ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/9 rup. 17-21
  • Iyo hari uwawe ahevye Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo hari uwawe ahevye Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki bibabaza gutyo?
  • Uburyo wovyifatamwo
  • Igihe uwawe ahevye Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/9 rup. 17-21

Iyo hari uwawe ahevye Yehova

MARK na Louise ni Ivyabona vya Yehovaa. Babigiranye urukundo n’ubwitwararitsi, barigishije abana babo Ivyanditswe, nk’uko Bibiliya ibihimiriza abavyeyi bakirisu (Imigani 22:6; 2 Timoteyo 3:15). Ikibabaje ni uko atari abana babo bose babandanije gusukurira Yehova bamaze gushika mu bigero. Louise avuga ati: “Ndumva mbabaye cane kubona abana banje barataye inzira. Sinshobora guhakana ko ivyo bimbabaza cane uko bukeye uko bwije. Igihe abandi baba bariko baravuga ivyerekeye abahungu babo, ikigumbagumba kiraniga ngaca mbwirizwa kwigumya kugira nsinkorore amosozi”.

Vy’ukuri, igihe umuntu umwe mu muryango ahisemwo guheba Yehova be n’inzira y’ubuzima yigishwa mu Vyanditswe, abandi bagumye ari intahemuka usanga akenshi bagira umubabaro ukomeye. Irene avuga ati: “Ndakunda cane mukuru wanje ku buryo ata co numva ntokora kugira ngo agaruke kuri Yehova!”. Maria, uno akaba afise musazawe yateye akagere Yehova aja mu vy’ubuhumbu, avuga ati: “Vyarangoye cane kuvyihanganira kubera yuko uwo musazanje yari yambereye umuntu mwiza mu bindi vyose. Mpora numva ndamukumbuye canecane igihe tuba turi mu mitororokano minini yo mu muryango”.

Ni kubera iki bibabaza gutyo?

Ni kubera iki none abakirisu bibababaza cane igihe babuze mu buryo bw’impwemu umwana canke iyindi ncuti? Ni uko bazi yuko Ivyanditswe bisezerana ko abaguma ari intadohoka kuri Yehova bazokwiberaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye Iparadizo (Zaburi 37:29; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3-5). Bariteganye umushasharo gusangira iyo mihezagiro n’abo bubakanye, abana babo, abo bivukana be n’abazukuru babo. Ntiworaba ukuntu bibabaza biyumviriye ingene ababo baretse gusukurira Yehova iyo mihezagiro ishobora kubaca mu myanya y’intoke! No ku bijanye n’ukuntu abakirisu babayeho muri iki gihe, baratahura yuko amabwirizwa ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe bibagirira akamaro. Ni co gituma bavunika umutima igihe ababo babivye mu buryo butuma bimbura ibintu bibabaje.​—Yesaya 48:17, 18; Ab’i Galatiya 6:7, 8.

Ku bantu bamwebamwe bitarashika ngo babure umuntu muri ubwo buryo, ushobora gusanga bitoroshe ko batahura ukuntu ico kintu gishobora kuba kibabaza cane. Biragira ico bikoze ku mice nka yose y’ubuzima. Louise avuga ati: “Ubu bisigaye birushiriza kumbabaza igihe mba ndi ku makoraniro ya gikirisu maze nkabona abavyeyi n’abana babo bariko batwenga bongera bayaga. Igihe cose habaye ikintu giteye umunezero, usanga ntakinezererwa kubera ko hari abanje tutaba turi kumwe”. Umukurambere mukirisu umwe, aribuka imyaka ine umukobwa w’umukenyezi wiwe yamaze atacifatanya na bo, akavuga ati: “Akenshi n’ibihe wasanga mu bisanzwe biteye umunezero, vyarababaza. Igihe umukenyezi wanje naba ndamugabiye akantu canke nkaba namujanye gusama akayaga mu mpera y’umushamvu, yaraturikisha akarira yibutse yuko umukobwa wiwe atariko araryoherwa hamwe natwe”.

Abo bakirisu boba none barenza urugero? Ihibambewe. Mu bisanzwe, boshobora kuba bariko bagaragaza ku rugero runaka kamere za Yehova, tukaba tuzi ko umuntu yaremwe mw’ishusho yiwe (Itanguriro 1:26, 27). Uti ivyo bisobanura iki? Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute igihe ihanga ryiwe rya Isirayeli ryamugarariza? Muri Zaburi 78:38-41, hatwereka yuko yababaye yongera aragira intuntu. Yamara, abigiranye ukwihangana, yarabagabishije yongera arabatoza indero, akaza arabababarira igihe baba bigaye. Biribonekeza ko Yehova akunda cane ibiremwa vyiwe, ari vyo ‘gikorwa c’amaboko yiwe’, kandi ntapfa kubiheba (Yobu 14:15; Yona 4:10, 11). Abantu na bo nyene yabaremanye ubushobozi bwo kuguma bakunda abandi, kandi ubucuti buba hagati y’abagize umuryango hari igihe usanga bukomeye cane. Ntibitangaje rero kuba abantu barengerwa n’umubabaro iyo babuze mu buryo bw’impwemu incuti bakunda.

