Ibibazo vy’abasomyi
Ihamagarwa ry’abakirisu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru rihera ryari?
Bibiliya ntitanga inyishu itomoye kuri ico kibazo. Turazi ko abigishwa ba Yezu bafise icizigiro co kuzoragwa ijuru batanguye gusigwa impwemu yera mu 33 G.C. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4). Turazi kandi ko inyuma y’urupfu rw’intumwa, abakirisu basizwe vy’ukuri, abagereranywa n’“uburo”, bahavuye ‘bakurana’ n’abakirisu b’uruhendo bagereranywa n’“urwamfu” (Matayo 13:24-30). Rero, kuva mu mpera z’imyaka ya 1800, abakirisu basizwe barasubiye gukora mu buryo bwibonekeje. Mu 1919, haratanguye kwimburwa “ivyimburwa vyo mw isi”, ivyarimwo no gutororokanya abanyuma bo mu basizwe.—Ivyahishuriwe 14:15, 16.
Kuva mu mpera z’imyaka ya 1800 gushika mu 1931, intumbero nyamukuru y’igikorwa co kwamamaza yari iyo gutororokanya amasigarira y’abagize umubiri wa Kristu. Mu 1931, Abatohoji ba Bibiliya barafashe izina rishingiye kuri Bibiliya ari ryo Ivyabona vya Yehova, maze mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Munyonyo 1933, hasigurwa iciyumviro c’uko iryo zina ridasanzwe ryagereranya ya “denariyo” Yezu yavuga muri wa mugani dusanga muri Matayo 20:1-16. Amasaha 12 avugwa muri uwo mugani vyiyumvirwa ko yagereranya imyaka 12 yo kuva mu 1919 gushika mu 1931. Haciye imyaka itari mike uwo Munara w’Inderetsi usohotse, vyahavuye bibonwa ko umuhamagaro w’abaja kuba mu Bwami bw’ijuru wari waheze mu 1931 be n’uko abahamagariwe kuba abaraganwa na Kristu mu 1930 no mu 1931 ari bo bari ‘abanyuma’ (Matayo 20:6-8). Ariko rero, mu 1966 ukuntu uwo mugani watahurwa kwarahinduwe maze bigaragara ko ata sano na rimwe ufitaniye n’ivy’uko ihamagarwa ry’abasizwe ryoba ryaraheze.
Mu 1935, “ishengero ryinshi” rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9-15 vyaratahuwe ko ari abagize “izindi ntama”, ni ukuvuga abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi, botororokanijwe mu “misi y’iherezo” kandi borokotse Harumagedoni uko bagize umugwi (Yohana 10:16; 2 Timoteyo 3:1; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Inyuma y’uwo mwaka, intumbero y’igikorwa co guhindura abantu abigishwa yabaye iyo gutororokanya abagize ishengero ryinshi. Ku bw’ivyo, canecane inyuma ya 1966 vyarabonwa ko uguhamagarirwa ijuru vyarangiye mu 1935. Ivyo vyasa n’ivyemejwe koko igihe abantu nka bose babatijwe inyuma ya 1935 bumva ko bafise icizigiro co kuba mw’isi. Kuva ico gihe, abo bose bahamagarirwa kuba mw’ijuru vyabonwa ko bahamagawe kugira basubirire abakirisu basizwe batagumye ari intahemuka.
Nta nkeka ko igihe umwe mu basizwe ataye ukuri ntiyigaye, Yehova aca ahamagara uwundi kugira amusubirire (Abaroma 11:17-22). Ariko rero, biboneka ko abasizwe vy’ukuri bahemutse ari bake. Yamara haciye igihe, abakirisu bamwebamwe babatijwe inyuma ya 1935 impwemu yera yarabashingiye intahe ko bafise icizigiro co kuba mw’ijuru (Abaroma 8:16, 17). Ku bw’ivyo, biraboneka ko tudashobora gushinga igenekerezo nyezina ryerekana igihe ivyo guhamagara abakirisu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru birangirirako.
Dukwiye kubona gute umuntu yiyumvamwo neza yuko ubu ari uwasizwe maze agatangura gufata ku bimenyetso vyo ku Cibutso? Nta wukwiye kumucira urubanza. Ivyo vyomenya we na Yehova (Abaroma 14:12). Ariko rero, abakirisu basizwe vy’ukuri ntibarondera gufatwa nk’abantu badasanzwe. Ntibiyumvira yuko ukuba ari abasizwe bica bituma bagira icokwitwa ugutahura kudasanzwe kuruta mbere ukwo bamwebamwe mu bagize ishengero ryinshi bazi utuntu n’utundi bashobora kuba bafise. Ntibabona ko baca bagira impwemu yera nyinshi kurusha iyo bagenzi babo bo mu zindi ntama bafise, eka kandi ntibitega ko abandi babafata mu buryo budasanzwe canke ngo biyumvire yuko ukuba bafata ku bimenyetso bituma baruta abakurambere bagenywe mw’ishengero. Baremera bicishije bugufi yuko hari abagabo basizwe bo mu kinjana ca mbere batakwije ibisabwa kugira ngo babe abakurambere canke abakozi b’ishengero (1 Timoteyo 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9; Yakobo 3:1). Hari mbere n’abakirisu basizwe bagoyagoye mu vy’impwemu (1 Ab’i Tesalonike 5:14). N’ikindi kandi, abavukanyikazi naho bari barasizwe, ntibigisha mw’ishengero.—1 Timoteyo 2:11, 12.
Ku bw’ivyo, abakirisu basizwe hamwe na bagenzi babo bo mu zindi ntama barihatira kuguma bakomeye mu vy’impwemu, bagatsimbataza ivyamwa vy’impwemu yera bakongera bakaremesha amahoro mw’ishengero. Abakirisu bose, baba abasizwe canke abagize izindi ntama, barakora bagatama mu kwamamaza inkuru nziza no mu guhindura abantu abigishwa bayobowe n’Inama Nyobozi. Abakirisu basizwe barahimbarwa no gukora ivyo bikorwa mu kiringo Yehova akigomvye ko baguma kw’isi ari abasavyi biwe.