Ibibazo vy’abasomyi
Muri rya sengesho ryiwe y’akarorero, Yezu yoba yashaka kuvuga yuko ivyo Imana igomba vyariko birakorwa mw’ijuru, kandi abamarayika babi batari bwirukanwe?
Nk’uko vyanditswe muri Matayo 6:10 (UB), Yezu yavuze ati: “Ivyo ushaka bigirwe kw’isi nko mw’ijuru”. Ico kintu yasavye coshobora gutahurwa muri ubu buryo bubiri. Ubwa mbere, ko yariko arasaba yuko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi nk’uko vyari bisanzwe bikorwa mw’ijuru canke, ubwa kabiri, ko yariko asaba yuko vyokorwa mu buryo bwuzuye mw’ijuru no kw’isi.a Insobanuro y’amajambo Yezu yavuze imbere y’aho ngo “ubwami bwawe ni buze”, irerekana yuko iciyumviro ca kabiri ari co kirushirije kuba igihuje n’Ivyanditswe. Yerekeza ku gihe Yezu yari kw’isi be no ku gihe kirekire cakurikiye. Mu buryo ki?
Igitabu c’Ivyahishuriwe kiradoma urutoke ku ngaruka zibiri z’ishingwa ry’Ubwami bw’Imana mw’ijuru. Iya mbere yerekeye ijuru ubwaryo, iya kabiri ikerekera isi. Mu Vyahishuriwe 12:7-9, 12 havuga hati: “Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco. Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co. Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.
Iyirukanwa mw’ijuru rya Shetani n’amadayimoni inyuma yo mu 1914, ryatumye ako karere gahumanurwa mu gukurwamwo ibiremwa vy’impwemu vyagararije vyose, ivyo bitera umunezero mwinshi abana b’intahemuka ba Yehova bagizwe n’abamarayika, akaba ari bo benshi cane mu biremwa vyiwe vy’impwemu (Yobu 1:6-12; 2:1-7; Ivyahishuriwe 12:10). Gutyo, ico Yezu yasavye muri rya sengesho ry’akarorero ku bijanye n’ijuru, cari kirangutse. Abasigaye muri ako karere k’ijuru bose, bari intahemuka kuri Yehova kandi bakagamburuka ubusegaba bwiwe mu buryo bwuzuye.
Vyoshimikwa yuko n’imbere y’aho, igihe abamarayika babi bari bagishobora gushika mw’ijuru, bari bamaze kuba ibicibwa mu muryango w’Imana kandi bashingiwe amategeko ntarengwa. Nk’akarorero, muri Yuda 6 hahishura yuko, no mu kinjana ca mbere G.C, bari bamaze “[kurindirwa] gucirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza [wo mu buryo bw’impwemu]”. Muri ubwo buryo nyene, muri 2 Petero 2:4 havuga hati: “Imana [ntiyagiriye] ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw [i]bakororera i kuzimu [imero y’ugushirwa hasi bimwe bibi], ikabashira mu vyobo vy’umwiza [wo mu buryo bw’impwemu], ngo barindirwe kuzocirwakw iteka”.b
Mu buryo ataho busa busana n’ukuntu bari bameze igihe bari bakiri mw’ijuru ari ibicibwa, abo bamarayika babi baragize ububasha bukomeye kw’isi. Kukaba nkako, Ijambo ry’Imana ryita Shetani “umutware w’iyi si”, amadayimoni na yo rikayita “abaganza iyi si y’umwiza” (Yohana 12:31; Abanyefeso 6:11, 12; 1 Yohana 5:19). Kubera ububasha Shetani afise, yarashoboye kwemerera Yezu ko yomuha “ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo”, aramutse amusenze rimwe ryonyene (Matayo 4:8, 9). Biratomoye rero yuko mu bijanye n’isi Ubwami bw’Imana ‘nibwaza’ hazoba amahinduka akomakomeye.
Aha kw’isi, ‘umuzo’ w’Ubwami bw’Imana uzotuma haba isi nshasha koko. Ubwo Bwami buzojanjagura intwaro zose zashinzwe n’abantu, maze bube intwaro rudende iganza isi yose. Muri ico gihe nyene, abatwarwa babwo bagizwe n’abantu batinya Imana, bazoba bagize “isi nsha” (2 Petero 3:13; Daniyeli 2:44). Ubwo Bwami kandi buzorandurana n’imizi icaha mu bantu bagamburuka maze butume isi yose ihinduka iparadizo, gutyo bube bukuyeho amasigarira yose y’intwaro ishigikiwe na Shetani.—Abaroma 8:20, 21; Ivyahishuriwe 19:17-21.
Mu mpera ya ya myaka igihumbi, igihe Ubwami bwa Mesiya buzoba bumaze gushitsa ivyo Imana igomba, “Umwana ubgiwe azoganzwa n’Iyamuhaye inganji ya vyose, ngw Imana ibe vyose muri vyose” (1 Ab’i Korinto 15:28). Hazoca haba ikigeragezo ca nyuma, maze kirangiye Shetani n’amadayimoni yiwe be n’umuntu wese w’umugarariji azoba yazimijwe, bazoca barandurwa buhere muri rwa “rupfu rwa kabiri” (Ivyahishuriwe 20:7-15). Inyuma yaho, ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo mw’ijuru no kw’isi bizogamburuka ubusegaba bwa Yehova burangwa urukundo, bifise umunezero. Mu mice yose, iryo rizoba ari iranguka rishitse rya ya majambo yo muri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu.—1 Yohana 4:8.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri Bibiliya yitwa The Bible—An American Translation, ico gihimba ca rya sengesho ry’akarorero rya Yezu gihindurwa ngo: “Ubwami bwawe buze! Ivyo ugomba bigirwe kw’isi no mw’ijuru!”.—Matayo 6:10.
b Ukwo gucibwa mu vy’impwemu, intumwa Petero yagusanishije no kuba mw’“ibohero”. Ariko rero, ntiyashaka kuvuga rwa “rusumanyenzi” amadayimoni azokororerwamwo muri kazoza kugira ngo amareyo imyaka igihumbi.— 1 Petero 3:19, 20; Luka 8:30, 31; Ivyahishuriwe 20:1-3, UB.