ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/9 rup. 2-3
  • “Imisi y’iherezo” ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Imisi y’iherezo” ni iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/9 rup. 2-3

“Imisi y’iherezo” ni iki?

WOBA wibaza ico kazoza kakubikiye wewe n’abawe? Abantu benshi barumviriza amakuru bitonze kugira ngo barabe ukuntu ibishika mw’isi bishobora kugira ico bikoze ku buzima bwabo. Ariko rero, gutega yompi Ijambo ry’Imana ryahumetswe biratuma dutahura ibintu mu buryo bw’ukuri. Ivyo ni ukwo biri kubera ko kuva kera na rindi, Bibiliya itari yaravuze gusa ibijanye n’ibiriko biraba muri iki gihe, ariko kandi yari yaravuze n’ibiraririye kuba.

Nk’akarorero, igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, yaravuze cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana (Luka 4:43). Birumvikana ko abantu bamwumviriza bashaka kumenya igihe ubwo Bwami bwiza igitangaza bwoziye. Ni na co gituma hasigaye imisi itatu ngo Yezu yicwe ata co azira, abigishwa biwe bamubajije bati: “Ikimenyetso kizoba iki c’ukuhaba kwawe [mu Bwami] n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3, NW). Yezu yababwiye yuko Yehova Imana wenyene ari we yari azi igihe nyezina ubwo Bwami bwokwifatiye mu minwe ivyo kw’isi (Matayo 24:36; Mariko 13:32). Ariko rero, Yezu hamwe n’abandi baravuze ibintu bimwebimwe vyogiye biraba kw’isi vyotanze ikimenyamenya c’uko Kirisitu ariko araganza mu Bwami.

Imbere yuko duca irya n’ino ibimenyetso biboneka vyerekana yuko turi mu “misi y’iherezo” y’ivy’iyi si, nimuze twihweze muri make ikintu gihambaye cabaye mw’ijuru (2 Timoteyo 3:1). Yezu Kirisitu yabaye Umwami mw’ijuru mu mwaka wa 1914a (Daniyeli 7:13, 14). Akimara kwimikwa, hari ikintu yaciye akora. Bibiliya itubwira iti: “Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco” (Ivyahishuriwe 12:7). “Mikayeli, umumarayika mukuru” ni Yezu Kirisitu ari mu kibanza ciwe mw’ijurub (Yuda 9; 1 Ab’i Tesalonike 4:16). Igisato ni Shetani wa Murwanizi. Uti none Shetani be n’abamarayika babi bamukurikiye, ari bo bitwa amadayimoni, vyabagendeye gute muri iyo ntambara? Baraneshejwe maze ‘barakororwa’, ni ukuvuga ko birukanywe mw’ijuru baza mu micungararo y’isi (Ivyahishuriwe 12:9). Ku bw’ivyo, “amajuru [hamwe n’a]bayabamwo”, ari bo bana bo mu buryo bw’impwemu b’Imana b’intahemuka, baciye banezerwa. Ariko, abantu bo ntibagize uwo munezero. Bibiliya yavuze iti: “Ibara rizobonwa n’isi . . . , kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.​—Ivyahishuriwe 12:12.

Shetani n’inzigo n’akantu, yarakwegeye ibara abantu baba kw’isi, iryo bara rikaba ari ugucumukura n’umubabaro. Ariko rero, iryo bara ryomaze “igihe gito”. Bibiliya ivuga yuko ico gihe ari “imisi y’iherezo”. Turashobora guhimbarwa n’uko akosho Shetani ariko aragira kw’isi vuba kagiye gukurwaho buhere. Ariko none, ni igiki kitwemeza yuko turi mu misi y’iherezo?

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2006, urupapuro rwa 6-7.

b Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ku rupapuro rwa 218-219, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 2]

IGIPFUKISHO: Foreground: © Chris Stowers/​Panos Pictures; background: FAROOQ NAEEM/​AFP/​Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika