ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/10 rup. 8-10
  • Bibiliya yoba ituzitira birenze?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba ituzitira birenze?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba ari vyiza kugira umwidegemvyo utagira aho ugarukira?
  • ‘Umutwaro wanje urahwahutse’
  • Wohitamwo iki?
  • Ingene tworonka umwidegemvyo nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nureke Yehova akujane ku mwidegemvyo nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nukorere Yehova ya Mana y’umwidegemvyo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ni wewe wihitiramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/10 rup. 8-10

Bibiliya yoba ituzitira birenze?

“NKIRI umwana, sinigishijwe ingingo mfatirwako na zimwe zo muri Bibiliya. Imana, ntiyigera icishwa no mu kanwa”. Ukwo ni ko umusore umwe wo muri Finilande yavuze. Kurera abana muri ubwo buryo biriraye muri iki gihe. Abenshi, na canecane abakiri bato, babona ko Bibiliya yataye igihe bimwe birenze urugero be n’uko impanuro itanga zibazitira birenze. Abashaka gukurikiza Bibiliya babonwa ko ari abantu bacinyizwa, babayeho baremerejwe n’amategeko y’ivyo batarekuriwe gukora be n’amabwirizwa. Ku bw’ivyo, benshi bumva yuko vyoba vyiza baretse gusoma Bibiliya maze bakaronderera ubuyobozi ahandi.

Kubona Bibiliya muri ubwo buryo biva ahanini ku nkuru za kera zivuga ukuntu amadini y’abiyita abakirisu yacinyije abantu. Nk’akarorero, muri ca kiringo abatohozakahise bamwebamwe bise Ikiringo c’umwijima (kuva nko mu 476 gushika nko mu 1000 G.C.), mu Buraya Ekeleziya Gatolika yari ifise ububasha ku mice nka yose y’ubuzima bw’abantu. Umuntu wese yahirahira ntiyemere ivyo idini ryariko riragira, yarahakwa gusinzikarizwa ubuzima, mbere no kwicwa agahakwa kwicwa. Amadini y’abaporotisanti, ano akaba yavutse mu nyuma, na yo nyene yarabujije abantu umwidegemvyo. Abantu bamwebamwe bamenyereye ivy’amadini y’abaporotisanti barazi ibihano bikomeye vyatangwa muri ayo madini. Ku bw’ivyo, kubera ko amadini yarangwa n’agacinyizo, abantu baciye bashika ku ciyumviro kitari co c’uko ngo inyigisho ziva muri Bibiliya na zo nyene zitegerezwa kuba zicinyiza.

Mu binjana biheze, n’imiburiburi mu bihugu bimwebimwe, amadini yaratakaje ububasha bwinshi mu bwo yari afise ku buzima bw’abantu. Abenshi, bamaze guheba inyigisho zishingiye ku kwemera kw’amadini, baciye batangura kubona yuko bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo ikibereye n’ikitabereye. Uti none ivyo vyavuyemwo iki? Umwigisha umwe w’ivyigwa bijanye n’ivy’ubugizi bwa nabi be n’ivy’ubutungane mu kibano yitwa Ahti Laitinen, asigura ati: “Ivyo kwubaha ubukuru bisigaye vyaragabanutse, kandi ukuntu abantu batahura ivyemewe n’ibitemewe biriko birushiriza kuba urusobangane”. Igitwengeje ni uko n’indongozi z’amadini zaguye mu mutego wo kubona ibintu muri ubwo buryo. Umusenyeri umwe akomeye cane wo mw’idini ry’abaluteri yavuze ati: “Jewe nsa n’uwudashigikiye ivy’uko ngo umuntu ashobora kumenya ibijanye n’ikibereye be n’ikitabereye afashijwe na Bibiliya canke n’abakuru bamwebamwe b’amadini”.

Vyoba ari vyiza kugira umwidegemvyo utagira aho ugarukira?

Iciyumviro c’umwidegemvyo utagira aho ugarukira coshobora gusa n’igihimbaye canecane ku bakiri bato. Ni abantu bake usanga bashima ko umuntu abereka ko abaruta canke usanga bashima kubaho bisunga urutonde runaka rw’amategeko y’ivyo bemerewe gukora n’ivyo batemerewe gukora. Ariko none, umuntu wese yoba akwiye kugira umwidegemvyo wo gukora ikintu cose agomvye? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka turimbure aka karorero. Gerageza kwiha ishusho y’igisagara kitagira amategeko y’ibarabara. Nta mpusha zo gutwara imiduga zisabwa, eka nta n’ikibazo gikorwa kugira ngo umuntu aronke urwo ruhusha. Abantu barashobora kwitwarira imiduga uko bashatse, n’igihe boba baborewe, bakayitwara ata co binona ku bijanye n’aho bogeza mu kunyaruka, ku bijanye n’ibimenyetso vyerekana aho bategerezwa guhagarara be n’ibitangwa n’ibitara vyo ku masanganzira y’amabarabara, ku bijanye n’ibarabara ricamwo imiduga itumbera inzira imwe be no ku bijanye n’inzira yagenewe abagenda n’amaguru. Hari umuntu yoshima ga yemwe ico kintu citwa ngo ni umwidegemvyo? Eka da! Ivyo vyovamwo akajagari n’umuvurungano, kandi ibara ryogwa. Naho amategeko y’ibarabara abuza abantu umwidegemvyo, turatahura yuko ayo mategeko akingira abatwara imiduga n’abagenda n’amaguru.

Muri ubwo buryo nyene, Yehova araduha inyobozo zijanye n’ukuntu dukwiye kubaho. Izo nyobozo ziradufitiye akamaro. Zitahari, twobwirizwa kwiga ibintu mu kuza turagerageza iki na kiriya, kandi twize ibintu muri ubwo buryo, twoshobora kwigirira nabi canke tukagirira nabi abandi. Inyifato nk’iyo y’akajagari mu bijanye no gukurikiza ikibereye n’ikitabereye ntiyoba ari nziza kandi yokwega akaga nka kurya nyene kw’abantu boba bariko baratwara imiduga mu gisagara kitagira amategeko agenga ibarabara. Mu vy’ukuri, turakeneye amategeko n’amabwirizwa vy’uburyo bunaka, ico kikaba ari ikintu abantu benshi bemera ata gahato.

‘Umutwaro wanje urahwahutse’

Amategeko y’ibarabara ashobora kuba agizwe n’urutonde rurerure rw’amabwirizwa kandi rurimwo utuntu tw’ido n’ido. Hari imihingo imwimwe usanga igitigiri c’amategeko ajanye n’aho bahagarika imiduga conyene giteye akoba. Mu buryo buhushanye n’ubwo, Bibiliya ntishiraho urutonde rurerure rw’amategeko. Ahubwo, ishiraho ingingo ngenderwako z’ishimikiro kandi izo ngingo ntizigoye vyongeye ntizicinyiza. Yezu Kirisitu yarahaye abantu bo mu gihe ciwe ubutumire bukwegera bugira buti: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; kukw [“ingogo”, NW] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:28, 30). Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye ishengero rya gikirisu ry’i Korinto, yavuze ati: ‘Aho impwemu y’Umwami iri, ni ho haba umwidegemvyo’.​—2 Ab’i Korinto 3:17.

Ariko rero, uwo mwidegemvyo urafise aho ugarukira. Yezu yavuze atomora yuko ivyo Imana isaba birimwo amategeko amwamwe yoroshe. Nk’akarorero, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze” (Yohana 15:12). Iyumvire ukuntu ubuzima buba bumeze iyaba umuntu wese yakurikiza iryo tegeko! Gutyo rero, umwidegemvyo abakirisu bafise uri n’aho ugarukira. Intumwa Petero yanditse ati: “Mube nk’abidegemvya, arikw atar’ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana”.​—1 Petero 2:16.

Gutyo, naho nyene abakirisu bataboshwe n’urutonde rw’amategeko arimwo utuntu tw’ido n’ido, ntibakora ibintu bisunze ivyiyumviro vyabo ku bijanye n’ikibereye n’ikitabereye. Abantu barakeneye ubuyobozi bushobora gutangwa n’Imana gusa. Bibiliya ivuga itomoye iti: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Nitwumvira ubuyobozi buva ku Mana, tuzobwungukirako cane.​—Zaburi 19:11.

Kimwe mu vyo twungukira kuri ubwo buyobozi ni agahimbare. Nk’akarorero, wa musore twavuga mu ntango, yari yahoze ari igisuma n’umubeshi. N’ikindi kandi, yari igihumbu. Aho amariye kwiga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ziri hejuru, yarahinduye uburyo yari abayeho, maze abaho ahuza na zo. Yavuze ati: “Naho ntashoboye gukurikiza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zose ubwo nyene, naratahuye agaciro kazo. Uburyo nari mbayeho ubwa mbere ntibwatuma ngira agahimbare nk’ako mfise ubu. Umuntu abayeho ahuza n’ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya birorosha ubuzima bwiwe. Aramenya intumbero y’ubuzima akongera akamenya ikibereye n’ikitabereye”.

Abantu amamiliyoni na bo nyene bariboneye ibintu nk’ivyo. Bimwe mu vyiza biboneye ni uko ubuyobozi buva muri Bibiliya bwabafashije kuryohora imigenderanire bagiriranira n’abandi, gutsimbataza ukubona ivy’akazi mu buryo buri ku burimbane, kwirinda ingeso mbi, gutyo bakabaho mu buryo buhimbaye kuruta. Markusa, akaba ari umusore yari afise ubuzima burimwo tubiri, avuga ku bijanye n’ubuzima bwiwe ati: “Kubaho nisunga Bibiliya vyatumye nshobora kurushiriza kwumva ko hari ico maze” b.

Wohitamwo iki?

None Bibiliya yoba ituzitira? Ego, iratuzitira ku bw’ineza yacu twese. Ariko none yoba ituzitira birenze? Oya. Umwidegemvyo utagira aho ugarukira nta kindi ushikanako atari ingorane. Ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ziri ku burimbane kandi ziratuma turushiriza kumererwa neza zikongera zigatuma tugira agahimbare. Markus abandanya avuga ati: “Uko igihe cagenda kirahaca, ni ko nagenda ndabona ubukerebutsi buri mu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima. Naho mu buryo butari bumwe ukuntu mbayeho bitandukanye n’ukuntu abandi muri rusangi babayeho, sinigera nibaza ko hari akaryo nagishije ko gukora ikintu c’ingirakamaro mu buzima”.

Igihe utanguye kwibonera ivyiza biri mu kubaho wisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya, urukundo ukunda Ijambo ry’Imana rurongerekana. Ivyo biragushikana no ku kindi kintu kirushirije kuba ciza, ico na co kikaba ari ugukunda uwo iryo Jambo rikomokako, Yehova Imana. “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora”.​—1 Yohana 5:3.

Yehova ni Umuremyi wacu akongera akaba na Data wa twese wo mw’ijuru. Arazi ikirushiriza kutubera ciza. Aho kutuzitira, araturonsa ubuyobozi buranga urukundo ku bw’ineza yacu. Yehova, akoresheje imvugo nyuramatwi, aduhimiriza ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga”.​—Yesaya 48:18.

[Utujambo tw’epfo]

a Si ko yitwa.

b Nimba ugomba ayandi makuru yerekeye uburyo bwo gushingira ubuzima kuri Bibiliya, raba ikigabane ca 12 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 9]

Yezu yavuze yuko ivyo Imana isaba vyoruhuye umuntu

[Ifoto ku rup. 10]

Gukurikiza ubuyobozi buva ku Mana bituma umuntu ahimbarwa kandi akumva ko ari n’ico amaze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika