Ugusenga kwokubera kwiza
UMWANDITSI wa Zaburi yitwa Asafu yavuze ati: “Kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe”. Vyari vyarashitse arabona umengo vyoba vyiza yiganye abirengagiza Imana barondera kubaho bimererewe neza. Mugabo, Asafu yaciye azirikana ku vyiza biva ku kwiyegereza Imana, maze abona ko ivyo ari vyo vyomubera vyiza (Zaburi 73:2, 3, 12, 28). Ugusenga kw’ukuri kwoba ari ngirakamaro kuri wewe muri iki gihe? Ni akamaro akahe gushobora kukugirira?
Gusenga ya Mana y’ukuri biragufasha kutabaho wironderera gusa inyungu zawe. Bivanye n’ukuntu twaremwe na ya “Mana Nyen’urukundo”, abakurikirana inyungu zabo gusa ntibashobora kwigera baronka agahimbare (2 Ab’i Korinto 13:11). Yezu yarigishije ukuri kw’ishimikiro ku bijanye n’ukuntu twebwe abantu turemwe, mu kuvuga ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Ni co gituma turyoherwa no kugira ivyo tugiriye abagenzi bacu canke abo mu muryango wacu. Mugabo, agahimbare gahambaye kuruta kava ku kugira ivyo dukoreye Imana. Irakwiriye ko tuyikunda kuruta uwundi wese. Abantu amamiliyoni bo mu mice yose y’ubuzima basanze gusenga Imana mu gukora ivyo isaba bimara akanyota bimwe utoraba.—1 Yohana 5:3.
Kuratuma ugira intumbero mu buzima
N’ikindi kandi, ugusenga kw’ukuri kurakubera kwiza kuko gutuma ugira intumbero mu buzima. Woba umaze kubona yuko kenshi agahimbare kava ku kwumva yuko uriko urashika ku kintu c’ingirakamaro? Abantu benshi barafise intumbero mu buzima, yaba ari iyijanye n’umuryango wabo, abagenzi babo, urudandaza rwabo, canke ukunezerwa. Kubera yuko buca bugacana ayandi, ivyo bintu akenshi usanga bidatuma bagira agahimbare (Umusiguzi 9:11). Ariko rero, ugusenga kw’ukuri kuragufasha kugira intumbero iruta izo, imwe ituma umuntu aguma yumva ko ashize akanyota n’igihe nyene iyindi mice y’ubuzima itogenda neza.
Ugusenga kw’ukuri kurimwo kumenya Yehova no kumukorera udahemuka. Abakurikirana ukwo gusenga bariyegereza cane Imana (Umusiguzi 12:13; Yohana 4:23; Yakobo 4:8). Hari aho wobona umenga kumenya Imana neza ku buryo icika umugenzi wawe ntivyoshoboka. Yamara, uzirikanye ku nkuru zivuga ivyo yakoreye abantu ukongera ukazirikana ku vyo yaremye, urashobora vy’ukuri gutahura imice igize kamere yiwe (Abaroma 1:20). Vyongeye, usomye Ijambo ry’Imana, urashobora gutahura igituma turiho, igituma Imana ireka hakaba ugucumukura, n’ukuntu izorangiza ugucumukura. N’ikindi kandi, urashobora gutahura ikintu kumbure gishimishije kuruta ivyo vyose, na co kikaba ari ukuntu ushobora kugira uruhara ruhambaye mu vyo Imana iriko irarangura (Yesaya 43:10; 1 Ab’i Korinto 3:9). Emwe, gutahura ivyo birashobora gutuma ubona iyindi mvo yotuma ubaho!
Kuratuma uba umuntu arushirije kumera neza
Ugusenga kw’ukuri kurakubera kwiza kuko kugufasha gucika umuntu arushirije kumera neza. Ubandanije ugusenga kw’ukuri, uratsimbataza kamere ituma ugiranira n’abandi ubucuti burushirije kubamwo agahimbare. N’ikindi kandi, urigira ku Mana no ku Mwana wayo gukora ibintu ata buryarya, kuvugana ubuntu, no kuba umwizigirwa (Abanyefeso 4:20–5:5). Igihe Imana uyizi neza cane ku buryo ushika ku kuyikunda, uca wiyumvamwo yuko ukwiye kuyigana. Bibiliya ivuga iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo”.—Abanyefeso 5:1, 2.
Ntivyoba none bihimbaye kuba ukikujwe n’abantu bigana urukundo rw’Imana? Igishimishije, gusenga ya Mana y’ukuri si ikintu ugira uri wenyene. Bituma wifatanya n’abandi bakunda ikibereye n’iciza. Ariko ntiwumve, hari aho wokwumva umenga ntivyogushimisha kwifatanya n’idini risanzwe ryungunganijwe. Yamara rero, nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ingorane ihari ku madini menshi si iy’uko yungunganijwe, ahubwo ni iy’uko atungunganijwe mu buryo bwiza no ku bw’intumbero zibereye. Menshi mu madini yungunganijwe arondera gushika ku ntumbero zitajanye n’ubukirisu. Abasavyi b’Imana bo bungunganijwe na Yehova ubwiwe kugira bashitse intumbero y’agahore. Bibiliya ivuga iti: “Imana [si] iy’umuvurungano, ariko n’iy’amahoro” (1 Ab’i Korinto 14:33). Cokimwe n’abandi bantu amamiliyoni, hari aho wosanga kwifatanya n’umugwi w’abakirisu wungunganijwe neza bigize ikintu ciza bihinduye ku kuntu ubona ibintu.
Kuratuma ugira icizigiro ku bijanye na kazoza
Ivyanditswe Vyeranda birerekana yuko Imana iriko yungunganya abasavyi bayo b’ukuri kugira bashobore kuzorokora umuhero w’ivy’iyi si hanyuma baragwe isi ‘izoba yibereyemwo ukugororoka’ (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 7:9-17). Gutyo, ugusenga kwokubera kwiza kuratuma ugira icizigiro, ico na co kikaba ari ntahara kugira ngo ugire agahimbare. Bamwebamwe, ivyizigiro vyabo bijanye na kazoza babishingira ku gutekana kw’intwaro, ku kuba biteze kugira urudandaza, canke ku kuba babona ko bazogira amagara meza be n’uko bazogira ubuzima bwiza inyuma y’ugukukuruka. Yamara, ni bike muri ivyo bintu usanga bituma umuntu agira imvo yumvikana yo kwitega kazoza gahimbaye, canke mbere ugasanga nta na kimwe muri vyo. Intumwa Paulo we yanditse ati: “Twizigiye Imana nzima”.—1 Timoteyo 4:10.
Urondeye neza, urashobora gutora abasenga b’ukuri abo ari bo. Mw’isi ya kino gihe yigabaguye, urukundo n’ubumwe birangwa mu Vyabona vya Yehova birerekana mu buryo butomoye ko batameze nk’abandi. Bava mu mahanga hafi nka yose no mu nzego z’ubuzima hafi nka zose, yamara barunze ubumwe bivuye ku rukundo bakundana no ku rwo bakunda Yehova (Yohana 13:35). Baragutumiye ngo nawe wibonere ivyo biboneye. Asafu yanditse ati: “Kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe”.—Zaburi 73:28.
[Ifoto ku rup. 7]
Urashobora kuba umukunzi w’Imana