Ibibazo vy’abasomyi
Igihe Nowa yinjiza mu bwato ibikoko bitazira, yoba yinjije ibikoko ndwi kuri buri bwoko, canke yinjije ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwindwi vyavyo?
Nowa amaze kurangiza kwubaka ubwato, Yehova yamubwiye ati: “Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje. Mu bitungano vyose bitazira no mu bikōko vyose bitazira, utwaremwo [“ndwindwi, ikigabo n’ikigore caco”, NW]; mu bikōko bizira na ho, utwaremwo bibiri-bibiri, ikigabo n’ikigore caco” (Itanguriro 7:1, 2). Imvugo yo mu giheburayo co mu ntango yahinduwe ng’aho ngo “ndwindwi, ikigabo n’ikigore”, Bibiliya zimwezimwe, nk’akarorero Bibiliya Yera, zayihinduye ngo “ibigabo ndwi-ndwi n’ibigore ndwi-ndwi vyavyo”.
Mu giheburayo, imvugo “ndwindwi” ihinduwe ijambo ku rindi, isomwa ngo “indwi indwi” (Itanguriro 7:2, NW, akajambo k’epfo). Ariko rero, mu giheburayo igihe igitigiri kinaka gisubiwemwo gutyo, ntibitegerezwa guca bisigura yuko umuntu aca akigwiza kabiri. Nk’akarorero, muri 2 Samweli 21:20 haravuga ivyerekeye “umuntu muremure w’ikigambati” yari afise “indegeya ku ntoke no ku mano”, vyumvikana ko yari afise intoke zitandatu kuri buri kuboko n’amano atandatu kuri buri kuguru. Mu giheburayo, ico gitigiri gatandatu kirasubirwamwo. Ariko rero, ivyo ntibisigura yuko ico kigambati cari gifise intoke 12 (gatandatu kugwiza kabiri) kuri buri kuboko n’amano 12 kuri buri kuguru. Ukwo gusubiramwo igitigiri gatandatu kwerekana gusa igitigiri c’intoke zari kuri buri kuboko, n’igitigiri c’amano yari kuri buri kuguru.
Amategeko y’indimburo y’igiheburayo avuga iki ku bijanye n’ukwo gusubiramwo igitigiri kinaka? Mu gusigura ibijanye n’Itanguriro 7:2, 9, igitabu kimwe canditswe na William R. Harper (Introductory Hebrew Method and Manual) kivuga giti: “Kenshi amajambo arasubirwamwo mu kwerekana ibigize umugwi umwumwe wose uko bingana”. Igitabu canditswe na Gesenius (Hebrew Grammar), mu nteguro yaco igira kabiri y’icongereza, kigira giti: “Igitigiri c’ibigize umugwi umwumwe wose cerekanwa . . . mu gusubiramwo ico gitigiri nyene”. Uburorero gitanga bujanye n’ivyo, ni akarorero ko mw’Itanguriro 7:9, 15 be n’ako muri 2 Samweli 21:20, aho igitigiri “bibiri” n’igitigiri gatandatu bisubirwamwo.
Ku bw’ivyo rero, imvugo “indwi indwi” ikoreshwa mw’Itanguriro 7:2 (NW, akajambo k’epfo) ntisobanura indwi kugwiza kabiri (ni ukuvuga 14), nk’uko nyene kuba ijambo “bibiri” risubirwamwo mw’Itanguriro 7:9, 15 bidasobanura yuko ari bibiri kugwiza kabiri (ni ukuvuga bine). Ukwo kuntu ibitigiri bisubiramwo muri ivyo vyanditswe, gushaka kwerekana ibigize umugwi umwumwe uko bingana, ntigushaka kwerekana ko umuntu aca agwiza kabiri ivyo bitigiri. Rero, Nowa yinjije ibikoko “ndwindwi” mu bitazira, mugabo mu bizira yinjiza “bibiri-bibiri” gusa.
Tuvuge iki none kuri arya majambo dusanga mw’Itanguriro 7:2 (NW) avuga ngo “ikigabo n’ikigore” aza inyuma y’imvugo “ndwindwi”? Ayo majambo “ikigabo n’ikigore” yatumye bamwebamwe biyumvira ko Nowa yategetswe kwinjiza ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwindwi vyavyo muri buri bwoko bw’ibitazira. Ariko ico umuntu yomenya co, ni uko ibikoko bitazira bitazigamwe kugira ngo gusa bizorondoke. Mw’Itanguriro 8:20 hatubwira yuko Nowa avuye mu bwato, yaciye “yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kuri ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa”. Kuba kuri buri mugwi w’ibikoko bitazira harasigara igikoko kimwe kitagira kigenzi caco, ni ukuvuga ikigira indwi, vyatumye Nowa aronka ivyo atangako ikimazi, maze hagaca hasigara bitandatu, ni ukuvuga ibigabo bitatu n’ibigore bitatu vyavyo, kugira ngo bize birondoke.