Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni icigwa ikihe twigira ku kigereranyo Yezu yatanze c’umugabo akovya mu gusaba igihe agenderwa n’umushitsi (Luka 11:5-10)?
Ico kigereranyo cerekana agatima dukwiye kugira igihe dusenga. Dukwiye gukovya mu gusaba, ni ukuvuga tukabandanya dusaba, na canecane igihe dusaba impwemu yera y’Imana (Luka 11:11-13).—15/12, urupapuro rwa 20-22.
• Ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umupfakazi n’umucamanza kitwigisha iki (Luka 18:1-8)?
Kirashimika ku vy’uko dukeneye gusenga. Yehova ntameze nk’uwo mucamanza, kuko we agororotse kandi yipfuza kudufasha. N’ikindi kandi, turakwiye kugira ukwizera nk’ukw’uwo mupfakazi avugwa muri ico kigereranyo.—15/12, urupapuro rwa 26-28.
• Ni kubera iki intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’i Korinto ngo ‘baguke’ (2 Ab’i Korinto 6:11-13)?
Biboneka yuko bamwebamwe mw’ishengero ry’i Korinto bataha agaciro abo basangiye ukwizera, bari baze mu mutima bakaba kandi n’ingumyi. Turakwiye kugira utwigoro two guha agaciro bimwe bivuye ku mutima abo dusangiye ukwizera, tukanarondera kugira abagenzi bashasha.—1/1, urupapuro rwa 9-11.
• Ni ukudoma ikimenyetso ukuhe kuvugwa mu Vyahishuriwe 7:3?
Igihe Imana isize impwemu yera abakirisu, bano baba bashizweko ikimenyetso ca mbere. Mugabo mu Vyahishuriwe 7:3 herekeza ku kudomako ikimenyetso kwa nyuma kuba igihe hemejwe yuko abo basizwe bagaragaje bimwe bishitse ko ari intahemuka.—1/1, urupapuro rwa 30-31.
• Ni igiki abavyeyi bashobora kwigira ku nkuru ivugwa muri Bibiliya yerekeye Samweli?
Kimwe coco, barakwiye kwigisha abana babo ijambo ry’Imana, nk’uko abavyeyi ba Samweli bategerezwa kuba barabigira. Ikindi na co, barakwiye kuremesha abana babo kugira umurimo barangurira Yehova wo mwuga wabo.—15/1, urupapuro rwa 16.
• Dushobora gute kwerekana ko duhimbarwa no kurindira Yehova?
‘Turarindiriye umusi w’Imana’ twiteganye igishika ugutabarwa igihe Imana izotikiza abatayubaha (2 Petero 3:7, 12). Naho Yehova ubwiwe ashashaye gukuraho ububi bwose, aracihanganye kugira azokize abakirisu mu buryo buzotuma izina ryiwe rininahazwa. Turakwiye kwizigira ko Yehova azi igihe kibereye co kugira ico akoze. Mu kurindira ko ico gihe kigera, dukwiye gushemeza Imana tubigiranye umwete (Zaburi 71:14, 15).—1/3, urupapuro rwa 17-18.
• Igihe Nowa yinjiza mu bwato ibikoko bitazira, yoba yinjije ibikoko ndwi kuri buri bwoko, canke yinjije ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwindwi vyavyo?
Yabwiwe ‘gutwara ndwindwi’ muri buri bwoko bw’ibitazira (Itanguriro 7:1, 2, NW). Mu giheburayo, imvugo “ndwindwi”, ihinduwe ijambo ku rindi, isobanura “indwi indwi”. Ivyo ntibisobanura ko yatwaye ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwindwi vyavyo, nk’uko Bibiliya zimwezimwe zivyerekana. Biboneka yuko Nowa yatwaye ibikoko ndwindwi kuri buri bwoko, ni ukuvuga ibigabo bitatu n’ibigore bitatu vyavyo hamwe n’ikindi kigira indwi, ico mu nyuma yotanzeko ikimazi (Itanguriro 8:20).—15/3, urupapuro rwa 31.
• Ni kubera iki abakirisu bakwiye ‘kwihweza’ iherezo ry’ukwizera kw’abakurambere, bo baja imbere abandi mw’ishengero?
Intumwa Paulo aturemesha ‘kwitegereza’, ni ukuvuga kwihweza twitonze, ico ingeso ziranga ukudahemuka abakurambere bagaragaza zivamwo maze tukigana ukwizera kwabo (Abaheburayo 13:7). Ivyo tubigira kubera yuko Ijambo ry’Imana ari ryo ribidusaba. Ariko kandi, twarajijutse yuko ivyungura Ubwami be n’ineza yacu ari vyo bashirako umutima.—1/4, urupapuro rwa 28.