ku kwizera, Nowa, amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe, yarerekanye ugutinya Imana arubaka ubwato bwo gukiza urugo rwiwe.”​—Abaheburayo 11:7.

Akarorero dukwiye kwigana

Bwa bwato Nowa yubaka bwari amahero, bukaba bwari bufise uburebure bw’amakika buruta ubw’ikibuga c’umupira w’amaguru be n’uburebure bw’igihagararo bungana n’ubw’inyubakwa y’igorofa zibiri. Mu burebure bw’amakika, bwarusha imetero 30 ubwato bwiswe Wyoming, buno bukaba bwavuzwe ko ari bwo bwato bunini kuruta ubundi bwose bwakozwe mu mbaho. Ni ivy’ukuri yuko ico kintu Nowa yubatse kitari ubwato bwari bugenewe kugira ingendo; cari gikeneye gusa kureremba ku mazi. Naho ari ukwo, kucubaka vyasavye ubuhinga buhanitse. Vyongeye, categerezwa guhomeshwa ikaburimbo imbere n’inyuma. Birashoboka yuko kucubaka vyafashe imyaka irenga 50.​—Itanguriro 6:14-16.

Nowa yategerezwa gukora n’ibindi. Yategerezwa kwegeraniriza muri ubwo bwato imfungurwa zomajije umwaka umuryango wiwe be n’ibikoko. Imbere y’uko rya Segenya ritera, ibikoko vyategerezwa kwegeranirizwa hamwe maze bikinjizwa muri ubwo bwato. “Nowa [yabigenjeje] nk’uk’Uhoraho yabimugeze vyose.” Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyabaye ibiruhura igihe ibintu vyose vyari bimaze gutungana maze Yehova agaca yugara umuryango wa nya bwato!​—Itanguriro 6:19-21; 7:5, 16.

Umwuzure waciye utera. Imvura yaraguye imisi 40 n’amajoro 40. Ikintu cose categerezwa kuguma muri ubwo bwato ikiringo c’umwaka wuzuye, gushika amazi agabanutse. (Itanguriro 7:11, 12; 8:13-16) Abantu bose b’inkozi z’ikibi baraherengeteye. Nowa be n’umuryango wiwe bonyene ni bo barokotse binjira mw’isi yari yatyorowe.

Bibiliya ivuga yuko rya Segenya ryaba kw’isi yose mu gihe ca Nowa ari “icitegererezo c’ibintu bizoza.” Uti mu buryo ubuhe? Dusoma duti: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” Ariko rero nk’uko vyabaye mu gihe ca Nowa, hariho abantu bazorokoka. Numenye neza ko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”​—2 Petero 2:5, 6, 9; 3:7.

Nowa yari umuntu yari afise ukwihebera Imana, umuntu w’umugororotsi mw’iyaruka ry’abantu b’inkozi z’ikibi. Yaragamburukira Imana agaherezako. Yaragize uburindutsi bwo gukora iciza naho yari azi yuko ivyo vyotumye abantu batipfuza gukorera Imana bamusuzugura bakongera bakamwanka. Nitwigana Nowa muri iyo mice, na twebwe tuzotoneshwa n’Imana twongere tugire icizigiro co kuzorokorwa tukinjira mw’isi nshasha igiye kuza.​—Zaburi 37:9, 10.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Ont-ils vraiment vécu aussi longtemps?” kiri muri Réveillez-vous! yo muri Mukakaro 2007, ku rupapuro rwa 30.

[Ifoto ku rup. 5]

Ibikorwa vy’ubukazi vyakorwa n’Abanefilimu bishobora kuba vyaravuzwe mu nkuru z’ibitito za kera

[Ifoto ku rup. 7]

Twiganye ukwizera kwa Nowa, turashobora gutoneshwa n’Imana

[Abo dukesha ifoto]

Alinari/Art Resource, NY

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika