ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/12 rup. 3
  • Ni kubera iki tworondera kumenya antikristo uwo ari we?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kubera iki tworondera kumenya antikristo uwo ari we?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Antikristu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Antikristo ashirwa ku kabarore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Antikristu ni nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/12 rup. 3

Ni kubera iki tworondera kumenya antikristo uwo ari we?

“Mwumvise yuko Antikristo azoza”. Ukwo ni ko intumwa yahumekewe n’Imana yanditse, ubu hakaba haciye igihe kirekire (1 Yohana 2:18). Ese ukuntu ayo majambo akabura ubwenge! Abantu baramaze ibinjana n’ibindi bibaza ico ayo majambo asobanura. None antikristo ni nde? Azoza ryari? Azokora iki niyaza?

ABAGIRIJWE ko ari ba antikristo ni benshi cane. Muri kahise, mu biswe ko ari ba “antikristo” harimwo Abayuda, abapapa b’abagatolika, be n’abami b’Abaroma. Nk’akarorero, igihe Umwami w’abami Ferederiko wa kabiri (uwabayeho mu 1194-1250) yahitamwo kutaja mu ntambara yagizwe ku bw’ineza ya Ekeleziya, Papa Geregori w’icenda yaciye amwita antikristo maze aramuca muri Ekeleziya. Uwasubiriye Geregori, ari we Inosenti wa kane, na we nyene yaramuciye muri Ekeleziya. Ivyo vyatumye Ferederiko aca avuga ko Inosenti ari we antikristo.

Intumwa Yohani ni we mwanditsi wa Bibiliya wenyene yakoresheje ijambo “antikristo”. Mu makete abiri yitirirwa izina ryiwe, iryo jambo ribonekamwo incuro zitanu, haba mu rudende canke mu bwinshi. Ivyanditswe iryo jambo ribonekamwo biri mu ruzitiro rukurikira iki kiganiro. Dufatiye kuri ivyo vyanditswe, turabona yuko antikristo ari umubeshi akongera akaba umuntu ayobeza, yiyemeje gusenyura ubucuti umuntu afitaniye na Kirisitu be n’ubwo afitaniye n’Imana. Kubera ico, iyo ntumwa yahimirije abakirisu bagenzi bayo iti: “Abo nkunda, ntimwemere [“ijambo ry’irihumekano ryose, ariko musuzume amajambo y’amahumekano yose kugira ngo murabe nimba ava ku Mana”, NW]: ku kw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi”.​—1 Yohana 4:1.

Yezu na we nyene yaragabishije ku bijanye no kwirinda abantu bayobeza, ari bo bahanuzi b’ikinyoma, mu kuvuga ati: “Baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama”, ni ukuvuga ku vyo bakora (Matayo 7:15, 16). Yezu yoba na we nyene yariko aragabisha abayoboke biwe ngo birinde abantu bagereranywa na antikristo? Reka turabe ukuntu dushobora kumenya uwo muntu w’umubisha ayobeza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika