Barabonwa ko babereye kuronka Ubwami
“Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana, rubashikana ku kubonwa ko mubereye ubwami bw’Imana”.—2 TES. 1:5.
1, 2. Ni igiki Imana yashinze ku bijanye n’uguca urubanza, kandi ukwo guca urubanza kuzogirwa na nde?
NKO mu mwaka wa 50 mu gihe cacu, intumwa Paulo yari i Atene. Atewe ishavu n’ugusenga ibigirwamana yabonye kwuzuye muri ico gisagara cose, yaravyuriwe umutima wo gushinga intahe abigiranye ubuhanga. Insiguro yiwe yashitse ku rugero rwayo rw’agaheta igihe yavuga amajambo ategerezwa kuba yarakwegereye cane abariko bamwumviriza b’abapagani. Yavuze ati: “Ubu [Imana] iriko ibwira abantu yuko bose aho bari hose bakwiye kwigaya. Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye mu bapfuye”.—Ibik. 17:30, 31.
2 Ese ukuntu bihambaye cane kuzirikana ku vy’uko Imana yashinze umusi aho izocira urubanza umuryango w’abantu! Ukwo guca urubanza kuzogirwa n’umuntu Paulo atavuze izina muri iyo nsiguro yatangiye i Atene, yamara uno tukaba tuzi yuko ari Yezu Kristu uwamaze kuzuka. Gucirwa urubanza na Yezu bizoba bisobanura ubuzima canke urupfu.
3. Ni kubera iki Yehova yagiriraniye isezerano na Aburahamu, kandi ni bande agira uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’iryo sezerano?
3 Uwo Musi w’Urubanza uzomara imyaka 1.000. Yezu ni we azoba awuhagarikiye mw’izina rya Yehova ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, ariko ntazoba ari wenyene. Yehova aracagura abandi mu muryango w’abantu kugira ngo bazoganzanye na Yezu bongere bace imanza mu gihe c’uwo musi uzomara imyaka igihumbi (Gereranya na Luka 22:29, 30.). Haraheze imyaka hafi 4.000 Yehova ashizeho umushinge ku bw’uwo Musi w’Urubanza, ivyo na vyo akaba yabigize igihe yagiranira isezerano na wa musavyi wiwe w’intahemuka Aburahamu (Soma Itanguriro 22:17, 18.). Iryo sezerano bigaragara ko ryashizwe mu ngiro mu 1943 B.G.C. Ego ni ko, Aburahamu ntiyashoboye gutahura neza ico iryo sezerano ryobaye risobanura ku muryango w’abantu. Ariko, twisunze ivyo iryo sezerano ryavuga, twebwe muri iki gihe turashobora kubona yuko uruvyaro rwa Aburahamu rurangura uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’umugambi w’Imana ujanye no gucira urubanza umuryango w’abantu.
4, 5. (a) Ni nde vyagaragaye ko ari igihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu, kandi ni ibiki yavuze ku bijanye n’Ubwami? (b) Ni ryari icizigiro co kuba mu bagize Ubwami cahawe abantu bimwe bishitse?
4 Igihimba nyamukuru c’urwo ruvyaro rwa Aburahamu vyaragaragaye ko ari Yezu, uwasizwe impwemu nyeranda mu 29 G.C. maze aca aba Mesiya, canke Kristu yari yarasezeranywe (Gal. 3:16). Kuva ico gihe, Yezu yaciye amara imyaka itatu n’igice abwira ihanga ry’Abayuda inkuru nziza y’Ubwami. Inyuma y’aho Yohani Umubatizi afatiwe, Yezu yarerekanye ko abandi boshoboye kwizigira kuba abo muri ubwo Bwami igihe yavuga ati: “Kuva mu misi ya Yohani Umubatizi gushika ubu, ubwami bwo mw’ijuru ni ryo hangiro abantu babandanira, kandi ababandana gutyo barabucakira”.—Mat. 11:12.
5 Birashimishije kubona imbere gato y’uko Yezu avuga ivyerekeye ‘abocakiye’ Ubwami bwo mw’ijuru, yabanje kuvuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mu bavutse ku bagore ntihigeze guseruka uwuruta Yohani Umubatizi; mugabo umuto mu bwami bwo mw’ijuru aramuruta” (Mat. 11:11). Ni kubera iki yavuze ayo majambo? Ni uko abantu b’abizigirwa bagiye guhabwa bimwe bishitse ico cizigiro co kuba mu bagize ubwo Bwami igihe haba ugusukwa kw’impwemu nyeranda kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Ico gihe, Yohani Umubatizi yari yarapfuye.—Ibik. 2:1-4.
Uruvyaro rwa Aburahamu rwitwa urugororotse
6, 7. (a) Ni mu buryo ki uruvyaro rwa Aburahamu rwabaye “nk’inyenyeri zo kw ijuru”? (b) Ni umuhezagiro uwuhe Aburahamu yaronse, kandi uruvyaro rwiwe ruronka umuhezagiro uwuhe usa n’uwa Aburahamu?
6 Aburahamu yabwiwe ko uruvyaro rwiwe rwogwiriye rukangana “n’inyenyeri zo kw ijuru” be n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga (Ita. 13:16; 22:17). Ivyo bisobanura ko mu gihe ciwe, abantu batashoboye kumenya igitigiri c’abogize urwo ruvyaro. Ariko rero, igitigiri kandondwa c’abogize uruvyaro rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu cahavuye gihishurwa. Uretse Yezu, abo bantu bobaye ari 144.000.—Ivyah. 7:4; 14:1.
7 Ku bijanye n’ukwizera Aburahamu yari afise, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “[Aburahamu] yizera Uhoraho; Uhoraho abimuharūrako nk’ukugororoka” (Ita. 15:5, 6). Mu vy’ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kuba umugororotsi ijana kw’ijana (Yak. 3:2). Naho biri ukwo, kubera yuko Aburahamu yari afise ukwizera kudasanzwe, Yehova yamufata nk’aho yari umugororotsi vyongeye mbere akamwita umukunzi wiwe (Yes. 41:8). Abagize uruvyaro rwa Aburahamu rwo mu buryo bw’impwemu bari kumwe na Yezu, na bo nyene bariswe abagororotsi kandi ivyo bituma baronka imihezagiro inaruta iyo Aburahamu yaronse.
8. Ni imihezagiro iyihe abagize uruvyaro rwa Aburahamu bahabwa?
8 Abakirisu basizwe bitwa abagororotsi kubera ko bizera inkuka y’incungu ya Yezu (Rom. 3:24, 28). Mu nyonga za Yehova, barakurwako ukwagirwa n’igicumuro maze bagashobora gusigwa impwemu nyeranda kugira ngo babe abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga benewabo na Yezu Kristu (Yoh. 1:12, 13). Baraja mw’isezerano rishasha maze bakaba ihanga rishasha, ari ryo “Isirayeli y’Imana” (Gal. 6:16; Luka 22:20). Ese ukuntu ivyo vyose vyerekana ko batewe agateka keza igitangaza! Ivyo bintu Imana igirira abo bakirisu basizwe bituma batizigira kuzoba kw’isi ibihe bidahera. Ico cizigiro baremera bakagiheba bakagisubiriza akanyamuneza katovugwa ko kuzofatanya na Yezu mu gihe c’Umusi w’Urubanza no kuzoganzanya na we mw’ijuru.—Soma Abaroma 8:17.
9, 10. (a) Ni ryari abakirisu basizwe impwemu nyeranda ari bwo bwa mbere, kandi ni ibiki vyari kubashikira? (b) Abakirisu basizwe bafashijwe gute?
9 Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., hari umurwi w’abantu b’abizigirwa wahawe akaryo ko kuba mu botegetse bari kumwe na Yezu mu gihe c’Umusi w’Urubanza. Abigishwa ba Yezu bashika 120 barabatijwe n’impwemu nyeranda, gutyo baba babaye abakirisu basizwe ba mbere. Ariko kuri bo, iyo yari intango gusa. Kuva ico gihe, babwirizwa kugaragaza ko ari intahemuka kuri Yehova naho Shetani yobateje ibigeragezo ivyo ari vyo vyose. Bategerezwa kuba abizigirwa gushika ku gupfa kugira ngo bashobore kuronka urugori rw’ubuzima bwo mw’ijuru.—Ivyah. 2:10.
10 Kugira ngo abo bakirisu basizwe babishikeko, Yehova yarabaronkeje inkeburo be n’indemesho bari bakeneye abicishije kw’Ijambo ryiwe be no kw’ishengero rya gikirisu. Nk’akarorero, intumwa Paulo yarandikiye abakirisu basizwe b’i Tesalonika ati: “Twagumye duhimiriza umwe wese muri mwebwe, nk’uko se agirira abana, tukabahoza kandi tugashinga intahe kuri mwebwe, kugira ngo mubandanye kugenda nk’uko bibereye Imana ibahamagarira ubwami bwayo n’ubuninahazwa bwayo”.—1 Tes. 2:11, 12.
11. Ni ibiki Yehova yandikishije ku bw’abagize “Isirayeli y’Imana”?
11 Inyuma y’imyaka mirongo abatanguye kuba abagize ishengero ry’abakirisu basizwe bacaguwe, Yehova yarabonye yuko vyari bibereye gushira mu nyandiko ziramba ukuntu yafata abakirisu basizwe bo mu kinjana ca mbere be n’impanuro yabahaye, hamwe n’inkuru yerekeye ubusuku Yezu yaranguye igihe yari ngaha kw’isi. Ni co gituma Ivyanditswe vy’igiheburayo vyahumetswe vyari bisanzwe biriho Yehova yavyongeyeko Ivyanditswe vy’ikigiriki vyahumetswe. Ivyanditswe vy’igiheburayo vyari vyatanguye kwandikirwa abagize ihanga rya Isirayeli ryo mu buryo bw’umubiri igihe bari bafitaniye n’Imana ubucuti budasanzwe. Ivyanditswe vy’ikigiriki vyari vyandikiwe ahanini abagize “Isirayeli y’Imana”, ni ukuvuga abasizwe ngo babe benewabo na Kristu kandi babe n’abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu. Ariko ntiwumve, ivyo ntibishaka kuvuga yuko abatari Abisirayeli batari kwungukira cane ku kwiga Ivyanditswe vy’igiheburayo. Abakirisu batasizwe impwemu nyeranda na bo nyene barungukira cane rwose ku kurimbura impanuro dusanga mu Vyanditswe vy’ikigiriki no ku kubaho bazisunga.—Soma 2 Timoteyo 3:15-17.
12. Paulo yibukije iki abakirisu basizwe?
12 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere biswe abagororotsi kandi basigwa impwemu nyeranda kugira ngo bishoboke ko baronka intoranwa yabo yo mw’ijuru. Kuba barasizwe impwemu ntivyatuma baca baganza abakirisu basizwe bagenzi babo magingo baba bakiri kw’isi. Biragaragara ko hari abakirisu bo mu ntango bibagiye ico kintu maze batangura kuronderera ubukuru batabereye mu bavukanyi babo bo mw’ishengero. Ivyo vyatumye Paulo abaza ati: “Burya muramaze guhaga? Burya muramaze kuba abatunzi? Burya mwaratanguye kuganza nk’abami tutari kumwe? Icompa koko mukaba mwaratanguye kuganza nk’abami, ngo natwe tuganzanye namwe nk’abami” (1 Kor. 4:8). Paulo ni ko guca yibutsa abasizwe bo mu gihe ciwe ati: “Si uko ari twe tuganza ukwizera kwanyu, mugabo turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu”.—2 Kor. 1:24.
Igitigiri cari caravuzwe cuzuzwa
13. Icagurwa ry’abasizwe ryagiye riragenda gute inyuma yo mu 33 G.C.?
13 Abo bakirisu basizwe 144.000, bose ntibacaguwe mu kinjana ca mbere. Icagurwa ryabo ryarabandanije mu gihe c’intumwa maze bikaba biboneka ko mu nyuma hagiye haracagurwa bakebake. Ariko kandi, ryarabandanije no mu binjana vyagiye birakurikira gushika no mu bihe vya none (Mat. 28:20). Inyuma y’aho Yezu atanguriye kuganza mu 1914, ibintu vyahavuye bigenda birakurikirana mu buryo bwihuta.
14, 15. Ni igiki cabaye muri iki gihe cacu ku bijanye n’icagurwa ry’abasizwe?
14 Ubwa mbere, Yezu yarahumanuye ijuru ararikuramwo ibisigarira vyose vyarwanya ubutegetsi bw’Imana (Soma Ivyahishuwe 12:10, 12.). Hanyuma, yaciye yitwararika ibijanye n’itororokanywa ry’amasigarira y’abogize intwaro y’Ubwami bwiwe kugira ngo yuzuze igitigiri ca bamwe 144.000. Mu myaka ya 1935, vyaragaragara yuko iryo tororokanywa ryari mu kurangira kandi benshi mu bakira neza igikorwa co kwamamaza ntibari bafise icipfuzo co kuja mw’ijuru. Impwemu ntiyariko ishinga intahe hamwe n’iyabo yuko bari abana b’Imana (Gereranya n’Abaroma 8:16.). Ahubwo riho, ubwabo babona ko bari abo mu “zindi ntama”, bano bakaba bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo (Yoh. 10:16). Ni co gituma inyuma yo mu 1935 intumbero nyamukuru y’igikorwa co kwamamaza yaciye iba iyo gutororokanya abagize “isinzi rinini”, ni ukuvuga bamwe intumwa Yohani yabona mu vyo yeretswe kandi borokotse “ya makuba akomeye”.—Ivyah. 7:9, 10, 14.
15 Naho ari ukwo, mu myaka yagiye irarengana kuva mu 1930, abantu bakeyi barahamagariwe kuzoba mw’ijuru. Uti kubera iki? Rimwe na rimwe, kwoba kwari ukugira ngo haboneke abasubirira abari barahamagawe imbere y’igihe batagumye ari abizigirwa (Gereranya n’Ivyahishuwe 3:16.). Paulo yaravuze mbere ko hari n’abo we ubwiwe yari azi bahevye ukuri (Flp. 3:17-19). Ni bande none Yehova yocaguye kugira ngo basubirire mwene abo bantu? Emwe, ivyo Yehova ni we abizi. Ariko rero, vyoba bisa n’ivyumvikana ko, aho gucagura abakiri bashasha mu kwizera, yocaguye abantu bamaze kwerekana ko ari intahemuka ku rugero runaka nka kumwe kwa ba bigishwa Yezu yaganiriza igihe yatanguza ihimbazwa ry’Icibutsoa.—Luka 22:28.
16. Ni igiki dukenguruka ku bijanye n’abasizwe, kandi ni igiki twemera tudakeka?
16 Ariko rero, bisa n’uko abo bose bahamagariwe icizigiro c’ijuru kuva mu myaka ya 1930 atari abasubiriye abaguye. Biragaragara ko Yehova yitwararitse cane ivy’uko tuzoba dufise abakirisu basizwe mu kiringo c’imisi ya nyuma y’ivy’iyi si gushika aho “Babiloni Akomeye” azosangangurirwab (Ivyah. 17:5). Vyongeye, turizigira yuko igitigiri gikwiye ca bamwe 144.000 kizokwuzuzwa igihe Yehova yashinze kigeze tukongera tukizigira yuko bose amaherezo bazotegeka mu ntwaro y’Ubwami. N’ikindi kandi, turemera Ijambo ry’ubuhanuzi ryari ryaravuze ko abagize isinzi rinini riguma ryongerekana bazoguma bagaragaza ko ari abizigirwa uko bagize umurwi. Abo bantu vuba “[bagiye kuva] muri ya makuba akomeye” azoshitswa kw’isi ya Shetani maze bazoce binjira mw’isi nshasha y’Imana bafise akanyamuneza kenshi.
Igitigiri c’abagize intwaro y’Imana kiri mu kwuzura!
17. Twisunze ibivugwa mu 1 Abanyatesalonika 4:15-17 no mu Vyahishuwe 6:9-11, abakirisu basizwe bapfuye bakiri abizigirwa vyabagendeye gute?
17 Kuva mu 33 G.C., abakirisu basizwe ibihumbi mirongo baragaragaje ukwizera gukomeye bongera barihangana badahemuka gushika ku rupfu. Abo bakirisu baramaze kubonwa ko babereye kuronka Ubwami kandi, nko guhera mu misi yo mu ntango y’ukuhaba kwa Kristu, baramaze kuronka impera yabo.—Soma 1 Abanyatesalonika 4:15-17; Ivyahishuwe 6:9-11.
18. (a) Abo mu basizwe bakiri kw’isi ni igiki bizigira badakeka? (b) Abo mu zindi ntama babona gute abo bavukanyi babo bakirisu basizwe?
18 Abo mu basizwe bakiri kw’isi barizigira baherejeko yuko nibaguma ari abizigirwa, vuba bagiye kuronka impera ku bw’iyo ngendo yabo. Igihe abantu amamiliyoni bo mu zindi ntama bitegereje ukwizera kw’abo bavukanyi babo basizwe, baca bashigikira ivyo intumwa Paulo yavuze igihe yabwira benewabo basizwe b’i Tesalonika ati: “Ubwacu turabishimira mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo rwanyu rwose n’amakuba muriko murihanganira. Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana, rubashikana ku kubonwa ko mubereye ubwami bw’Imana, ubwo muriko muracumukurira koko” (2 Tes. 1:3-5). Igihe ico ari co cose uwa nyuma mu basizwe azorangiza ubuzima bwiwe kw’isi, igitigiri c’abagize intwaro y’Imana yo mw’ijuru kizoba cuzuye. Ese ukuntu kizoba ari ikintu giteye akanyamuneza mw’ijuru no kw’isi!
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1992, ku rupapuro rwa 11, ingingo ya 17 (mu gifaransa ni ku rupapuro rwa 20).
b Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2007.
Woshobora kubisigura?
• Ni igiki Imana yahishuriye Aburahamu cari gifitaniye isano n’Umusi w’Urubanza?
• Ni kubera iki Aburahamu yiswe umugororotsi?
• Kuba abagize uruvyaro rwa Aburahamu bitwa abagororotsi bibashikana ku ki?
• Ni igiki abakirisu bose bizigira badakeka?
[Ifoto ku rup. 20]
Yezu yararemesheje abayoboke biwe ngo barondere gushikira Ubwami
[Ifoto ku rup. 21]
Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Yehova yaratanguye gucagura abandi bagize uruvyaro rwa Aburahamu
[Amafoto ku rup. 23]
Abagize izindi ntama barakenguruka kubona abakirisu basizwe barabaye kumwe na bo mu kiringo c’imisi ya nyuma