Mu vy’ukuri, kubura uwawe mu buryo bw’impwemu biri mu bigeragezo bikomeye bishikira abasenga Imana b’ukuri (Ivyakozwe n’intumwa 14:22). Yezu yavuze yuko kwemera ubutumwa yashikiriza vyotumye haba ukwica ibice mu miryango imwimwe (Matayo 10:34-38). Ivyo ntibiterwa n’uko ubutumwa bwo muri Bibiliya ubwabwo butuma haba ukwicamwo ibice mu muryango. Ahubwo riho, abantu bo mu muryango batari Ivyabona canke batagumye ari intahemuka ni bo batuma haba ukwicamwo ibice mu kwiyamiriza inzira y’ubukirisu, mu kuyiheba, canke mbere mu kuyirwanya. Ariko rero, turakenguruka kubona Yehova atareka abasavyi biwe b’intahemuka ngo babure ikibafasha kwihanganira ibigeragezo bibashikira. Niba ubu wumva ufise intuntu nyinshi kubera ko wabuze uwawe mu buryo bw’impwemu, ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zishobora kugufasha kwihanganira uwo mubabaro, maze ukumva ku rugero runaka unezerewe kandi uhimbawe n’ukuntu ibintu vyifashe?

Uburyo wovyifatamwo

Mu ‘kwiyubaka, mwizigamire mu rukundo rw’Imana’ (Yuda 20, 21). Bivanye n’ukuntu ivyawe vyifashe, vyoshoboka yuko uba ata co woshobora gukora muri iki gihe kugira ngo ufashe uwo muntu wo mu muryango yaretse gusukurira Yehova. Ariko rero, urashobora kwiyubaka ukongera ukubaka n’abo bose bagize umuryango bagumye ari intahemuka, kandi ivyo urakwiye kubigira. Veronica, uwo babiri mu bahungu biwe batatu bahevye ukuri, avuga ati: “Twe n’umunega wanje twaribukijwe yuko nitwaguma dukomeye mu vy’impwemu ari ho tuzoba twiteguriye neza kwakira abo bahungu bacu nibikubita agashi bakagaruka. Mbega iyo se wa wa mwana w’icangazi ataba yari yiteguriye kumwakira, uwo mwana yari guca aba uwa nde?”.

Kugira ngo ugume ukomeye, nugire vyinshi ukora mu vy’impwemu. Muri ivyo hoshobora kuba harimwo ukuguma ukurikiza urutonde rwawe rwo kwiyigisha Bibiliya cane be n’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu. Niwitange mu gufasha abandi mw’ishengero uko ivyawe vyoba bigukundiye kwose. Vy’ukuri, urashobora gusanga mu ntango mwene ivyo bikorwa bigoye. Veronica yibuka ati: “Nabanje kuza ndikumira nka kurya kw’igikoko cakomeretse. Ariko umunega wanje yaguma ashimika ku vy’uko tugumana utumenyero twacu two mu vy’impwemu. Yaritwararika ivy’uko tuja ku makoraniro. Igihe hari hageze ko twitaba ihwaniro na ho, narakeneye uburindutsi budasanzwe kugira ngo ngende maze nshobore guhura n’abantu. Yamara, ivyashikirijwe muri iryo hwaniro vyaratumye turushiriza kwiyegereza Yehova. Umuhungu wacu yari yagumye ari intahemuka yarubatswe n’iryo hwaniro bimwe bidasanzwe”.

Maria, umwe twavuga mu ntango, abona ko kuguma afise vyinshi akora mu busuku bwo mu ndimiro ari vyo canecane bimufasha, kandi ubu ariko arafasha abantu bane kwiga ivyerekeye Bibiliya. Laura na we nyene avuga ati: “Naho nama narize imisi yose, ndakengurukira Yehova kuba mfise ubutumwa butagira agahaze bwo muri Bibiliya bushobora gufasha imiryango muri iyi misi y’iherezo, naho ntaroraniwe mu kurera abana banje nk’uko abavyeyi bamwebamwe baroraniwe”. Ken na Eleanor, bano abana babo bakaba barahevye ishengero, baratunganije ivyabo kugira ngo bimukire mu karere gakeneye cane abamamaji b’Ubwami maze bakore ubusuku bw’igihe cose. Ivyo vyarabafashije kuguma babona ibintu mu buryo bwiza no kuticwa n’intuntu.

