Ko udashobora kuwuziganya, wukoreshe neza
UMWANYA urazimvye. Ukwo ni ko abantu bamwebamwe bakunze kuvuga. Ariko mu vy’ukuri, umwanya uratandukanye cane n’amahera canke ibindi bintu bifadika. Ntushobora kuziganya umwanya ngo uzowukoreshe ikindi gihe nk’uko woshobora kuziganya amahera, ibifungurwa, ibitoro canke ibindi bintu bitari bike. Umwanya uwo ari wo wose umuntu yogerageza kuziganya mu kutawukoresha woba upfuye ubusa. Vyogenda gute nka hamwe woryama amasaha umunani maze ukagerageza kuziganya amasaha y’uwo musi asigaye mu kudakora ikintu na kimwe? Uwo musi urangiye, ayo masaha utakoresheje, emwe, azoba agiye ubutakigaruka.
Umwanya woshobora kugereranywa n’uruzi runini rutemba runyaruka. Ntirwigera ruduga, nakare ngo nta mazi adatemba. Ntushobora kuruhagarika, eka kandi ntushobora gukoresha amazi yarwo yose. Kera cane, abantu baratanguye kuza barakora ku nkengera z’inzuzi amakurudumu azungurutswa n’amazi. Biciye kuri ubwo buhinga, barakoresha ivyo bikurudumu kugira ngo batume ibibuye vyo gukarisha ivyuma, ibisumeno, ibipompo, be n’ibinyundo bikora. Nk’ukwo nyene, urashobora gukoresha umwanya, atari mu kuwuziganya, ariko mu kurangura igikorwa ciza. Ariko rero, ivyo bisaba ko urwanya ibisuma nyamukuru bibiri vy’umwanya, ari vyo vy’ibi: ukuba nzobandabikora hamwe na muvyara waco, ni ukuvuga ugutunga ibintu vyinshi bidakenewe. Nimuze tubanze turimbure ibijanye no kuba nzobandabikora.
Niwirinde kuba nzobandabikora
Hari abakunze kuvuga ngo nta wuraza ikivi. Yamara abandi na bo ugasanga bivugira ngo n’ejo ni umusi. Igihe bano haba hari igikorwa kitoroshe kibarindiriye, baca biyorohereza ngo bazoba barabikora. “Kuba nzobandabikora” bisobanura kureka n’ibigirankana gukora ikintu cabwirizwa gukorwa kandi ukabigira akamenyero. Igihe umuntu nk’uyo yumvise aremerewe n’igikorwa kinaka abwirizwa gukora, aca arondera kwiyorohereza mu kuciyobagiza, maze muri uwo mwanya yitwa ko aronse agaca agereka akaguru ku kandi, gushika asubiye kubona ibikorwa bimurundaniyeko.
Rimwe na rimwe, bivanye n’ukuntu twumva tumerewe ku mubiri no mu mutima, birashobora kuba ngombwa ko tuba turaretse ibintu bimwebimwe twari gukora canke mbere tukabireka vyose. Turetse n’ivyo, umuntu wese arakenera umwanya wo kuruhuka ku musi ku musi. N’Umwana w’Imana ivyo yarabigira. Yezu yama afise vyinshi akora mu busuku yarangura, ariko kandi yarategekanya umwanya wo kuruhuka, akawutegekaniriza n’abigishwa biwe (Mariko 6:31, 32). Mwene ako kanya ko kumira amate ni ngirakamaro. Ariko rero, kuba nzobandabikora biratandukanye n’ivyo; akenshi usanga bigira ingaruka mbi. Raba akarorero kamwe.
Umunyeshure umwe w’umuyabaga afise indwi zitatu zo kwitegurira ikibazo c’ibiharuro. Afise ibintu vyinshi yanditse n’ibitabu vyinshi ategerezwa gusubiramwo. Arumva ko atorohewe. Aciye aja mu vyo kwiyumvira ko agifise imisi yo kuvyiga, none ng’uyo araguye mu mutego wo kuba nzobandabikora. Aho kwiga, aciye yirabira televiziyo. Ku musi ku musi, aguma yigiza inyuma ivyo yari akwiye gukora kugira ngo aze atore ico kibazo. Ahengereye buca akora ico kibazo maze aba ari ho afata ivyo abwirizwa kwiga vyose ngo avyigire icarimwe. Aricaye aho yigira maze atanguye gusoma bimwe yandika be na vya bitabu.
Amasaha ng’ayo arakunkumutse. Mu gihe abandi biryamiye, wewe ariko yinanata ngo afate ku mutwe mwene vya biharuro bigoye (équations, cosinus, racines carrées). Burakeye none ng’uyo mw’ishure ariko ashusha umutwe agerageza gukora ibibazo umutwe wiwe urushe utiteguriye kwishura. Aronse amanuta mabi, gutyo ico cigwa kikaba kimunaniye. Ategerezwa kugisubiramwo, kandi nta wuzi ko azokwunguruzwa.
Raba nawe ico kuba nzobandabikora vyakwegeye uwo munyeshure. Ariko rero, hariho ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ishobora gufasha abantu kwirinda ivyashikiye uwo munyeshure. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, [“mwicungurira umwanya ubereye”, NW]” (Abanyefeso 5:15, 16). Naho Paulo yariko arahimiriza abakirisu gukoreshanya ubukerebutsi umwanya wabo mu kwitwararika ivy’impwemu, iyo ngingo ngenderwako irashobora no gufasha mu bindi bikorwa bihambaye umuntu akora mu buzima. Kubera ko akenshi usanga dushobora guhitamwo umwanya dukorerako igikorwa kinaka, bizotugendera neza kuruta kandi dusange ico gikorwa gikozwe ningoga, igihe duhisemwo kugitangura mu mwanya tubona ko ari wo “ubereye”, ni ukuvuga wovamwo ikintu ciza kuruta. Nk’uko ico canditswe kivyerekana, ico ni ikintu cerekana ko turi “abanyabgenge”.
“Umwanya ubereye” uwo munyeshure yari kwigirako yitegurira ico kibazo c’ibiharuro wari kuba uwuhe? Kumbure yari kuza arafata iminuta nka 15 buri mugoroba, akaza arasubiramwo ico cigwa buhorobuhoro. Iyo abigenza gutyo, ntivyari kuba ngombwa ko, buca akora ico kibazo, yiga cane mu masaha yari akwiye kuba asinziriye. Kuri uwo musi w’ikibazo, yari kuba yaruhutse neza kandi yiteguye bimwe bihagije, kandi yari gushobora kuronka amanuta meza.
Ku bw’ivyo, igihe uhawe igikorwa kinaka, nugishingire “umwanya ubereye”, hanyuma ugikore. Gutyo, uzoba wirinze umutego wo kuba nzobandabikora be n’inkurikizi zavyo. Uzonezerwa kandi no kuba wakoze neza ico gikorwa. Ivyo birahambaye na canecane igihe ico gikorwa ari ikizogira ico gikoze ku bandi bantu, nk’uko biri ku bikorwa umuntu ashingwa mw’ishengero rya gikirisu.
Niwikureko ibintu bidakenewe
Nk’uko twabivuze mu ntango, ikintu kigira kabiri kidufasha gukoresha neza umwanya wacu w’agaciro, ni ukwirinda gutunga ibintu vyinshi bidakenewe. Ntituyobewe yuko gukoresha ibintu, kubipanga neza, kubisukura, kubibika no kubibungabunga bitwara umwanya. Ibintu vyiyongereye bisaba umwanya wiyongereye. Gukorera mu cumba canke mu nzu yandagayemwo ibintu vyinshi, usanga bitwara umwanya munini kandi bitesha umutwe kuruta gukorera ahantu hagutse kandi hatandagaye ibintu. N’ikindi kandi, uko ibintu bigenda bigwira, ni ko umwanya wo kurondera ikintu umuntu akeneye urushiriza kwongerekana.
Abahinga mu bijanye no gutunganya ivyo mu rugo bavuga yuko nk’igice c’umwanya abantu bamara bariko basukura usanga uherera mu “kuva aha uja harya, mu gukura ikintu aha ugishira harya no mu gukura mu nzira ibintu vyandagaye”. No mu yindi mice y’ubuzima, ibintu bimeze nk’ukwo nyene. Ku bw’ivyo, niba wipfuza gukoresha umwanya wawe neza kuruta, niwitegereze ukuntu ibintu biri aho uri bimeze. Ibintu vyinshi bidakenewe vyoba bituma ikibanza ukoreramwo caga, bigatuma kandi utaronka isaganirizo, n’igihambaye kuruta, bigatwara umwanya wawe? Niba ari ko biri, niwikureko ibidakenewe.
Kwikurako ikintu udakeneye woshobora gusanga bitoroshe. Guta ibintu wakunda ariko bidakenewe birashobora kuba ibibabaza, bikamera nk’aho uhevye umugenzi ukunda. Uti none woshobora gute kumenya niba ikintu kinaka wokigumya canke wocikurako? Hari abo usanga bakoresha uburyo bukurikira: Ikintu kimaze umwaka utagikoresha, gite! Bite ho nka hamwe utokwipfuza kugita umwaka uheze? Nukibike ahantu mu kiringo c’ayandi mezi atandatu. Igihe rero wongeye kukiraba maze ukabona haciye umwaka n’igice utagikoresheje, vyoshobora guca bikworohera kucikurako. Uko wobigenza kwose, intumbero yawe ni iyo kugabanya ibintu bidakenewe kugira ngo uheze ukoreshe neza umwanya wawe.
Mu bisanzwe, ibintu bidakenewe si ibiri mu nzu y’umuntu gusa canke mu kibanza akoreramwo. Yezu yaravuze ivy’“umwitwaririko w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi” ushobora ‘kunyoha ijambo’ ry’Imana maze bigatuma umuntu aba “ikirumbirane” ku bijanye n’inkuru nziza (Matayo 13:22). Ubuzima bw’umuntu burashobora kuba bwuzuyemwo imirimo myinshi be n’ivyo yirukangamwo vyinshi ku buryo bimugora kuronka umwanya ukenewe wo kuguma akora imirimo y’ivy’impwemu ihambaye rwose kandi akagumana uburimbane. Ico bivamwo ni uko ashobora kumererwa nabi mu vy’impwemu, maze amaherezo agatakaza akaryo yari afise ko kwinjira mw’isi nshasha Imana yasezeranye, igihe hazoba hariho umwanya udahera wo gukora ibintu bituma umuntu yumva ashize akanyota koko akongera akanezerwa vy’ukuri.—Yesaya 65:17-24; 2 Petero 3:13.
Woba wama uriko uragerageza kuraba ukuntu wokoresha umwanya wawe ku buryo woshobora kuwukoramwo ibintu vyose ubona ko utegerezwa gukora, vyaba ari ibijanye n’akazi ukora, ivyo mu rugo, umuduga wawe, ibintu vyo kwisamaza wikundira, ingendo ugira, ivyo kwinonora imitsi, uguteramana n’abandi, be n’ibindi vyinshi tutarinze kuvuga? Niba ari ko vyifashe, kumbure ubu ni co gihe c’uko woraba ukuntu wogira ivyo ugabanije kugira urushirize kwitaho ivy’impwemu.
Vy’ukuri, umwanya uguma wirenganira nka kurya kw’umugezi uguma utemba. Ntushobora gusubizwa inyuma canke kuziganywa; umaze kwigira, ntuzopfa usubiye kugaruka. Ariko rero, dukurikije ingingo ngenderwako zimwezimwe zoroshe zo muri Bibiliya tukongera tukagira ibintu ngirakimazi dukoze, turashobora gukoresha umwanya dukeneye kugira ngo twitwararike “ibintu bihambaye kuruta” (NW), ku bw’ineza yacu y’ibihe bidahera no ku bwo “[guhesha] Imana icubahiro n’ishimwe”.—Ab’i Filipi 1:10, 11.
[Ifoto ku rup. 8]
Cokimwe n’umugezi utemba unyaruka, umwanya urashobora gukoreshwa ku bw’igikorwa ciza
[Ifoto ku rup. 9]
“Umwanya ubereye” uwu munyeshure yari kwigirako yitegurira ikibazo ciwe ni uwuhe?
[Ifoto ku rup. 10]
Gukorera ahantu handagaye ibintu vyinshi biratwara umwanya munini kandi biratesha umutwe