INKURU Y’UBUZIMA
Kwizigira Yehova vyaratumye ngira umutekano nyakuri
IGIHE abantu bambajije ibijanye n’ubuzima bwanje, akenshi nca ndababwira nti: «Ndi nk’isakoshi Yehova agendana.» Aho mba nshaka kuvuga yuko nka kurya njana isakoshi aho nja hose, ari ko nipfuza ko Yehova n’ishirahamwe ryiwe bambwira aho nja n’igihe nogirayo. Naremeye gukora ibikorwa bitari vyoroshe kandi rimwe na rimwe vyarimwo akaga. Ariko narize ko kwizigira Yehova ari co kintu nyamukuru gituma ngira umutekano nyakuri.
NTANGURA KUBAHO NIZIGIRA YEHOVA
Navutse mu 1948, mvukira mu kigwati gitoyi kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Nijeriya. Muri ico gihe, datawacu mutoyi Moustapha be na mukuru wacu Wahabi barabatijwe baraba Ivyabona vya Yehova. Igihe nari mfise imyaka icenda dawe yarapfuye. Naravunitse umutima cane. Wahabi yaciye ambwira ko tuzoshobora gusubira kubona dawe mw’izuka. Ico ciyumviro kiremesha caciye gituma niga Bibiliya. Nabatijwe mu 1963. Abandi bahungu batatu tuvukana na bo nyene barabatijwe.
Mu 1965, naragiye kwa mukuru wanje Wilson i Lagos maze ndahimbarwa no kwifatanya n’abandi batsimvyi basanzwe bo mw’ishengero ry’i Igbobi. Umunezero n’umwete bari bafise vyarandemesheje, maze muri Nzero 1968 na jewe nca ndaba umutsimvyi.
Umuvukanyi yakorera kuri Beteli yitwa Albert Olugbebi, yaratugirishije inama idasanzwe twebwe abakiri bato, kugira ngo atubwire ko mu buraruko bwa Nijeriya hakenewe abatsimvyi badasanzwe. Ndacibuka amajambo umuvukanyi Olugbebi yavuganye igishika cinshi ati: «Muracari bato, kandi murashobora gukoresha umwanya wanyu n’inguvu zanyu mu gukorera Yehova. Hariho vyinshi vyo gukora!» Kubera ko nari nshashaye kwigana agatima ko kwitanga k’umuhanuzi Yesaya, naciye nsaba kuba umutsimvyi adasanzwe.—Yes. 6:8.
Muri Rusama 1968, naragenywe kuba umutsimvyi adasanzwe mu gisagara ca Kano mu buraruko bwa Nijeriya. Aho hari mu gihe c’intambara yadutse mu ntara ya Biafran (mu 1967-1970), iyari yaratikije inganda muri ako karere imbere y’uko ishika mu buseruko bwa Nijeriya. Hari umuvukanyi yagerageje kunjijura abigiranye umutima mwiza ngo sinjeyo. Namubwiye nti: «Urakoze kunyitwararika. Ariko nimba Yehova yipfuza ko nja gukorera muri ako karere, sinkekeranya ko azoba ari kumwe nanje.»
NIZIGIRA YEHOVA MURI AKO KARERE KATABAGUWE N’INTAMBARA
I Kano, ibintu vyari vyifashe nabi cane. Ico gisagara kinini cari caratabaguwe n’intambara. Turi mu ndimiro, rimwe na rimwe twarabona ibiziga vy’abari baragandaguwe. Naho ico gihe i Kano hariho amashengero atari make, abavukanyi benshi bari barahunze. Hari hasigaye abamamaji badashika 15, bakaba bari batekewe n’ubwoba kandi bihebuye. Abo bavukanyi baranezerewe cane igihe twashikayo turi abatsimvyi badasanzwe batandatu. Tumaze kubaremesha baciye barema. Twarabafashije gusubira kugira amakoraniro no kwamamaza, tutibagiye gusaba ibitabu ku biro vy’ishami be no kurungika raporo y’umurimo.
Twebwe abatsimvyi badasanzwe twaciye dutangura kwiga ururimi rw’igihausa. Abantu benshi baratwumviriza igihe twababwira inkuru nziza mu rurimi rwabo. Ariko rero twategerezwa kwiyubara cane kubera ko abanywanyi b’idini ryari ryiganje ng’aho baterekwa igikorwa cacu. Igihe kimwe, hari umugabo umwe yari afise imbugita yatwirutseko n’uwo twariko turakorana. Igishimishije, ni uko twirutse tukamusiga. Naho ako karere kari kameze nabi, Yehova yaratumye «[twi]beraho mu mutekano», kandi n’abamamaji baratanguye kugwira. (Zab. 4:8) Ubu, i Kano hari abamamaji barenga 500 bari mu mashengero 11.
DUHAMWA MURI NIJERI
Igihe nari umutsimvyi adasanzwe i Niamey muri Nijeri
Mu nyuma muri Myandagaro 1968, tukaba twari tumaze amezi makeyi gusa i Kano, naciye ndungikwa i Niamey ku mugwa mukuru wa Nijeri, hamwe n’abandi batsimvyi badasanzwe babiri. Ntitwatevye kwibonera ko igihugu ca Nijeri kiri muri Afrika yo mu Burengero ari kimwe mu bihugu bishushe cane kw’isi. Uretse ubwo bushuhe twategerezwa kumenyera, twategerezwa no kwiga ururimi rw’igifaransa, ari na rwo rukoreshwa mu nzego za leta. Naho twari dufise izo ngorane, twarizigiye Yehova maze turatangura kwamamaza muri ico gisagara turi kumwe n’abamamaji baho bakeyi. Mu gihe gitoyi gusa, hafi abantu bose b’i Niamey bari bazi gusoma twari twabahaye igitabu kibafasha kwiga Bibiliya citwa ngo Ukuri kujana mu buzima budahera. Bamwebamwe mbere baraza kuturaba ngo tukibahe.
Bidatevye, twaramenye ko abategetsi baho baterekwa Ivyabona vya Yehova. Muri Mukakaro 1969, twaragize iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere muri ico gihugu, iryari ryitabwe n’abantu nka 20. Abari kubatizwa bari abamamaji bashasha babiri. Ariko ku musi wa mbere w’iryo teraniro, twagiye tubona haje abapolisi baca bararihagarika. Baciye bafata abatsimvyi badasanzwe bose be n’umucungezi w’umuzunguruko, babajana ku gipolisi. Bamaze kudusambisha, baciye badutegeka kurenguka bukeye. Tubonye ko vyari gushobora gukomera, twaciye dutunganya ko insiguro y’ibatisimu itangirwa mu muhana w’umuvukanyi, maze tuja ku ruzi tubatiza ba bavukanyi mu kinyegero.
Haciye indwi nka zingahe, umushikiranganji w’intwaro yo hagati yaciye anyirukana, be n’abandi batsimvyi badasanzwe batanu. Yaduhaye amasaha 48 kandi twategerezwa gukoresha uburyo bwacu. Twaciye tuvayo, duca twerekeza ku biro vy’ishami vyo muri Nijeriya, maze baturungika gukorera ahandi.
Naciye ndungikwa gukorera mu kigwati citwa Orisunbare. Twe n’umugwi mutoyi w’abamamaji bo ng’aho, twararoraniwe mu gikorwa co kwamamaza. Ariko haciye amezi atandatu, ibiro vy’ishami vyambwiye ko nosubira gukorera muri Nijeri. Naho nabanje guhagarika umutima no kugira ubwoba, nari nshashaye gusubira gukorana n’abavukanyi bo muri Nijeri.
