Agateka k’abantu bose karashobora kwubahwa no kwubahirizwa
“Dutegerezwa kwubaka isi nshasha, isi iruta kure n’iyo iy’ubu, aho agateka kamaho k’abantu kubahirizwa”.—IVYO VYAVUZWE NA HARRY TRUMAN, UMUKURU W’IGIHUGU CA LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA IGIHE YARI I SAN FRANCISCO MU GISAGARA CA KALIFORONIYA CO MURI ICO GIHUGU, KU WA 25 NDAMUKIZA 1945.
UWO mukuru w’igihugu Truman, cokimwe n’abandi benshi babayeho mu myaka yakurikiye ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, yabona yuko abantu bashobora kwigira ku vyabashikiye muri kahise, maze bakubaka “isi nshasha” aho agateka kuri bose kubahirizwa. Ikibabaje, ni uko ibiba muri iki gihe vyerekana ko ivyo badashobora kubishikako. “Agateka kamaho k’abantu” kaguma gahonyangwa kubera yuko umuzi w’ingorane udahagaze ku bantu, ariko uhagaze ku mwansi wabo mukuru aruta abandi bose.
Umuzi w’ingorane
Bibiliya yerekana ko uwo mwansi ari Shetani wa Mucokoranyi, uno akaba ari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha, ico kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu cahaririye ku bijanye n’uburenganzira Imana ifise bwo kuganza. Kuva igihe Shetani avuganiye na Eva mw’itongo ry’i Edeni, umugambi wiwe wabaye uwo gutuma bareka gukorera Umuremyi wabo (Itanguriro 3:1-5). Iyumvire ingaruka zibabaje cane Adamu na Eva bikwegeye igihe bumvira ivyo Shetani ababwiye! Bakimara kugarariza rya tegeko Imana yabaha ryo kutarya kuri ca camwa cabujijwe, ingaruka vyaciye bikwega ni uko ‘binyegeje ngo Uhoraho Imana ntababone’. Kubera iki none binyegeje? Adamu yiyemereye ati: “[Natinye], kuko ndi gusa, ndinyegeza” (Itanguriro 3:8-10). Ubucuti Adamu yari afitaniye na Se wiwe wo mw’ijuru be n’ukuntu ubwiwe yibona vyari vyahindutse. Yumva amaramaye kandi atorohewe imbere ya Yehova, nk’uko vyahora.
Ni kubera iki Shetani yipfuza kubona Adamu yiyumvamwo agateka kiwe kagabanutse? Ni kubera yuko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, Shetani na we akaba yipfuza kubona bariko barakora ibintu bitosekaza uburyo bagaragaza ubuninahazwa bw’Imana (Itanguriro 1:27; Abaroma 3:23). Ivyo biradufasha gutahura igituma kahise k’abantu karanzwe n’ibintu vyo gushira hasi abandi. Kubera ko Shetani ari we “mana y’iki gihe”, yararemesheje ako gatima mu ‘gihe [cose umuntu amaze] agira ububasha ku wundi bwo kumugirira nabi’ (2 Ab’i Korinto 4:4; Umusiguzi 8:9; 1 Yohana 5:19). Ivyo none vyoba bisigura ko agateka k’abantu ubwako kagiye akagirire?
Yehova aratera iteka ibiremwa vyiwe
Niwongere uzirikane ku kuntu ibintu vyari vyifashe mw’itongo ry’i Edeni imbere y’uko Adamu na Eva bacumura. Bari bafise imfungurwa umukimba, igikorwa gihimbaye, kandi bari bizigiye kubaho ibihe bidahera bamerewe neza bari kumwe n’uruvyaro rwabo (Itanguriro 1:28). Umuce wose w’ubuzima bwabo warashira ahabona umugambi uranga urukundo kandi uteye iteka Imana ifitiye abantu.
Yehova yoba yarahinduye ukuntu abona agateka k’abantu aho Adamu na Eva babereye abadatunganye? Habe namba. Ntiyirengagije ibimaramare bagize ico gihe kubera babona ko bari gusa. Imana ibitumwe n’urukundo, yarabahaye “imyambaro y’insāto” mu gishingo c’uducocerwa two mu mababi y’imisukoni bari badandikiranije (Itanguriro 3:7, 21). Aho kubareka ngo bagume bishwe n’ibimaramare, Imana yarabafatanye iteka.
Mu nyuma, igihe Yehova yari afitaniye imigenderanire n’ihanga rya Isirayeli, yaragaragariza ikibabarwe impfuvyi, abapfakazi be n’abanyamahanga baba muri bo, abo bose bakaba ari abantu usanga bakunda gufatwa nabi mu kibano (Zaburi 72:13). Nk’akarorero, igihe Abisirayeli baba bariko barimbura imirima yabo canke bamura imyelayo kibure imizabibu, bategerezwa kudasubira mu mirima guhumba ivyasigaye. Ahubwo riho, Imana yategetse yuko ivyo vyasigaye bikwiye kuba “ivy’umunyamahanga cank’impfuvyi cank’umupfakazi” (Gusubira mu vyagezwe 24:19-21). Gushira mu ngiro ivyo vyagezwe vyatuma hatagira uwusegerereza bikongera bikaronsa mbere na ba ntahonikora igikorwa giteye iteka.
Yezu yaratera iteka abandi
Igihe Umwana w’Imana Yezu Kirisitu yari kw’isi, yarerekanye ko yubahiriza agateka k’abandi. Nk’akarorero, igihe yari i Galilaya, hari umugabo ajejeta imibembe yamwegereye. Nk’uko Ivyagezwe vya Musa bivyerekana, kugira ngo umunyamibembe ntiyanduze abandi, yategerezwa gusemerera ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” (Abalewi 13:45). Ariko rero, uyo mugabo ntiyasemereye ngo agabishe abantu igihe yariko yegera Yezu. Ahubwo riho, yaciye yikubita hasi yubamye maze aramwinginga ati: “Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura” (Luka 5:12). None Yezu yavyakiriye gute? Ntiyamuhambariye ngo ni uko yarenze ku Vyagezwe, eka kandi ntiyamwirengagije canke ngo amuzibukire. Ahubwo, yarateye iteka uwo munyamibembe mu kumukorako no mu guca avuga ati: “Ndakunze, humanuka”.—Luka 5:13.
Mu bindi bihe, Yezu yarerekana ubushobozi afise bwo gukiza umuntu atarinze kumukorako, rimwe na rimwe akabigira ari kure y’uwo muntu. Ariko ico gihe hoho, yari yahisemwo gukora kuri uwo mugabo (Matayo 15:21-28; Mariko 10:51, 52; Luka 7:1-10). Kubera ko uwo mugabo ‘yajejeta imibembe’, nta gukeka ko hari haciye imyaka ata muntu amukorako. Ese ukuntu yumvise ahumurijwe kubona yongera kwumva umuntu amukorako! Murundi, nta kindi yipfuza atari ugukira iyo mibembe. Yamara, ukuntu Yezu yakijije uwo mugabo, nta gukeka ko kwatumye kandi asubira kugira iteka mu bantu. Vyoba vyumvikana umuntu yiyumviriye yuko abantu muri iki gihe boshobora kwitaho ivyo kwubahiriza agateka k’abandi nk’ukwo kwa Yezu? Nimba bishoboka, botera iteka abandi gute?
Ingingo ngenderwako ituma abandi bumva batewe iteka
Yezu yaravuze amajambo benshi babona ko ari inyigisho izwi cane kuruta izindi zose zigeze gutangwa ku bijanye n’imigenderanire abantu bagiranira. Yavuze ati: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe” (Matayo 7:12). Iyo ngingo ngenderwako igenga ukuntu abantu bakwiye gufata abandi iratuma umuntu avyurirwa umutima wo kwubaha mugenziwe, yizigiye ko uno na we nyene amwubaha.
Nk’uko ivyabaye muri kahise bivyerekana, gukurikiza iyo ngingo ngenderwako si ikintu gipfa kwizana; ahubwo usanga akenshi bisaba ko umuntu agira akigoro. Umugabo umwe dutaziriye Harold avuga ati: “Mu vy’ukuri narakunda ivyo gushira hasi abandi. Nkoresheje amajambo makeyi gusa, narashobora gutuma basigara bataye umutwe, bishwe n’ibimaramare, rimwe na rimwe biyuha n’iryosozi”. Mugabo hari ikintu cabaye catumye Harold ahindura uburyo yafata abandi. Abandanya ati: “Ivyabona vya Yehova batari bake baratanguye kuza barangendera. Iyo niyumviriye amajambo amwamwe navuga be n’ukuntu rimwe na rimwe nabafata, ndumva binteye isoni. Ariko ntibigeze badebukirwa, kandi bukebuke ukuri kwo muri Bibiliya kwarankoze ku mutima gutuma ngira ivyo mpinduye”. Muri iki gihe, Harold ni umukurambere mw’ishengero rimwe rya gikirisu.
Ivyashikiye Harold birerekana mu vy’ukuri ko “ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, ri[ga]suzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira” (Abaheburayo 4:12). Ijambo ry’Imana rirafise ububasha bwo gushikira umutima w’umuntu maze rigahindura ivyiyumviro vyiwe be n’inyifato yiwe. Ng’iki rero ikintu nyamukuru codufasha gutera iteka abandi: icipfuzo kivuye ku mutima co gufasha abandi aho kubababaza, kububaha aho kubashira hasi.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35; Abaroma 12:10.
Igihe agateka k’abantu bose kazosubira kwubahirizwa
Ico cipfuzo nyene ni co kivyurira Ivyabona vya Yehova umutima wo kuja kubwira abandi ibijanye n’icizigiro ciza igitangaza dusanga muri Bibiliya (Ivyakozwe n’intumwa 5:42). Nta bundi buryo bwiza umuntu yokwerekana ko yubaha mugenziwe kandi ko amutera iteka bwoza buruta ukumubwira “inkuru nziza z’ivyiza” (Yesaya 52:7). Ivyo “vyiza” birimwo kwambara “umuntu musha” akura mu bantu ‘icipfuzo kibi’ co gushira hasi abandi (Ab’i Kolosayi 3:5-10). Birimwo n’umugambi wa Yehova vuba ugiye gukuraho ibintu be n’inyifato bituma agateka k’abantu gahonyangwa, ukazokuraho n’inkwezi yavyo, Shetani wa Mucokoranyi (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10; Ivyahishuriwe 20:1, 2, 10). Igihe gusa “ukumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye” mw’isi, ni ho agateka kuri bose kazoba kagiye kwubahirizwa.—Yesaya 11:9.
Turakuremesheje ngo wige ibijanye n’ico cizigiro ciza igitangaza. Niwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, uzokwibonera yuko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bitera iteka abandi. Uzoheza kandi wige ukuntu Ubwami bw’Imana vuba bugiye kuzana ‘isi nshasha kandi iruta kure n’iyo iy’ubu’, aho “agateka kamaho k’abantu” katazoba ari umugani kandi katazokwigera kongera guhonyangwa.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
Kuguma ari intadohoka vyaratumye bagumana agateka kabo
Mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, Ivyabona vya Yehova barenga 2.000 bararungitswe mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi bahorwa ivyo bemera. Umugabo umwe yapfungiwe i Ravensbrück yitwa Gemma La Guardia Gluck yihweje ukuntu ivyo Vyabona bagumye ari intadohoka mu buryo budasanzwe, mu gitabu yanditse citwa Inkuru yanje (mu congereza) yigana ati: “Igihe kimwe, [ca gipolisi c’Abanazi citwa] Gestapo cari camenyesheje yuko Umutohoji wa Bibiliya wese yihakana ivyo yemera maze agatera igikumu ku rukaratasi ruvyerekana, yorekuwe kandi ntasubire guhamwa”. Ku bijanye n’abanse gutera igikumu kuri urwo rukaratasi, yandika ati: “Bashimye kubandanya bacumukura no kurindira bihanganye umusi wo kubohorwa”. Ni kubera iki none bagize iyo mpagararo? Umwe Magdalena twavuga mu ntango y’ikiganiro c’imbere y’iki, ubu ageze mu myaka 80, asigura ati: “Kuguma turi intahemuka kuri Yehova ni vyo vyari bihambaye kuruta kurondera kuguma turi bazima vyanka vyakunda. Kugumana agateka kacu vyasaba ko tugumana ukutadohoka kwacu”a.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya inkuru y’ido n’ido y’umuryango wa ba Kusserow, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1985, urupapuro rwa 10-15.
[Ifoto ku rup. 5]
Yezu yaratera iteka abo yakiza
[Ifoto ku rup. 7]
Ivyabona vya Yehova baratera iteka abandi mu kubabwira “inkuru nziza z’ivyiza”