ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/6 rup. 4-7
  • Uburyo nyabwo bwo kuronka agahimbare

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo nyabwo bwo kuronka agahimbare
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe uwawe apfuye
  • Icizigiro kiratuma umuntu ahimbarwa
  • Yehova arashaka ko uhimbarwa
  • Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Umuti rudende!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/6 rup. 4-7

Uburyo nyabwo bwo kuronka agahimbare

“KURONDERA agahimbare” ni ikintu abantu bose bafitiye uburenganzira. Ukwo ni ko abasohoye rya tangazo ry’Ugushikira intahe y’ukwikukira kwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika babibona. Ariko rero, gukurikirana ihangiro rinaka si kwo kurishikako. Naho abakiri bato benshi bakurikirana imyuga ijanye n’ivyo kwinezereza be n’ivyo kwinonora imitsi, ni bangahe woba uzi mu vy’ukuri bashitse ku vyo bipfuza cane? Umuririmvyi umwe rurangiranwa azi neza urugamba umuntu arwana kugira ngo aroranirwe mu mwuga wiwe w’ubucuraranzi avuga ati: “Hari aho kumbure utazororanirwa”.

Nimba nawe umaze kwumva yuko utazororanirwa mu bijanye no kurondera agahimbare, rema ntiwihebure. Niwarondera agahimbare mu buryo bubereye, uzokaronka. Uti kubera iki? Ikiganiro c’imbere y’iki cavuze ivyerekeye ya “Mana ihimbawe”, Yehova (1 Timote 1:11, UB). Muri Bibiliya, Imana iratanga ubuyobozi kugira ngo ntutahe zirayoye mu bijanye no kurondera agahimbare. Yehova arashobora kugufasha kwihanganira ingorane zikunda gutera umubabaro. Nk’akarorero, rimbura ukuntu aguhumuriza igihe uwawe apfuye.

Igihe uwawe apfuye

Mbega hoba hari uwovuga ko urupfu rurimwo iciza na kimwe? Urupfu ruratandukanya abana n’abavyeyi. Ruratandukanya abagenzi somambike rukongera rugahungabanya ikibano c’abantu basenyera ku mugozi umwe. Igihe urupfu rugize uwo ruhitana mu muryango wari uhimbawe, vyoshobora gutuma uwo muryango usigara wishwe n’intuntu.

Mu vy’ukuri, nta wutabona ko urupfu ari icago. Ariko rero, abantu bamwe ivyo barabihakana, bakerekana ahubwo ko urupfu ari umuhezagiro. Ehe raba nk’akarorero ivyabaye inyuma ya ca gihuhusi cataziriwe Katrina catera mu Kigobe co muri Megizike muri Myandagaro 2005. Ku maziko y’umwe mu bahitanywe n’ico gihuhusi, umukuru w’idini umwe yavuze ati: “Ntiyishwe na Katrina. Imana ni yo yamuhamagaye mw’ijuru”. Ikindi gihe, hari umukozi akora ku bitaro bimwe yabwiye n’umutima mwiza umwigeme umwe ngo areke guhagarika umutima, kubera yuko ngo Imana yari yatwaye nyina wiwe mw’ijuru. Uwo mwigeme yaciye avuga arira ati: “Kubera iki, kubera iki yamuntwaye?”.

Si agaseseshwarumuri, ivyo vyiyumviro bitari vyo ku biraba urupfu akenshi usanga bidahumuriza ababuze ababo. Uti kubera iki? Kubera yuko ivyo vyiyumviro biterekana ukuri ku bijanye n’urupfu. N’ikibabaje kuruta, ivyo vyiyumviro vyerekana ko Imana itunyaga abacu be n’abagenzi ikoresheje uburyo buteye ubwoba n’intuntu. Aho kuboneka ko ari Imana yirura, ica iboneka nk’aho umengo ni inkozi y’ikibi iteza abantu icago c’urupfu. Ariko Ijambo ry’Imana ryo riravuga ukuri ku vyerekeye urupfu.

Bibiliya yita urupfu umumenja canke umwansi. Igereranya urupfu n’umwami aganza abantu (Abaroma 5:17; 1 Ab’i Korinto 15:26). Urupfu ni umwansi afise ububasha ku buryo ata muntu ashobora kururwanya, kandi iyo uwacu apfuye aba gusa abaye umwe mu bandi bantu badaharurika rumaze guhitana. Ukwo kuri kwo muri Bibiliya kurerekana neza igituma tugira intuntu be n’umwiheburo igihe uwacu apfuye. Kurerekana kandi yuko kugira izo nyiyumvo ari ibisanzwe. Ariko none, Imana yoba ikoresha uwo mwansi rupfu kugira ngo itware abacu mw’ijuru? Reka Bibiliya yishure ico kibazo.

