Inyishu ngirakimazi
NYINSHI mu mpanuro zo mu bitabo vyinshi vyo kwifashisha biboneka muri iki gihe usanga zishimika ku gufasha abantu baba bashikiwe n’ivyago. Bibiliya yo si ukwo imeze. Yoyo ntitanga gusa impanuro zishobora gufasha abantu bari mu mubabaro, iratanga n’izifasha umuntu kwirinda gukora amakosa ashobora gutuma agira ingorane mu buzima bitari ngombwa.
Bibiliya irashobora “guha imburabgenge kwiguranura, n’umusore kumuha ukumenya no kugira amakenga” (Imigani 1:4). Niwashira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga, “amakenga azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama, ngo bigukize inzira y’ikibi” (Imigani 2:11, 12). Reka twihweze uburorero bumwebumwe burashe bwerekana ukuntu gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya bishobora kubungabunga amagara yawe, bigatuma ubuzima bwo mu rugo iwanyu burushiriza kumera neza, bikongera bigatuma uba umukozi canke umukoresha mwiza.
Niwirinde kunywa inzoga zirenze urugero
Bibiliya ntibuza kunywa ku rugero. Intumwa Paulo yaravuze ivy’uko vino ishobora kuvura igihe yahanura wa musore Timoteyo ati: “Unywe n’utuvino duke kubgo mu nda hawe, kuk’urwaragurika” (1 Timoteyo 5:23). Hari ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya vyerekana ko vino Imana itayigeneye gusa ibijanye no kuvura. Vino ivugwa ko “inezereza imitima y’abantu” (Zaburi 104:15). Ariko rero, Bibiliya iratugabisha ku bijanye no “[ku]nohorwa imitima na vino nyinshi” (Tito 2:3). Ivuga iti: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama: kukw imborerwa n’umunyameru uburuhiro ar’ugufūtāna” (Imigani 23:20, 21). Vyogenda gute hamwe izo mpanuro zo kutarenza urugero zokwirengagizwa? Irabire nawe ibishika mu bihugu bikeyi gusa.
Raporo imwe ivuga ivy’inzoga (Global Status Report on Alcohol 2004) yasohowe na rya Shirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ivuga iti: “Ingorane ziterwa n’inzoga zituma abantu bo muri Irilande basohora nk’imiliyaridi 2 n’imiliyoni 400 (z’amahera y’Abanyaburaya) ku mwaka”. Muri ivyo bihera vy’umurengera basohora, iyo raporo ibandanya ivuga yuko harimwo “ayasohorwa mu bijanye no kwivuza (imiliyoni 279), ayasohorwa kubera amasanganya abera mu mabarabara (imiliyoni 315), ayasohorwa kubera ubukozi bw’ikibi buterwa n’inzoga (imiliyoni 100), hakabamwo n’uruhombo (rw’umuliyaridi umwe n’imiliyoni 34) kubera ko abantu basiba ku kazi babitumwe n’inzoga”.
Igihambaye kuruta ayo mahera asohorwa kubera akaborerwe, ni uko n’abantu bahacumukurira. Nk’akarorero, muri Ositaraliya, mu kiringo c’amezi 12 gusa, imborerwa zaragiriye nabi ku mubiri abantu barenga 500.000. Mu Bufaransa, nk’ibice 30 kw’ijana vy’ubukazi bwose bubera mu ngo usanga buterwa n’akaborerwe. Ufatiye kuri ivyo, ntubona none ko impanuro Bibiliya itanga ku bijanye no kunywa zibereye?
Niwirinde ingeso zihumanya
Mu 1942, igihe abantu bari bijukiye kunywa itabi, iki kinyamakuru carafashije abagisoma kubona yuko kunywa itabi ari ukurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’uko bakwiye kuvyirinda. Ikiganiro kimwe casohotse muri uwo mwaka cavuga yuko abashaka guhimbara Imana bategerezwa gukurikiza itegeko Bibiliya itanga ribasaba “[kwiyuhagira] ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima” (2 Ab’i Korinto 7:1). Ubu haciye imyaka nka 65, ubona iyo mpanuro ishingiye kuri Bibiliya itaranga ubukerebutsi?
Mu 2006, rya Shirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ryavuze yuko kunywa itabi ari “co kintu nyamukuru kigira kabiri gihitana abantu benshi mw’isi”. Ku mwaka ku mwaka, abantu nk’imiliyoni zitanu barapfa kubera kunywa itabi. Ugereranije n’ico gitigiri, abantu nk’imiliyoni zitatu usanga ari bo bicwa n’umugera wa SIDA uko umwaka utashe. Mu kinjana ca 20, kunywa itabi vyahitanye abantu bashika nk’imiliyoni 100, bano bakaba bahakwa kungana n’abahitanywe n’intambara zose zabaye muri ico kinjana. Emwe, ubu abantu benshi basigaye babona yuko kwirinda kunywa itabi biranga ubukerebutsi.
“Muhunge ubushakanyi”
Abantu benshi ntibahuta bemera ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igitsina. Mu buryo buhushanye n’ukuntu basigaye babona ibijanye n’igitsina, Bibiliya yoyo ntivuga ko ukugira inambu y’umubiri kwose ari icaha kandi ko ari ikintu giteye isoni kitovugwa. Yamara iratanga impanuro ngirakimazi zerekeye ukuntu abantu bakwiye kuvyifatamwo igihe bagize icipfuzo cerekeye inambu y’umubiri. Yigisha yuko umugabo n’umugore bubakanye ari bo bonyene barekuriwe kurangura amabanga mpuzabitsina (Itanguriro 2:24; Matayo 19:4-6; Abaheburayo 13:4). Kurangura amabanga mpuzabitsina ni bumwe mu buryo abubakanye bagaragarizanya urukundo n’igishika (1 Ab’i Korinto 7:1-5). Abana bose bavukira muri uwo mubano barungukira ku kuba bafise abavyeyi babiri bitwararikana.—Ab’i Kolosayi 3:18-21.
Ku vyerekeye ubuhumbu, Bibiliya ivuga iti: “Muhunge ubushakanyi” (1 Ab’i Korinto 6:18). Uti kubera iki? Ico canditswe congerako giti: “Icaha cose umuntu akora s’ic’umubiri, arik’ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe”. Vyogenda gute nka hamwe impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’igitsina zokwirengagizwa?
Ehe raba ibiriko biraba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ugereranije n’ibindi bihugu biteye imbere kw’isi, ico gihugu ni co kirimwo imiyabaga myinshi cane itwara inda, iyo na yo ikaba ishika nko ku 850.000 buri mwaka. Inda nyinshi bishitse ntizikororwe, usanga zivyarwa n’abakobwa batagira abagabo. Nta nkeka ko abatari bake muri bo bakora uko bashoboye kwose kugira ngo barere abana babo babigiranye urukundo bongere babatoze indero, kandi hari abo vyakundiye. Ariko rero, ikibabaje ni uko usanga bishoboka rwose ko abahungu bavyarwa n’imiyabaga baruhira gupfungwa, abakobwa bayo na bo nyene bakavyara bakiri imiyabaga. Aho umushakashatsi umwe yitwa Robert Lerman amariye gusuzuma ibitigiri vyo mu myaka mirongo iheze, yanditse ati: “Kuba imiryango isigaye igizwe n’umuvyeyi umwe bishobora kuba biri mu vyatumye haduka izindi ngorane nyinshi mu kibano, nk’izijanye n’igitigiri kiguma congerekana cane c’abaheba ishure, ic’abanywa inzoga n’ibiyayuramutwe, ic’imiyabaga itwara inda ikavyara, hamwe n’ic’amabi akorwa n’abakiri bato”.
Vyongeye, hariho ingorane zikomeye zishobora gushikira abashurashuzi, haba ku mubiri canke mu bwenge. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (Pediatrics) kivuga giti: “Ibimenyamenya vyerekana ko imiyabaga ishurashura akenshi usanga ishobora kwicwa n’akabonge canke kwiyahura”. Ku bijanye n’ibindi bishobora kugeramira amagara, ishirahamwe rimwe ryo muri Amerika (American Social Health Association) rivuga riti: “Abarenga igice c’abantu bose [bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika] bazokwandura [indwara yandukira biciye mu bihimba vy’irondoka] mu gihe kinaka c’ubuzima bwabo”. Iyumvire nawe ibintu bivuna umutima be n’imibabaro abantu bokwirinze iyo baba bakurikiza impanuro ngirakimazi Bibiliya itanga ku vyerekeye igitsina!
Nukomeze ubucuti bwo mu muryango
Bibiliya ntitugabisha gusa ku vyerekeye ingeso zonona. Raba ukuntu impanuro ngirakimazi itanga zishobora gutuma ubuzima bwo mu rugo burushiriza kumera neza.
Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite” (Abanyefeso 5:28). Abagabo bahimirizwa kubana n’abagore babo ‘nk’abazi ibibereye kukw’ari nk’imbombovu zidahwanije na bo inkomezi kandi bakabaha icubahiro’, aho kubafata nk’abatagira agaciro (1 Petero 3:7). Bishitse hakaba ukutumvikana, abagabo bahanurwa bati: “Mukunde abagore banyu, ntimubabere umururazi” (Ab’i Kolosayi 3:19). Ntiwemera none ko umugabo akurikiza iyo mpanuro azokundwa akongera akwubahwa n’umugore wiwe?
Bibiliya iha abakenyezi ubuyobozi bukurikira: “Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero. . . . Umugore na we ni yubahe umugabo wiwe” (Abanyefeso 5:22, 23, 33). Ntubona none ko umugore akurikiza izo mpanuro igihe avugisha umugabo wiwe canke avuga ivyerekeye uwo mugabo, bizoshoboka rwose ko uno amukunda cane?
Ku bijanye n’ukurera abana, Bibiliya ihanura mwebwe abavyeyi guseruranira akari ku mutima n’abana banyu “iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:7). Ba sebibondo ni bo canecane basabwa kuronsa abana babo ubuyobozi mu vyo kwigenza runtu no kubatoza indero babigiranye urukundo. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba” (Abanyefeso 6:4). Abana na bo Bibiliya ibabwira iti: “Mwumvire abavyeyi banyu”, kandi iti: “Wubahe so na nyoko”a.—Abanyefeso 6:1, 2.
Woba ubona ko ingo zishobora kwungukira ku gushira mu ngiro izo mpanuro? Hari aho wovuga uti: ‘Egome, izo mpanuro zisa n’izumvikana umuntu ariko arazivuga, yamara zoba ari ngirakimazi koko?’. Ubona gute ugiye ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova iri mu karere ubamwo? Uzohasanga abagize imiryango bakora uko bashoboye kwose kugira ngo bashire mu ngiro izo mpanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya. Nuyage na bo. Niwihweze ukuntu abagize umuryango baganira hagati yabo. Emwe, uzokwibonera yuko kubaho umuntu ahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bituma vy’ukuri ingo zigira agahimbare!
Nube umukozi w’umunyamwete canke umukoresha atagunga
Mbega Bibiliya yoba ivuga iki ku vyerekeye ingorane yama ihanze abantu ijanye n’ukuntu boguma mu kazi? Ivuga yuko umukozi akora neza bishoboka rwose ko akundwa akongera agashimirwa. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, ben’uyo azokorera abami” (Imigani 22:29). Ariko, “umunyabute” we ababaza umukoresha wiwe nk’uko “imyotsi imerera amaso” (Imigani 10:26). Bibiliya iremesha abakozi kuba inzirabugunge n’abanyamwete. Ivuga iti: “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza” (Abanyefeso 4:28). Iyo mpanuro irabereye n’igihe nyene umukoresha atoba abahagarikiye. “Mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru” (Ab’i Kolosayi 3:22). Niba uri umukoresha, ubona none utoha agaciro umukozi akurikiza izo mpanuro?
Abakoresha na bo, Bibiliya ibibutsa ibi: “Umukozi akwiye ingero yiwe” (1 Timoteyo 5:18). Vya Vyagezwe Imana yaha Abisirayeli vyasaba abakoresha kuriha abakozi babo badatebaganye no kutabagunga. Musa yanditse ati: “Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye” (Abalewi 19:13). Wumva none utoryoherwa no gukorera umukoresha yagamburuka ubuyobozi Bibiliya itanga, akongera akaguhemba adatebaganye kandi ntakugunge?
Isoko ry’ubukerebutsi ntangere
Vyoba bigutangaza kubona Bibiliya ari igitabu ca kera kirimwo impanuro ngirakimazi no muri iki gihe? Ukuba Bibiliya yagumye ari ngirakimazi mu gihe ibindi bitabu vyinshi cane vyovyo vyataye agaciro ni uko itarimwo amajambo y’abantu ariko irimwo “ijambo [ryavuzwe n]’Imana”.—1 Ab’i Tesalonike 2:13.
Tukuremesheje kuza urafata akanya ko kwiyigisha Ijambo ry’Imana kugira ngo urimenye neza. Niwabigenza gutyo, uzokwumva utanguye gukunda cane Umwe Bibiliya ikomokako, na we akaba ari Yehova Imana. Nukurikize impanuro atanga, maze urabe ko zitazogukingira ingorane zogushikira, izo mpanuro zikanagufasha gutuma ubuzima bwawe burushiriza kuba bwiza. Niwabigira, ‘uzokwiyegereza Imana, na yo ikwegere’ (Yakobo 4:8). Nta kindi gitabu gishobora kugufasha gutyo.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha urugo rwawe, raba igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 4]
Woba ubona ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kunywa inzoga ari ngirakimazi?
[Ifoto ku rup. 5]
Woba wemera impanuro zishingiye kuri Bibiliya zisaba kwirinda kunywa itabi?
[Amafoto ku rup. 7]
Gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya biratuma ubuzima bwo mu rugo burushiriza kumera neza
[Picture Credit line page 5]
Isi: Ifoto yafashwe na NASA