Naciye nsubira ku murwa mukuru Niamey. Bukeye, hari umudandaza w’Umunyanijeriya yamenye ko nari Icabona, aca atangura kumbaza ibibazo ku bijanye na Bibiliya. Twaciye dutangura kwiga, mu nyuma amaze guheba kunywa itabi no kuborerwa yarabatijwe. Mu nyuma narakoranye n’abavukanyi na bashiki bacu mu turere dutandukanye two muri Nijeri, maze ndibonera ingene hari iterambere naho ryagenda buhorobuhoro. Igihe nashikayo ubwa mbere, mu gihugu cose hari Ivyabona 31. Igihe navayo na ho bari 69.
«NTA VYINSHI TUZI KU BIJANYE N’IGIKORWA C’UBWAMI MURI GUINÉE»
Mu mpera z’umwaka wa 1977, narasubiye muri Nijeriya kumenyerezwa. Inyuma y’ivyigwa vyamaze indwi zitatu, umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami, ari we Malcolm Vigo, yaciye ansomera ikete ryari ryavuye ku biro vy’ishami ryo muri Sierra Leone. Bariko barondera umuvukanyi atarubaka urwiwe, afise amagara meza kandi azi icongereza n’igifaransa, kugira ngo aje kuba umucungezi w’umuzunguruko muri Guinée. Umuvukanyi Vigo yambwiye ko ari co gituma nariko ndamenyerezwa. Yarantomoreye kandi ko ari igikorwa kitoroshe. Yaciye ampanura ati: «Banza uzirikane imbere yo gufata ingingo.» Ubwo nyene naciye ndamubwira nti: «Ko ari Yehova andungitse, nzojayo.»
Naciye mfata indege nerekeza muri Sierra Leone maze ndabonana n’abavukanyi bo ku biro vy’ishami. Umwe mu bagize Komite y’ishami yambwiye ati: « Nta vyinshi tuzi ku bijanye n’igikorwa c’Ubwami muri Guinée.» Naho ishami ryo muri Sierra Leone ari ryo ryahagarikira igikorwa co kwamamaza muri Guinée, ntivyashoboka ko bahanahana amakuru n’abamamaji baho kubera ko harangwa uruhagarara rukomeye mu vya politike. Ibiro vy’ishami vyari bimaze kugerageza incuro nyinshi kurungikayo umuntu yoriserukira, ariko ntivyakunda. Baciye bansaba rero kuja ku murwa mukuru Conakry, nkagerageza kurondera uruhusha rwo kubayo.
«Ko ari Yehova andungitse, nzojayo»
Ngeze i Conakry, naciye nja kuri ambasade kubonana n’uwaserukira igihugu ca Nijeriya. Naciye ndamubwira ko nipfuza kuvuga ubutumwa muri Guinée. Yaciye ambwira ko ahubwo novayo kugira ngo simfatwe canke ngirirwe nabi. Yambwiye ati: «Subira muri Nijeriya abe ari yo uvuga ubutumwa.» Namwishuye nti: «Nipfuza kuguma ng’aha.» Yaciye yandikira ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati wo muri Guinée kugira ngo amfashe, kandi yanyakiriye neza.
Gatoyi inyuma y’aho, naciye nsubira ku biro vy’ishami muri Sierra Leone, kubamenyesha iyo ngingo uwo mushikiranganji yari yafashe. Abavukanyi bararyohewe cane bumvise ingene Yehova yari yahezagiye urugendo rwanje. Nari naronse uburenganzira bwo kuba muri Guinée.
Ari mu gikorwa co kugendera amashengero muri Sierra Leone
Kuva mu 1978 gushika mu 1989, narabaye umucungezi w’umuzunguruko muri Guinée, muri Sierra Leone, nongera nsubirira umucungezi w’umuzunguruko muri Liberiya. Mu ntango nararwaragurika. Rimwe na rimwe, ivyo vyanshikira ndi mu turere turi iyo catawe. Ariko abavukanyi barakora uko bashoboye kwose bakanjana kwa muganga.
Igihe kimwe, nararwaye ndaremba cane kubera malariya be n’inzoka zo mu nda. Igihe natora mitende, naramenye ko abavukanyi bari baganiriye ku bijanye n’aho bari kumpamba! Naho naciye muri ivyo bihe bikomeye, sinigeze niyumvira guhagarika igikorwa. N’ubu ndacemera ko umutekano nyakuri kandi uramba uva kuri ya Mana ishobora kutuzura mu bapfuye.
TWE N’UMUKENYEZI WANJE TWARIZIGIYE YEHOVA
Ku musi w’ubugeni bwacu mu 1988
Mu 1988, naramenyanye na mushiki wacu yitwa Dorcas, akaba yari umutsimvyi yicisha bugufi cane kandi yakunda ivy’impwemu. Twaciye twubakana, hanyuma dufatanya igikorwa co kugendera amashengero. Dorcas yaranshigikiye cane muri ico gikorwa, abigiranye urukundo no kwitanga. Tuva mw’ishengero tuja mu rindi twagenda ibilometero 25, twempi twikoreye amasakoshi yacu. Mu kugendera amashengero ari kure cane na ho, twakoresha uburyo bwose bwaba bubonetse, duca mu mabarabara yuzuye urushanga n’ibinogo.
Dorcas ni umugore arinda cane. Nk’akarorero, rimwe na rimwe twarajabuka inzuzi zirimwo ingona. Igihe kimwe twarafashe urugendo rw’imisi itanu, maze dusanga ikiraro c’uruzi rumwe casenyutse, bica biba ngombwa ko tujabuka dukoresheje ubwato. Dorcas ahagurutse ngo ave muri ubwo bwato, yaciye anyerera agwa mu mazi menshi. Nta n’umwe muri twebwe yari azi kwoga, kandi muri urwo ruzi harimwo ingona. Amahirwe twagize, hari imisore yaciye ikorokera muri urwo ruzi ica iramukurayo. Naho haciye igihe ivyo bintu biguma bitugaruka mu bwenge, ntitwahagaritse igikorwa cacu.
Abana bacu Jahgift na Eric, baratubereye ingabire koko
Mu ntango za 1992, Dorcas yaribungenze tutari tuvyiteze. None twari tugiye guhagarika umurimo w’igihe cose? Kubera ko twabonye ko ako gakobwa kacu ari ingabire Yehova aduhaye, twaciye tukita Jahgift (bisobanura ngo ingabire ya Yehova). Haciye imyaka ine Jahgift avutse, yaciye akurikirwa n’agahungu kitwa Eric. Abo bana bacu bompi bahavuye batubera ingabire koko. Jahgift yaramaze igihe akorera ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene, Eric na we akaba ari umukozi w’ishengero.
Naho Dorcas yahagaritse ubutsimvyi budasanzwe muri ico kiringo co kwitwararika abo bana, yagumye ari umutsimvyi asanzwe. Tubifashijwemwo na Yehova, jewe narabandanije umurimo udasanzwe w’igihe cose. Abana bacu bamaze gukura, Dorcas yaciye asubira kuba umutsimvyi adasanzwe. Ubu twe na Dorcas turi abamisiyonari bakorera mu ndimiro i Conakry.
ISOKO RY’UMUTEKANO NYAKURI
Aho Yehova yanjana hose ni ho naja. Twe n’umukenyezi wanje, akenshi twariboneye ingene Yehova adukingira akongera akaduhezagira. Kwizigira Yehova vyaradukingiye nyinshi mu ngorane zishikira abizigira ibintu vy’umubiri. Dufatiye ku vyo twaciyemwo, twe na Dorcas twariboneye ko Isoko ry’umutekano nyakuri ari Yehova ya «Mana y’ubukiriro bwacu.» (1 Ngo. 16:35) Ndemera ntakeka ko ubuzima bw’abizigira Yehova bose “azobuzigama nk’aho yoba abutekeye mw’isaho y’ubuzima.”—1 Sam. 25:29.