Mu Musiguzi 9:5, 10 hagira hati: “Abapfuye nta co baba bakizi. . . . [N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge [“muri Sheoli”, NW] ah’urāriye kuja”. Sheoli ni iki? Ni imva rusangi abantu bajamwo iyo bapfuye. Mu mva, abapfuye nta na kimwe bashobora gukora, ntibakakaza, nta na kimwe bumva canke ngo bagire ivyiyumviro na bimwe. Ni nk’aho bari mw’itiro ryinshia. Gutyo, Bibiliya irerekana neza yuko Imana idatwara abacu bapfuye ngo babane na yo mw’ijuru. Urupfu rwatumye baba abatagira ubuzima aho mu mva.

Yezu yaremeje ukwo kuri inyuma y’aho umugenzi wiwe Lazaro apfiriye. Yezu yagereranije urupfu n’itiro. Asangwa Lazaro yari yaduze mw’ijuru kwibanira n’Imana Mushoboravyose, ntivyobaye biranga umutima mwiza ko Yezu amugarukana ngaha kw’isi uburuhiro agasubira gupfa. Iyo nkuru yahumetswe ivuga yuko igihe bari ku mva, Yezu yavuze n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka”. Bibiliya ibandanya iti: “Uwari yāpfuye arasohoka”. Lazaro yaciye asubira kubaho. Yezu yari azi yuko Lazaro atigeze ava kw’isi. Yari yiryamiye mu mva ata buzima afise.​—Yohana 11:11-14, 34, 38-44.

Ico kintu cabaye canditswe muri Bibiliya, kiradufasha gutahura yuko urupfu atari uburyo Imana ikoresha mu kwimurira abantu mw’ijuru ibakuye kw’isi. Turashobora rero kwumva twokwiyegereza Imana kubera tuzi yuko atari yo iba yaduteje umubabaro. Turashobora kandi kwizigira yuko itahura neza intuntu be n’ingaruka uwo mwansi rupfu aduteza. N’ikindi kandi, ukuri kwo muri Bibiliya ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe kuremeza ko batababarizwa mu muriro udahera canke mw’ipurugatori, ahubwo ko bari mu mva aho ata buzima bafise. Gutyo rero, kwibuka ivy’abacu bapfuye ntibikwiye gutuma twanka Imana canke ngo tugire ubwoba kubera ko tutoba tuzi iyo bari. Vyongeye, muri Bibiliya Yehova araturonsa n’iyindi mpumurizo.

Icizigiro kiratuma umuntu ahimbarwa

Ivyanditswe twaciye irya n’ino biradufasha kubona ko icizigiro ari ikintu gihambaye gituma umuntu aronka agahimbare nyakuri. Iryo jambo “icizigiro”, nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, risigura kwitega iciza kinaka udakekeranya. Kugira ngo tubone ingene icizigiro gishobora gutuma duhimbarwa muri iki gihe, reka tugaruke kuri ya nkuru ivuga ivyerekeye ukuntu Yezu yazuye Lazaro.

Hari n’imiburiburi imvo zibiri zatumye Yezu akora ico gitangaro. Iya mbere kwari ugutuma umubabaro Marita, Mariya hamwe n’abagenzi babo batuntuye bari bafise, uhera. Bari gusubira kandi kunezerwa no kuba kumwe n’uwabo. Ariko Yezu yareretse Marita imvo igira kabiri, ari na yo ihambaye kuruta, mu kuvuga ati: “Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?” (Yohana 11:40). Bibiliya imwe (The New Testament in Modern English) y’uwitwa J. B. Phillips, ihindura ako gace ka nyuma ngo “igitangaza Imana ishobora gukora”. Mu kuzura Lazaro, Yezu yari yerekanye imbere y’igihe ivyo Yehova Imana ashobora gukora kandi azokora muri kazoza. Ng’ibi ibindi bintu vyerekeye ico “gitangaza Imana ishobora gukora”.

Muri Yohana 5:28, 29, Yezu yavuze ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo”. Ivyo bisigura ko abari muri Sheoli bose, n’abacu barimwo, bazosubira kuba bazima. Mu Vyakozwe n’intumwa 24:15 harahishura vyinshi ku bijanye n’ico kintu gihambaye, mu kuvuga hati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya”. Urabona ko mbere “n’abagabitanya”, ni ukuvuga abantu benshi batamenye Yehova hanyuma ngo bamukorere, bazoronka akaryo ko gushobora gutoneshwa n’Imana.

Iryo zuka rizobera hehe? Muri Zaburi 37:29 havuga hati: “Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira”. Iyumvire gatoyi ntuze ico ivyo bisobanura. Imiryango be n’abagenzi bari baratandukanijwe n’urupfu bazosubira kubonana ngaha kw’isi. Iyo uzirikanye ku kuntu uzonezerwa uri kumwe n’abagenzi wahora ukunda cane, birumvikana ko uca wumva mu mutima agahimbare ari kose.

Yehova arashaka ko uhimbarwa

Twarimbuye uburyo bubiri Yehova ashobora gukoresha kugira ngo atume urushiriza guhimbarwa naho woba ufise ingorane. Ubwa mbere, biciye kuri Bibiliya arakuronsa ubumenyi be n’ubuyobozi vyogufasha guhangana n’ibihe bigoye kandi ukavyifatamwo neza. Turetse ivy’uko Bibiliya idufasha kwihanganira intuntu iterwa n’urupfu, impanuro tuyisangamwo zirashobora kandi kudufasha kwihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi be n’iz’amagara. Bibiliya irashobora kukuronsa inkomezi zo kwihanganira akarenganyo ko mu kibano be n’uruhagarara rwo mu vya politike. Kandi uramutse ushize mu ngiro ubuyobozi itanga, irashobora kugufasha kumenya uko wovyifatamwo mu zindi ngorane woba ufise.

Ubwa kabiri, biciye ku kwiga Bibiliya uraronka icizigiro kiruta kure n’iyo ikintu cose ikibano c’abantu gitanga. Izuka ry’abagenzi be n’abo mu muryango ni kimwe mu vyizigiro Bibiliya itanga. Mu Vyahishuriwe 21:3, 4 haravuga n’ibindi hati: “Imana ubgayo izobana n’[abantu]. . . . Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”. Ivyo bisigura yuko ikintu cose kigutera umubabaro mu buzima bwawe, vuba kigiye gukurwaho ubutakigaruka. Ivyo Bibiliya isezerana bizoranguka kandi uzohimbarwa no kwibonera iranguka ryavyo. Kumenya gusa ko ibihe vyiza biturindiriye, biraduhumuriza. Kumenya yuko utazobabazwa ibihe bidahera inyuma y’urupfu ni kimwe mu vyotuma uhimbarwa.

Reka tubitangire akarorero. Haraciye imyaka itari mike uwitwa Maria yiboneye ukuntu umunega wiwe asinzikazwa n’indwara ya kanseri gushika n’aho imuhitana. Ngo amagorwa ntasiga ayandi, mu gihe yari agituntujwe n’urupfu rw’umunega wiwe, we n’abakobwa biwe batatu babwirijwe guta urugo rwabo kubera ingorane z’ivy’ubutunzi. Haciye imyaka ibiri, Maria yahavuye amenya ko arwaye kanseri. Aramaze kubagwa incuro zibiri mu buryo bugoye cane, kandi buri musi aguma yihanganira ububabare bukomeye. Naho afise izo ngorane, icizigiro co aracagifise ku buryo ahora aremesha abandi bantu. Abigenza gute none kugira ngo agume ahimbawe?

Maria avuga ati: “Igihe mfise ingorane, ndagerageza kutiyumvira ivyanje mu buryo burenze urugero. Ndirinda kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Kubera iki ari je vyashikiye? Kubera iki ntegerezwa gucumukura ukuraho? Kubera iki ndwaye?’. Ivyiyumviro bica intege biraruhisha umuntu. Rero, inguvu zanje nca ndazikoresha mu gukorera Yehova no mu gufasha abandi. Ivyo bituma mpimbarwa”.

Icizigiro gifasha gute Maria mu buzima bwiwe? Gituma aguma ahanze amaso kazoza aho Yehova azokura ku bantu indwara be n’izindi ngorane. Iyo agiye kwa muganga kwivuza arabwira ico cizigiro abandi barwayi ba kanseri bashobora kuba bihebuye. Kuba Maria afise icizigiro, bihambaye ukungana iki kuri we? Avuga ati: “Ndakunda kuzirikana ku vyo Bibiliya ivuga mu Baheburayo 6:19, aho Paulo adondora icizigiro nk’inanga y’ubuzima. Mu gihe udafise iyo nanga, woca utwarwa nka kurya nyene ubwato budafise inanga butwarwa n’igihuhusi. Ariko mu gihe woba ubohewe kuri iyo nanga, uzokwumva utekanye naho woba uhanganye n’ingorane zikomeye zimeze nk’igihuhusi”. Kuba Maria “[yi]zigiye kuzoronka ubu[zima] budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye”, biramufasha kuguma ahimbawe. Ico cizigiro kirashobora gutuma na wewe uguma uhimbawe.​—Tito 1:2.

Biciye ku kwiga Bibiliya, urashobora kuronka agahimbare nyakuri naho woba ufise ingorane. Ariko rero, hari aho woba wibaza nimba kuyiga bishobora kugufasha mu buryo buboneka. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukuronsa inyishu zishingiye ku Vyanditswe ukeneye kugira ngo ushobore guhimbarwa vy’ukuri. Magingo ukirindiriye iranguka ry’icizigiro Yehova atanga, urashobora kuba mu bantu Bibiliya idondora iti: “Bazobona uguhimbarwa bo n’umunezero, kand’umubabaro n’ugusuhuza umutima bizohunga”.​—Yesaya 35:10.

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica [2003]) kidondora Sheoli ko ari “ikibanza kitarimwo umubabaro canke agahimbare, igihano canke impera”.

[Ifoto ku rup. 5]

Ukuri kwo muri Bibiliya kwonyene ni kwo gushobora kugabanya intuntu

[Ifoto ku rup. 7]

Icizigiro c’izuka Bibiliya itanga kirashobora gutuma uhimbarwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika