Antikristo ashirwa ku kabarore
NKA hamwe womenya ko ikiza ruhonyanganda kiriko kiriha inkumbi mu karere ubamwo, wokwikingira gute? Kumbure, wokomeza ubushobozi umubiri wawe ufise bwo kwirwanira kandi ukirinda abantu bohava bakwandukiza. Dutegerezwa kubigenza gutyo nyene mu buryo bw’impwemu. Ivyanditswe bitubwira yuko antikristo “[a]maze gushika mw isi” (1 Yohana 4:3). Niba tugomba kutandukirwa, dutegerezwa kumenya abashobora kutwanduza abo ari bo maze tukabirinda. Duhiriwe duhishije, Bibiliya iratubwira vyinshi ku bijanye n’ivyo.
Ijambo “antikristo” risobanura “uwurwanya Kirisitu (canke uwishira mu gishingo ciwe)”. Rero, mu nsobanuro yaryo yagutse, iryo jambo ryerekeza kuri abo bose barwanya Kirisitu canke babesha ngo ni ba Kirisitu canke ngo ni abamuserukira. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ūtamperereyeko aba ar’umwansi wanje [canke antikristo], kand’ūdafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje”.—Luka 11:23.
Mu vy’ukuri, Yohani yanditse ibijanye na antikristo haheze imyaka irenga 60 Yezu apfuye hanyuma akazukira kuja mw’ijuru. Ku bw’ivyo, ibikorwa vya antikristo umuntu ategerezwa kubitahura biciye ku kuntu bigira ico bikoze ku bayoboke ba Yezu b’intahemuka bo kw’isi.—Matayo 25:40, 45.
Antikristo ararwanya abayoboke ba Kirisitu
Yezu yaraburiye abayoboke biwe yuko isi muri rusangi yobanse. Yavuze ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje. Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi”.—Matayo 24:9, 11.
Kubera ko abigishwa ba Yezu bahamwa ‘bahorwa izina ryiwe’, biratomoye ko ababahama ari ba antikristo, ni ukuvuga abarwanya Kirisitu. “Abīgira abavugishwa n’Imana”, bamwe muri bo bakaba barigeze kuba ari abakirisu, na bo nyene bari muri uwo mugwi (2 Yohana 7). Abo ba “antikristo benshi”, nk’uko Yohani yavyanditse, “bavuye muri twebge, ariko ntibar’abacu: iyo baba bar’abacu, baba baragumanye natwe”.—1 Yohana 2:18, 19.
Amajambo ya Yezu na Yohani arerekana mu buryo butomoye ko antikristo atari umuntu umwe ariko ko agizwe n’abantu benshi barwanya Kirisitu. Bisubiye, kubera ko bigira abavugishwa n’Imana, imwe mu ntumbero zabo nyamukuru ni uguhenda abantu mu vy’Imana. Bumwebumwe mu buryo bakoresha ni ubuhe?
Bakwiragiza ibinyoma vy’amadini
Intumwa Paulo yaraburiye umukozi mugenziwe Timoteyo kuba maso ku nyigisho z’abahuni nka Humenayo na Fileto, abo “ijambo ryabo [‘rizokwandukira nk’akaranda’, UB]”. Paulo yongeyeko ati: “Bā[ra]zimiye ba[r]ava mu vy’ukuri, bavuga ng’ukuzuka kwarahejeje kubaho, ba[r]ahenura ukwizera kwa bamwe” (2 Timoteyo 2:16-18). Biboneka ko Humenayo na Fileto bigisha ko izuka ryari iryo mu buryo bw’ikigereranyo gusa be n’uko abakirisu bari baramaze kuzuka mu buryo bw’impwemu. Ego ni ko, kuba umwigishwa w’ukuri wa Yezu bituma umuntu aba muzima dufatiye ku kuntu Imana ibona ibintu, ivyo bikaba ari na vyo Paulo ubwiwe yavuze atomora (Abanyefeso 2:1-5). Ariko rero, ivyo Humenayo na Fileto bigisha ntivyari bihuje na wa muhango Yezu yatanze w’izuka nya zuka ry’abapfuye rizoba mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana.—Yohana 5:28, 29.
Ivyiyumviro vy’izuka ry’ikigereranyo gusa vyahavuye bitezwa imbere n’umugwi w’abitwa Abaginositike. Kubera ko Abaginositike bemera yuko umuntu ashobora kuronka ubumenyi (ubwitwa gnoʹsis mu kigiriki) mu buryo busiga ubwenge, baravangatiranya ubukirisu bw’ubuhuni n’amafilozofiya y’Abagiriki be n’ibintu bisiga ubwenge vyemerwa muri Aziya. Nk’akarorero, bemera yuko ikintu cose kiboneka canke gifadika ari kibi, ngo ku bw’iyo mvo rero, Yezu ntiyigeze aza ari mu mubiri ahubwo ngo yasa gusa n’uwufise umubiri w’umuntu. Nk’uko twabibonye, ivyo ni vyo neza na neza Yohani yari yagabishije ko umuntu yokwirinda.—1 Yohana 4:2, 3; 2 Yohana 7.
Ikindi kinyoma, icaremaremwe mu binjana vyakurikiye, ni ya nyigisho y’icitwa Ubutatu butagatifu, ikaba ivuga yuko ngo Yezu ari Imana Mushoboravyose akongera akaba Umwana w’Imana. Dogoteri Alvan Lamson mu gitabu yanditse (The Church of the First Three Centuries) avuga yuko inyigisho y’Ubutatu “yakomotse kw’isôko ata ho rihuriye na gato n’Ivyanditswe vy’Abayuda be n’ivya gikirisu; ko yateye imbere, maze ikinjizwa mu bukirisu, biciye ku Bakuru b’idini bemera ivyiyumviro vya Pulato”. Uti none abo bakuru b’idini bari bande? Bari abakuru b’idini b’abahuni bakunda cane inyigisho z’umufilozofe w’umugiriki w’umupagani yitwa Pulato.
Ukwo kwinjiza inyigisho y’Ubutatu mu bukirisu cari ikintu gikomeye antikristo akoze kubera ko iyo nyigisho yatumye Imana ibonwa ko ari amayobera, yongera ituma abantu badashobora gutandukanya Imana n’Umwana wayo (Yohana 14:28; 15:10; Ab’i Kolosayi 1:15). Iyumvire gatoyi nawe! Umuntu ashobora gute ‘kwiyegereza Imana’, nk’uko Ivyanditswe bibituremesha, nimba Imana ari amayobera?—Yakobo 4:8.
Mu gusongera isibe, abahinduzi benshi ba Bibiliya barakuye izina ry’Imana, ari ryo Yehova, mu mpinduro zabo, kandi ntuze iryo zina riboneka incuro zirenga 7.000 mu gisomwa ca Bibiliya co mu ntango! Ata gukeka, kugerageza gutuma Mushoboravyose atabonwa gusa ko ari amayobera, ariko kandi akabonwa ko ari ikiyoberane kitagira izina, ni ukutubaha na gato Umuremyi wacu n’Ijambo ryiwe ryahumetswe (Ivyahishuriwe 22:18, 19). Vyongeye, gusubiriza izina ry’Imana amazina y’icubahiro nk’aya ngo Umukama canke Imana ni ukurenga kuri rya sengesho ry’akarorero Yezu yigishije, igice kimwe caryo kikaba kigira giti: “Izina ryawe ryubahwe”.—Matayo 6:9.
Ba antikristo baratera akagere Ubwami bw’Imana
Ba antikristo basigaye bakora bimwe bidasanzwe muri iyi “misi y’iherezo” tubayemwo (2 Timoteyo 3:1). Intumbero nyamukuru abo bantu bayobeza bo muri iki gihe bafise ni iy’ukuzimiza abantu ku biraba uruhara Yezu afise rwo kuba ari we Mwami w’Ubwami bw’Imana, ubwo na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru vuba igiye kuganza isi yose.—Daniyeli 7:13, 14; Ivyahishuriwe 11:15.
Nk’akarorero, abakuru b’amadini bamwebamwe bigisha yuko ngo Ubwami bw’Imana ari ukuntu umuntu ameze mu mutima, ico kikaba ari iciyumviro ata ho gishingiye mu Vyanditswe (Daniyeli 2:44). Abandi na bo bavuga yuko ngo Kirisitu akora biciye ku ntwaro z’abantu be n’amashirahamwe yabo. Yamara, Yezu yavuze ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si” (Yohana 18:36, ni twe dushimitse.). Mu vy’ukuri, Shetani ni we “mwami w’isi” akongera akaba “imana y’iki gihe”, si Kirisitu (Yohana 14:30; 2 Ab’i Korinto 4:4). Ivyo birasigura igituma Yezu vuba agiye gukuraho intwaro zose z’abantu maze agaca aba we Mutegetsi rudende w’isi (Zaburi 2:2, 6-9; Ivyahishuriwe 19:11-21). Abantu barasenga basaba ko ivyo vyoranguka igihe basubiramwo ca gisabisho ca Dawe wa twese, mu kuvuga bati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi”.—Matayo 6:10.
Abakuru b’amadini benshi, kubera ko bashigikiye ivya politike vyo mw’isi, bararwanije eka baranahama abamamaza ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Biri n’ico bivuze kubona igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kivuga ivyerekeye maraya w’ikigereranyo, ari we “Babuloni Hahambaye . . . aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu” (Ivyahishuriwe 17:4-6). Uwo maraya arasambana kandi mu buryo bw’impwemu mu gushigikira “abami” bo mw’isi, ari bo bategetsi bo mu vya politike, maze bano na bo bagaheza bakamworohereza. Uwo mugore w’ikigereranyo nta wundi atari amadini y’ikinyoma y’iyi si. Ni we gihimba nyamukuru ca antikristo.—Ivyahishuriwe 18:2, 3; Yakobo 4:4.
Antikristo ‘araryosharyosha amatwi’
Turetse ivyo gutera akagere ukuri kwo muri Bibiliya, benshi mu biyita abakirisu barahevye ingingo ngenderwako za Bibiliya zigenga inyifato runtu bashima gukurikira inyifato zikundwa na benshi. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ivyerekeye ico kintu, riti: “Erega hazoza igihe abantu [bivugisha ko bakorera Imana] batazoba bagikundira inyigisho nzima, ariko kubera ivyipfuzo vyabo bazokwirundako abigisha babaryosharyoshe amatwi” (2 Timote 4:3, UB). Abo banyamadini b’abangushi badondorwa kandi ko ari “intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo”. Bibiliya ibandanya igira iti: “Iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo”.—2 Ab’i Korinto 11:13-15.
Ibikorwa vyabo birimwo ingeso z’“isoni nke”, izo na zo zikaba zirenga bimwe vy’agahomerabunwa ku ngingo ngenderwako ziri ku rugero rwo hejuru (2 Petero 2:1-3, 12-14). Ntitubona none ko abakuru b’amadini be n’abayoboke babo bisuka canke n’imiburiburi ntibiyamirize ingeso zitari iza gikirisu nk’ugusambana kw’abasangiye igitsina be n’uguhuza ibitsina imbere y’ukwabirana, baguma bongerekana? Turagusavye ufate akanya urabe ukwo kuntu abantu benshi babona ibintu be n’ubwo buryo bwabo bwo kubaho, ubigereranye n’ivyo Bibiliya ivuga mu Balewi 18:22; Abaroma 1:26, 27; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Abaheburayo 13:4; no muri Yuda 7.
‘Suzuma amajambo y’amahumekano’
Dufatiye ku vyo twarimbuye, turakwiye kwumvira amajambo y’intumwa Yohani adusaba kudafata minenegwe ivyo twemera mu vy’Imana. Atugabisha ati: “Ntimwemere [“ijambo ry’irihumekano ryose, ariko musuzume amajambo y’amahumekano kugira ngo murabe nimba ava ku Mana”, NW], kukw’abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi”.—1 Yohana 4:1.
Rimbura akarorero keza k’abantu bamwebamwe b’“imico myiza” baba mu gisagara c’i Beroya mu kinjana ca mbere. “Bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo [Paulo na Sila bababwiye] ar’ivy’ukuri” (Ivyakozwe n’intumwa 17:10, 11). Mu vy’ukuri, Abanyaberoya naho bari bashashaye kumenya vyinshi, baritwararika kuraba yuko ivyo baba bumvise bakongera bakemera vyari bishingiye koko ku Vyanditswe.
No muri iki gihe nyene, abakirisu b’ukuri ntibakurikira ivyiyumviro vya benshi bigenda bihindagurika, ahubwo bumira ku kuri kwo muri Bibiliya. Intumwa Paulo yanditse ati: “Kand’ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane [“hamwe n’ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye”, “NW”]”.—Ab’i Filipi 1:9.
Nimba utari bwabigire, niwishingire umugambi wo kwironsa “ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye” mu kwiga ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha. Abigana Abanyaberoya ntibahendwa n’“amajambo y’amaremano” ya ba antikristo (2 Petero 2:3). Ahubwo riho, baragira umwidegemvyo biciye ku kumenya ukuri kwerekeye Kirisitu nyakuri be n’abayoboke biwe b’ukuri.—Yohana 8:32, 36.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 4]
IVYO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE NA ANTIKRISTO
“Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo [bikaba biboneka ko ari iherezo ry’ikiringo c’intumwa]: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi”.—1 Yohana 2:18.
“Umubeshi ni nde, atar’ūhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n’Umwana”. —1 Yohana 2:22.
“Ijambo ryose ry’irihumekano ritatura Yezu ntiriva ku Mana. Kandi iryo jambo ni irya antikristo, iryo mwumvise ko ryagira rize, kandi ubu riri mw’isi”. —1 Yohana 4:3, NW.
“Abayobeza benshi ba[ra]serutse ba[ja] mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo”. —2 Yohana 7.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 5]
ANTIKRISTO ARI MU BURYO BWINSHI
Ijambo “antikristo” ryerekeza kuri abo bose bahakana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu Kirisitu, kuri abo bose barwanya Ubwami bwiwe no kuri abo bose bagirira nabi abayoboke biwe. Ryerekeza kandi ku bantu, amashirahamwe be n’amahanga bivuga yuko ngo biserukira Kirisitu canke vyiha uruhara rutabikwiye rwa Mesiya mu kwita imbere bisezerana gushitsa ibintu bishobora gukorwa na Kirisitu wenyene, ni ukuvuga kuzana amahoro be n’umutekano nyakuri.
[Abo dukesha ifoto]
Augustine: ©SuperStock/age fotostock
[Ifoto ku rup. 7]
Cokimwe n’Abanyaberoya, dukwiye ‘gusesa mu vyanditswe uko bukeye’