Ntute icizigiro. Urukundo “rwizigira vyose” (1 Ab’i Korinto 13:7). Uwo Ken duhejeje kuvuga agira ati: “Igihe abana bacu baheba ukuri, nabonye yuko kwari nk’ukubabura. Mugabo aho mwenewacu apfiriye, naciye ntangura kubona ibintu mu bundi buryo. Ndakenguruka kubona abana banje batapfuye bupfe no kubona Yehova yama yiteguriye kubakira baramutse bamugarutseko”. Si ivy’imbeshere, ivyagiye biraba vyerekanye yuko abataye ukuri amaherezo bagaruka.​—Luka 15:11-24.

Ntiwiyagirize. Abavyeyi canecane boshobora kuza barakubitiza amaso inyuma maze bakicuza, bibwira yuko kumbure iyo bavyifatamwo mu bundi buryo mu gutunganya ibintu bimwebimwe, bitari kugenda nk’uko vyagenze. Ariko rero, iciyumviro nyamukuru kiri muri Ezekiyeli 18:20 ni ic’uko umucumuzi ari we agira ico abazwa na Yehova ku bijanye n’uguhitamwo nabi kwiwe, atari abavyeyi biwe. Igishimishije ni uko naho igitabu c’Imigani kivuga ibintu vyinshi bijanye n’ibanga abavyeyi bajejwe ryo kurerera abana babo mu nzira ibereye, usanga impanuro giha abana ngo bumvirize bongere bubahe abavyeyi babo ziruta incuro zirenga zine izo giha abavyeyi. Vy’ukuri, abana barafise ibanga ryo kwakira neza inyigisho ishingiye kuri Bibiliya bigishwa n’abavyeyi babo b’abanyagasembwa. Ushobora kuba waragerageje gutorera umuti ingorane uko ushoboye kwose igihe zashika. Yamara, naho woba ubona ko hari ukuntu wihenze be n’uko mu vy’ukuri iryo ari ikosa wakoze, ivyo si ngombwa ngo bice bisobanura yuko ukwo kwihenda ari kwo kwatumye uwawe aheba ukuri. Uko biri kwose, kuguma wicuza ngo “ese iyo menya”, nta co bimaze. Niwigire ku makosa wakoze, wiyemeze kudasubira kuyakora, wongere usenge Yehova kugira akubabarire (Zaburi 103:8-14; Yesaya 55:7). Nuce rero uhanga amaso kazoza, ntugume wiyumvira kahise.

Niwihanganire abandi. Kuri bamwebamwe vyoshobora kuba bitoroshe kumenya ingene bokuremesha canke bokwirura, na canecane igihe baba batarigera bashikirwa n’ikintu nk’ico. Uretse n’ivyo, abantu usanga batandukanye ku bijanye n’ivyo babona ko biremesha kandi ko bihumuriza. Ku bw’ivyo, hagize abavuga ibintu bikubabaza, nushire mu ngiro impanuro intumwa Paulo atanga dusanga mu B’i Kolosayi 3:13, igira iti: “Mwihanganiran[e], muhariran[e], iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi”.

Niwubahe indinganizo Yehova yashizeho yo gutozwa indero. Niba hari uwo mu muryango wanyu yatojwe indero mw’ishengero, uribuka yuko ivyo biri mu ndinganizo Yehova yashizeho kandi ko vyagizwe ku bw’ineza ya bose, ushizemwo n’uwo yakoze icaha (Abaheburayo 12:11). Ku bw’ivyo, nunanire agatima kose ko kurondera gutora amahinyu abakurambere babigizemwo uruhara canke gutora amahinyu ingingo bafashe. Uribuka yuko ibintu bigenda neza kuruta igihe bikozwe mu buryo Yehova ashima, mu gihe kurwanya indinganizo zitandukanye yashizeho vyovyo ata kindi bishobora kuvamwo atari ukwongereza intuntu.

Inyuma y’aho Abisirayeli babohorewe bakava mu Misiri, Musa yama abacira imanza (Kuvayo 18:13-16). Kubera ko urubanza rwatsindwa n’umwe rutabura gutsindisha uwundi, birumvikana ko umuntu yokwiyumvira yuko hari abatashimishwa n’ingingo Musa yaba yafashe. Kunegura imanza Musa yaca bishobora kuba biri mu vyatumye haja haraba abagarariza uburongozi bwiwe. Ariko rero, Musa ni we Yehova yariko arakoresha mu kurongora ihanga ryiwe, kandi ntiyahanye Musa, ariko yahanye abo bagarariji be n’imiryango yabo yari ibashigikiye (Guharūra 16:31-35). Turashobora kugira ico twigiye kuri ivyo mu kwihatira kwubaha ingingo zafashwe n’abafise ubukuru bahawe n’Imana muri iki gihe no gukora duhuza na zo.

Mu bijanye n’ivyo, Delores aribuka ukuntu vyamugoye kuguma abona ibintu mu buryo buri ku burimbane igihe umukobwa wiwe yatozwa indero n’ishengero. Avuga ati: “Icamfashije ni uko nagiye ndasoma incuro n’izindi ibiganiro vyerekana ko indinganizo Yehova ashiraho zitegereka. Nari mfise agakaye ko kuza ndandikamwo ivyiyumviro vyashikirizwa mu nsiguro be n’ivyo nakura mu biganiro nasoma vyoshobora kumfasha kwihangana no kubandanya gusukurira Yehova”. Ivyo bidushikanye ku kindi kintu gihambaye cogufasha kuvyifatamwo neza.

Nuserure ukuntu wiyumva. Kugira umugenzi umwe canke babiri atahura ibintu kandi wizigiye wobwira ivyawe, ushobora gusanga bifasha. Mu kubigira, nuhitemwo abagenzi bogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. Nta nkeka ko ‘gusuka ivyo mu mutima wawe’ mw’isengesho utura Yehova bizokugirira akamaro caneb (Zaburi 62:7, 8). Uti kubera iki? Kubera yuko atahura bimwe bigera kure ukuntu wiyumva. Nk’akarorero, ushobora kuba wumva umengo ntivyari bikwiye ko aba ari wewe ugira umubabaro nk’uwo mu mutima. Nakare, si wewe wahevye Yehova. Nubwire Yehova uko wiyumva wongere umusabe agufashe kubona ibintu mu buryo budatuma wumva ubabaye cane.​—Zaburi 37:5.

Uko igihe kizohaca, hari aho worushiriza kubona ingene wovyifatamwo neza kuruta ku buryo utarengerwa n’inyiyumvo ugira. Mu gihe ivyo utarabishikako, ntureke kubandanya ugira utwigoro two guhimbara Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru, kandi ntiwigere wiyumvira yuko utwo twigoro ari impfagusa (Ab’i Galatiya 6:9). Uribuka yuko turamutse duhevye Yehova, na ho nyene twogira ingorane. Ariko mu gihe tugumye turi intahemuka kuri we, aradufasha mu bigeragezo turimwo. Nuhere amazinda rero yuko Yehova atahura bimwe bigera kure uko ivyawe vyifashe be n’uko azobandanya kuguha inkomezi ukeneye ku gihe kibereye.​—2 Ab’i Korinto 4:7; Ab’i Filipi 4:13; Abaheburayo 4:16.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

b Ku bijanye no kumenya nimba umuntu yotura isengesho asabira uwo mu muryango yaciwe, nurabe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2001, urupapuro rwa 29-30.

[Uruzitiro ku rup. 19]

Uburyo wovyifatamwo

◆ Mu ‘kwiyubaka, mwizigamire mu rukundo rw’Imana’.​—Yuda 20, 21.

◆ Ntute icizigiro.​—1 Ab’i Korinto 13:7.

◆ Ntiwiyagirize.​—Ezekiyeli 18:20.

◆ Niwihanganire abandi. ​—Ab’i Kolosayi 3:13.

◆ Niwubahe indinganizo Yehova yashizeho yo gutozwa indero. ​—Abaheburayo 12:11.

Nuserure ukuntu wiyumva. ​—Zaburi 62:7, 8.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 21]

Woba warahevye Yehova?

Niba ari uko vyifashe, waba wamuhevye kubera iyi mvo canke iriya, ubucuti ufitaniye na we be n’ivyizigiro vy’ibihe bidahera ufise bigeze aho umwansi ashaka. Kumbure uripfuza kugaruka kuri Yehova. Woba none muri iki gihe uriko urakora uko ushoboye kwose kugira ngo ivyo ubishikeko? Canke woba uriko uravyigiza inyuma gushika aho ico wita igihe kibereye kizogerera? Uribuka yuko ibicu vy’umwiza w’umuzitanya vya Harumagedoni biriko biregereza kandi vyihuta cane. Vyongeye, ubuzima bwo muri ino si ni bugufi kandi nta wumenya ico buca bucana. Ntushobora kumenya niba n’ejo uzoba ukiriho (Zaburi 102:3; Yakobo 4:13, 14). Umugabo umwe yasanze arwaye indwara yohavuye imuhitana, yavuze ati: “Iyo ndwara yamfashe ndiko nsukurira Yehova mu murimo w’igihe cose, ata co niyotsa. Kandi kuba niyumva gutyo birandemesha cane”. Ariko rero, iyumvire ukuntu yari kwumva amerewe mu gihe iyo ndwara imufata ariko avuga ngo “Umusi uri izina nzogaruka kuri Yehova!”. Niba warahevye Yehova, iki ni co gihe co kumugarukako.

[Amafoto ku rup. 18]

Kugira vyinshi ukora mu vy’impwemu birashobora kugufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika