ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/1 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Isirayeli y’Imana idomwako ikidodo
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • “Impwemu ubwayo irashinga intahe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Turajana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/1 rup. 30-31

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ukudoma ikimenyetso ukuhe kuvugwa mu Vyahishuriwe 7:3?

Mu Vyahishuriwe 7:1-3 havuga hati: “Mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose. Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga, ati Ntimugire ico mugira isi cank’ikiyaga cank’ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu”.​—Ni twe dushimitse.

Iyo “miyaga ine” niyarekurwa, hazoca haba “umubabaro mwinshi” ari yo ya marushwa ahambaye, idini ry’ikinyoma hamwe n’ikindi gihimba c’iyi si mbi bisangangurwe (Ivyahishuriwe 7:14). “Abagurano b’Imana yacu” ni benewabo na Kristu basizwe bari kw’isi (1 Petero 2:9, 16). Rero, ubwo buhanuzi bwerekana yuko ya marushwa ahambaye azokwaduka ukudoma ikimenyetso kuri benewabo na Kristu kwaramaze kurangira. Ariko rero, hari iyindi mirongo yo muri Bibiliya yerekana yuko hariho ukudoma ikimenyetso ku basizwe kwa mbere. Ku bw’ivyo, rimwe na rimwe haravuga ivy’ukudoma ikimenyetso kwa mbere be n’ukudoma ikimenyetso kwa nyuma. None ukwo kudoma ikimenyetso kubiri gutaniye he?

Rimbura ukuntu mu bihe vya kera ivyete vyadomwako ikimenyetso mu kuvyugara be n’igituma vyagirwa. Hari agakoresho kakoreshwa mu gushira ivyandikano ku kantu ko mw’ibumba kamatanya icete kugira kigume cugaye. Ivyandiko vyaba biri kuri ako kabumba vyerekana ko ico cete ari ic’ukuri canke bikerekana nyene co.​—1 Abami 21:8; Yobu 14:17.

Paulo yagereranije impwemu yera n’ikimenyetso, ari co kidodo, igihe yavuga ati: “[“Uwemeza ko mwebwe na twebwe turi aba Kristu ni Imana”, NW]. Kandi ni yo yaturobanuje amavuta. Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza [im]pwemu [y]ayo mu mitima yacu” (2 Ab’i Korinto 1:21, 22). Ku bw’ivyo, Yehova arasiga impwemu yera abo bakirisu kugira yerekane ko ari abiwe.

Ariko rero, ukwo kudoma ikimenyetso ku basizwe kugizwe n’intambwe zibiri. Aho ukudoma ikimenyetso kwa mbere gutaniye n’ukwa nyuma ni mu bijanye (1) n’intumbero be (2) n’igihe. Ukudoma ikimenyetso kwa mbere ni ukwo gutoranya umuntu mushasha aba yongewe ku gitigiri c’abakirisu basizwe. Ukwa nyuma na kwo kwemeza yuko uwo muntu yatoranijwe akongera akadomwako ikimenyetso yagaragaje bimwe bishitse yuko ari intadohoka. Ico gihe, ni ukuvuga mu gihe c’ukudomwako ikimenyetso kwa nyuma, ni ho honyene ico kimenyetso kizoshirwa ku bw’ibihe vyose “mu ruhanga” rw’uwasizwe, gutyo akazoba yemejwe ko yageragejwe akaguma ari ‘umugurano w’Imana yacu’ adahemuka. Ukudoma ikimenyetso kuvugwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 7 kwerekeza kuri ukwo kudoma ikimenyetso kwa nyuma.​—Ivyahishuriwe 7:3.

Na yo ku bijanye n’igihe ukudoma ikimenyetso kwa mbere kuba, intumwa Paulo yandikiye abakirisu basizwe ati: “Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co [m]pwemu [y]era yasezeranywe” (Abanyefeso 1:13, 14, ni twe dushimitse.). Ahatari hake, Bibiliya irerekana yuko abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu vy’ukuri badomweko ikimenyetso inyuma gatoyi y’aho bumviye inkuru nziza bakizera Kristu (Ivyakozwe n’intumwa 8:15-17; 10:44). Ukwo kudomwako ikimenyetso kwagaragaza ko bemewe n’Imana. Ariko rero, ntikwerekana ko baba bemewe n’Imana mu buryo ntabanduka. Kubera iki?

Paulo yavuze ko abakirisu basizwe “[badomwako] ikimenyetso ku bw’umusi w’ukubohorwa” (Abanyefeso 4:30, NW). Ivyo vyerekana yuko umuntu amaze gushirwako ikimenyetso ca mbere, hari igihe kibanza kuhaca, akenshi ugasanga ari imyaka myinshi. Abasizwe bategerezwa kuguma bari intahemuka guhera umusi bashiriweko ikimenyetso c’impwemu yera gushika ku ‘musi babohoreweko’ mu mibiri yabo y’inyama, ni ukuvuga gushika bapfuye (Abaroma 8:23; Ab’i Filipi 1:23; 2 Petero 1:10). Ni co gituma Paulo ari hafi gupfa ari ho yashoboye kuvuga ati: “Narangije urugendo, nazigamye ukwizera. Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka” (2 Timoteyo 4:6-8). Vyongeye, Yezu yabwiye ishengero ry’abakirisu basizwe ati: “Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubu[zima]”.​—Ivyahishuriwe 2:10; 17:14.

Ijambo “igitsibo” riratanga ikindi kimenyamenya c’uko hagati y’ukudomwako ikimenyetso kwa mbere be n’ukwa nyuma hari igihe kihaca. Kubera iki? Mu bihe vya kera, igitsibo cahabwa umwirutsi yaba yatsinze. Kugira ngo aronke ico gitsibo, yategerezwa gukora n’ibindi turetse ukuja mw’isiganwa gusa. Yategerezwa kwiruka gushika ashitse iyo aja. Muri ubwo buryo nyene, mu gihe abakirisu basizwe bakomeje urugendo rwabo gushika kw’iherezo, ni ukuvuga kuva bashizweko ikimenyetso ubwa mbere gushika bagishizweko ubwa nyuma, ni ho honyene bazokwambikwa igitsibo c’ubuzima budahwera mw’ijuru.​—Matayo 10:22; Yakobo 1:12.

None ni ryari amasigarira y’abakirisu basizwe bashizweko ikimenyetso ca mbere bazoshirwako ica nyuma? Uwo ari we wese akiri muzima kw’isi azoshirwa ikimenyetso “mu ruhanga” imbere y’uko ya marushwa ahambaye yaduka. Ya miyaga ine igereranya amarushwa niyarekurwa, abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu bose bazoba baramaze gushirwako ikimenyetso ca nyuma, naho hari bakeyi bazoba bakiri bazima bafise umubiri w’inyama maze bakaba bazotegerezwa kubanza kurangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika