Inkuru y’ubuzima
Igikorwa co guhindura abantu abigishwa caratumye ngira intumbero nziza mu buzima
Nk’uko vyavuzwe na Lynette Peters
Bari baje kuduhungisha. Umusoda umwe karuhariwe mu kurasa yari ahagaze hejuru ku nzu. Abasoda barwanira mu mazi bari babunze mu vyatsi biteguriye kurasa. Igihe twariko turirukanga tuja kwurira indege ya kajugujugu yari iturindiriye kuri uwo musi w’iyinga mu gitondo, twe n’abamisiyonari bagenzanje twarihase kugira ngo tugume dutekanye. Mu kanya isase, iyo ndege yari itugurukanye. Haheze iminuta cumi twari tumaze gushika ata nkomanzi mu bwato bwa gisirikare bwari ku nkengera y’ibahari.
BUKEYE bw’aho, twaramenye ko abaroberi bateye amabombe kw’ihoteli twari twaraye duhungiyemwo. Uruhagarara abanyagihugu bo muri Siyera Lewone bari bamaze imyaka n’iyindi barimwo, rwahavuye rwadukamwo intambara. Abanyamahanga bose, na twebwe turimwo, twabwirijwe guhunga ico gihugu tukimara kubimenyeshwa. Kugira ngo ndabasigurire ingene ivyo vyanshikiye, reka mpere ku ntango y’ubuzima bwanje.
Nakuriye mu gihugu cahoze ari Guyane y’Abongereza, icahavuye citwa Guyana kuva mu 1966. Nkiri muto, ni ukuvuga mu myaka ya 1950, nari mbayeho neza kandi mpimbawe. Abavyeyi benshi wasanga baha agaciro kanini ivy’ukwiga, kandi vyari vyitezwe ko abakiri bato bakora neza kw’ishure. Ndibuka ko hari umukozi umwe wo muri banki yigeze kubaza dawe ati: “Kubera iki urihira abana bawe amahera menshi cane y’ishure?”. Dawe yamwishuye ati: “Erega umwana aronse inyigisho nziza kuruta izindi ni ho aheza akaroranirwa mu buzima”. Ico gihe, yibaza ko inyigisho nziza kuruta izindi umuntu yozironkeye mu mashure akomakomeye. Emwe, ntiyotevye kubona ko ivyo yiyumvira bitari vyo!
Igihe nari mfise imyaka 11, mawe yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yari yarigeze kuja ku Ngoro y’Ubwami ari kumwe n’umubanyi wacu. Ivyo bumvise kuri uwo mugoroba vyarabajijuye yuko bari baronse ukuri. Mu nyuma, mawe yarabwiye uwundi mubanyi ivyo yari yarumvise kuri nya makoraniro. Bidatevye bose uko ari batatu bari basigaye bigana Bibiliya n’umumisiyonari yitwa Daphne Harry (uwahavuye yitwa Baird) be n’uwitwa Rose Cuffie. Umwaka utaranahera, mawe be n’abo bagenzi biwe babiri barabatijwe. Haciye imyaka itanu babatijwe, dawe yaravavanuye n’idini ry’abadivantisite bo ku musi w’indwi hanyuma arabatizwa aba Icabona ca Yehova.
Narirya twe na barumunanje babiri twari tukiri bato, tukaba kandi ari twe twari bakuru mu bana cumi twavukana, twarakunda kumara umwanya munini tunezerewe turi aho abamisiyonari Daphne na Rose baba. Muri ivyo bihe, twaratega yompi ivyo batwiganira babonye mu murimo wo mu ndimiro. Abo bamisiyonari bari bafise umunezero wo kuguma bitwararika ko abandi bamererwa neza mu vy’impwemu. Akarorero batanga ni ko katumye ngira icipfuzo co kuba umumisiyonari.
Ariko none, ni igiki camfashije kuguma mfise intumbero yo gukora ubusuku bw’igihe cose mu gihe incuti zanje be n’abo twigana bobo ata kindi babona imbere yabo atari ukuronka akazi keza? Hariho ibintu vyinshi cane vyari gutuma nta intumbero yanje. Nk’akarorero, nari gushobora kwiga ivy’amategeko, ugucuraranga, ubuganga canke ikindi ico ari co cose. Akarorero keza abavyeyi banje batanga karandonkeje ubuyobozi nari nkeneye. Ukuri biga barakugendera, bakiga Bibiliya bashirutse ubute, bakongera bakitanga kugira ngo bafashe abandi kumenya ivyerekeye Yehovaa. N’ikindi kandi, barakunda gutumira abasuku b’igihe cose bakaza iwacu. Umunezero abo bavukanyi n’abavukanyikazi bari bafise be n’ukuba barumva bashize akanyota, vyarakomeje icipfuzo nari mfise co kureka igikorwa co guhindura abantu abigishwa kikaba ari co gituma ngira intumbero nziza mu buzima.
Nabatijwe mfise imyaka 15. Nkimara kurangiza amashure yisumbuye, naciye ntangura gukora ubutsimvyi. Umukozi umwe yakora ku bitaro yitwa Phiomena ni we muntu wa mbere nafashije, aratera imbere gushika aho yiyegura akabatizwa. Umunezero nagize mu kubona atera imbere agakunda Yehova warakomeje icipfuzo canje co kubandanya ubusuku bw’igihe cose. Inyuma y’aho gatoyi, nararonse akazi keza muri Leta aho nokoze ndi umunyamabanga. Ako kazi narakanse mpitamwo kubandanya ubutsimvyi.
Ico gihe cose nari nkiri muhira, kandi abamisiyonari barabandanya kutugendera. Ese ukuntu nahimbarwa no kwumviriza ivyabonywe batubwira! Ivyo vyose vyarakomeje icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari, naho nyene ivyo kuba umumisiyonari ava muri ico gihugu vyari kure nk’ukwezi. Ico gihe, abamisiyonari bararungikwa gukorera muri Guyana kandi n’ubu baracarungikwayo. Igihe kimwe mu 1969, naratangajwe ariko kandi ndanezerezwa no kuronka ubutumire bwansaba kwitaba Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower i Brooklyn, muri New York.
Ndungikwa gukorera ahantu ntari niteze
Ishure ry’i Gileyadi ry’umugwi ugira 48 ryari ryitabwe n’abanyeshure 54 baje bava mu bihugu 21. Twari abavukanyikazi b’abirebange 17. Naho haciye imyaka 37 ivyo bibaye, ndacibuka neza ingene iryo shure ryamaze amezi atanu ryagenze. Twari dufise ibintu vyinshi vyo kwiga. Ntitwigishwa gusa ukuri kwo mu Vyanditswe, ariko kandi twarahabwa inama be n’impanuro ngirakimazi vyodufashije mu buzima bwacu bw’ubumisiyonari. Nk’akarorero, narize gukurikiza ubuyobozi, kugira uburimbane mu bijanye n’ibigezweho, be no kwumira kw’ibanga naho ibintu vyoba bitifashe neza.
Abavyeyi banje bama bashimika ku kamaro ko kwitaba amakoraniro tudahorereza. Uwo wese yaba arwaye cane ku buryo atashobora kwitaba amakoraniro yo ku w’iyinga, bukeye ku mugoroba ntiyashobora kwemererwa kuja kurorera aho bavugiriza ipiyano canke kuja mu giteramo. Ariko rero, mu gihe c’Ishure ry’i Gileyadi, sinashoboye kwitaba amakoraniro yose. Umusi umwe ku wa gatanu ku mugoroba, Don na Dolores Adams, Abanyabeteli bubakanye banyunguruza igihe tugiye ku makoraniro, naragerageje kubasigurira igituma ntaza kuja ku makoraniro uwo musi. Nababwiye nti: “Murabona, mfise udukorwa twinshi cane nahawe two gukorera i muhira, ngategerezwa no gutegura ivyo nzoshikiriza. Mwumva none nobifatanya gute n’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo?”. Umuvukanyi Adams amaze kumfasha kuzirikana mu kanya gato, yaciye ambwira ati: “Reka ijwi ryo mu mutima rikuyobore”. Narumviye impanuro yampaye kandi sinasivye kuri ayo makoraniro eka mbere no ku yandi yagiye aragirwa mu nyuma. Mu myaka yagiye irahaca, sinigeze nemera ko hagira ikintu na kimwe kimbuza kwitaba amakoraniro ya gikirisu kiretse gusa mu gihe vyaba bikomeye cane.
Ivyigwa vy’i Gileyadi bigeze hagati, haratanguye kuvugangwa ibijanye n’aho tworungitswe gukorera. Naguma niyumvira ko norungitswe gukorera muri Guyana, hakaba hari hakeneye cane abagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Uzi ukuntu natangaye cane menye ko atari yo nosubiye. Ahubwo riho, narungitswe muri Siyera Lewone, igihugu co muri Afirika yo mu Burengero. Ese ukuntu nakengurukiye cane Yehova kubona icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari akorera mu kindi gihugu cari kigiye caranguka!
Nari mfise vyinshi vyo kwiga
“Mbega ubwiza!”. Ayo ni yo majambo nshobora kuvuga kugira ngo nserure neza ukuntu numvise merewe ngishika muri Siyera Lewone, igihugu gifise imirambi myinshi n’imisozi myinshi, kikagira n’ahantu henshi usanga ibahari rita ikirimi be n’inkengera nyinshi zo kuri ryo. Yamara, ubwiza nyakuri bwo muri ico gihugu co muri Afirika yo mu Burengero buhagaze ku banyagihugu baho, bano bakaba ari abantu bakundana kandi b’umutima mwiza, ivyo na vyo bikaba bituma n’abanyamahanga bumva bisanze. Ivyo birafasha cane abamisiyonari bashasha kuticwa n’inkumbu z’ab’iwabo. Abanyasiyeralewone barakunda kuganirira abantu baba baje mu gihugu cabo ibijanye n’imigenzo be n’imico kama vyabo, kandi canecane bakabafasha kwiga ururimi ruvugwa cane muri ico gihugu rwitwa igikriwo.
Abantu bavuga urwo rurimi rw’igikriwo barakoresha imyibutsa ifise insobanuro zikomeye. Nk’akarorero, baravuga ngo inkende irakora, inguge ikarya, ivyo bikaba bisobanura yuko uwubiba atari we yama yimbura. Umve nawe ntuze ukuntu uwo mwibutsa werekana mu buryo bubereye akarenganyo kiraye mw’isi!—Yesaya 65:22.
Muri ico gihugu, igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa cari gihimbaye cane. Ni gake washobora guhura n’umuntu adashimishwa n’ivyerekeye Bibiliya. Mu myaka n’iyindi, abamisiyonari be n’abandi basavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire bamusukurira, barafashije abato n’abakuze bo mu mice yose y’ubuzima kandi bava mu miryango yose, kwakira ukuri.
Uwitwa Erla St. Hill, uno akaba ari we mumisiyonari wa mbere twatanguye gukorana, yari umukozi w’umunyamwete. Ikintu caza ubugira kabiri inyuma y’umwete yari afise mu busuku turangura, wari umwete yakorana ibikorwa yari ajejwe ku nzu y’abamisiyonari. Yaramfashije gutahura akamaro ko kuba umuntu afise vyinshi akora, nko kurondera kumenyana n’ababanyi, kugendera Ivyabona be n’abashimishijwe barwaye, no gufasha mu bijanye n’amaziko igihe bishoboka. Vyongeye, yaranyeretse ko bihambaye yuko mu gihe mpejeje umurimo wo mu ndimiro ntokwigera mva mu cibare nakoreyemwo ntaciye kuramutsa abavukanyi n’abavukanyikazi baho, naho koba ari akanya gatoyi. Mu gushira mu ngiro ivyo bintu, sinatevye kwironkera ba mawe, basazanje, benewacu be n’abagenzi, kandi ico gihugu narungitswe gukoreramwo cambereye nko muhira.—Mariko 10:29, 30.
N’ikindi kandi, naragiraniye ubucuti bukomeye n’abamisiyonari bameze neza twakorana. Muri abo harimwo uwitwa Adna Byrd twabana mu cumba, akaba yakoreye muri Siyera Lewone kuva mu 1978 gushika 1981, hakaba n’uwitwa Cheryl Ferguson twabanye mu cumba mu kiringo c’imyaka 24.
Intambara y’abanyagihugu iduteza ibigeragezo
Mu 1997, haciye nk’ukwezi inyubakwa nshasha z’ishami ryo muri Siyera Lewone zeguriwe Imana, intambara yaratumye biba ngombwa ko duhunga ico gihugu, nk’uko nari nabivuze mu ntango. Imyaka itandatu imbere y’uko ivyo biba, twarakozwe ku mutima n’ukwizera kw’Ivyabona bo muri Liberiya bari bahungiye muri Siyera Lewone, bahunze intambara yariko ibera mu gihugu cabo. Bamwe bashika ata co bahunganye. Naho bari mu bihe bigoye, nta musi wijana batagiye mu busuku. Vyarakora ku mutima kubona ukuntu bakunda Yehova n’abantu.
Na twe igihe twari impunzi mu gihugu ca Guinée, twarakurikije akarorero k’abo bavukanyi bo muri Liberiya maze tubandanya kwizigira Yehova no gushira imbere ivy’Ubwami. Haciye umwaka umwe, twarashoboye gusubira muri Siyera Lewone, ariko mu mezi indwi gusa, intambara yaciye isubira kwaduka maze duca tubwirizwa kuva muri ico gihugu dusubira muri Guinée.
Ntitwatevye kwumva ko umwe mu migwi yariko irarwana wari wafashe inzu yacu y’abamisiyonari yari i Kissy be n’uko ivyo twari dutunze vyose babisahuye ibindi baravyonona. Aho kuvunika umutima, twarashimye kuba twari tukiri bazima. Twari dusigaranye utuntu tw’intica ntikize, ariko twarashoboye kuvyifatamwo neza.
Tumaze guhunga ubugira kabiri, twe na Cheryl, uwo twabana mu cumba, twaciye tuguma muri Guinée. Ivyo vyasaba ko duca twiga igifaransa. Bamwe mu bamisiyonari bagenzanje ntibatevye gukoresha ivyo baba bize, bakaba canecane bataterwa ubuyega n’uko boba bavuze amakosa. Jeho ivyo sinavyerekwa, akaba ari co gituma navuga igifaransa igihe gusa naba mbonye ko ata kundi biri bugende. Vyarambabaza cane. Nabwirizwa kwama niyibutsa ko igituma ndi muri Guinée ari ukugira ngo mfashe abandi kumenya Yehova.
Bukebuke nararushirije kumenya urwo rurimi biciye mu kurwiga, mu kwumviriza abaruvuga neza be no mu gusahirizwa n’abana bo mw’ishengero, abo wasanga iciyumviro bagiserura uko kiri nyene. Maze ntari ndavyiteze, nararonse imfashanyo ije hageze ivuye kw’ishirahamwe rya Yehova. Kuva muri Nyakanga 2001, Igikorwa dukorera Ubwami caratanze amagirenama yerekeye ukuntu umuntu yoshikiriza ibinyamakuru, ayo na yo akaba yari aje yiyongera ku yerekana ukuntu umuntu yoshikiriza abantu bo mu madini atandukanye ibitabu n’udutabu. Ubu iyo ngiye mu busuku ndumva ndushirije gushira umutima mu nda, naho nyene ntashobora guserura neza iciyumviro nk’uko nobigira mu rurimi nonse.
Kurererwa mu muryango ugizwe n’abana benshi nta gukeka ko vyamfashije gushobora kubana n’abantu benshi, bikaba vyarigeze gushika tukabana turi abantu 17. Mu myaka 37 maze mu murimo w’ubumisiyonari, ndamaze kubana n’abamisiyonari barenga 100. Mbega agateka kadasanzwe ko gushobora kumenyana n’abantu benshi cane nk’abo, abo usanga bafise kamere zitandukanye yamara bagakora bafise intumbero imwe! Ese ukuntu kandi ari umunezero kuba umukozi akorana n’Imana no kwibonera ingene abantu bakira ukuri kwo muri Bibiliya!—1 Ab’i Korinto 3:9.
Mu myaka yagiye irahaca, hari ibintu vyinshi bikomeye vyabaye mu buzima bw’abagize umuryango wanje nahomvye, nk’ubugeni bwa batoyi banje nka bose. Sinabonanye incuro nyinshi n’abasengezana banje nk’uko navyipfuza. Yaba jewe canke abagize umuryango wanje bandemesha ata bwikunzi babigiranye kuguma mu gikorwa c’ubumisiyonari, twese twaragize ivyo duhevye.
Yamara, ivyo nahomvye i muhira vyarashika nkabironkera mu murimo w’ubumisiyonari. Naho nahisemwo kuguma ndi umwirebange, ndafise abana benshi bo mu buryo bw’impwemu. Sinshaka kuvuga gusa abo twiganye Bibiliya, ariko harimwo n’abo twagiraniye ubugenzi somambike. N’ikindi kandi, nariboneye ingene abana babo bakura, bagashinga izabo, bakongera bakarerera mu kuri abo bavyaye. Cokimwe na jewe, bamwe muri bo bararetse igikorwa co guhindura abantu abigishwa kiratuma bagira intumbero nziza mu buzima.
[Akajambo k’epfo]
a Mawe yamaze imyaka irenga 25 ari umutsimvyi, dawe na we amaze gukukuruka, yaciye aba umutsimvyi wo gufasha.
[Amakarata ku rup. 15]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Narungitswe gukorera muri Siyera Lewone, igihugu co muri Afirika yo mu Burengero
GUINÉE
SIYERA LEWONE
[Ifoto ku rup. 13]
Aba ni barumunanje babiri twakunda kumara umwanya munini tunezerewe turi aho abamisiyonari baba mu myaka ya 1950
[Ifoto ku rup. 14]
Aba ni abanyeshure twari kumwe mu mugwi ugira 48 wa rya Shure ry’i Gileyadi
[Ifoto ku rup. 16]
Igihe inyubakwa z’ishami ryo muri Siyera Lewone zegurirwa Imana