ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/8 rup. 3-4
  • Agateka k’abantu karakunze guhonyangwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agateka k’abantu karakunze guhonyangwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agateka k’umuntu ni iki?
  • Nutere iteka Yehova mu kugaragaza icubahiro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Agateka k’abantu bose karashobora kwubahwa no kwubahirizwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Twigira iki ku mpuzu z’abaherezi?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Dukurikire Kristu mu kwifata mu buryo buranga icubahiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/8 rup. 3-4

Agateka k’abantu karakunze guhonyangwa

‘Uravye ivyaranze ubuzima bwo mw’ikambi, akantu kose kahakorerwa kaba ari akaje gusongera isibe mu vyo gusuzuguza no kutubahiriza ikiremwa-muntu’.​—VYAVUZWE NA MAGDALENA KUSSEROW REUTER, UWAROKOTSE IKAMBI Y’ITUNATUNIRO Y’ABANAZI.

NAHO amabi yakorerwa mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi mu kiringo ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yari ateye ubwoba cane, ntibwari bwo bwa mbere agateka k’abantu gahonyangwa, kandi ntibwari bwo bwa nyuma. Twihweje ivyabaye canke ibiriko biraba, ikintu cibonekeza ni iki: Kuva kera na rindi abantu batagira uko bangana bamye ‘bashirwa hasi kandi ntibubahirizwe’.

Ariko rero, ivyo guhonyanga agateka k’abantu ntibigarukira gusa ku bikorwa vy’ubukazi vyasinzikaje abantu kuva kera na rindi. Birakunda kandi kugirwa mu buryo budashoka bwibonekeza. Iyumvire nk’akarorero umwana yoba ariko aratyekezwa kubera ukuntu aremwe. Canke kavantara yoba ariko aracokorwa kubera imico yiwe yitwa ngo ni iy’abanyamahanga. Cabure umuntu yoba ariko akumirwa ahowe ibara ryiwe ry’urukoba canke ubwenegihugu bwiwe. Bene gukora ivyo bashobora kuba babona ko ari ukwijandajandira, ariko uravye intuntu abariko baratyekezwa bagira be n’ukuntu bumva basuzuguwe, kuri bo si ukwijandajandira gusa.​—Imigani 26:18, 19.

Agateka k’umuntu ni iki?

Inyizamvugo imwe ivuga yuko agateka k’umuntu ari ‘ukuba yumva ko afise agaciro, yubahwa canke ko hari ico amaze’. Ku bw’ivyo rero, agateka k’umuntu karajanye n’ukuntu twebwe ubwacu tubona ibitwerekeye be n’ukuntu abandi badufata. Naho hariho ibintu bitandukanye bishobora kugira ico bikoze ku kuntu twebwe ubwacu tubona ibitwerekeye, uburyo abandi batubona canke badufata biragira ico bikoze ku kuntu tubona agaciro dufise mu buzima bwa misi yose.

Nta kibano na kimwe usanga kitarimwo abakene, ba ntahonikora be n’abatagira gitabara. Ariko rero, naho umuntu ivyiwe vyoba vyifashe gutyo, ntivyari bikwiye gutuma aca abona ko ata gateka afise. Ukuntu abandi bamubona be n’ukuntu bamufata ni vyo bishobora kugeramira agateka kiwe. Ikibabaje ni uko abantu ivyabo vyifashe nabi ari bo akenshi usanga agateka kabo kirengagizwa canke kagahonyangwa. Emwe, twama twumvise abavuga amajambo nk’aya ngo “uri imburakimazi”, “nta co umaze”, canke ngo “nta co wimariye” igihe baba bariko barafata nabi abageze mu zabukuru, abakene, canke abafise ingorane zo mu mutwe, kibure abafise ubumuga!

Ni kubera iki none abantu bakunda gushira hasi abandi? Agateka zina muntu afitiye uburenganzira koba kazokwigera kubahwa kakubahirizwa? Ikiganiro gikurikira kiraza gutanga inyishu ishimishije iva mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika