ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 21-25
  • Niwigishe ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba itubabaye?
  • Ni kubera iki turi ngaha kw’isi?
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
  • Igitabu gishasha dukoresha
  • Nukenguruke uduteka ntangere watewe
  • Woba ushaka kumenya ukuri?
    Woba ushaka kumenya ukuri?
  • Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 21-25

Niwigishe ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha

“Muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, “NW”] abigishwa, . . . mubigish[a]”.​—MATAYO 28:19, 20.

1. Vyoba vyoroshe kuronka Bibiliya?

IJAMBO RYA YEHOVA, ari ryo Bibiliya Nyeranda, ni kimwe mu bitabu vya kera kuruta ibindi, kikaba na kimwe mu bitabu vyakwiragijwe kw’isi kuruta ibindi vyose. Yaba yose uko ingana canke n’imiburiburi igice cayo, iramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 2.300. Ibice birenga 90 kw’ijana vy’ababa kw’isi barashobora kuyironka mu rurimi kavukire rwabo.

2, 3. (a) Ni kubera iki hariho umuvurungano ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?

2 Abantu amamiliyoni barasoma igihimba ca Bibiliya ku musi ku musi. Hari abamaze kuyisoma yose uko ingana incuro n’izindi. Amadini ibihumbi n’ibihumbi avuga yuko inyigisho yigisha zishingiye kuri Bibiliya, yamara ugasanga ntavuga rumwe ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha. N’ikiza gisongera isibe kuri uwo muvurungano, ni uko usanga hariho ukutavuga rumwe gukomeye hagati y’abasangiye idini. Hari abakekeranya ku bijanye na Bibiliya, inkomoko yayo be n’agaciro ifise. Benshi babona ko ari igitabu ceranda kigenewe gusa gukoreshwa mu birori vyo kugiranira indagano canke mu kurahira muri sentare umuntu yerekana ko ivyo agiye kuvuga ari ukuri.

3 Mu vy’ukuri, Bibiliya irimwo ijambo Imana yavuze rifise ububasha, ari bwo butumwa yahaye umuryango w’abantu (Abaheburayo 4:12). Ku bw’ivyo rero, twebwe Ivyabona vya Yehova turipfuza ko abantu bamenya ivyo Bibiliya yigisha. Turahimbarwa no kurangura igikorwa Yezu Kristu yashinze abayoboke biwe igihe yavuga ati: “Ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, . . . mubigish[a]” (Matayo 28:19, 20). Mu busuku bwo mu ndimiro turangura, turahura n’abantu b’umutima nziraburyarya bababazwa cane n’umuvurungano wo mu vy’idini ukwiragiye cane mw’isi. Baripfuza kumenya ukuri ku vyerekeye Umuremyi wacu, bakipfuza no kumenya ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’insobanuro y’ubuzima. Reka twihweze ibibazo bitatu usanga biraje ishinga abantu benshi. Uko twihweza kimwekimwe cose, turaza turaraba ivyo abakuru b’amadini bavuga bitari vyo, maze duce turaba ico mu vy’ukuri Bibiliya yigisha. Ivyo bibazo ni ibi: (1) Imana yoba itubabaye? (2) Ni kubera iki turi ngaha kw’isi? (3) Bitugendera gute iyo dupfuye?

Imana yoba itubabaye?

4, 5. Ni kubera iki abantu biyumvira yuko Imana itatubabaye?

4 Reka duhere ku kibazo kivuga giti: “Imana yoba itubabaye?”. Birababaje kubona abantu benshi biyumvira yuko Imana itatubabaye. Ni kubera iki none biyumvira gutyo? Impamvu imwe ni uko babayeho mw’isi yuzuye urwanko, intambara n’imibabaro. Baca rero bibwira bati: ‘Iyaba Imana itubabaye vy’ukuri, nta gukeka ko yobujije ivyo bintu bibabaje ngo ntibishike’.

5 Iyindi mpamvu ituma abantu biyumvira ko Imana itatubabaye, ni uko abakuru b’amadini ari bo batumye biyumvira gutyo. Nkako, ni igiki abakuru b’amadini bakunze kuvuga igihe hateye icago? Igihe umugore umwe yabura utwana twiwe tubiri duhitanywe n’isanganya ry’umuduga, umwigisha wo mw’idini yarimwo yavuze ati: “Imana ni yo yabishatse. Imana yashatse kwironkera utundi tumarayika tubiri”. Mu kuvuga amajambo mwene ayo, abakuru b’amadini baba mu vy’ukuri bariko baregeka ku Mana ibintu bibi biba. Yamara, umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha” (Yakobo 1:13). Yehova Imana ntiyigera na rimwe ateza ikintu kibi. Emwe, “biragahera kw Imana yokora ivyaha”!​—Yobu 34:10.

6. Ni nde atuma muri iyi si haba ubukozi bw’ikibi n’imibabaro?

6 Ni kubera iki none hariho ubukozi bw’ikibi bwinshi n’imibabaro myinshi? Impamvu imwe ni uko abantu muri rusangi bateye akagere Imana ngo ntibabere Umutware, baranka kugamburuka amategeko yayo agororotse be n’ingingo ngenderwako zayo zigororotse. Baragamburukiye batanabizi wa Mwansi w’Imana, ari we Shetani, narirya “isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Kumenya ico kintu biratuma vyoroha gutahura igituma ibintu bibi bishika. Shetani ni umubisha, yuzuye urwanko, ni umubeshi kandi ni ruburakigongwe. Dukwiye rero kwitega ko isi imera nk’uko umutware wayo ameze. Ntibitangaje kubona isi yuzuye ubukozi bw’ikibi!

7. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bituma ducumukura?

7 Iyindi mpamvu ituma twebwe abantu ducumukura ni uko turi abanyagasembwa. Abantu b’abanyavyaha usanga bakunda kuniganira ubutegetsi, ivyo akenshi bigakwega intambara, agahahazo n’imibabaro. Ni co gituma bibereye kubona mu Musiguzi 8:9 havuga hati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi”. Ikindi kintu gituma ducumukura ni “ibihe be n’ibiba bitari vyitezwe” (Umusiguzi 9:11, NW). Akenshi abantu barashikirwa n’icago bitewe n’uko ibintu bibi vyadutse, bigahurirana n’uko bari aho hantu vyabereye.

8, 9. Twemezwa n’iki yuko Yehova atubabaye koko?

8 Birahumuriza kumenya yuko Yehova atari we atuma ducumukura. Ariko none, Imana yoba vy’ukuri yitwararika ibidushikira mu buzima bwacu? Emwe, nureme, iravyitwararika! Turazi ko Yehova avyitwararika kubera yuko Ijambo ryiwe ryahumetswe ritubwira igituma yaretse abantu bagakurikirana ingendo mbi. Imvo zatumye Imana ireka ivyo bikaba zigizwe n’ibibazo bibiri: Icerekeye ubusegaba bwiwe n’icerekeye ukutadohoka kw’abantu. Kubera ko Yehova ari we Muremyi mushoboravyose, si ngombwa ngo atubwire igituma areka abantu bagacumukura. Yamara, arabitubwira kubera yuko atubabaye.

9 Raba ikindi kintu kitwemeza yuko Imana itubabaye. Igihe ububi bwuzura isi mu misi ya Nowa, “[vyarayiteye] intuntu mu mutima” (Itanguriro 6:5, 6). Yoba none ibona ibintu mu buryo butandukanye n’uko yabibona ico gihe? Habe namba! Uti kubera iki? Kubera ko itigera ihinduka (Malaki 3:6). Iranka rwose akarenganyo be n’ukubona abantu bariko baracumukura. Bibiliya yigisha yuko Imana igiye vuba gukuraho ibibi vyose vyatewe n’intwaro z’abantu be n’akosho ka Shetani. Wumva none ico atari ikimenyamenya kidukura amazinda yuko Imana itubabaye?

10. Yehova yumva amerewe gute ku bijanye n’imibabaro ishikira abantu?

10 Abakuru b’amadini bavuga Imana uko itari mu kuvuga yuko igihe ivyago bidushikiye aba ari yo iba yabishatse. Ahubwo riho, Yehova arashashaye gukuraho imibabaro ishikira abantu. Muri 1 Petero 5:7 havuga hati: ‘Arakubabaye’. Ico ni co mu vy’ukuri Bibiliya yigisha!

Ni kubera iki turi ngaha kw’isi?

11. Amadini yo hirya no hino kw’isi akunze kuvuga iki ku bijanye n’ubuzima bw’abantu kw’isi?

11 Reka rero twihweze ikibazo kigira kabiri abantu benshi usanga bibaza, na co kikaba ari iki: “Ni kubera iki turi ngaha kw’isi?”. Amadini yo hirya no hino kw’isi akunze kwishura yuko abantu bari kw’isi kugira ngo bayibeko igihe kinaka gusa. Babona ko isi ari ahantu dusavye indaro gusa canke ahantu duca twirenganira gusa, turi ku rugendo rwo kuja kuba ahandi hantu. Abakuru b’amadini bamwebamwe bigisha inyigisho itari yo yuko ngo umusi uri izina Imana izosangangura uyu mubumbe. Ni co gituma abantu benshi baciye babona yuko vyoba vyiza birondereye kuryohererwa ubuzima mu gihe bakibishoboye, kubera yuko ngo ata kindi kibarindiriye atari urupfu. None mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’igituma turi ngaha kw’isi?

12-14. Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye isi n’umuryango w’abantu?

12 Imana irafitiye isi n’umuryango w’abantu umugambi mwiza igitangaza. Imana ‘ntiyaremye’ isi kugira “ngw ibek’ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18). N’ikindi kandi, Yehova “[y]ashizeh’amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira” (Zaburi 104:5). Kumenya ivyerekeye umugambi Imana ifitiye isi n’umuryango w’abantu birashobora kudufasha gutahura igituma turi ngaha kw’isi.

13 Mw’​Itanguriro ikigabane ca 1 n’ica 2, harerekana ko Yehova yitondeye rwose isi igihe yayirema kugira ngo abantu baze bayibeko. Mu mpera z’ikiringo c’iremwa ry’umubumbe wacu, vyose vyari “vyiza cane” (Itanguriro 1:31). Imana yarashize umugabo n’umugore ba mbere, ari bo Adamu na Eva, mw’itongo ryiza utoraba ry’i Edeni yongera irabaronsa ibifungurwa vyiza umukimba. Uwo mugabo n’umugore ba mbere babwiwe bati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze”. Bokwibarutse abana batagira agasembwa, bakagura imbibe z’iryo tongo babamwo gushika rikwiye kw’isi yose, bakongera bakaganza ibikoko babigiranye urukundo.​—Itanguriro 1:26-28.

14 Yehova afise umugambi w’uko umuryango w’abantu batagira agasembwa uba kw’isi ibihe bidahera. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira” (Zaburi 37:29). Ni vyo, Imana yashaka ko umuryango w’abantu wibera mw’Iparadizo ngaha kw’isi ibihe bidahera. Uwo ni wo mugambi w’Imana, kandi ivyo ni vyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha!

Bitugendera gute iyo dupfuye?

15. Amadini menshi yo kw’isi yigisha iki ku bijanye n’ingene bitugendera iyo dupfuye?

15 Ubu na ho, reka duce irya n’ino ikibazo ca gatatu, ico usanga kiraje ishinga abantu benshi, na co kikaba ari iki: “Bitugendera gute iyo dupfuye?”. Amadini menshi yo kw’isi yigisha yuko ngo hari ikintu kiri mu muntu kibandanya kubaho igihe ikibiribiri ciwe gipfuye. Hari n’amadini amwamwe akivuga yuko Imana ihana ababi mu kubababariza mu muriro udahera imyaka yose. Ivyo vyoba ari vyo none? Ni igiki mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku bijanye n’urupfu?

16, 17. Bibiliya ivuga ko abapfuye bamerewe gute?

16 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona”. Kubera ko abapfuye “[ata] co baba bakizi”, ntibashobora kwumva, kubona, kuvuga, gukorakora canke kwiyumvira. Nta mpembo baba bakironka. Boyironka gute kandi ata na kimwe baba bagishoboye gukora! Vyongeye, “urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize”, kuko ata nyiyumvo baba bashoboye kugaragaza.​—Umusiguzi 9:5, 6, 10.

17 Ico Bibiliya ivuga kuri ivyo kiroroshe gutahura kandi kiratomoye: Abapfuye nta handi hantu baja kubandaniriza ubuzima. Iyo dupfuye, nta kintu na kimwe kiva mu mibiri yacu ngo kibandanye kubaho ku buryo mu nyuma giheza kikavukira mu wundi mubiri, nk’uko bivugwa n’abemera ivy’uko ngo iyo umuntu apfuye asubira kuvukira mu kindi kiremwa. Twobitangira kano karorero: Ubuzima dufise bumeze nk’urubeya rw’ibuji. Iyo nya rubeya ruzimye, nta handi ruja. Ruba gusa rutakiriho.

18. Igihe umutohoji wa Bibiliya amenye ko abapfuye ata co baba bakizi, ni ivyiyumviro ibihe ashobora guca ashikako?

18 Zirikana ku vyiyumviro umuntu aca ashikako afatiye kuri ukwo kuri kworoshe yamara guhambaye. Igihe umutohoji wa Bibiliya amenye yuko abapfuye ata co baba bakizi, ku bwa ngingo bica bimworohera gushika ku ciyumviro c’uko ba sokuruza biwe bapfuye, ubu badashobora kumubuza amahoro naho boba bari bamufitiye inzigo igihe bari bakiriho. Ntateba kandi guca atahura yuko abiwe bapfuye batagishoboye kwumva, kubona, kuvuga, gukorakora canke kwiyumvira, bakaba rero badashobora kuba bariko bicwa n’irungu mw’ipurugatori canke ngo babe bariko barababarizwa mu muriro. Ariko rero, Bibiliya yigisha yuko abapfuye Imana yibuka bazozurwa. Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza igitangaza!​—Yohana 5:28, 29.

Igitabu gishasha dukoresha

19, 20. Ni ibanga irihe twebwe abakirisu tujejwe, kandi ni igitabu ikihe gifasha umuntu kwiga Bibiliya ahanini categuriwe gukoreshwa mu busuku turangura?

19 Twaciye irya n’ino ibibazo bitatu gusa abantu benshi bibaza. Ivyo Bibiliya yigisha kuri kimwekimwe cose, usanga bitomoye kandi bidomako. Ese ukuntu bitera umunezero kubwira ukwo kuri abipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha! Ariko rero, hariho n’ibindi bibazo vyinshi bihambaye abantu b’imitima nziraburyarya bakeneye kuronkera inyishu zimara akanyota. Twebwe abakirisu, tujejwe ibanga ryo kubafasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

20 Kwigisha ukuri kwo mu Vyanditswe mu buryo butomoye kandi bukora ku mutima, si icoroshe. Kugira ngo “umushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” abidufashemwo, yarateguye igitabu kugira ngo abe ari co ahanini dukoresha mu busuku bwa gikirisu turangura (Matayo 24:45-47). Ico gitabu c’impapuro 224 ni kimwe citwa Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?.

21, 22. Vuga imice imwimwe ishimishije y’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

21 Ico gitabu casohowe kuri ya mahwaniro y’intara yataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” yagizwe n’Ivyabona vya Yehova mu mwaka wa 2005 ushira uwa 2006, kikaba gifise imice itandukanye ishimishije. Nk’akarorero, kirafise intangamarara igizwe n’impapuro zitanu iriko iraba ngirakamaro cane mu bijanye no gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ngira ngo uzosanga vyoroshe kuganira n’umuntu ku mashusho no ku vyanditswe biri muri iyo ntangamarara. Woshobora no gukoresha iyo ntangamarara mu kwereka abatohoji ba Bibiliya ukuntu botora ibigabane n’imirongo muri Bibiliya.

22 Ico gitabu canditswe mu buryo bworoshe kandi butomoye. Haragizwe akigoro kugira ngo umutohoji akorwe ku mutima mu gutuma uko bishoboka kwose yumva ko ibiriko biravugwa bimwerekeye. Ikigabane kimwekimwe cose usanga mu ntango gifise ibibazo vy’intangamarara, mu mpera na ho kikagira uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo Bibiliya yigisha”. Urwo ruzitiro rurimwo inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ivyo bibazo vy’intangamarara. Amashusho meza dusanga muri ico gitabu, amajambo ayasigura be n’uburorero burimwo, bizofasha umutohoji gutahura ivyiyumviro bishasha. Naho amayagwa ari muri ico gitabu muri rusangi yorohejwe cane, hariho amayagwa y’inyongera azobafasha mwe n’umutohoji kurimbura mu buryo bwimbitse ibiganiro 14 bihambaye, mu gihe azoba akeneye kumenya amakuru yiyongereye.

23. Ni inama izihe tugirwa ku bijanye n’ugukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu kuyobora inyigisho za Bibiliya?

23 Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kigenewe kudufasha kwigisha abantu bize amashure atandukanye kandi bo mu madini atandukanye. Mu gihe umutohoji wa Bibiliya yoba ata bumenyi na bukeyi afise ku bijanye na Bibiliya, hari aho vyoza birasaba ko ikigabane kimwe muciga incuro nka zingahe. Ntiwihutire guhetura amayagwa, ahubwo riho niwihatire gukora ku mutima umutohoji. Bishitse ntatahure akarorero kanaka gakoreshwa muri ico gitabu, nugasigure canke ukoreshe akandi karorero. Nuze urategura neza, ukore uko ushoboye kwose kugira ngo ukoreshe ico gitabu mu buryo kirumara, wongere uze urasaba Imana ngo igufashe ‘kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’.​—2 Timoteyo 2:15.

Nukenguruke uduteka ntangere watewe

24, 25. Ni uduteka ntangere utuhe Yehova yateye abasavyi biwe?

24 Yehova yarateye abasavyi biwe uduteka ntangere. Yaratumye dushobora kumenya ukuri kumwerekeye. Ako gateka, emwe, ntidukwiye kwigera tugafatira mu rwara! Nkako, Imana yarahishije imigambi yayo abibone ariko iyihishurira abicisha bugufi. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yavuze ati: “Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya” (Matayo 11:25). Emwe, ni agateka kadasanzwe kuba duharurwa muri abo bantu baciye bugufi basukurira Segaba w’ibiriho vyose, Yehova!

25 Imana yaraduteye kandi agateka ko kwigisha abandi ibiyerekeye. Niwibuke yuko yavuzwe uko itari n’abigishije ibinyoma ku biyerekeye. Ivyo vyatumye abantu benshi babona Yehova ukutari ko, bakiyumvira yuko atatubabaye be n’uko ari ruburakigongwe. Woba none witeguriye, eka mbere ushashaye, guterera agacumu k’ubumwe mu bijanye no kugorora ivyo vyiyumviro? Woba wipfuza ko abantu b’imitima nziraburyarya aho bari hose bamenya ukuri kwerekeye Imana? Niba ari uko biri, nugaragaze uko ushoboye kwose yuko ugamburukira Imana, mu kwamamaza n’umwete no mu kwigisha abandi ico Ivyanditswe bivuga ku bibazo bihambaye cane. Abantu barondera ukuri barakeneye kumenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha.

Wokwishura gute?

• Twemezwa n’iki ko Imana itubabaye?

• Ni kubera iki turi ngaha kw’isi?

• Bitugendera gute iyo dupfuye?

• Ni imice iyihe y’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha igushimisha cane?

[Amafoto ku rup. 22]

Bibiliya yigisha yuko imibabaro izohera

[Abo dukesha amafoto]

Hejuru iburyo, agakobwa: © Bruno Morandi/age fotostock; ibubamfu, umugore: AP Photo/Gemunu Amarasinghe; hepfo iburyo, impunzi: © Sven Torfinn/Panos Pictures

[Ifoto ku rup. 23]

Abagororotsi bazokwibera mw’Iparadizo ibihe bidahera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika